Icigwa c’10
Imigenzo Imana Yanka
Ukwiye kubona gute ibintu Imana ivuga ko ari bibi? (1)
Ingeso mbimbi zijanye n’igitsina ni izihe? (2)
Umukirisu akwiye kubona gute ukubesha? (3) ugukina akamari? (3) ukwiba? (3) ubukazi? (4) ubupfumu? (5) akaborerwe? (6)
Umuntu ashobora gute kuvavanura n’imigenzo mibi? (7)
1. Abasavyi b’Imana barakunda iciza. Mugabo bategerezwa kandi kwiga kwanka ikibi. (Zaburi 97:10) Ivyo bisobanura kwirinda imigenzo imwimwe Imana yanka. Imwe muri iyo migenzo ni iyihe?
2. Ubusambanyi: Ukuryamana imbere y’ukwabirana, ukurenga ibigo, ukwimarira inambu y’umubiri ku bikoko, ukugoka, hamwe n’ukumarana inambu kw’abasangiye igitsina, ivyo vyose ni ivyaha bikomeye ku Mana. (Abalewi 18:6; Abaroma 1:26, 27; 1 Ab’i Korinto 6:9, 10) Mu gihe umugabo n’umugore batabiranye ariko bakaba babana, bakwiye gutandukana canke na ho bakabirana biciye mu mategeko.—Abaheburayo 13:4.
3. Ukubesha, Ugukina Akamari, Ukwiba: Yehova Imana ntashobora kubesha. (Tito 1:2) Abantu bashaka kwemerwa na we bategerezwa kwirinda kubesha. (Imigani 6:16-19; Ab’i Kolosayi 3:9, 10) Ubwoko bwose bw’akamari burimwo umwina. Abakirisu rero ntibaja mu gukina akamari kwo mu buryo na bumwe, nka loteri, urusimbi canke tombora. (Abanyefeso 5:3-5) Abakirisu kandi ntibiba. Ntibagura ibintu vyibwe babizi canke ngo batware ibintu batabirekuriwe.—Kuvayo 20:15; Abanyefeso 4:28.
4. Ishavu, Ubukazi: Umuntu ashavuye ntiyigumye birashobora gutuma akora ibiranga ubukazi. (Itanguriro 4:5-8) Umuntu w’inkazi ntashobora kuba umukunzi w’Imana. (Zaburi 11:5; Imigani 22:24, 25) Ni bibi kwihora canke gusubiriza abandi mu ndumane ibibi bodukorera.—Imigani 24:29; Abaroma 12:17-21.
5. Ibitega n’Ubupfumu: Hari abantu bambaza ububasha bw’imizimu kugira ngo bagerageze gukiza indwara. Abandi baratuma ibitega abansi babo kugira ngo babateze indwara canke mbere babice. Ikinyabubasha kiri inyuma y’iyo migenzo yose ni Shetani. Abakirisu rero bategerezwa kutaja mu mugenzo n’umwe muri yo. (Gusubira mu Vyagezwe 18:9-13) Kuguma twiyegereje Yehova ni yo nkinzo nziza kuruta zose y’ibitega abandi boshobora kudutuma.—Imigani 18:10.
6. Akaborerwe: Kunywa umuvinyu mukeyi, inzoga nkeyi canke ikindi kinyobwa kirimwo umwambiro si bibi. (Zaburi 104:15; 1 Timoteyo 5:23) Mugabo kunywa nyinshi n’ukuborerwa ni bibi mu nyonga z’Imana. (1 Ab’i Korinto 5:11-13; 1 Timoteyo 3:8) Kunywa birenze urugero birashobora kukwononera amagara kandi bigasambura urugo rwanyu. Vyotuma kandi worohera ningoga izindi nyosha mbi.—Imigani 23:20, 21, 29-35.
7. Abakora ibintu Imana ivuga ko ari bibi ‘ntibazoragwa Ubwami bw’Imana.’ (Ab’i Galatiya 5:19-21) Niba ukunda Imana vy’ukuri ukaba kandi ushaka kuyihimbara, nuvavanure n’iyo migenzo. (1 Yohana 5:3) Niwige kwanka ivyo Imana ivuga ko ari bibi. (Abaroma 12:9) Niwifatanye n’abantu bafise ingeso zishimwa n’Imana. (Imigani 13:20) Abagenzi bakuze mu vy’umutima b’Abakirisu boshobora kukubera isoko ry’imfashanyo. (Yakobo 5:14) Ikiruta vyose, niwishimire ugufashwa n’Imana biciye mw isengesho.—Ab’i Filipi 4:6, 7, 13.
[Amafoto ku rup. 20, 21]
Imana iranka akaborerwe, ukwiba, akamari n’ibikorwa biranga ubukazi