ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • fy ikig. 10 rup. 116-127
  • Igihe Uwo mu Bagize Urugo Arwaye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igihe Uwo mu Bagize Urugo Arwaye
  • Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • WIYUMVA GUTE KU VYEREKEYE IYO NDWARA?
  • AGATIMA KEZA KARAKIZA
  • GUSHINGA IBIJA IMBERE Y’IBINDI
  • GUFASHA ABANA
  • UKO UMUNTU YOBONA IVYEREKEYE UKUVURWA
  • Yobu yari umuntu afise ukwihangana kandi w’intadohoka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ushobora Kuyobora Urugo Gute?
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • “Niwizigire Yehova”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Yobu Ntiyahemukiye Imana
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
fy ikig. 10 rup. 116-127

Ikigabane c’Icumi

Igihe Uwo mu Bagize Urugo Arwaye

1, 2. Shetani yakoresheje gute ivyago n’indwara kugira ngo agerageze gusenyura ukutadohoka kwa Yobu?

UMUGABO Yobu nta mazinda ko ategerezwa kuba ari mu bantu baharurwa ko binovoye ubuzima bwo mu rugo burimwo agahimbare. Bibiliya imwita “ūhambaye gusumba abantu bose b’i burasirazuba.” Yari afise abahungu indwi n’abakobwa batatu, bose hamwe bakaba bari abana cumi. Yari afise kandi ibintu vyo kubeshaho neza abo mu rugo rwiwe. Igihambaye kuruta, yaraja imbere mu mirimo yo mu vy’impwemu, kandi akarazwa ishinga n’uko abana biwe boboneka neza mu nyonga za Yehova. Ivyo vyose vyatumye urugo rwiwe rugira ubumwe n’agahimbare.​—Yobu 1:1-5.

2 Shetani, wa mwansi mukuru wa Yehova Imana, ntiyabuze kubona ukwo kuntu ivya Yobu vyari vyifashe. Shetani, uwama arondera uburyo bwo gusenyura ukutadohoka kw’abasavyi b’Imana, yarateye Yobu mu gusambura urugo rwiwe rwarangwamwo agahimbare. Hanyuma yaciye “atēza Yobu ibihute bikomeye uhēreye mu bgōro bg’ikirenge ugashika mu gitwariro.” Gutyo, Shetani yari yizigiye gukoresha ivyago n’indwara kugira ngo asenyure ukutadohoka kwa Yobu.​—Yobu 2:6, 7.

3. Ibimenyetso vy’indwara Yobu yari arwaye vyari ibihe?

3 Bibiliya ntivuga izina ry’indwara Yobu yari arwaye. Ariko rero, iratubwira ibimenyetso vyayo. Umubiri wiwe wari utwikiriwe n’inyo, bisubiye urukoba rwiwe rwari rwarasataguritse kandi rukavunguka. Impemu za Yobu zaranuka, kandi umubiri wiwe waraduhuka. Uburibwe bwaramuguguna. (Yobu 7:5; 19:17; 30:17, 30) Yobu yumvise ariko arababara cane, yaca yicara mu munyota hanyuma akiyagisha urujo. (Yobu 2:8) Vy’ukuri kubiraba vyari biteye agahinda!

4. Ni igiki rimwe na rimwe gishikira urugo urwo ari rwo rwose?

4 Wovyakira gute mu gihe woshikirwa n’indwara ikomeye mwene iyo? Muri iki gihe, Shetani ntateza indwara abasavyi b’Imana nk’uko yabigize kuri Yobu. Ariko rero, kubera yuko turi abanyagasembwa, imikazo y’ubuzima bwa misi yose hamwe n’ugutituka kw’akarere tubayemwo, abagize urugo bategerezwa kwitega yuko rimwe na rimwe bazorwara. Naho twoshobora gufata ingingo zo kwikingira, twese turashobora kurwara, naho nyene bakeyi ari bo bababara nk’uko Yobu yababaye. Igihe indwara iteye mu rugo iwacu, vy’ukuri birashobora kuba urugamba. Nimuze rero turabe ukuntu Bibiliya idufasha guhangana n’uwo mwansi w’abantu ari hose.​—Umusiguzi 9:11; 2 Timoteyo 3:16.

WIYUMVA GUTE KU VYEREKEYE IYO NDWARA?

5. Mu bihe vy’indwara imara igihe gito, mu bisanzwe abagize urugo bavyifatamwo gute?

5 Ikintu gihungabanya ubuzima bwacu bwa misi yose, caba gitewe n’iki, cama nantaryo kigoye kwihanganira. Kandi ivyo ni ko biri canecane mu gihe bitewe n’indwara imara igihe kirekire. Mbere n’indwara imara igihe gito ituma haba ibihinduka, ivyo bumvikanako n’ivyo baheba. Abagize urugo batarwaye bashobora kuba bategerezwa kuguma batekereje kugira ngo uwo murwayi abone kuruhuka. Bashobora kuba bategerezwa guheba imirimo imwimwe. Ariko rero, mu ngo nyinshi mbere n’abana bakiri bato barumvira imbabazi abo bavukana barwaye canke umuvyeyi wabo arwaye, naho nyene rimwe na rimwe bategerezwa kwibutswa gutekereza. (Ab’i Kolosayi 3:12) Mu gihe ari indwara imara igihe gito, abo muri urwo rugo mu bisanzwe bama biteguye gukora ibikenewe. Ku rundi ruhande, umwumwe wese mu bagize urugo yokwipfuza ko bamwitwararika nk’ukwo nyene mu gihe vyoba bishitse akarwara.​—Matayo 7:12.

6. Ni inyifato nyabaki rimwe na rimwe ziboneka mu gihe hari umuntu wo mu rugo afashwe n’indwara ikomeye kandi imara igihe?

6 Ariko none vyogenda gute mu gihe iyo ndwara yoba ikomeye cane kandi ikaba ihungabanya imirimo ya misi yose bimwe bikomeye kandi mu gihe kirekire? Nk’akarorero, vyogenda gute mu gihe umuntu wo mu rugo afashwe n’ubumuga, bivuye kuri ya ndwara yitwa Alzheimer (ituma ubushobozi bw’ubwonko bugenda burayonga), canke akamugazwa n’iyindi ndwara? Canke vyogenda gute mu gihe uwo mu bagize urugo afashwe n’indwara yo mu mutwe? Ikintu ca mbere bose bagira ni ukwumva ikigongwe, bakagira umubabaro kubera yuko uwo bakunda ababaye cane. Ariko rero, ikigongwe gishobora gukurikirwa n’izindi nyifato. Kubera ko abagize urugo basanga iyo ndwara y’umuntu umwe ibakorako cane vyongeye igatuma umwidegemvyo wabo ugabanuka, birashobora kubashikana ku kugira umwikomo. Barashobora kwibaza bati: “Ni kuki ivyo bitegerezwa kunshikira?”

7. Muka Yobu yakiriye gute ukurwara kw’umugabo wiwe, kandi biboneka yuko yibagiye iki?

7 Ikintu nk’ico gisa n’icaciye mu muzirikanyi wa muka Yobu. Niwibuke yuko yari amaze gutakaza abana biwe. Uko yaza arabona ivyo bintu vy’agacamutima, nta gukeka ko ari ko yarushiriza kwumva abuze uko agira. Amaherezo, igihe yabona umugabo wiwe yahora ari umunyamwete n’indyamunyu afashwe n’indwara ibabaza kandi iteye ishishi, biboneka ko yibagiye ikintu gihambaye caruta ayo makuba yose, ico na co kikaba cari ubucuti we hamwe n’umugabo wiwe bari bafitaniye n’Imana. Bibiliya ivuga iti: “Maz’umugore w[a Yobu] aramubaza, ati Mbega n’ubu uracakomeje kwa kugororoka kwawe? Tuka Imana, upfe uveho.”​—Yobu 2:9.

Ifoto ku rup. 118

Abakirisu barerekana urukundo rwabo rushika kure igihe abo bubakanye barwaye

8. Igihe hari umuntu wo mu rugo arwaye cane, ni ikihe canditswe kizofasha abasigaye bo mu rugo kuguma babona neza ibintu?

8 Benshi bumva bihebuye, mbere bagashavura, igihe ubuzima bwabo buhindutse bitumwe n’uko uwundi muntu arwaye. Yamara, Umukirisu azirikana ku kuntu ibintu vyifashe akwiye gutahura yuko ivyo bica bimuha akaryo ko kugaragaza ko urukundo afise ari urw’ukuri. Urukundo nyakuri “rurihangana, rugira neza . . . [kandi] ntirurondera ivyarwo . . . rurenzako muri vyose, rwizera vyose, rwizigira vyose, rwihanganira vyose.” (1 Ab’i Korinto 13:4-7) Aho kureka ngo inyiyumvo mbi zituganze, birahambaye rero yuko dukora uko dushoboye kwose kugira ngo tuzitsinde.​—Imigani 3:21.

9. Ni ibintu nyabaki bisubiriza umutima mu nda bishobora gufasha urugo mu buryo bw’impwemu no mu buryo bw’akanyengetera igihe umwe mu barugize arwaye bikomeye?

9 Hogirwa iki kugira ngo ukumererwa neza mu vy’impwemu be no mu vy’akanyengetera kw’abagize urugo gukingirwe igihe umwe muri bo arwaye cane? Mu bisanzwe, indwara yose irafise ukuntu yitwararikwa n’ukuntu ivurwa; ntivyoba rero bibereye ko muri iki gitabu hatangwamwo uburyo bunaka bwo kuyivura canke uburyo boyitwararika bari i muhira. Naho ari ukwo, mu buryo bw’impwemu, Yehova “yēmesha abahetamye bose.” (Zaburi 145:14) Umwami Dawidi yanditse ati: “Hahirwa ūbabara umurushwa; Uhoraho azomurokora ku musi w’ivyago. Uhoraho azomuzigama amukize, . . . Uhoraho azomwiyegeka ari ku buriri ahondobereye.” (Zaburi 41:1-3) Yehova arazigama abasavyi biwe bakaguma ari bazima mu buryo bw’impwemu, no mu gihe bariko bageragezwa mu vy’akanyengetera ku rugero rurengeye ubushobozi bwabo. (2 Ab’i Korinto 4:7) Abatari bake mu ngo bahanganye n’indwara ikomeye iwabo, barasubiyemwo amajambo y’umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Ndababazwa cane: Uhoraho, ungire muzima, nk’ukw ijambo ryawe ryavuze.”​—Zaburi 119:107.

AGATIMA KEZA KARAKIZA

10, 11. (a) Ni igiki gihambaye nimba urugo rushaka kuroranirwa mu guhangana n’indwara? (b) Umugore umwe yahanganye gute n’indwara y’umunega wiwe?

10 Hari umugani wo muri Bibiliya ugira uti: “Umutima w’umuntu umushigikira mu magara make, arik’umutima wihebuye ni nde yoshobora kuwuremesha?” (Imigani 18:14) Umubabaro urashobora kugirira nabi agatima karangwa mu rugo nk’uko nyene bimeze ku “mutima w’umuntu.” Yamara, “umutima utekereje ni bgo bugingo bg’umubiri.” (Imigani 14:30) Ukuroranirwa kw’urugo canke ukutaroranirwa kwarwo mu guhangana n’indwara ikomeye, ahanini biva ku nyifato canke agatima abarugize bagaragaza.​—Gereranya n’Imigani 17:22.

11 Umukirisukazi umwe yategerezwa kwihangana igihe yaza abona umugabo wiwe amugara bukwi na bukwi hashize gusa imyaka itandatu bubakanye. Nya Mukirisukazi yibutse ibi: “Imvugo y’umugabo wanje yarononekaye bimwe bibi, kuvugana na we biba nk’ibitagishoboka. Akigoro nagira ko kugerageza gutahura ivyo yihatira kuvuga kari kanini rwose.” Iyumvire kandi umubabaro n’umwiheburo uwo mugabo ategerezwa kuba yaragize. None uwo mugore n’umugabo bagize iki? Naho nyene baba kure y’ishengero rya gikirisu, uwo muvukanyikazi yaragize uko ashoboye kwose kugira ngo agume akomeye mu buryo bw’impwemu mu kwama azi amakuru ishirahamwe ritanga hamwe n’imfungurwa zo mu buryo bw’impwemu zibandanya gutangwa mu binyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Ivyo vyaramuhaye inkomezi zo mu vy’impwemu zo kwitwararika umunega wiwe yakunda, gushika aho apfiriye haciye imyaka ine.

12. Nk’uko vyigaragaje ku vyashikiye Yobu, rimwe na rimwe ni igiki umurwayi aterera?

12 Mu ngorane ya Yobu, Yobu ni we yagumye akomeye kandi ari we yari amerewe nabi. Yabajije umukenyezi wiwe ati: “Mbega none twohabga ivyiza bisa mu biganza vy’Imana, tukanka kwākīra n’ibibi na vyo?” (Yobu 2:10) Ntibitangaje kubona umwigishwa Yakobo mu nyuma yavuze ko Yobu yabaye akarorero kibonekeje k’ukwihangana n’ukwigumya! Muri Yakobo 5:11 tuhasoma duti: “Mwarumvise ukwihangana kwa Yobu, mwabonye ivy’Umwami Imana yaherutse kumugirira, ingene yuzuye imbabazi no kugira ikigongwe.” No muri iki gihe nyene, akatari gake umutima rugabo w’uwo mu bagize urugo arwaye warafashije abandi bo mu rugo kuguma babona ibintu mu buryo bwiza.

13. Ni ukugereranya ibintu ukuhe urugo rushikiwe n’indwara ikomeye rudakwiye kugira?

13 Abantu batari bake babwirizwa guhangana n’indwara mu rugo baremera yuko mu ntango ari ibisanzwe yuko abagize urugo bibagora kumenya ingene bavyifatamwo. Barerekana kandi yuko uburyo umuntu abona ivyo bintu buhambaye rwose. Guhindura uburyo ibintu bisanzwe bikorwa mu rugo birashobora kugora mu ntango. Mugabo mu gihe vy’ukuri umuntu agize akigoro, arashobora kubimenyera. Muri ico gihe, birahambaye yuko tutogereranya uko ivyacu vyifashe n’uko ivy’abandi badafise umurwayi mu rugo vyifashe, twiyumvira yuko ubuzima bwabo bworohewe kuturusha, be n’uko ivyo ‘ari akarenganyo!’ Mu bisanzwe nta muntu n’umwe amenya vy’ukuri imizigo abandi bategerezwa kwikorera. Abakirisu bose bararonkera indemesho mu majambo Yezu yavuze, ati: “Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura.”​—Matayo 11:28.

GUSHINGA IBIJA IMBERE Y’IBINDI

14. Ibikwiriye kuja imbere bishobora gushingwa gute?

14 Mu gihe abo mu rugo bahanganye n’indwara ikomeye, vyoba vyiza bibutse amajambo yahumetswe agira ati: “Mu bajanama benshi [imigabo] irakomera.” (Imigani 15:22) Mbega abagize urugo bobo bashobora kuja hamwe maze bakaganira ku kuntu ibintu vyifashe bitewe n’iyo ndwara? Nta gukeka, vyoba bibereye ko babigira babijanishije n’ugusenga, kandi bagahindukirira Ijambo ry’Imana kugira ngo ribarongore. (Zaburi 25:4) None ni ibiki bikwiye kwihwezwa mu kiganiro mwene ico? Urabona, hariho ingingo zerekeye ivy’ubuvuzi, ivy’amahera hamwe n’izerekeye urugo zitegerezwa gufatwa. Ni nde azomurwaza? Urugo rushobora gute gusenyera ku mugozi umwe kugira ngo rushigikire uwo murwayi? Ibintu biringanijwe bizogira ico bikoze gute kuri umwumwe wese mu bagize urugo? Ivyo umurwaza akenera mu vy’impwemu no mu bindi bizokwitwararikwa gute?

15. Ni imfashanyo iyihe Yehova aha ingo zishikirwa n’indwara ikomeye?

15 Gusengana ubwira usaba ubuyobozi bwa Yehova, uzirikana kw’Ijambo ryiwe wongera ukurikira ushize amanga inzira Bibiliya ikwereka, kenshi bivamwo imihezagiro iruta iyo twari twiteze. Hari aho mu rugo uwurwaye atokwama atora mitende. Mugabo kwiheka kuri Yehova vyama nantaryo bishikana ku bintu vyiza mu bihe ivyo ari vyo vyose. (Zaburi 55:22) Umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Imbabazi zawe, Uhoraho, zarandamiye. Iy’amazinda abaye isinzi muri jewe, ivyo umpumuriza binezereza ubugingo bganje.”​—Zaburi 94:18, 19; raba kandi Zaburi 63:6-8.

GUFASHA ABANA

Ifoto ku rup. 125

Igihe abo mu rugo basenyera ku mugozi umwe, ingorane zirashobora gutorerwa umuti

16, 17. Igihe uganira n’abana bato ivyerekeye indwara y’uwo bavukana, ni ibihe vyiyumviro ushobora kubashikiriza?

16 Indwara ikomeye irashobora gutuma abana bagira ingorane mu rugo. Birahambaye yuko abavyeyi bafasha abana gutahura ibintu bikenewe biba vyavyutse hamwe n’ico bokora kugira ngo basahirize. Nimba uwo arwaye ari umwana, abana bivukana bategerezwa gufashwa gutahura yuko ukwo kuntu barushiriza kumwitwararika bidasigura ko abandi bana babakunda buhoro. Aho kureka ngo urwanko canke ishari bitsimbatare, abavyeyi barashobora gufasha abo bana bandi kurushiriza gufatana mu nda no kugiranira urukundo nyakuri uko basenyera ku mugozi umwe mu gutunganya ivyo bintu vyatewe n’iyo ndwara.

17 Mu bisanzwe, abana bato bazovyakira neza kuruta mu gihe abavyeyi bitwararitse inyiyumvo zabo aho kubasigurira birebire kandi bigoye ku vyerekeye iyo ndwara. Boshobora rero guhabwa iciyumviro ku kuntu uwo murwayi amerewe. Mu gihe abo bana batarwaye babona ukuntu iyo ndwara ibujije uwo murwayi gukora vyinshi mu bintu bo babona ko ari ivyoroshe, bisa n’uko bazorushiriza kugira ‘urukundo rwa kivukanyi’ n’ ‘imbabazi.’​—1 Petero 3:8.

18. Abana bakuze bashobora gufashwa gute gutahura ingorane zatewe n’indwara, kandi ivyo bishobora gute kubazanira akunguko?

18 Abana bakuze bakwiye gufashwa kugira ngo batahure yuko mu rugo hariho ingorane, be n’uko umwe wese mu barugize asabwa kugira ivyo ahevye. Kubera yuko abavyeyi baba bategerezwa kuriha amahera y’abaganga hamwe n’ay’imiti, vyoshoboka ko badafata abandi bana nk’uko bavyipfuza. Mbega ivyo vyoba bizobabaza abana bakumva yuko hariho ikintu abavyeyi bariko barabima? Canke boba bazotahura uko ibintu vyifashe maze bakagira umutima ukunze wo kugira ivyo bahevye? Ivyo ahanini biva ku buryo ico kibazo bakiyaze hamwe no ku gatima abavyeyi batsimbataza mu rugo. Kukaba nkako, mu ngo nyinshi ukurwara kw’umwe mu bagize urugo kwarafashije mu kwigisha abana gukurikira impanuro ya Paulo igira iti: “Ntimugire ico mukora kubgo gukēbana cank’ukwifata uko mutari, ariko mwicishije bugufi, umuntu wese yiyumvire yuko mugenzi we amuruta, kand’umuntu wese ntiyiyumvire ivyiwe gusa, ariko yiyumvire n’ivy’abandi.”​—Ab’i Filipi 2:3, 4.

UKO UMUNTU YOBONA IVYEREKEYE UKUVURWA

19, 20. (a) Ni amabanga nyabaki baserugo bikorera igihe hari umuntu wo mu rugo arwaye? (b) Naho Bibiliya atari igitabu c’ivy’ubuvuzi, ni mu buryo nyabaki itanga ubuyobozi mu vyo kwivuza?

19 Abakirisu babona ibintu ku rugero ntibarwanya ukuvurwa mu gihe kudateye kubiri n’itegeko ry’Imana. Igihe uwo mu bagize urugo rwabo arwaye, barashashara kurondera kumufasha kugira ngo aruhuke. Ariko rero, hashobora kuba hariho ivyiyumviro bivuguruzanya vyerekeye ukuvurwa bategerezwa kurimbura. Vyongeye, mu myaka ya vuba harabonetse indwara z’ivyaduka ata wari yiteze, kandi nyinshi muri zo nta buryo bwo kuzivura buhari bwemewe na bose. Mbere rimwe na rimwe usanga bigoye gutora iyo ndwara. Ni igiki none Umukirisu akwiye gukora?

20 Naho umwe mu banditse Bibiliya yari umuganga vyongeye intumwa Paulo akaba yarahaye umukunzi wiwe Timoteyo impanuro ngirakimazi zijanye n’ubuvuzi, Ivyanditswe ni inyobozo mu vy’ukwigenza runtu no mu vy’impwemu, si igitabu c’ivy’ubuvuzi. (Ab’i Kolosayi 4:14; 1 Timoteyo 5:23) Ni co gituma mu bijanye no kwivuza, baserugo b’Abakirisu bategerezwa gufata ingingo zabo bwite ziri ku rugero. Kumbure bashobora kwumva yuko bakeneye kuronka ivyiyumviro vyinshi vy’abaganga. (Gereranya n’Imigani 18:17.) Nta gukeka yuko bazoshima ko haboneka imfashanyo nziza kuruta ku bw’uwo muntu wabo arwaye, kandi usanga benshi iyo mfashanyo bayironderera mu baganga basanzwe. Hari abumva birushirije kubabera vyiza bivujije mu bundi buryo. Iyo na yo nyene ni ingingo umuntu yifatira. Ariko rero, igihe Abakirisu batorera umuti ingorane z’ivy’amagara, barareka ‘ijambo ry’Imana rikababera itara rimurikira ibirenge vyabo n’umuco umurikira inzira yabo.’ (Zaburi 119:105) Babandanya gukurikira inyobozo ziri muri Bibiliya. (Yesaya 55:8, 9) Ni co gituma birinda uburyo bwo kwisuzumisha bufitaniye isano n’ubupfumu bakongera bakirinda ukuvurwa gutuma barenga ingingo ngenderwako za Bibiliya.​—Zaburi 36:9; Ivyakozwe 15:28, 29; Ivyahishuriwe 21:8.

21, 22. Umugore umwe wo muri Aziya yazirikanye gute ku ngingo ngenderwako ya Bibiliya, kandi mu vyamushikiye ingingo yafashe yagaragaye gute ko ari iy’ukuri?

21 Rimbura ivyashikiye umugore akiri muto wo muri Aziya. Inyuma gato y’aho atanguriye kwigana Bibiliya n’Icabona ca Yehova, yavyaye akana k’agakobwa katageze, kapima gusa ikilo n’amagarama 470. Uwo mugore yaravunitse umutima igihe umuganga yamubwira yuko nya kayoya kazoteba gukura, be n’uko katazokwigera gashobora gutambuka. Yamugiriye inama yo kukajana mu kigo barereramwo mwene utwo twana. Umugabo wiwe ntiyari azi icokorwa kuri ico kibazo. None nya mugore yari kwayira amaboko nde?

22 Avuga ati: “Naributse yuko nize muri Bibiliya ko ‘abana ari bo ngabire Yehova agaba, imbuto zo mu nda ari zo mpera atanga.’ ” (Zaburi 127:3) Yafashe ingingo yo kujana iyo “ngabire” i muhira kugira ngo ayibungabungire. Mu ntango ibintu ntivyari vyoroshe, mugabo uwo mugore afashijwe na bagenziwe b’Abakirisu bo mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ry’aho yaba, yarashoboye kuvyifatamwo neza no gufasha ako kana mu bintu bidasanzwe kari gakeneye. Haciye imyaka cumi n’ibiri, uwo mwana yari asigaye aja ku makoraniro ku Ngoro y’Ubwami vyongeye akahanezerererwa kuba kumwe n’abakiri bato yahasanga. Uwo muvyeyi avuga ati: “Ndashima cane kuba ingingo ngenderwako za Bibiliya zaramvyuriye umutima wo gukora ibigororotse. Bibiliya yaramfashije kuzigama ijwi ryo mu mutima ritanyagiriza ikibi imbere ya Yehova Imana no kwirinda ukwicuza nogize mu buzima bwanje bwose busigaye.”

23. Ni indemesho nyabaki Bibiliya iha abarwaye n’ababarwaje?

23 Ntituzokwamana indwara ibihe bidahera. Umumenyeshakazoza Yesaya yaravuze ivy’igihe ‘ata muntu azovuga, ati ndarwaye.’ (Yesaya 33:24) Uwo muhango uzorangukira mw’isi nshasha iguma yegereza ningoga. Ariko rero, ubu dutegerezwa kubaho turwara twongera dupfa. Igishimishije, ni uko Ijambo ry’Imana riduha ubuyobozi n’imfashanyo. Amategeko y’ishimikiro Bibiliya itanga y’uburyo umuntu yokwigenza yamaho, kandi araruta kure n’iyo ivyiyumviro vyama bihindagurika vy’abantu b’abanyagasembwa. Ni co gituma umuntu w’inkerebutsi yemeranya n’umwanditsi wa Zaburi, uwanditse ati: “Ivyagezwe vy’Uhoraho biratunganye rwose, bihēmbūra ubugingo, ivyo Uhoraho yashingiye intahe n’ivyo kwizerwa, biha umutungu ubgenge. . . . Amateka y’Uhoraho n’ay’ukuri, aragororotse rwose. . . . Kuvyitondera harimw’impēra nini.”​—Zaburi 19:7, 9, 11.

IZI NGINGO NGENDERWAKO ZA BIBILIYA ZISHOBORA GUTE GUFASHA . . . URUGO GUTORERA UMUTI INDWARA IKOMEYE HAMWE N’IVYO IHUNGABANYA?

Urukundo rurihangana kandi rwihanganira vyose.​—1 Ab’i Korinto 13:4-7.

Birahambaye gutsimbataza agatima keza.​—Imigani 18:14.

Ni vyiza kurondera impanuro imbere yo gufata ingingo zihambaye.​—Imigani 15:22.

Yehova aradushigikira mu gihe ubuzima bugoye.​—Zaburi 55:22.

Ijambo rya Yehova ni ubuyobozi mu bihe vyose.​—Zaburi 119:105.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika