ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 82
  • Yezu Yongera Kuja i Yeruzalemu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu Yongera Kuja i Yeruzalemu
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Igikorwa Yezu yaranguriye i Pereya
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • ‘Igihe Ciwe Nticaribwagere’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Yeruzalemu—“Umurwa w’Umwami Ahambaye”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Ni ibiki vyemewe gukorwa kw’Isabato?
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 82

Ikigabane ca 82

Yezu Yongera Kuja i Yeruzalemu

VUBA Yezu yongera gufata inzira, yigisha ava mu gisagara aja mu kindi, ava mu kigwati aja mu kindi. Biboneka ko ari mu ntara y’i Pereya, hakurya y’Uruzi Yorodani uvuye i Yudaya. Ariko iyo ariko araja ni i Yeruzalemu.

Filozofiya y’Abayuda ivuga ngo igitigiri gitoyi gusa c’abantu ni bo bazoshobora gukizwa, ni yo kumbure ituma umugabo umwe abaza ati: “Mugenzi, mbeg’abakizwa ni bake?” Mu kwishura, Yezu ahata abantu kwiyumvira igikenewe kugira umuntu akizwe, ati: “Nimwihate [ni ukuvuga, mwinanate, canke mubabare] ngo mushobore kwinjira mu muryango upfunganye.”​—UB.

Yezu abandaya avuga yuko ukwo kwigora gukomeye kwihutirwa, “[kubera] yuko benshi bazoshaka kwinjira yamara ntibabishobore.” (UB) Ni kubera iki batazobishobora? Asigura yuko “Nyen’inzu ni yaheza guhaguruka, akugara urugi, mugatangura gukomanga muhagaze hanze, mukavuga, muti Mupfasoni, n’utwugururire: ni ho azobishura, ati Simbazi, sinzi n’iyo muvuye. . . . Mviraho, mwa bakora ibizira mwese mwe.”

Abugaraniwe hanze biboneka yuko baza ku gihe kiboroheye bo gusa. Ariko ico gihe urugi, ni ukuvuga akaryo kabereye, rurugarwa rukadadirwa. Kugira binjire, bakwiye kuba baje kare, naho nyene bishobora kuba rero bitari kuborohera. Si ivy’imbeshere, ingaruka ibabaje irarindiriye abigiza kure ivy’ukugira ugusenga Yehova yo ntumbero nkuru mu buzima!

Abenshi mu Bayuda Yezu arungikwako ngo abakorere barananiwe gufata akaryo baronse k’igitangaza ko kwakira ivyo Imana yatunganije kugira ngo haboneke ubukiriro. Ni co gituma Yezu avuga yuko bazoboroga bakanaryanya insya z’amenyo nibatabwa hanze. Ku rundi ruhande, abantu bava “i burasirazuba n’i burengerazuba n’i burārūko n’i bumanuko,” eka, bavuye mu mahanga yose, “bazokwicara mu bgami bg’Imana.”

Yezu arabandanya ati: “Kandi har’ab’inyuma [inkengerwa z’abatari Abayuda, hamwe n’Abayuda bacinyizwa] bazoba ab’i mbere, n’ab’imbere [Abayuda bifise mu vy’umubiri no mu vy’idini] bazoba ab’inyuma.” Ukuba ab’inyuma kwabo bisigura ko mwene ivyo binebwe, izo ntashima, batazoja mu Bwami bw’Imana na gato.

Abafarizayo ubu baza kuri Yezu bavuga bati: “Va hano ugende, kuko Herode [Antipa] agomba kukwica.” Herode ashobora kuba yatanguje ico gihuha kugira Yezu ahunge ave muri ako karere. Hari aho Herode yoba yatinye guhava asanga agiye mu vy’ukwica uwundi muhanuzi w’Imana nk’uko yagiye mu vy’ukwica Yohani Umubatizi. Ariko Yezu abwira Abafarizayo ati: “Genda mubgire iyo mbgebge, mut’Umve, arasenda abadayimoni, arakiza abantu uyu musi n’ejo, ku musi ugira gatatu azotunganywa rwose.”

Yezu arangije igikorwa ciwe ngaho, abandanya urugendo rwiwe aja i Yeruzalemu, kubera ko, nk’uko abisigura, “bidashoboka k’ūvugishwa n’Imana yicwa, atar’i Yerusalemu.” Ni kubera iki vyitezwe ko Yezu yokwiciwe i Yeruzalemu? Kubera ko Yeruzalemu ari co gisagara kigize umugwa mukuru, aho ya sentare nkuru y’ikombe igizwe n’abantu 71 ishashe, ari na ho ibimazi vy’ibitungwa bitangirwa. Ni co gituma bitokwemerwa ko “Umwagazi w’Imana” yicirwa ahandi atari i Yeruzalemu.

Yezu aritonganya ati: “Ewe Yerusalemu, ewe Yerusalemu, wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko! Ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda. Rāba, inzu yanyu muyitānywe ar’umusaka.” Kubera ko iryo hanga ryanse Umwana w’Imana, rizocirwako iteka!

Yezu abandanije aja i Yeruzalemu, atumirwa ku muhana w’umutegetsi umwe w’Abafarizayo. Ni kw’Isabato, kandi abantu bariko bamwitegereza bitonze, kubera ko ngaho hari umuntu arwaye urusina, ikaba ari indwara ituma amazi yirundanya kumbure mu maboko yiwe canke mu maguru. Yezu abaza ba Bafarizayo hamwe n’abahanga mu Vyagezwe bari ngaho ati: “Mbega biremerwa gukiza umuntu kw isabato, canke ntivyemerwa?”

Nta n’umwe yagize ijambo avuga. Nuko Yezu akiza nya muntu hanyuma aramusezera ngo yigire. Maze arabaza ati: “Ni nde muri mwebge afise umwana cank’inka, hogira igikorokera mw iriba, ntiyoca agikūrayo kw isabato?” N’ubu nyene, nta n’umwe agira ijambo avuga ngo yishure. Luka 13:22–14:6; Yohana 1:29.

▪ Ni igiki Yezu yerekana ko gikenewe kugira haboneke agakiza, kandi ni kuki benshi bugaranirwa hanze?

▪ “Ab’inyuma” bacika ab’imbere ni bande, “ab’imbere” bacika ab’inyuma na bo bakaba bande?

▪ Ni igiki coba caratumye bavuga ngo Herode ashaka kwica Yezu?

▪ Ni kubera iki bitemerwa ko umuhanuzi yicirwa hanze ya Yeruzalemu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika