Ikigabane ca 7
Ico Imana Yagize ngo Irokore Abantu
1, 2. (a) Intwazangabo imwe y’Umuroma yahavuye itahura gute Umwana w’Imana uwo ari we? (b) Ni kuki Yehova yaretse Yezu agapfa?
UMUSI umwe ku muhingamo wo mu rushana, ubu hakaba haciye hafi imyaka 2.000, intwazangabo imwe y’Umuroma yaritegereje abagabo batatu bariko baracikana buhorobuhoro, mu buryo bubabaje. Uwo musoda yihweje canecane umwe muri bo, ari we Yezu Kirisitu. Yezu yari yakomerewe imisumari ku mugogo w’igiti. Ijuru ryarije ku mutaga igihe ugupfa kwiwe kwari kwegereje. Aho apfiriye, isi yaranyiganyize bimwe bikomeye, hanyuma nya musoda arikugura ati: “N’ivy’ukuri, uyu muntu yar’Umwana w’Imana.”—Mariko 15:39.
2 Umwana w’Imana! Uwo musoda ntiyari yihenze. Yari ahejeje kwibonera ikintu gihambaye kuruta ivyashitse kw’isi vyose. Mu bindi bihe imbere yaho, Imana ubwayo yari yarise Yezu Umwana wayo ikunda cane. (Matayo 3:17; 17:5) Ni kuki Yehova yaretse Umwana wiwe agapfa? Kubera ko ubwo bwari bwo buryo Imana yokoresheje mu gukiza abantu icaha n’urupfu.
YATOREWE UMUGAMBI UDASANZWE
3. Ni kuki vyari bikwiriye ko Umwana w’ikinege w’Imana atorwa ngo ashitse umugambi udasanzwe werekeye abantu?
3 Nk’uko twamaze kuvyiga muri iki gitabu, Yezu yari yarabayeho imbere y’uko aba umuntu nkatwe. Yitwa ‘Umwana w’ikinege’ w’Imana kubera ko Yehova ubwiwe ari we yamwiremeye. Mu nyuma Imana yarakoresheje Yezu mu kurema ibindi bintu. (Yohana 3:18; Ab’i Kolosayi 1:16) Yezu yarakunda abantu bimwe bidasanzwe. (Imigani 8:30, 31) Ntibitangaje kuba Yehova yaratoye Umwana wiwe w’ikinege ngo ashitse umugambi udasanzwe igihe abantu bacirwa urw’ugupfa!
4, 5. Imbere y’uko Yezu aza kw’isi, Bibiliya yahishuye iki ku vyerekeye Urubuto rwobaye Mesiya?
4 Igihe Imana yakatira urubanza Adamu, Eva na Shetani mw’itongo ry’i Edeni, yaravuze ivyerekeye Umucunguzi yoje mu kumwita “urubuto” (NW). Urwo Rubuto, ari rwo ruvyaro, rwoje kuzimanganya amarushwa y’agacamutima yazanywe na Shetani wa Mucokoranyi, “ya nzoka ya mbere.” Kukaba nkako, urwo Rubuto rwari rwarasezeranywe rwofyonyoye Shetani hamwe n’abo bose bamukurikiye.—Itanguriro 3:15; 1 Yohana 3:8; Ivyahishuriwe 12:9.
5 Mu binjana n’ibindi, Imana yagiye irarushiriza guhishura ivyerekeye urwo Rubuto, ari na rwo rwiswe Mesiya. Nk’uko vyerekanywe mu gicapo kiri ku rupapuro rwa 37, hari ubuhanuzi bwinshi bwari bwaratanze ido n’ido ku bintu bitari bike vyerekeye ubuzima bwiwe bwo kw’isi. Nk’akarorero, yategerezwa kwihanganira ukugirirwa nabi kw’ubugesera kugira ngo ashitse uruhara afise mu mugambi w’Imana.—Yesaya 53:3-5.
IGITUMA MESIYA YOPFUYE
6. Dukurikije Daniyeli 9:24-26, Mesiya yoshikije ibiki, kandi yobishikije gute?
6 Ubuhanuzi bwanditswe muri Daniyeli 9:24-26 bwari bwaramenyesheje yuko Mesiya, ari we Wasizwe w’Imana, yoshikije umugambi uhambaye. Yoje kw’isi “kugira ngw ibicumuro bishire n’ivyaha birangizwe, n’ibigabitanyo bitangirwe impogano, hazanwe ukugororoka” ibihe bitazohera. Mesiya yokuye ku bantu b’abizigirwa urubanza rwo gupfa. Mugabo ivyo yobikoze gute? Nya buhanuzi busigura yuko ‘yokuweho,’ ari kwo kwicwa.
7. Ni kuki Abayuda batanga ibimazi vy’ibitungwa, kandi ivyo vyagereranya iki?
7 Abisirayeli ba kera bari bamenyereye ivyo guhongera icaha. Mu gusenga kwabo kwo mu gihe c’Ivyagezwe Imana yabahaye biciye kuri Musa, barashikana ibimazi vy’ibitungwa ubudasiba. Ivyo vyaributsa Abisirayeli yuko abantu bakeneye icohongera ivyaha vyabo, canke kikabipfuka. Intumwa Paulo yaravuze iyo ngingo muri make muri ubu buryo ati: “Hatavuye amaraso ntihaba guharirwa ivyaha.” (Abaheburayo 9:22) Abakirisu ubu ntibarongorwa n’Ivyagezwe vya Musa hamwe n’ivyo vyasaba, nk’ibimazi. (Abaroma 10:4; Ab’i Kolosayi 2:16, 17) Barazi kandi yuko ibimazi vy’ibitungwa bidashobora gutuma baronka ikigongwe c’ivyaha c’intahava kandi gikwiye. Ahubwo, ayo mashikanwa y’ibimazi yagereranya ikimazi c’agaciro gahambaye kuruta, ni ukuvuga ikimazi ca Mesiya, ari we Kirisitu. (Abaheburayo 10:4, 10; gereranya n’Ab’i Galatiya 3:24.) Yamara hari aho wobaza uti: ‘Ubwo vy’ukuri vyari bikenewe ko Mesiya apfa?’
8, 9. Ni ibintu vy’igiciro ibihe Adamu na Eva batakaje, kandi ivyo bakoze vyagize iki ababakomotseko?
8 Egome, Mesiya yategerezwa gupfa kugira ngo umuryango w’abantu ukizwe. Kugira ngo dutahure igituma, dutegerezwa kwiyumvira ivyabaye mw’itongo rya Edeni, hanyuma tugerageze gutegera ukungene ico Adamu na Eva batakaje igihe bagarariza Imana cari kinini cane. Bari bashizwe imbere ubuzima budahera! Kubera ko bari abana b’Imana, bari kandi bafitaniye na yo imigenderanire nk’abishikira. Mugabo igihe batera akagere ubutegetsi bwa Yehova, baratakaje ivyo vyose hanyuma bazana icaha n’urupfu ku muryango w’abantu.—Abaroma 5:12.
9 Ni nk’aho abavyeyi bacu ba mbere bari basesaguye ubutunzi amahanga, biyinjiza mu mwenda utagira uko ungana. Adamu na Eva uwo mwenda barawuraze uruvyaro rwabo. Kubera ko twavukanye agasembwa n’icaha, umuntu wese muri twebwe ni umunyavyaha kandi arapfa. Igihe turwaye canke tukavuga ikintu kibabaza gituma twicuza ico twakivugiye, tuba turiko turibonerako ingaruka z’uwo mwenda twarazwe—ni ukuvuga agasembwa k’umuntu. (Abaroma 7:21-25) Icizigiro rudende dufise ni ukwongera kuronka ico Adamu yatakaje. Ariko rero, ntidushobora guca ingero y’ubuzima bw’umuntu butagira agasembwa. Kubera ko abantu bose b’abanyagasembwa bacumura, twese ingero duca ni urupfu si ubuzima.—Abaroma 6:23.
10. Hari hakenewe iki kugira ngo ico Adamu yatakaje gicungurwe?
10 Yamara, hoba hari ikintu cari gushobora gutangwa ngo gisubirire ubuzima Adamu yatakaje? Ingingo ngenderwako y’Imana igenga ubutungane isaba indinganire, “ubugingo buhōrwa ubundi.” (Kuvayo 21:23) Hategerezwa rero gutangwa ubuzima kugira ngo ubwari bwatakaye burihwe. Kandi ntihopfuye gutangwa ubuzima ubwo ari bwo bwose. Muri Zaburi 49:7, 8 haravuga ivy’abantu b’abanyagasembwa hati: “Nta n’umwe ashobora gucungura mugenzi we na gatoya, canke guha Imana incungu yiwe: kukw incungu y’ubugingo bgabo ar’iy’igiciro, [“ku buryo yaretse kubaho,” NW] ibihe bidashira.” None rero ntaco tukivuna? Oya si ukwo!
11. (a) Ijambo “incungu” risigura iki mu Giheburayo? (b) Ni nde wenyene yari gushobora gucungura abantu, kandi ni kuki?
11 Mu rurimi rw’Igiheburayo, ijambo “incungu” risobanura igitigiri c’amahera arihwa kugira ngo uwafashwe mpiri acungurwe, rikerekana kandi ukuringanira. Umuntu afise ubuzima butagira agasembwa ni we wenyene yari gushobora gutanga nya ndinganire y’ico Adamu yatakaje. Hanyuma ya Adamu, umuntu wenyene atagira agasembwa yavukiye kw’isi yabaye Yezu Kirisitu. Ni co gituma Bibiliya yita Yezu “Adamu wo hanyuma” maze ikadukura amakenga yuko Kirisitu “yitanze kw incungu [“bikwiranye,” NW] ya bose.” (1 Ab’i Korinto 15:45; 1 Timoteyo 2:5, 6) Naho Adamu yaraze urupfu abana biwe, ico Yezu araga ni ubuzima budahera. Muri 1 Ab’i Korinto 15:22 hasigura hati: “Nk’uko Adamu yandukije bose gupfa, ni ko muri Kristo bose bazohindurwa bazima.” Birabereye rero kuba Yezu yitwa “Data wa twese ahoraho.”—Yesaya 9:6, 7.
INGENE IYO NCUNGU YARISHWE
12. Ni ryari Yezu yabaye Mesiya, kandi mu nyuma yaciye abaho akora iki?
12 Mu gatasi ko mu 29 G.C., Yezu yaragiye ku ncuti yiwe Yohani ngo abatizwe, abe yitanze kugira ngo ashitse ivyo Imana igomba. Ico gihe Yehova yarasize Yezu impwemu yera. Yezu yaciye rero aba Mesiya, canke Kirisitu, uwasizwe n’Imana. (Matayo 3:16, 17) Maze Yezu yaciye atangura igikenurwa ciwe camaze imyaka itatu n’igice. Yaragendagenze mu gihugu c’iwabo, aramamaza ivyerekeye Ubwami bw’Imana yongera aratororokanya abayoboke b’abizerwa. Ariko rero, nk’uko vyari vyaravuzwe, ukumurwanya ntikwatevye gukura hasi.—Zaburi 118:22; Ivyakozwe 4:8-11.
13. Ni ibiki vyabaye bishikana Yezu ku gupfa ari intadohoka?
13 Yezu yarashize ku kabarore uburyarya bw’indongozi z’ivy’idini adatinya, na bo barondera kumwica. Amaherezo baja umugambi mubi wo kumugura, afatwa mu buryo butabereye, acirwa urwa ngondegonde, baramudendereza ngo ni umugumutsi. Yezu yarakubiswe amakofe, aracirwako amate, aratyekezwa, vyongeye arakubitwa ikimoko cari kigenewe kumutabagura inyama. Buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato yaciye amucira urwo gupfa yiciwe ku giti co kubabarizwako. Yarakomerewe imisumari ku mugogo w’igiti hanyuma aguma awumanitsweko ushinze. Uko yahema kwose ni ko yasogotwa n’umusonga, kandi vyatwaye amasaha kugira ngo acikane. Muri ukwo gusambagirika kwose, Yezu yagumye ari intadohoka ku Mana aherezako.
14. Ni kuki Imana yaretse Umwana wayo agacumukura hanyuma agapfa?
14 Gutyo rero, ku wa 14 Nisani 33 G.C., ni ho Yezu yatanze ubuzima bwiwe ngo bube “incungu ya benshi.” (Mariko 10:45; 1 Timoteyo 2:5, 6) Yehova ari mw’ijuru yarashoboye kubona Umwana wiwe akunda cane ababara hanyuma agapfa. Ni kuki Imana yaretse ico kintu c’agacamutima kikaba? Yabigize kubera ko yakunda umuryango w’abantu. Yezu yavuze ati: “Urukundo Imana yakunze abari mw isi [ni] rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubu[zima] budashira.” (Yohana 3:16) Urupfu rwa Yezu ruratwigisha kandi yuko Yehova ari Imana y’ubutungane butagira agahonzi. (Gusubira mu Vyagezwe 32:4) Hari abokwibaza igituma Imana itirengagije ingingo zayo zigenga ubutungane zisaba ko ubugingo butangirwa ubundi ngo ice yiyobagiza indishi y’ingendo y’icaha ya Adamu. Impamvu ni uko Yehova nantaryo yisunga amategeko yiwe kandi akayashigikira, naho ivyo vyoba vyomutwara ikintu gihambaye.
15. Kubera ko vyobaye bidahuye n’ubutungane kureka ngo ukubaho kwa Yezu guhere ubutakivayo, Yehova yagize iki?
15 Ubutungane bwa Yehova bwasaba kandi ko urupfu rwa Yezu ruvamwo ikintu gihimbaye. Ubiravye, mbega hobaye harimwo ubutungane umwizerwa Yezu arekewe mw’itiro ry’urupfu ibihe bidahera? Oya nawe! Ivyanditswe vy’Igiheburayo vyari vyaravuze yuko intahemuka y’Imana atogumye mu mva. (Zaburi 16:10; Ivyakozwe 13:35) Yasinziriye mu rupfu ibice vy’imisi itatu, hanyuma maze Yehova Imana amuzurira kubaho ari ikiremwa c’impwemu c’ububasha.—1 Petero 3:18.
16. Yezu yagize iki aho asubiriye mw’ijuru?
16 Igihe Yezu yapfa, ubuzima yari afise bw’umuntu yari abuhevye rimwe rizima. Aho azuriwe kuba mw’ijuru, yacitse impwemu itanga ubuzima. Vyongeye, igihe Yezu yaduga akaja ahantu heranda kuruta ahandi aho ari ho hose, yarongeye gusubizwa hamwe na Se wiwe mukundwa, hanyuma aramushikiriza icese agaciro k’ubuzima bwiwe bw’umuntu butagira agasembwa. (Abaheburayo 9:23-28) Agaciro k’ubwo buzima buhambaye rero kari gushobora gukoreshwa ku neza y’abantu bagamburuka. None ivyo bisobanura iki kuri wewe?
INCUNGU YA KIRISITU NA WEWE
17. Dushobora gute kwironsa ukurekurirwa hishimikijwe inkuka y’incungu ya Kirisitu?
17 Rimbura uburyo butatu inkuka y’incungu ya Kirisitu ikuzanira ivyiza no muri iki gihe nyene. Ubwa mbere, iratuma turekurirwa ivyaha. Biciye mu kwizera amaraso ya Yezu yasheshwe, turaronka “[u]gucungurwa,” ego, “[u]guharirwa ibicumuro vyacu.” (Abanyefeso 1:7) Nuko rero naho mbere twoba twakoze icaha gikomeye, turashobora gusaba Imana ngo iturekurire mw’izina rya Yezu. Mu gihe tugaragaje ukwigaya vy’ukuri, Yehova arakoresha kuri twebwe ka gaciro k’inkuka y’incungu y’Umwana wiwe. Imana iraturekurira, ikaduhezagira mu kuduha ijwi ryo mu mutima ryiza, aho guca iduhanisha igihano co gupfa twikwegera iyo ducumuye.—Ivyakozwe 3:19; 1 Petero 3:21.
18. Ni mu buryo ubuhe inkuka ya Yezu iduha icizigiro?
18 Ica kabiri, inkuka y’incungu ya Kirisitu iraduha ishimikiro ry’icizigiro cacu ca kazoza. Mu vyo intumwa Yohani yeretswe, yabonye yuko “ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra” borokotse umuhero w’uru runkwekwe rw’ibintu wimirije. Ni kuki bazorokoka mu gihe Imana ihoneje abandi bantu benshi cane? Umumarayika yabwiye Yohani yuko iryo shengero ryinshi bari “bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi,” Yezu Kirisitu. (Ivyahishuriwe 7:9, 14) Mu gihe tugaragaza ko twizeye amaraso ya Yezu Kirisitu yasheshwe kandi tukabaho duhuza n’ivyo Imana isaba, tuzoba dutyoroye mu nyonga zayo, kandi tuzogira icizigiro c’ubuzima budahera.
19. Inkuka ya Kirisitu igaragaza gute yuko we be na Se bagukunda?
19 Ica gatatu, iyo nkuka y’incungu ni co kintu ruheta cemeza urukundo rwa Yehova. Urupfu rwa Kirisitu rwarashize ahabona ibikorwa bibiri bihambaye kuruta biranga urukundo mu nkuru y’ivyabaye vyose kw’isi no mw’ijuru: (1) Urukundo Imana yagaragaje mu kurungika Umwana wayo ngo adupfire; (2) Urukundo Yezu yagaragaje mu kwemera n’umutima ukunze akitangako incungu. (Yohana 15:13; Abaroma 5:8) Mu gihe tugaragaje ukwizera vy’ukuri, urwo rukundo rurakora kuri umwumwe wese muri twebwe. Intumwa Paulo yavuze ati: “Umwana w’Imana ya[ra]nkunze, a[r]anyigura.”—Ab’i Galatiya 2:20; Abaheburayo 2:9; 1 Yohana 4:9, 10.
20. Ni kuki dukwiye kugaragaza ko twizeye inkuka y’incungu ya Yezu?
20 Nimuze rero dukure ubwatsi ku bw’urukundo Imana na Kirisitu batugiriye, mu kugaragaza ko twizeye inkuka y’incungu ya Yezu. Tugenjeje gutyo bizotuma turonka ubuzima budahera. (Yohana 3:36) Yamara, ubukiriro bwacu si yo mvo ihambaye kuruta zose yatumye Yezu aba kw’isi akongera akahapfira. Oyaye, ikintu nyamukuru yari yitwararitse cari ikibazo gihambaye mbere kuruta ico, kikaba cari icerekeye ivyaremwe vyose. Nk’uko tuza kubibona mu kigabane gikurikira, ico kibazo kiratwerekeye twese kubera ko cerekana igituma Imana yaretse ububisha n’ugucumukura bigashishikara igihe kirekire gutya muri iyi si.
SUZUMA UBUMENYI BWAWE
Ni kuki Yezu yarinze gupfa kugira ngo akize abantu?
Ya ncungu yarishwe gute?
Ni mu buryo ubuhe uronkera ivyiza kuri iyo ncungu?
[Ifoto yuzuye urupapuro rwose, rup. 67]