Ikigabane ca 89
Yezu Agira Urugendo i Yudaya Rurangwa Ikigongwe
HARACIYE amayinga makeyi Abayuda bagerageje kwica Yezu, ca gihe c’Imisi Mikuru y’Iyegura i Yeruzalemu. Nuko agira urugendo aja mu buraruko, bikaboneka ko ari mu karere katari kure y’Ikiyaga c’i Galilaya.
Ubuheruka, yari yongeye kugenda i bumanuko amaja i Yeruzalemu, agenda yigisha mu bigwati vy’i Pereya, intara iherereye mu buseruko bw’Uruzi Yorodani. Amaze gutanga ikigereranirizo cerekeye wa mutunzi na Lazaro, arabandanya kwigisha abigishwa biwe ibintu yari yarigishije imbere yaho ari i Galilaya.
Avuga nk’akarorero yuko vyoba vyiza umuntu “[ahambiriwe] urusyo ruremereye kw izosi, agatererwa mu kiyaga” hako atuma umwe mu bantu ‘batoyi’ b’Imana atsitara. Arashimika kandi ku vy’uko uguharira uwundi gukenewe, mu gusigura ati: “[Umuvukanyi] ni yakugirira nabi indwi ku musi umwe, agahindukira ibihetangabo indwi, akubgira, ati Ndihannye; uz’ubimuharire.”
Igihe abigishwa basavye ngo “n’utwongere ukwizera,” Yezu yishura ati: “Namba mufise ukwizera kungana n’akabuto ka sinapi, mwobarira iki giti c’umusukamino, muti Randuka, ubadikwe mu kiyaga, kandi cobumvira.” Ukwizera na gutoyi rero kurashobora kurangura ibintu bihambaye.
Ubukurikira, Yezu yigana ibintu vy’ukuri bigereranya inyifato ibereye umusavyi w’Imana mushoboravyose. Yezu aravuga ati: “Ni nde muri mwebge afise umugurano amurimira cank’amuragirira intama, iyo yinjiye avuye ku kivi canke kuragira, mbega yomubarira, ati Ngwino n’ingoga wicare urye? Ariko ntiyomubarira, at’Arura ivyo kurya vyanje, ukenyere, ungaburire, gushitsa aho mpereza kurya no kunywa, nawe hanyuma ubone kurya no kunywa? Mbeg’akengurukira uwo mugurano kuko yakoze ivyo yamugezeko? Abe ari ko namwe mugira, ni mwaheza gukora ivyo mwagezweko vyose, muvuge, muti Tur’abagurano b’imburakimazi, twakoze ivyo dukwiye gukora gusa.” Abasavyi b’Imana rero ntibakwiye kwigera biyumvamwo ko bariko bagirira Imana ubuntu igihe bayikorera. Ahubwo, bakwiye kwama nantaryo bibuka agateka bafise k’ukuyisenga nk’abizigirwa bo mu nzu yayo.
Umengo inyuma gatoyi y’aho Yezu atangiye ico kigereranirizo ni ho hashika umuntu umwe azanye ubutumwa. Yari yarungitswe na Mariya be na Marita, bashiki ba Lazaro, ababa i Betaniya h’i Yudaya. Nya muntu amwiganira ati: “Mugenzi, wa wundi ukunda ararwaye.”
Yezu asubizayo ati: “Iyo ndwara s’iyo kumwica, ariko n’iyo gushimagirisha Imana, kugira ngo n’Umwana w’Imana imushimagirishe.” Yezu amaze imisi ibiri aho ari, abwira abigishwa biwe ati: “Dusubire i Yudaya.” Ariko rero baramwibutsa bati: “Mwigisha, Abayuda baheruka gushaka kugutera amabuye, non’usubireyo?”
Yezu mu kubishura ababaza ati: “Non’isaha z’umurango s’icumi na zibiri? Ūgenda ku murango ntatsitara, kukw abona umuco w’iyi si. Arik’ūgenda mw ijoro aratsitara, kuk’umuco utari muri we.”
Ico Yezu biboneka ko ashaka kuvuga ni uko “isaha z’umurango,” canke igihe Imana yashingiye ubusuku bwa Yezu kw’isi zitarahera, kandi zidaheze nta n’umwe ashobora kumugirira nabi. Birakenewe ko akoresha neza bimwe vyuzuye uwo mwanya mutoyi w’ “umurango” asigaranye, kubera ko mu nyuma hazoza “ijoro” aho abansi biwe bazoba bamwishe.
Yezu arongerako ati: “Lazaro, umukunzi wacu, arasinziriye, nanje ndagiye kumukangura.”
Biboneka yuko kubera ko abigishwa biyumvira ko Lazaro asinziriye mw’itiro be n’uko ico ari ikimenyetso ciza c’uko azokira, bituma bishura bati: “Mugenzi, asangw’asinziriye, azokira.”
Maze Yezu arabahishuka ati: “Lazaro yahwereye; ariko kubganyu ndanezerewe ko ntāriyo, kugira ngo muze mwizere; noneho ni muze tuje iy’ari.”
Kubera ko Toma yibaza ko Yezu ahakwa kwicirwa i Yudaya, yamara akaba yipfuza kumushigikira, aremesha abigishwa bagenziwe ati: “Ngo tugende, dupfane na Yesu.” Nuko ba bigishwa ba Yezu bemera guhakwa ubuzima bwabo, baherekeza Yezu kuri urwo rugendo ruranga ikigongwe i Yudaya. Luka 13:22; 17:1-10; Yohana 10:22, 31, 40-42; 11:1-16.
▪ Yezu yari aherutse kwigisha hehe?
▪ Ni inyigisho nki Yezu asubiramwo, kandi ni ibintu vy’ukuri ibihe vyo mu buzima adondora kugira ngo yerekane iciyumviro ikihe?
▪ Ni inkuru iyihe Yezu aronka, kandi ashaka gusigura iki mu mvugo ngo “umurango” n’ “ijoro”?
▪ Toma ashaka kuvuga iki igihe agira ati “Ngo tugende, dupfane na Yesu”?