Ikigabane ca 119
Ajanwa kwa Anasi, Hanyuma kwa Kayafa
YEZU, uwuboshwe nk’inkozi y’ikibi mu zindi, ajanwa kwa Anasi, uwahoze ari umuherezi mukuru akomeye cane. Anasi yari umuherezi mukuru igihe Yezu yari agahungu k’imyaka 12 akajoreza abigisha b’Abarabi ku rusengero. Abatari bake mu bahungu ba Anasi mu nyuma barakoze bwa baherezi bakuru, ubu na ho umukwe wiwe Kayafa akaba ari we afise ico kibanza.
Kumbure Yezu abanza kujanwa ku nzu ya Anasi kubera ko yamaze igihe kirekire ari uwuhambaye mu buzima bw’ivy’idini y’Abayuda. Ukwo kuja kuraba Anasi biraha Umuherezi Mukuru Kayafa umwanya wo gukorakoranya Ikombe, ya sentare nkuru y’Abayuda igizwe n’abantu 71, no gutororokanya amasura y’ikinyoma.
Umuherezi mukuru Anasi ubu abaza Yezu ivyerekeye abigishwa biwe n’ivyerekeye inyigisho ziwe. Ariko rero Yezu asubizayo ati: “Nabarira ab’isi mvyeruye, nahora nigishiriza mu masinagogi no mu rusengero ah’Abayuda bose bakoranira, nta co navugiye mu mpisho. Umbarije iki? Baza abāhora bavyumva ico nababariye: erega ni bo bazi ivyo navuze.”
Avuze atyo, umwe muri ba bagendanyi ahagaze hambavu ya Yezu amukubita ikofe, avuga ati: “Uko ni ko wishura umuherezi mukuru?”
Yezu asubizayo ati: “Namba mvuze nabi, nyagiriza ico kibi; ariko namb’ari neza, unkubitiye iki?” Bahejeje guterana ayo majambo, Anasi arungika Yezu aboshwe, ngo ajanwe kwa Kayafa.
Mugabo ubu abaherezi bakuru bose n’inararibonye hamwe n’abanyabwenge b’ivyanditswe, eka Ikombe ryose uko ringana, bariko baratororokana. Ikibanza bakoraniramwo bisa n’uko ari inzu ya Kayafa. Gusambisha mwene ukwo ku mugoroba wa buca ari Pasika birazira mu mategeko y’Abayuda. Ariko ivyo ntibibuza za ndongozi z’idini kurangura umugambi wazo w’ububisha.
Haraciye amayinga, igihe Yezu yazura Lazaro, abagize Ikombe ubwabo bari bamaze gushinga ingingo y’uko ategerezwa gupfa. Hagisigaye imisi ibiri gusa na ho, ni ukuvuga ku wa Gatatu, abakuru b’idini bagiriye inama hamwe ngo bacakire Yezu ku rwenge, kugira bamwice. Iyumvire nawe: urubanza rwiwe rwari rwamaze gucibwa n’imbere y’uko asambishwa!
Ubu hariko hagirwa utwigoro ngo baronke amasura aza gutanga ibimenyamenya vy’ikinyoma, kugira ngo Yezu yagirwe n’icaha. Ariko rero ntihaboneka amasura ahuza mu vyo avuga. Amaherezo haza babiri, hanyuma bemeza bati: “Twebge twaramwumvise avuga, ati Nzosambura uru rusengero rwubatswe n’intoke nubake urundi mu misi itatu, rutubatswe n’intoke.”
Kayafa abaza ati: “Nta co wiregura? Aba bakwagirije iki?” Ariko Yezu aguma yinumiye. No kuri ico kirego c’ikinyoma nyene, ya masura ntahuza ku vyo avuga, ivyo bigakoza isoni Ikombe. Nuko umuherezi mukuru agerageza ayandi mayeri.
Kayafa arazi ukuntu Abayuda baca baribwa n’ishavu iyo hagize umuntu yiyita ko ari we Mwana w’Imana. Incuro zibiri imbere yaho, n’ubukazi n’akantu, bari bise Yezu uwarogose akwiriye gupfa, hamwe biyumvira ukutari kwo ngo avuga ko angana n’Imana. Ubu Kayafa amubwira ku rwenge ati: “Ndakurahiye Imana nzima, tubarire kw ari wewe Kristo, Umwana w’Imana.”
Tutaravye n’ivyo Abayuda biyumvira, Yezu vy’ukuri ni we Mwana w’Imana. Kuguma yinumiye na vyo vyohava bifatwa nk’ukwihakana ko atari we Kirisitu. Nuko Yezu asubizayo n’umutima rugabo ati: “Urarivuze; yamara ndababgira yuk’uhereye ubu muzobona Umwana w’umuntu yicaye i buryo bg’Ububasha, aje mu bicu vyo kw ijuru.”
Avuze iryo, Kayafa yitantamurirako impuzu imbere y’abantu, avuga yitangaza ati: “Ararogose, turacaronderera iki ivyabona? Ehe muriyumviye ingen’arogose: mugira ngw iki?”
Ikombe ritangaza riti: “Akwiye gupfa.” Maze batangura kumushinyagurira, bavuga ibintu vyinshi bamurogotako. Bamukubita amakofe bongera bamucira amate mu maso. Abandi bamupfuka mu maso hose baza baramukubita ibipfunsi, bavugana akagaye bati: “Yewe Kristo, dupfindūrire: ni nde agukubise?” Iyo nyifato y’ugutukana kandi itemewe, ihaba igihe Yezu asambishwa mw’ijoro. Matayo 26:57-68; 26:3, 4; Mariko 14:53-65; Luka 22:54, 63-65; Yohana 18:13-24; 11:45-53; 10:31-39; 5:16-18.
▪ Yezu abanza kujanwa hehe, kandi ngaho ashikirwa n’ibiki?
▪ Ubukurikira Yezu ajanwa hehe, kandi bamujanirayo iki?
▪ Kayafa yashoboye gute gutuma Ikombe ritangaza ko Yezu akwiye gupfa?
▪ Ni inyifato nyabaki y’ugutukana kandi itemewe ihaba igihe c’ugusambishwa kwa Yezu?