Ikigabane ca Gatandatu
Nimufashe Umwana Wanyu w’Umuyabaga Gukura
1, 2. Ni ingorane izihe n’umunezero uwuhe imyaka y’ubuyabaga ishobora kuzana?
KURERA umuyabaga biratandukanye cane no kurera umwana w’imyaka itanu canke cumi. Imyaka y’ubuyabaga irazana ibibazo vyayo n’ingorane zayo, mugabo kandi irashobora kuzana umunezero n’impera. Uturorero nka tumwe twa Yozefu, Dawidi, Yosiya na Timoteyo turerekana yuko abakiri bato bashobora gukora ibintu mu buryo buranga ubukerebutsi kandi bakagiranira na Yehova ubucuti bwiza. (Itanguriro 37:2-11; 1 Samweli 16:11-13; 2 Abami 22:3-7; Ivyakozwe 16:1, 2) Abana benshi b’imiyabaga baragaragaza ko bameze mwene ukwo. Birashoboka mbere yuko woba uzi bamwe muri bo.
2 Yamara, kuri bamwebamwe imyaka y’ubuyabaga irimwo uruhagarara. Hari igihe imiyabaga baba bameze neza n’igihe baba bamerewe nabi. Abahungu n’abakobwa b’imiyabaga bashobora kwumva bashatse kugira umwidegemvyo urushirije, bagashobora no kubabazwa n’uturimbi abavyeyi babo babashiriraho. Yamara, urwaruka mwene urwo ruba rutaraca uruma vy’ukuri, kandi ruba rugikeneye imfashanyo iranga urukundo n’ukwihangana ivuye ku bavyeyi babo. Egome, imyaka y’ubuyabaga irashobora gutera agahimbare, mugabo kandi irashobora no gutuma abavyeyi n’abo bana b’imiyabaga bazazanirwa. None urwaruka rushobora gufashwa gute muri iyo myaka?
3. Ni mu buhe buryo abavyeyi bashobora guha umwana wabo w’umuyabaga akaryo keza mu buzima?
3 Abavyeyi bakurikiza impanuro za Bibiliya, baraha umwana wabo w’umuyabaga akaryo keza kuruta gashoboka ko gutuma aroranirwa muri ivyo bihe bigoye gushika ageze mu bigero. Mu bihugu vyose no mu bihe vyose, abavyeyi be n’abana babo b’imiyabaga bashize mu ngiro ingingo ngenderwako za Bibiliya bararoraniwe.—Zaburi 119:1.
KUYAGA ATA GUHISHANYA
Nurondere umwanya igihe umwana wawe w’umuyabaga yipfuza kukuyagira
4. Ni kubera iki ikiyago c’akabanga gihambaye na canecane mu gihe c’imyaka y’ubuyabaga?
4 Bibiliya ivuga iti: “Ahatagira [“ikiyago c’akabanga,” NW] imigabo irapfa.” (Imigani 15:22) Nimba ikiyago c’akabanga cari gikenewe igihe abana bari bakiri batoya, kirakenewe rwose canecane mu gihe c’imyaka yabo y’ubuyabaga, aho usanga bamara umwanya mutoyi i muhira, maze umwanya munini bakawumarana n’abo bigana kw’ishure canke abandi bagenzi. Mu gihe hoba hatari ikiyago c’akabanga, ni ukuvuga hatari ukuyaga kutarimwo uguhishanya hagati y’abana n’abavyeyi, imiyabaga barashobora gucika nk’abanyamahanga mu nzu. None mwobigenza gute kugira ngo inzira y’ibiyago igume yuguruye?
5. Imiyabaga baremeshwa kubona gute ivyo guseruriranira akari ku mutima n’abavyeyi babo?
5 Imiyabaga be n’abavyeyi bategerezwa kurangura uruhara rubega muri ivyo. Ego ni ko imiyabaga bashobora gusanga kuganira n’abavyeyi babo bigoye gusumba uko babigira igihe bari bakiri batoya. Naho ari ukwo, nimwibuke yuko “ahabuze abarōngōra b’ubgenge abantu barahenebera, ariko mu nama ya benshi habonekamw’amahoro.” (Imigani 11:14) Ayo majambo arakora kuri bose, ku bakiri bato no ku bakuze nyene. Imiyabaga babona ivyo, bazotahura yuko bagikeneye ubuyobozi buranga ubwenge, kubera yuko bariko barahangana n’ibibazo bigoye kuruta uko vyahora. Bakwiye kwemera yuko abavyeyi babo bizeye bakwije neza ibisabwa vyo kuba abantu batanga impanuro, kubera yuko barushirije guca uruma mu buzima kandi bagaragaje mu myaka n’iyindi yuko babitwararikana urukundo. Gutyo, muri iyo myaka baba bagezemwo, imiyabaga b’inkerebutsi ntibazotera ibitugu abavyeyi babo.
6. Ni iyihe nyifato abavyeyi b’inkerebutsi kandi b’abanyarukundo bazogira ku vyo guseruriranira akari ku mutima n’abana babo b’imiyabaga?
6 Guseruriranira akari ku mutima bisaba ko abavyeyi binanata bakarondera umwanya igihe umuyabaga yumva akeneye kugira ico avuze. Nimba uri umuvyeyi, uraraba neza yuko uguserura akari ku mutima ata kikubuza n’imiburiburi ku ruhande rwawe. Ivyo birashobora kuba ibitoroshe. Bibiliya ivuga yuko hariho “igihe co gucereza n’igihe co kuvuga.” (Umusiguzi 3:7) Igihe umuyabaga wawe yumva yuko ari igihe co kuvuga, gishobora kuba ari co gihe cawe co gucereza. Kumbure uwo mwanya wawutegekanirije ukwiyigisha, ukwiruhura, canke ugukora iruhande y’inzu. Naho ari ukwo, nimba umwana wawe w’umuyabaga ashaka kukuyagira, nugerageze guhindura gatoya ivyo wari wategekanije, maze umwumvirize. Ahandiho, ashobora kutazosubira kugerageza kukuyagira. Niwibuke akarorero ka Yezu. Igihe kimwe, yari yategekanije umwanya w’akaruhuko. Mugabo igihe abantu baza bakarundana kugira ngo bamwumvirize, yarahevye kuruhuka maze atangura kubigisha. (Mariko 6:30-34) Abana b’imiyabaga benshi baratahura yuko abavyeyi babo bafise vyinshi bakora mu buzima, mugabo barakeneye guhera amazinda yuko abavyeyi babo babereyeho kubafasha mu gihe babakeneye. Ku bw’ico rero, nimuze muraboneka kandi mubatahure.
7. Abavyeyi bakwiye kwirinda iki?
7 Nimugerageze kwibuka ukuntu vyari bimeze igihe mwari imiyabaga, kandi mugumane agatima kanyu ko gutwenza. Abavyeyi barakeneye kunezerererwa ukuba bari kumwe n’abana babo. Mbega igihe hariho umwanya w’akaruhuko, abavyeyi bawukoresha gute? Nimba nantaryo bashaka gukoresha uwo mwanya mu kwigirira utuntu batari kumwe n’abo mu rugo, abana babo b’imiyabaga ntibazoteba kubibona. Nimba imiyabaga bamaze kubona yuko abagenzi babo bo kw’ishure babitwararika cane kuruta abavyeyi babo, ntibazobura kugira ingorane.
IVYO BOYAGA
8. Ni gute abana bashobora kwigishwa kuba inziraburyarya, gukunda ibikorwa be no kwigenza neza?
8 Nimba abavyeyi batarigisha abana babo kuba inziraburyarya no gukunda ibikorwa, bakwiye gukora ibishoboka vyose bakabigira mu myaka y’ubuyabaga. (1 Ab’i Tesalonike 4:11; 2 Ab’i Tesalonike 3:10) Birahambaye kandi ko baraba neza yuko abana babo bemera n’umutima wabo wose akamaro ko kubaho bigenza runtu kandi badahumanye. (Imigani 20:11) Umuvyeyi yigisha vyinshi cane muri ivyo abicishije ku karorero atanga. Nk’uko nyene abagabo batizera bashobora “[ku]reshw[a] n’ingeso nziza z’abagore babo, batagize ijambo bavuze,” imiyabaga na bo nyene barashobora kwiga ingingo ngenderwako zigororotse biciye ku ngeso z’abavyeyi babo. (1 Petero 3:1) Ariko rero, akarorero konyene ntigahagije, kubera yuko hanze y’i muhira abana berekwa kandi uturorero tubi twinshi, bakanacucagirwa amakuru atari yo yosha nabi. Ku bw’ico, abavyeyi b’abitwararitsi barakeneye kumenya ico abana babo b’imiyabaga biyumvira ku bijanye n’ivyo barorera be n’ivyo bumviriza, ivyo bigasaba ko bayaga na bo mu buryo ngirakamaro.—Imigani 20:5.
9, 10. Ni kuki abavyeyi bakwiye kuraba neza yuko bigisha abana babo ivyerekeye igitsina, kandi ivyo bashobora kubigira gute?
9 Ivyo ni ivy’ukuri canecane ku vyerekeye igitsina. Bavyeyi, vyoba bibagora kuganira n’abana banyu ivyerekeye igitsina? Naho nyene vyoba bibagora, nimwihatire kubigira, ahandi ho abana banyu bazovyigira ku wundi muntu. None nibatavyigira kuri mwebwe, ni nde yomenya amakuru y’ikinyoma bazoronka ayo ari yo? Muri Bibiliya, Yehova ntiyirinda kuvuga ibintu vyerekeye igitsina, n’abavyeyi rero ntibakwiye kuvyirinda.—Imigani 4:1-4; 5:1-21.
10 Duhiriwe duhishije, Bibiliya irimwo ubuyobozi butomoye mu vy’inyifato twogira ku vyerekeye igitsina, n’Ivyabona vya Yehova bakaba barasohoye amakuru menshi y’ingirakamaro yerekana yuko ubwo buyobozi bubandanya gukora no muri iyi si ya none. Ni kuki utokoresha iyo mfashanyo? Nk’akarorero, ni kuki utorabira hamwe n’umuhungu wawe canke umukobwa wawe igice kivuga ngo “La sexualité et la moralité” (Ivy’Igitsina n’Inyifato Runtu) muri ca gitabu Les jeunes s’interrogent—Réponses pratiques? Ushobora kuzotangazwa bimwe binezereje n’ibizovamwo.
11. Ni mu buhe buryo kirumara kuruta abavyeyi bigisha abana babo ingene bokorera Yehova?
11 Ni ikintu ikihe gihambaye kuruta abavyeyi n’abana bakwiye kuganira? Intumwa Paulo yacerekejeko igihe yandika ati: “Mubarere [abana banyu], mubahana mubahanūra, uk[o Yehova] agomba.” (Abanyefeso 6:4) Abana barakeneye kuguma biga ivyerekeye Yehova. Barakeneye canecane kwiga kumukunda, kandi bakwiye kugira icipfuzo co kumukorera. N’aha nyene, vyinshi birashobora kwigishwa biciye ku karorero. Nimba imiyabaga babona yuko abavyeyi babo bakundisha Imana ‘imitima yabo yose n’ubugingo bwabo bwose n’ubwenge bwabo bwose,’ be n’uko ivyo bizana ivyamwa vyiza mu buzima bw’abavyeyi babo, barashobora kwoshwa kugira gutyo nyene. (Matayo 22:37) Abakiri bato na bo nyene nimba babona yuko abavyeyi babo babona ibintu vy’umubiri ku rugero mu gushira Ubwami bw’Imana mu kibanza ca mbere, bizobafasha gutsimbataza inyifato y’umuzirikanyi mwene iyo nyene.—Umusiguzi 7:12; Matayo 6:31-33.
12, 13. Ni ivyiyumviro ibihe bikwiye kwamizwa mu muzirikanyi kugira ngo inyigisho y’umuryango iroranirwe?
12 Inyigisho ya Bibiliya y’umuryango igirwa indwi ku ndwi ni imfashanyo ntangere mu kwigisha abakiri bato imico ngirakamaro yo mu vy’impwemu. (Zaburi 119:33, 34; Imigani 4:20-23) Kugira inyigisho mwene iyo ubudahorereza ni nkenerwa cane. (Zaburi 1:1-3) Abavyeyi n’abana babo bakwiye gutahura yuko inyigisho y’umuryango iza imbere y’ibindi bikorwa bitegekanywa, aho kubicurika ngo ize inyuma yavyo. Ikindi kandi, inyifato ibereye ni ntahara kugira ngo inyigisho y’umuryango ibe kirumara. Hari sebibondo umwe yavuze ati: “Akabanga ni uko muri iyo nyigisho y’umuryango, umurongozi aremesha agatima ko kwumva umuntu yorohewe, ariko akabigirana icubahiro. Biba vyoroheje, mugabo ntibibe ibijajuro. Bishobora kutama nantaryo vyoroshe gushika ku burimbane nyabwo, kandi abakiri bato kenshi na kenshi bazokwama bakeneye kubogorwa. Nimba ibintu bitagenze neza rimwe canke kabiri, nukomere ku muheto kandi urindire igihe kizokurikira.” Uwo sebibondo nyene yavuze yuko mw’isengesho atura imbere yo kugira inyigisho imwimwe yose yasaba Yehova imfashanyo atomora, kugira ngo ababa bari muri iyo nyigisho bose babone ibintu mu buryo bwiza.—Zaburi 119:66.
Inyigisho ya Bibiliya idahorereza mu muryango ni ntahara
13 Kurongora inyigisho y’umuryango ni ibanga ryega abavyeyi bizera. Ego ni ko, abavyeyi bamwebamwe bashobora kuba badafise ingabirano yo kwigisha. Bishobora kandi kuba bibagora gutora uburyo bwo gutuma iyo nyigisho y’umuryango iba iyishimishije. Naho ari ukwo, nimba mukunda imiyabaga yanyu ‘mu vyo mukora no mu kuri,’ muzokwipfuza kubafasha mwicishije bugufi kandi ata buryarya, kugira ngo batere imbere mu vy’impwemu. (1 Yohana 3:18) Rimwe na rimwe bashobora kwidodomba, mugabo biboneka yuko bazotahura ko mwitwararitse cane ukumererwa neza kwabo.
14. Gusubira mu Vyagezwe 11:18, 19 hashobora gukurikizwa gute mu kwigisha imiyabaga ibintu vy’impwemu?
14 Inyigisho y’umuryango si ko karyo konyene ko kwigisha ibintu bihambaye vyo mu buryo bw’impwemu. Woba wibuka itegeko Yehova yahaye abavyeyi? Yavuze ati: “Mubīke ayo majambo mvuze mu mitima yanyu no mu bugingo bganyu; muze muyahambīre ku maboko yanyu, ababere ikimenyetso, muyashire mu ruhanga nk’amambe, abe hagati y’amaso yanyu. Muze muyigishe abana banyu, muyahoze mu kanwa iyo mwicaye mu nzu, n’iyo muriko muragenda mu nzira, n’iyo muryamye, n’iyo muvyutse.” (Gusubira mu Vyagezwe 11:18, 19; raba kandi no mu Gusubira mu Vyagezwe 6:6, 7.) Ivyo ntibisigura yuko abavyeyi bategerezwa kwama igihe cose bariko bigisha abana babo. Mugabo serugo munyarukundo akwiye kutagisha na rimwe uturyo aronse two kwubaka abo mu rugo rwiwe mu vy’impwemu.
UGUTOZA INDERO N’UKWUBAHA
15, 16. (a) Ugutoza indero ni iki? (b) Ni nde ajejwe ivyo gutoza indero, kandi ni nde yegwa n’ukuyikurikiza?
15 Ugutoza indero ni uburyo bwo kumenyereza bukosora, kandi burimwo n’ukwigisha. Imvugo ugutoza indero irimwo iciyumviro co gukosora kuruta ico guhana—naho nyene igihano gishobora kujamwo. Abana bawe bari bakeneye indero igihe bari batoya. Ubu na ho bageze mu buyabaga, baracakeneye gutozwa indero mu buryo bunaka, kumbure mbere ku rugero rurushirije. Abana b’imiyabaga b’inkerebutsi barazi yuko ivyo ari ukuri.
16 Bibiliya ivuga iti: “Igipfu gikēngēra gutozwa indero nziza na se, arik’uwumvira igihano arakerebuka.” (Imigani 15:5) Iki canditswe kiratwigisha vyinshi. Cumvikanisha yuko indero itegerezwa gutozwa. Umwana w’umuyabaga ntashobora ‘kwumvira igihano’ mu gihe kidatanzwe. Yehova ibanga ryo gutoza indero ariha abavyeyi, na canecane serugo. Ariko rero, ibanga ryo kwumvira iyo ndero riba ryega nya muyabaga. Azokwiga vyinshi kandi amakosa akora agabanuke, niyaramuka yumviye indero iranga ubukerebutsi atozwa na se be na nyina. (Imigani 1:8) Bibiliya ivuga iti: “Ubgoro n’ibitētērwa bizoba ku wanka gutozwa indero nziza, arik’uwumvira igihano azokwubahwa.”—Imigani 13:18.
17. Ni uburimbane ubuhe abavyeyi bakeneye kugira igihe batoza indero?
17 Igihe abavyeyi batoza indero imiyabaga, barakeneye kugira uburimbane. Bakwiye kwirinda kuba abakara cane ku buryo boratsa abana babo, kumbure bakanabarandura umutima. (Ab’i Kolosayi 3:21) Yamara kandi abavyeyi ntiboca barekerana ibintu gushika aho imiyabaga yabo itamenyerezwa bikwiye. Ukurekerana ibintu mwene ukwo kurashobora gukwega ibara. Mu Migani 29:17 havuga hati: “Hana umwana wawe, azokuruhura, mber’azonezereza umutima wawe.” Ariko rero Img 29 umurongo wa 21 uvuga uti: “Ūreze umushumba akamufyinisha uhereye mu buto bgiwe, uburuhiro n’ukuzohava yīgira umwana wiwe.” Naho nyene uwo murongo uriko uravuga ivyerekeye umushumba, urakora cokimwe no ku mwana w’umuyabaga mu rugo.
18. Ugutoza indero ni ikimenyamenya c’iki, kandi igihe abavyeyi batoza indero ibereye baba birinze iki?
18 Mu vy’ukuri, ugutoza indero kubereye ni ikimenyamenya c’urukundo umuvyeyi afitiye umwana wiwe. (Abaheburayo 12:6, 11) Nimba uri umuvyeyi, urazi yuko bigoye kuguma utoza indero mu buryo budahindagurika kandi butarengeje urugero. Ku bwo kurondera amahoro, hari aho wokwumva ko igisa n’icoroshe ari ukureka nya muyabaga w’intumva agakora ivyo yishakiye. Ariko rero, bitebe bitebuke, umuvyeyi akurikira iyo ngendo ico azohakura ni urugo rwuzuyemwo akajagari.—Imigani 29:15; Ab’i Galatiya 6:9.
IBIKORWA N’UKWISAMAZA
19, 20. Abavyeyi bashobora gute gutunganya n’ubukerebutsi ikibazo c’ivy’ukwisamaza kw’abana babo?
19 Mu bihe vya kera, bitega ko abana mu bisanzwe bafasha i muhira canke mu murima. Muri iki gihe usanga abana benshi b’imiyabaga bamara umwanya munini mu vyo kwinezereza, ata wubacungereye. Kugira ngo uwo mwanya ntiwijane, isi y’ivy’ubudandaji iratanga ibintu umurengera vy’ukwisamaza. Kuri ivyo ntitwibagire ko isi idaha agaciro ingingo mfatirwako za Bibiliya z’ivy’ukwigenza runtu. Ivyo ni ibintu bishobora gukwega akaga.
20 Kubera ico, umuvyeyi w’inkerebutsi agumana uburenganzira bwo gufata ingingo ya nyuma ku vyerekeye ukwisamaza. Ariko rero, ntiwibagire yuko uwo muyabaga ariko arakura. Uko umwaka utashe, bisa n’uko azokwitega ko murushiriza kumufata nk’uwukuze. Gutyo rero, uko uwo muyabaga agenda akura, ni ibiranga ubukerebutsi yuko umuvyeyi agenda amuha umwidegemvyo urushirije mu vyo guhitamwo ukwisamaza, ayo mahitamwo apfe gusa kuba agaragaza ko atera imbere agana ku guhumura mu vy’impwemu. Rimwe na rimwe, umwana w’umuyabaga ashobora kugira amahitamwo ataranga ubukerebutsi mu vyerekeye imiziki, abagenzi eka no mu bindi. Igihe ivyo bishitse, umuvyeyi n’uwo muyabaga bakwiye kubiyaga kugira ngo hanyuma uwo muyabaga aze ahitemwo neza.
21. Kutarenza urugero ku bijanye no kumara umwanya mu vy’ukwisamaza bishobora gute gukingira umuyabaga?
21 Ukwisamaza gukwiye guhabwa umwanya ungana iki? Mu bihugu bimwebimwe imiyabaga babwirwa yuko bafise uburenganzira ngo bwo kwisamaza ubudahengeshanya. Kubera ivyo, wosanga umwana w’umuyabaga ategekanya kwama yagiye “ahantu hose” hari ivy’ukwinezereza. Abavyeyi ni bo bajejwe ibanga ryo kwigisha umwana yuko umwanya ukwiye gukoreshwa no ku bindi bintu, nko ku nyigisho y’umuryango, ku kwiyigisha, ku kwifatanya n’abantu bahumuye mu vy’impwemu, ku makoraniro ya gikirisu be no ku bikorwa vyo mu rugo. Ivyo bizotuma ‘ibihimbaro vyo mu buzima’ bitaniga Ijambo ry’Imana.—Luka 8:11-15.
22. Ukwisamaza gukwiye kurimbanywa n’ibiki mu buzima bw’umwana w’umuyabaga?
22 Umwami Salomo yavuze ati: “Ndazi yukw ata kintu kibagirira ikimazi kuruta kunezerwa no gukora ivyiza imisi yose bakiriho; kand’ikindi, yuk’ubuntu bg’Imana ar’uk’umuntu wese yorya, akanywa, akanezererwa ivyiza mu butame bgiwe bgose.” (Umusiguzi 3:12, 13) Egome, kunezerwa ni kimwe mu bigize ubuzima buri ku rugero. Mugabo gukora cane na vyo nyene ni ko bimeze. Muri iki gihe, abana b’imiyabaga benshi ntibiga kumarwa akanyota n’ugukora cane canke kwumva ko baba biyubahirije iyo bahanganye n’ingorane kandi bakayitorera umuti. Bamwebamwe ntibahabwa akaryo ko gutsimbataza ubuhanga canke ubushobozi buzobafasha kwibeshaho mu misi iri imbere. Aho ni ho urugamba nya rugamba ku bavyeyi ruri. Woba uzokwitwararika yuko umwana wawe aronka mwene utwo turyo? Nimba ushobora kuroranirwa mu kwigisha umuyabaga wawe guha agaciro no guhimbarwa n’ugukora cane, azotsimbataza inyifato ibereye izomuhesha ivyiza ubuzima bwiwe bwose.
KUVA MU BUYABAGA GUSHIKA KU GUKURA
Nugaragarize abana bawe urukundo kandi ubashime
23. Abavyeyi bashobora gute kuremesha abana babo b’imiyabaga?
23 N’igihe mbere ufitaniye ingorane n’umwana wawe w’umuyabaga, iki canditswe kiguma ari ic’ukuri: “Urukundo ntirwigera runanirwa.” (1 Ab’i Korinto 13:8, NW) Ntuze wigere ureka kugaragaza urukundo umwumvira koko. Niwibaze uti: ‘Noba nkeza umwana wese igihe aroraniwe mu gutunganya ingorane canke mu kurengera intambamyi? Noba ntagisha uturyo two guserurira urukundo n’ugukenguruka mfitiye abana banje imbere y’uko utwo turyo turengana?’ Naho nyene rimwe na rimwe hashobora kubaho ukutumvikana, mu gihe abo bana babona yuko ubakunda, bisa n’uko na bo nyene batazobura kugukunda.
24. Ni ingingo ngenderwako iyihe yo mu Vyanditswe ikora bwa tegeko ryo muri rusangi mu bijanye no kurera abana, mugabo ni igiki dukwiye kwamiza mu muzirikanyi?
24 Birumvikana, uko abana bakura, amaherezo bazokwifatira ingingo zihambaye. Hari aho rimwe na rimwe abavyeyi batoshima izo ngingo. Vyogenda gute none mu gihe umwana wabo yofata ingingo yo kutabandanya gusukurira Yehova Imana? Ivyo birashobora gushika. Mbere na bamwebamwe mu bana b’impwemu ba Yehova barateye akagere impanuro, baragarariza. (Itanguriro 6:2; Yuda 6) Abana si nk’imashini ishobora gutegekwa igakora kuno nyene. Ni ibiremwa bifise uburenganzira bwo kwihitiramwo, bakaba ari bo Yehova yobaza ivy’ingingo bifatira. Ariko rero, ibivugwa mu Migani 22:6 birakora bwa tegeko ryo muri rusangi. Havuga hati: “Toza umwana indero akwiye kwamana, azorinda asāza atarayivamwo.”
25. Ni ubuhe buryo bwiza kuruta abavyeyi bagaragarizamwo ko bakengurukira Yehova ku bw’agateka yabateye ko kurera ibibondo?
25 Nuko rero, nugaragarize abana bawe urukundo rwinshi. Nukore ivyo ushoboye vyose kugira ngo ukurikize ingingo ngenderwako za Bibiliya mu kubarera. Nutange akarorero keza mu kwigenza nk’uwubaha Imana. Gutyo, abana bawe uzobaha akaryo ko gukura babe abantu b’abizigirwa kandi batinya Imana. Ubwo ni bwo buryo bwiza kuruta abavyeyi bagaragarizamwo ko bakengurukira Yehova ku bw’agateka yabateye ko kurera ibibondo.