ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • fy ikig. 8 rup. 90-102
  • Nimukingire Urugo Rwanyu Ivyorwonona

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nimukingire Urugo Rwanyu Ivyorwonona
  • Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NI NDE AZOKWIGISHA ABANA BAWE?
  • UKO IMANA IBONA IVYEREKEYE IBITSINA
  • IGIKORWA C’ABAVYEYI I MUHIRA
  • ABAGENZI B’ABANA BAWE
  • NI UKWISAMAZA BWOKO KI?
  • URUGO RWAWE RURASHOBORA KUNESHA ISI
  • Bibiliya yoba ishobora kugufasha kurera abana bawe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Urugo rwanyu rushobora gute kugira agahimbare?—Igice ca 2
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Bavyeyi, nimufashe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Bavyeyi, nimubere akarorero keza abana banyu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
fy ikig. 8 rup. 90-102

Ikigabane c’Umunani

Nimukingire Urugo Rwanyu Ivyorwonona

Ifoto ku rup. 91

1-3. (a) Ibintu vyonona bigirira nabi urugo biva mu masoko ayahe? (b) Abavyeyi bakeneye uburimbane ubuhe mu gukingira urugo rwabo?

UGIRA urungike agahungu kawe kw’ishure, mugabo hariko haragwa imvura y’isengenya. Uvyifatamwo gute? Woba wokareka kakagenda gataragurika hanze utagahaye impuzu y’imvura kipfuka? Canke woba wokarundako ibihuzu vyinshi bikinga imvura ku buryo bikagora gutambuka? Birumvikana yuko utokarungika ataco ukambitse canke ngo ukarundeko ibihuzu vyinshi. Wogaha neza na neza ivyo gakeneye kugira ngo ntikanyagirwe.

2 Mu buryo nk’ubwo, abavyeyi bategerezwa gutora uburyo burimbanye bwo gukingira abo mu ngo zabo ibintu vyonona bibasegenyukirako bivuye ku masoko menshi. Ayo masoko ashobora kuba urwego rw’ivy’ukwinezereza, inzego menyeshamakuru, urunganwe, rimwe na rimwe mbere n’ishure. Abavyeyi bamwebamwe bakora bike canke mbere ntihagire n’ico bakora kugira bakingire urugo rwabo. Abandi na bo, kubera babona yuko ikintu cose kiva hanze kigira nabi, barazitira abana birenze urugero gushika naho abo bana bumva ari nk’aho babuzwa guhema. None uburimbane burashoboka?

3 Egome, burashoboka. Kurenza urugero ntaco bimaze kandi birashobora gukwega ingorane. (Umusiguzi 7:16, 17) Mugabo Abakirisu b’abavyeyi bagaragaza gute uburimbane bubereye mu gukingira urugo rwabo? Rimbura ibintu bitatu: indero, ubugenzi n’ukwisamaza.

NI NDE AZOKWIGISHA ABANA BAWE?

4. Abavyeyi b’Abakirisu bakwiye kubona gute indero yo mu mashure?

4 Abavyeyi b’Abakirisu baraha agaciro kanini indero. Barazi yuko ishure rifasha abana gusoma, kwandika, guserura ivyiyumviro hamwe no gutorera umuti ingorane. Rirakwiye kandi kubigisha uburyo bwo kwiga. Ubuhanga abana baronkera kw’ishure burashobora kubafasha kuroranirwa naho ivyo mw’isi ya kino gihe bitoroshe. Ikindi kandi, amashure meza arashobora kubafasha kurangura igikorwa c’akaroruhore.​—Imigani 22:29.

5, 6. Abana benshi kw’ishure bashobora gute gushikirizwa amakuru agoramye ku vyerekeye igitsina?

5 Ariko rero, ishure riranahuza abana n’abandi, benshi muri bo bakaba babona ibintu mu buryo bugoramye. Nk’akarorero, rimbura uburyo babona ivy’ibitsina n’ivyo kwigenza runtu. Mw’ishure ryisumbuye rimwe ryo muri Nijeriya, hari umukobwa yerura yakunda kugira ivyo ahanura bagenziwe mu bijanye n’ibitsina. Bamwumviriza babishashaye, naho nyene ivyiyumviro vyiwe vyari vyuzuye ubushirasoni yaba yakuye mu bitabu vyerekana ubushegabo. Bamwebamwe muri abo bakobwa baragerageje gushira mu ngiro impanuro ziwe. Ingaruka yabaye iy’uko umukobwa umwe yatwaye inda y’indaro maze yicwa n’uko yayikororeye.

6 Ikibabaje, ni uko amakuru atari yo amwamwe atangirwa kw’ishure, atava ku bana, ahubwo ava ku bigisha. Abavyeyi benshi barakubitwa n’inkuba igihe amashure yigisha abana ivyerekeye ibitsina, batabibashikiriza mu rupfasoni ngo bongere babereke ukuntu bogumya ibanga. Nyina w’umukobwa umwe w’imyaka 12 yavuze ati: “Tuba mu karere abantu bakunda gusenga no kwumira ku mico kama, ariko rero mw’ishure ryisumbuye ry’aho, baraha abana udukingirizo!” Nyina w’uwo mwana n’umunega wiwe barahagaritse umutima igihe bamenya yuko abahungu bangana n’uwo mukobwa wabo baza baramusaba ngo bashurashure. Abavyeyi bashobora gute gukingira urugo rwabo mwene ivyo bintu bibi vyorwosha?

7. Ni ubuhe buryo bwiza kuruta bwo kuzibira amakuru atari yo yerekeye ibitsina?

7 Vyoba ari vyiza kwirinda kubwira abana ikintu ico ari co cose cerekeye ibitsina? Oya. Birarushiriza kuba vyiza iyo ari wewe wiyigishirije abana bawe ivyerekeye ibitsina. (Imigani 5:1) Nk’uko bizwi, mu mihingo imwimwe y’i Buraya n’iyo muri Amerika yo mu Buraruko, abavyeyi benshi baririnda ico kibazo. No mu bihugu bimwebimwe vya Afirika, ni gake usanga abavyeyi baganira n’abana babo ivyerekeye ibitsina. Sebibondo umwe wo mu gihugu ca Siyera Lewone avuga ati: “Ntibiri mu mico kama y’Abanyafirika kuganira n’abana ivyerekeye ibitsina.” Abavyeyi bamwebamwe biyumvira yuko kwigisha abana babo ivyerekeye ibitsina kuba ari ukubaha ivyiyumviro bizotuma basambana! Ariko none Imana ibibona gute?

UKO IMANA IBONA IVYEREKEYE IBITSINA

8, 9. Ni amakuru ayahe meza yerekeye ibitsina dusanga muri Bibiliya?

8 Bibiliya iratomora yuko bidateye isoni na gato kuganira ivy’ibitsina mu gihe bibereye. Muri Isirayeli, abasavyi b’Imana babwiwe gukoranira hamwe, badasize inyuma “n’abana” babo, kugira ngo bumvirize igihe babasomera Ivyagezwe vya Musa n’ijwi rirenga. (Gusubira mu Vyagezwe 31:10-12; Yosuwa 8:35) Ivyo Vyagezwe vyaravuga ata guhisha ibintu bitari bike bijanye n’ibitsina nk’ubutinyanka, intanga, ubusambanyi, ukurenga ibigo, ukumarana inambu kw’abasangiye igitsina, ukugoka hamwe n’ukuryamana n’ibitungwa. (Abalewi 15:16, 19; 18:6, 22, 23; Gusubira mu Vyagezwe 22:22) Ibintu nk’ivyo bimaze gusomwa, nta nkeka ko abavyeyi bategerezwa gusigurira abana babo ibintu vyinshi bababaza.

9 Mu gitabu c’Imigani, ikigabane ca gatanu, ica gatandatu be n’ic’indwi, harimwo imirongo iserura impanuro za kivyeyi ziranga urukundo zerekeye ingeramizi z’ubushurashuzi. Iyo mirongo irerekana yuko rimwe na rimwe ubushurashuzi bushobora kuba ubukwegakwega. (Imigani 5:3; 6:24, 25; 7:14-21) Mugabo iyo mirongo yigisha yuko ari bubi kandi ko ingaruka zabwo ari agahomerabunwa. Iratanga kandi ubuyobozi bufasha abakiri bato kwirinda inzira z’ubushurashuzi. (Imigani 5:1-14, 21-23; 6:27-35; 7:22-27) Vyongeye, ubushurashuzi ntaho busa busana n’ukunezererwa amabanga y’abubatse arangurwa bibereye, ni ukuvuga mu mubano w’ababiranye. (Imigani 5:15-20) Ese ukuntu ari uburyo bwiza bwo kwigisha abavyeyi bakwiye gukurikiza!

10. Ni kubera iki kuronsa abana ubumenyi mu buryo bushimwa n’Imana ku vyerekeye ibitsina bidatuma bashurashura?

10 Inyigisho nk’iyo yoba ituma abana bashurashura? Ahubwo Bibiliya yigisha iti: “Abagororotsi barokorwa kubgo kumenya ubgenge.” (Imigani 11:9) None abana bawe ntushaka kubakura mu bintu vy’iyi si vyobosha? Hari sebibondo umwe yavuze ati: “Kuva igihe abana bari bakiri bato cane, ku biraba ibitsina, twaragerageza kutarya umunwa. Kubera ico, igihe bumva abandi bana bavuga ivyerekeye ibitsina, ntibagira urusaku rwo kuvyumviriza. Si ibinyegezwa.”

11. Abana bashobora gute kwigishwa intambwe ku yindi ibibazo vyerekeye ibitsina?

11 Nk’uko vyavuzwe mu bigabane vy’imbere y’iki, inyigisho mu bijanye n’ibitsina ikwiye gutangura hakiri kare. Igihe wigisha abana bato kwita amazina ibihimba vy’umubiri, ntusimbe ibihimba vy’irondoka nk’aho umengo birateye isoni. Nubigishe amazina nyayo yavyo. Uko igihe kirengana, birakenerwa ko ubigisha ivyerekeye ibihimba vy’irondoka n’ibibujijwe mu bijanye n’ivyo bihimba. Nimba bishoboka, abavyeyi bompi bakwiye kwigisha abana babo yuko ivyo bihimba vy’umubiri bidasanzwe. Barakwiye kubereka ko mu bisanzwe abandi badakwiye kubikorako canke ngo babibone be n’uko bidakwiye kuvugwa mu buryo bubi. Uko abana bakura, bakwiye kumenyeshwa uburyo umugabo n’umugore bahura kugira ngo baronke umwana. Imibiri yabo ikwiye gutangura kwinjira mu kiringo c’ubuyabaga bamaze kumenya neza amahinduka bakwiye kwitega. Nk’uko vyarimbuwe mu Kigabane ca 5, inyigisho mwene iyo irashobora kandi gufasha gukingira abana ukugirirwa nabi mu vy’ibitsina.​—Imigani 2:10-14.

IGIKORWA C’ABAVYEYI I MUHIRA

12. Ni ivyiyumviro bigoramye ibihe kenshi vyigishwa mu mashure?

12 Abavyeyi barakeneye kwitegurira kuzibira ibindi vyiyumviro bitari vyo bishobora kwigishwa kw’ishure. Ivyo vyiyumviro bishobora kuba ari amafilozofiya yo mw’isi nk’inyigisho y’ihindagurika, ivyo kwishimira igihugu canke iciyumviro c’uko ata kuri ntabanduka kubaho. (1 Ab’i Korinto 3:19; gereranya n’​Itanguriro 1:27; Abalewi 26:1; Yohana 4:24; 17:17.) Abarezi benshi mu mashure bafise imitima nziraburyarya baraha agaciro karenze urugero ivyo kwiyongeza amashure. Naho ikibazo c’ukwiyongeza amashure ari ihitamwo umuntu yigirira, abigisha benshi bemeza yuko ari bwo buryo bwonyene butuma umuntu aroranirwa.a—Zaburi 146:3-6.

13. Abana biga bashobora gute gukingirwa ivyiyumviro bibi?

13 Nimba abavyeyi bashaka gukingira abana babo inyigisho mbi, bategerezwa kumenya inyigisho bariko barahabwa. Bavyeyi, muribuke rero yuko namwe nyene mufise igikorwa c’i muhira! Nimugaragaze ko mwitwararika vy’ukuri ivyo abana banyu biga. Nimuganire na bo bavuye kw’ishure. Nimubabaze ivyo bariko bariga, ivyo bakunda kuruta, ivyo babona yuko bibagora kuruta. Nimusuzume udukorwa bahabwa gukorera i muhira, ivyo bandika be n’amanuta baronka mu bibazo. Nimugerageze kumenya abigisha babo. Nimumenyeshe abigisha yuko mukenguruka igikorwa bakora kandi yuko mwipfuza kubafasha mu buryo ubwo ari bwo bwose mushoboye.

ABAGENZI B’ABANA BAWE

14. Ni kubera iki ari ngirakamaro cane yuko abana bubaha Imana bahitamwo neza abagenzi?

14 “Ivyo wabikuye hehe?” Ni abavyeyi bangahe bamaze kubaza ico kibazo, igihe baba bakubiswe n’inkuba kubera ikintu umwana wabo avuze canke akoze kandi biboneka yuko atoshobora kukigira? Kandi ni kangahe usanga abana bishura bavuga ko babikuye ku mugenzi mushasha wo kw’ishure canke w’umubanyi? Egome, abo tugendana baragira ikintu kinini baduhinduyeko, twaba turi bato canke dukuze. Intumwa Paulo yagabishije ati: “Ntimuzimire: kubana n’ababi kwonona ingeso nziza.” (1 Ab’i Korinto 15:33; Imigani 13:20) Urwaruka canecane biroroha ko batwarwa n’akosho k’urunganwe. Bagira impengamiro yo kutamenya ico bafata n’ico bareka kandi rimwe na rimwe bumva baremerewe n’icipfuzo co gushimisha no gutangaza bagenzi babo. Ese ukuntu rero ari ngirakamaro cane yuko bahitamwo neza abagenzi!

15. Abavyeyi bashobora gute kuyobora abana babo mu vy’uguhitamwo abagenzi?

15 Nk’uko umuvyeyi wese abizi, abana ntibazokwama batora neza; barakeneye ubuyobozi. Ntidushaka kuvuga ko mwobatorera abagenzi. Ahubwo, uko bakura, nimubigishe kugira ubukerebutsi mwongere mubafashe kumenya kamere bakwiye kurondera mu bagenzi. Kamere nyamukuru ni ugukunda Yehova no gukunda gukora ibigororotse mu nyonga ziwe. (Mariko 12:28-30) Nimubigishe gukunda no kwubaha abafise imitima nziraburyarya, ubuntu, abatanga batitangiriye itama n’abafise umwete. Mu nyigisho y’umuryango, nimufashe abana kubona mwene izo kamere mu bantu bavugwa muri Bibiliya maze hanyuma barondere kamere mwene izo mu bandi bagize ishengero. Nimutange akarorero mu gukoresha ubwo buryo nyene mu guhitamwo abagenzi banyu bwite.

16. Abavyeyi bashobora gute gucungera abana babo mu vy’uguhitamwo abagenzi?

16 Mwoba muzi abagenzi b’abana banyu? Ni kuki mutosaba abana banyu ngo babazane i muhira kugira ngo mushobore kumenyana na bo? Mwoshobora kandi kubaza abana banyu ico abandi bana biyumvira kuri abo bagenzi babo. Boba bazwi yuko bagaragaza ukudahemuka canke ko bafise ubuzima burimwo tubiri? Nimba ubuzima bwabo burimwo tubiri, nimufashe abana banyu kuzirikana ku gituma kwifatanya na mwene abo vyoshobora kubakwegera akarambaraye. (Zaburi 26:4, 5, 9-12) Nimba mubonye mu mwana wanyu w’umuhungu canke w’umukobwa amahinduka mabi mu nyifato, mu nyambaro, mu kuntu yigenza canke mu mvugo, bishobora kuba bikenewe ko muganira na we ku vyerekeye abagenzi biwe. Umwana wanyu ashobora kuba amarana umwanya n’umugenzi amwosha nabi.​—Gereranya n’​Itanguriro 34:1, 2.

17, 18. Uretse kugabisha abana ngo birinde abagenzi babi, abavyeyi bashobora gutanga iyihe mfashanyo ngirakimazi?

17 Ariko rero, ntibihagije gusa kwigisha abana banyu kwirinda abagenzi babi. Nimubafashe kuronka abagenzi beza. Sebibondo umwe avuga ati: “Twamye nantaryo tugerageza kumuronsa abasubirira abo tumubujije. Ni co gituma igihe kw’ishure bashatse yuko umuhungu wacu aja mu mugwi w’umupira w’amaguru, jewe n’umugore wanje twicaranye na nya mwana tugaheza tukayaga igituma ivyo atari vyiza, kubera abagenzi bashasha bari guca bakwegana. Mugabo twaciye tumugira inama yo gufata abandi bana mu bo mw’ishengero, maze bakajana ku kibuga gukina umupira w’amaguru. Kandi ivyo vyaratoreye umuti iyo ngorane.”

18 Abavyeyi b’inkerebutsi barafasha abana babo gutora abagenzi beza maze gutyo bakanezerwa bariko barisamaza mu buryo bubereye bari kumwe na bo. Ariko rero ku bavyeyi benshi, ico kibazo c’ukwisamaza kiri n’ingorane cisangije.

NI UKWISAMAZA BWOKO KI?

19. Ni uturorero utuhe two muri Bibiliya twerekana yuko atari icaha abo mu ngo bidagaduye?

19 Mbega Bibiliya yoba ibuza kwidagadura? Habe namba! Bibiliya ivuga yuko hariho igihe co “gutwenga . . . n’igihe co kuvyina.”b (Umusiguzi 3:4) Muri Isirayeli ya kera, abasavyi b’Imana baranezerezwa n’umuziki be no gutamba, inkino n’ibisokoranyo. Yezu Kirisitu yaratashe ubukwe bwarimwo abantu benshi yongera aritaba “izimano ryinshi” Matayo Lewi yari yamuteguriye. (Luka 5:29; Yohana 2:1, 2) Biratomoye rero yuko Yezu atari umuntu abuza abandi kwinezererza. Ibitwenza n’ukwidagadura ntibize bibonwe yuko ari icaha mu rugo rwanyu!

Ifoto ku rup. 99

Ukwisamaza gutowe neza, nk’uku kw’uru rugo rwafashe urugendo rukaja ahantu rukamarayo igihe, kurashobora gufasha abana kwiga no gukura mu vy’impwemu

20. Abavyeyi bakwiye kwamiza iki mu muzirikanyi igihe baronderera abo mu rugo uburyo bwo kwisamaza?

20 Yehova ni “Imana ihimbawe.” (1 Timote 1:11, UB) Gutyo rero, ugusenga Yehova gukwiye kuba isoko ry’umunezero, ntigukwiye kuba ikintu gituma ubuzima butarangwamwo umunezero. (Gereranya no Gusubira mu Vyagezwe 16:15.) Mu bisanzwe abana bari n’igishika kandi buzuye inguvu zishobora gukoreshwa mu gukina no mu kwisamaza. Ukwisamaza guhiswemwo neza ntikuba ari ukwinezereza gusa. Ni n’uburyo umwana yiga utuntu n’utundi akongera agaca uruma. Serugo ni we ajejwe kuronsa urugo rwiwe ivyo rukeneye mu bintu vyose, tudasize inyuma no mu vy’ukwisamaza. Ariko rero uburimbane burakenewe.

21. Ni imitego iyihe iri mu kwinezereza kwo muri iki gihe?

21 Muri iyi “misi y’iherezo” idurumbanye, ikibano cuzuye abantu “bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana,” nk’uko nyene Bibiliya yari yarabibuye. (2 Timoteyo 3:1-5) Kuri benshi, ukwisamaza ni co kintu nyamukuru mu buzima. Hariho ibinezereza vyinshi cane ku buryo bishobora gutwara ikibanza c’ibintu bihambaye kuruta. Vyongeye, ibinezereza vyinshi vyo muri iki gihe birimwo ubushurashuzi, ubukazi, kunywa ibiyayura umutwe n’izindi ngeso mbi zonona. (Imigani 3:31) None hokorwa iki kugira ngo abana bakingirwe ibinezereza vyonona?

22. Abavyeyi bashobora gute kumenyereza abana babo gufata ingingo ziranga ubukerebutsi mu vyerekeye ukwisamaza?

22 Birakenewe yuko abavyeyi bagira ivyo babuza abana. Mugabo ibiruta ivyo, barakeneye kwigisha abana babo uburyo bwo kumenya ukwisamaza kubi ukwo ari kwo no kumenya urugero badategerezwa kurenza. Ukubamenyereza muri mwene ivyo bisaba igihe n’akigoro. Dufate akarorero: Se w’abahungu babiri yabonye yuko imfura yama yumviriza kenshi umurongo mushasha w’iradiyo. Umusi umwe, igihe uwo muvyeyi yari atwaye ikamyo yiwe aja ku kazi, yaravugije kuri wa murongo nyene. Rimwe na rimwe yaza aracishamwo ahagarara akandika amajambo y’indirimbo zimwezimwe. Mu nyuma yaricaranye na ba bahungu biwe maze baraganira ku vyo yari yumvise. Yarababajije ibibazo bituma baserura iryo bagona, bitangura biti: “Muvyibazako iki?” maze arumviriza yitonze inyishu zabo. Bamaze kuzirikana kuri ico kibazo hakoreshejwe Bibiliya, baremeye yuko batazosubira kwumviriza uwo murongo w’iyo radiyo.

23. Abavyeyi bakingira gute abana babo ukwinezereza kubi?

23 Abavyeyi b’Abakirisu bafise ubukerebutsi barasuzuma ibikwegera abana babo mu miziki, ibiganiro bica kuri televiziyo, amabande ya videwo, ibitabu vy’amashusho, udukino two kuri videwo n’amasenema. Bararaba ibicapo biri ku gipfukisho, n’amajambo akoreshwa, bakanasoma ico ibinyamakuru bivuga. Benshi barakubitwa n’inkuba babonye bimwebimwe mu bintu vy’“ukwinezereza” bitegurirwa abana muri iki gihe. Abipfuza gukingira abana babo ibintu bihumanye vyobosha baricarana n’abo mu rugo, maze bakaganira izo ngeramizi, bagakoresha Bibiliya hamwe n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, nk’igitabu Les jeunes s’interrogent—Réponses pratiques n’ibiganiro vyo mu binyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!c Igihe abavyeyi bashinze uturimbi ntabanduka, bakaba abadahindagura kandi batarenza urugero, kenshi biragira ingaruka nziza.​—Matayo 5:37; Ab’i Filipi 4:5.

24, 25. Ni ubuhe buryo bumwebumwe bwiza bw’ukwisamaza abagize ingo bashobora kwinovorera hamwe?

24 Birumvikana, ubabujije kwisamaza mu buryo bumwebumwe butabereye, urugamba ntiruba ruhereye aho. Ikibi gitegerezwa gusubirizwa iciza, ahandiho abana barashobora gutwarwa akayombekere mu ngendo itari yo. Abagize ingo nyinshi z’Abakirisu barafise ibihe vyinshi bihimbaye, aho binovora ukwisamaza bari hamwe: nk’ukuja gutembera bari kumwe, gutembera n’amaguru, ukuja kwisamariza ahantu hanaka bakamarayo igihe, ugukina udukino no kwinonora imitsi, gufata ingendo baja kuramutsa incuti canke abagenzi. Bamwebamwe babonye yuko gusoma gusa n’ijwi ryumvikana muri hamwe ku bwo kwiruhura ari isoko ntangere ry’umunezero. Abandi barinovora gutera udukuru dutwenza canke inkuru zishimishije. Abandi na bo baratsimbataje akamenyero ko gukorera hamwe utuntu ku bw’ukwiruhukira, nk’akarorero kubaza utuntu be no kugira utundi tugenegene nko gucuraranga, gucapa canke kwiga ivyo Imana yaremye. Abana bigishwa kunezererwa mwene ukwo kwisamaza barakingirwa ibinezereza vyinshi bihumanye bakongera bakamenya yuko kwisamaza atari gusa kwicara ataco uriko ukora wirabira ibigusamaza. Kubigiramwo uruhara, kenshi bizana umunezero kuruta ukuba umurorerezi.

25 Imitororokano yo kwiruhura na yo nyene irashobora kuba uburyo buhimbaye bwo kwisamaza. Igihe icungerewe neza ntibemwo abantu umurengera canke ngo imare umwanya munini, irashobora guha abana banyu vyinshi kuruta gusa kwinezereza. Irashobora gufasha gukomeza urukundo mw’ishengero.​—Gereranya na Luka 14:13, 14; Yuda 12.

URUGO RWAWE RURASHOBORA KUNESHA ISI

26. Ni iyihe kamere ihambaye kuruta mu vyo gukingira urugo ibintu bibi vyorwonona?

26 Nta gukeka, gukingira urugo rwawe ibintu vyo mw’isi vyorwonona bisaba akigoro gakomeye. Mugabo, kuruta ibindi vyose, hariho ikintu kizotuma ushobora kuroranirwa. Ico kintu ni urukundo! Ugushikirana n’urukundo birangwa mu rugo, bizotuma urugo rwanyu ruba ubwugamo burangwa itekane vyongeye bizotsimbataza akamenyero ko guseruriranira akari ku mutima, ivyo na vyo bikaba bikinga cane ibintu bibi. Ikindi kandi, gutsimbataza ubundi bwoko bw’urukundo biranahambaye kuruta, urwo na rwo rukaba ari urwo dukunda Yehova. Igihe mwene urwo rukundo rwinjiye mu rugo, bisa n’uko abana bazokura banka urunuka iciyumviro nyene c’ukudahimbara Imana kwoterwa n’ukugwa mu bintu vy’isi vyobosha. Abavyeyi kandi bakunda Yehova bivuye ku mutima bazogerageza kwigana kamere ziwe zirangwa n’urukundo, ukugira ibitegereka be n’uburimbane. (Abanyefeso 5:1; Yakobo 3:17) Abavyeyi nibagira ivyo, abana babo ntibazogira imvo n’imwe yo kubona ugusenga Yehova nk’urutonde gusa rw’ibintu bibujijwe. Ntibazobona kandi ko kubaho basenga Yehova bituma babaho batanezerwa kandi badatwenga, ubwo bukaba ari ubuzima boshaka guhunga mu maguru masha. Ahubwo, bazobona yuko gusenga Imana ari uburyo burushirije kuba ubuhimbaye no kuba ubumara akanyota.

27. Urugo rushobora gute kunesha isi?

27 Ingo ziguma zisenyera ku mugozi umwe mu kurangura umurimo w’Imana zihimbawe kandi zifise uburimbane, abazigize bakihatira n’umutima wabo wose kuguma “[ba]tagira ikirabagu, [ba]tarik’umugayo” uva ku bintu vyonona vy’iyi si, zirahimbara Yehova. (2 Petero 3:14; Imigani 27:11) Ingo mwene izo abazigize baragera ikirenge mu ca Yezu Kirisitu, uwananiye akigoro kose isi ya Shetani yagize kugira ngo imwonone. Nko ku mpera y’ubuzima yagize ari umuntu, Yezu yarashoboye kuvuga ati: “Jewe naranesheje isi.” (Yohana 16:33) Ese urugo rwawe na rwo nyene rwonesha isi maze rukinovora ubuzima ibihe bidahera!

a Nimba ushaka kumenya ivy’ukwiyongeza amashure, raba agatabu Les Témoins de Jéhovah et l’instruction (Ivyabona vya Yehova n’Indero) kasohowe n’Ivyabona vya Yehova, urupapuro 4-7.

b Ijambo ry’Igiheburayo ngaha ryahinduwe “gutwenga” mu bundi buryo rishobora guhindurwa “gukina,” “kunezereza,” “guhimbarwa” canke mbere “kwidagadura.”

c Vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova

IZI NGINGO NGENDERWAKO ZA BIBILIYA ZISHOBORA GUTE GUFASHA . . . GUKINGIRA URUGO RWANYU?

Ubumenyi bushikana ku bukerebutsi, ubwo bukerebutsi na bwo bukaba bushobora kuzigamira umuntu ubuzima.​—Umusiguzi 7:12.

“Ubgenge bg’iyi si [ni] ubupfu ku Mana.”​—1 Ab’i Korinto 3:19.

Umuntu ategerezwa kwirinda abagenzi babi.​—1 Ab’i Korinto 15:33.

Naho ukwisamaza gufise ikibanza cakwo, kurakwiye gucungerwa.​—Umusiguzi 3:4.

NTIKIGEZE KUMVA HARI ICO KABURA

Paul n’umugore wiwe Lu-Ann, bakaba ari abavyeyi b’Abakirisu, rimwe na rimwe barategura imitororokano i muhira. Bararaba neza yuko iyo mitororokano icungerewe neza kandi yuko irimwo igitigiri c’abantu kibereye. Ivyo bituma bemera ata kwihenda yuko abana babo bahungukira.

Lu-Ann avuga ati: “Nyina w’umwana umwe yigana n’agahungu kanje k’imyaka itandatu kitwa Eric, yaranyegereye ambarira yuko yumvira ikigongwe Eric kubera yuko aguma yigunze ntaje mu misi mikuru ibera kw’ishure y’ukwibuka imisi y’ivuka. Naramwishuye nti: ‘Vy’ukuri ndagukengurukira kubona witwararika gutyo umuhungu wanje. Biragaragaza uko umeze. Ariko rero, nta kintu noshobora kukubwira cogushwirura ko Eric yumva ataco ahomba.’ Yaravyemeye. Hanyuma ndamubwira nti: ‘Kugira ntibibe inkuru mbarirano rero, ntiwitinye kwibariza Eric ukuntu yumva amerewe.’ Igihe ntari ndahari, nya mugore yabajije Eric ati: ‘Ubwo nta co bikugira kuba utaza muri iyi misi mikuru y’akaroruhore yo kwibuka imisi y’ivuka?’ Ka Eric kunamura amaso karamuraba gatangaye, hanyuma karamubwira kati: ‘Iminuta cumi, udukate tubiri hamwe n’ururirimbo, wiyumvira yuko uwo ari umusi mukuru? Uratira agashambara uze iwacu urabe ingene umusi mukuru nyawo umeze!’” Igishika ako gahungu kagize ata buryarya caratomoye neza yuko katigera kumva hari ico kabura canke ngo gahombe!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika