Ikigabane ca 132
Ari i Buryo bw’Imana
ISUKWA ry’impwemu yera kuri Pentekote ni ikimenyamenya c’uko Yezu yashitse mw’ijuru. Ivyo Sitefano yeretswe haciye igihe gitoyi biragaragaza kandi yuko Yezu yari yashitseyo. Imbere gatoyi y’uko aterwa amabuye kubera ugushinga intahe kwiwe adahemuka, Sitefano yaratangaye ati: “Ehe mbonye ijuru rikingurutse, n’Umwana w’umuntu ahagaze i buryo bg’Imana.”
Bugingo Yezu ari i buryo bw’Imana, Yezu arorera iri tegeko riva kuri Se: “Ganza hagati y’abansi bawe.” Ariko muri ico gihe, Yezu akora iki mu kurindira ko avira hasi abansi biwe? Arategeka ku bigishwa biwe basizwe, ari kwo kubaganza, akabayobora mu murimo w’ukwamamaza inkuru nziza, kandi akabategura kugira bazocike abami bifatanije na we mu Bwami bwa Se, biciye ku kuzuka.
Nk’akarorero, Yezu yaracaguye Sauli (uno mu nyuma akaba yamenyekanye neza kuruta mw’izina ryiwe ry’Ikiroma, Paulo) ngo abe imboneza mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa mu bindi bihugu. Sauli yari afitiye umwete Ivyagezwe vy’Imana, ariko akayoborwa ukutariko n’indongozi z’idini y’Abayuda. Ingaruka yavyo, Sauli ntiyemeza yuko Sitefano agandagurwa vyonyene, ahubwo kandi aja i Damasiko afise uruhusha akuye ku muherezi mukuru Kayafa rwo kuza azanye i Yeruzalemu abagabo n’abagore bose asanzeyo bayobokera Yezu, akaza yabafashe. Ariko rero, bugingo Sauli yari mu nzira, umuco usayangana buno nyene umurasira irya n’ino hanyuma agwa hasi.
Ijwi rivuye ahataboneka ribaza riti: “Sauli, Sauli, umpīgira iki?” Sauli abaza ati: “Uri nde ga Mwami?”
Inyishu iraza, iti: “Ni jewe Yesu, uwo urik’urahīga.”
Sauli, uwuhumishijwe n’umuco uje ku gitangaro, abwirwa na Yezu kwinjira i Damasiko no kurindirirayo ivyo aributegekwe. Maze mw’iyerekwa, Yezu abonekera Ananiya, umwe mu bigishwa biwe. Ku biraba Sauli, Yezu abwira Ananiya ati: “Uwo muntu [ni] ikintu nitoranirije, ngw ajane izina ryanje imbere y’abanyamahanga n’abami b’Abisirayeli.”
Si ivy’imbeshere, babifashijwemwo na Yezu, Sauli (uwitwa Paulo ubu) hamwe n’abandi bamamazanjili barererwa bimwe bikomeye mu gikorwa cabo co kwamamaza inkuru nziza no kwigisha. Kukaba nkako, haheze imyaka nka 25 inyuma y’aho Yezu amariye kumubonekera ku nzira ija i Damasiko, Paulo yanditse yuko ‘inkuru nziza’ yari imaze ‘kuvugwa mu baremwe bose bo musi y’ijuru.’
Iyindi myaka itari mike imaze kurengana, Yezu yareretse nko mu ndoto intumwa yiwe akunda cane Yohani ibintu vyinshi vy’urukurikirane. Akoresheje ivyo bintu vyerekanywe adondora mu gitabu ca Bibiliya citwa Ivyahishuriwe, Yohani asa nk’uwubona Yezu agaruka mu bubasha bw’Ubwami. Yohani avuga yuko “biciye ku guhumekerwa” yajanywe imbere mu vy’ibihe gushika ku “musi w’Umukama.” (NW) Uwo “musi” ni uwuhe?
Dutohoje twitonze ubuhanuzi bwa Bibiliya harimwo n’ubuhanuzi Yezu ubwiwe yatanze bwerekeye imisi y’iherezo, tubona yuko “umusi w’Umukama” watanguye muri wa mwaka w’intibagirwa w’1914! Mu 1914 rero ni ho Yezu yagaruka mu buryo butaboneka, ata rwamo rwo ku mugaragaro, igaruka ryiwe rikamenywa n’abasavyi biwe b’abizerwa bonyene. Muri uwo mwaka Yehova yarategetse Yezu kuja kuganza hagati y’abansi biwe!
Mu kwubahiriza itegeko rya Se wiwe, Yezu yarahumanuye amajuru ayakuramwo Shetani n’amadayimoni yiwe, abajugunyira hasi kw’isi. Yohani amaze kubona ivyo bintu bishika nko mu ndoto, arumva ijwi ryo mw’ijuru rimenyesha riti: “Noneh’agakiza karashitse, gashikanye n’ubushobozi n’ubgami bg’Imana yacu n’ububasha bga Kristo wayo.” Egome, mu 1914 ni ho Kirisitu yatangura gutegeka ari Umwami!
Ese ukuntu iyo ari inkuru nziza ku basenga Yehova mw’ijuru! Bahimirizwa uku: “Munezerwe mwa majuru, namwe abayabamwo.” Ariko ivy’abari kw’isi bimera gute? Rya jwi riva mw’ijuru rivuga riti: “Ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuk’Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito.”
Ubu turi muri ico gihe gito. Abantu muri iki gihe bariko berekana yuko boba bakwiza ibisabwa ngo binjire mw’isi nshasha y’Imana canke ngo bazoshikirwe n’agatikizo. Ukuri ni uku: ico wewe ubwawe uzotahira cerekanwa n’ukuntu wakira inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana iriko iramamazwa kw’isi yose bihagarikiwe na Kirisitu.
Mu nyuma Imana izokoresha Yezu Kirisitu ngo akize isi urunkwekwe rw’ibintu rwa Shetani rwose uko rungana hamwe n’abarushigikiye. Yezu azoshitsa iryo randurwa ry’ubukozi bw’ikibi bwose mu ntambara yitwa Harumagedoni muri Bibiliya. Mu nyuma, Yezu, we Muntu ahambaye kw’isi no mw’ijuru havuye Yehova Imana ubwiwe, azocakira Shetani n’amadayinomi yiwe ababohe bamare imyaka igihumbi “i kuzimu” ni ukuvuga mu mero y’ukutagira ico bakora imeze nk’urupfu. Ivyakozwe 7:55-60; 8:1-3; 9:1-19; 16:6-10; Zaburi 110:1, 2; Abaheburayo 10:12, 13; 1 Petero 3:22; Luka 22:28-30; Ab’i Kolosayi 1:13, 23; Ivyahishuriwe 1:1, 10; 12:7-12; 16:14-16; 20:1-3; Matayo 24:14.
▪ Aho Yezu adugiye mw’ijuru, yahererejwe hehe, hanyuma arorera iki?
▪ Yezu yaganjije bande inyuma y’aho adugiye mw’ijuru, kandi ugutegeka kwiwe kugaragara gute?
▪ “Umusi w’Umukama” watanguye ryari, kandi ni ibiki vyabaye igihe watangura?
▪ Igikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza kiriko kirabandanya muri iki gihe kigira ico gikoze gute kuri umwumwe wese muri twebwe?
▪ Ni ibiki bizokurikira ico gikorwa co kwamamaza inkuru nziza nicarangira?