Icigwa c’9
Abasavyi b’Imana Bategerezwa Kuba Badahumanye
Ni kuki dutegerezwa kuba abadahumanye mu buryo bwose? (1)
Bisobanura iki kuba abadahumanye mu vy’umutima? (2)mu vy’ukwigenza runtu? (3) mu bwenge? (4) ku mubiri? (5)
Ni imvugo nyabaki ihumanye dukwiye kwirinda? (6)
1. Yehova Imana ni Imana idahumanye kandi nyeranda. Yiteze ko abamusenga baguma badahumanye—mu vy’umutima, mu vy’ukwigenza runtu, mu bwenge, no ku mubiri. (1 Petero 1:16) Bisaba umwete nyawo kugira ngo umuntu agume adahumanye mu nyonga z’Imana. Tuba mw isi ihumanye. Vyongeye dutegerezwa kurwanya impengamiro twebwe ubwacu dufise zo gukora ikibi. Ariko ntitukarambirwe.
2. Ukudahumana mu vy’Umutima: Niba dushaka gukorera Yehova, ntidushobora kuguma ku nyigisho n’imwe canke ku mugenzo n’umwe vy’idini y’ikinyoma. Dutegerezwa kuva mw idini y’ikinyoma kandi ntituyishigikire mu buryo na bumwe. (2 Ab’i Korinto 6:14-18; Ivyahishuriwe 18:4) Iyo tumaze kwiga ukuri kwerekeye Imana, dutegerezwa kuba maso kugira ngo abantu bigisha ibinyoma ntibatuzimize.—2 Yohana 10, 11.
3. Ukudahumana mu vy’Ukwigenza Runtu: Yehova ashaka ko abamusenga bigenza nk’Abakirisu b’ukuri ibihe vyose. (1 Petero 2:12) Arabona ibintu vyose dukora, naho twobikorera mu kinyegero. (Abaheburayo 4:13) Dukwiye kwirinda ubushegabo hamwe n’iyindi migenzo ihumanye y’iyi si.—1 Ab’i Korinto 6:9-11.
4. Ukudahumana mu Bwenge: Igihe imizirikanyi yacu tuyuzuza ivyiyumviro bidahumanye, bityoroye, ingeso zacu na zo nyene zizoba izidahumanye. (Ab’i Filipi 4:8) Ariko twishinze kwiyumvira ibintu bihumanye, bizotuma dukora ibikorwa bibi. (Matayo 15:18-20) Dukwiye kwirinda ukwinezereza kwohumanya imizirikanyi yacu. Imizirikanyi yacu dushobora kuyuzuza ivyiyumviro bidahumanye mu kwiga Ijambo ry’Imana.
5. Ukudahumana ku Mubiri: Kubera ko Abakirisu baserukira Imana, imibiri yabo n’ivyambarwa vyabo bikwiye kuguma bidahumanye. Dukwiye gukaraba iyo tuvuye kwa surwumwe, kandi tugakaraba imbere yo gufungura canke gukora ku bifungurwa. Niba ata musarani mufise, umwanda wo kwa surwumwe ukwiye kuzikwa. (Gusubira mu Vyagezwe 23:12, 13) Kuguma tudahumanye ku mubiri biraterera agacumu k’ubumwe mu vyo kugira amagara meza. Inzu y’Umukirisu ikwiye kuba irimwo urutonde kandi isukuye imbere n’inyuma. Ikwiye kuba iboneka ko ari iy’akarorero mu babanyi.
6. Imvugo Idahumanye: Abasavyi b’Imana bategerezwa kwama bavuga ukuri. Ababeshi ntibazokwinjira mu Bwami bw’Imana. (Abanyefeso 4:25; Ivyahishuriwe 21:8) Abakirisu ntibakoresha imvugo mbi. Ntibumviriza canke ngo bavuge ibitebu biteye isoni canke inkuru zihumanye. Bivuye ku mvugo yabo idahumanye, baragaragara ko bameze ukundi ku kazi canke kw ishure, no mu babanyi.—Abanyefeso 4:29, 31; 5:3.
[Amafoto ku rup. 18, 19]
Abasavyi b’Imana bategerezwa kuba badahumanye muri vyose