Icigwa ca 11
Ukwemera Hamwe n’Imico Imana Yanka
Ni ukwemera hamwe n’imico bwoko ki bitari vyo? (1)
Mbega Abakirisu barakwiye kwemera yuko Imana ari Ubutatu? (2)
Ni kuki Abakirisu b’ukuri badahimbaza Noweli, Pasika y’amadini, canke imisi y’ivuka? (3, 4)
Mbega abapfuye barashobora kugirira nabi abazima? (5)
Yezu yoba yapfiriye ku musaraba? (6)
Guhimbara Imana bihambaye gute? (7)
1. Ukwemera hamwe n’imico vyose si bibi. Mugabo Imana ntivyemera igihe ari ibiva mw idini y’ikinyoma canke bikaba biteye kubiri n’inyigisho za Bibiliya.—Matayo 15:6.
2. Ubutatu: Mbega Yehova yoba ari Ubutatu—abaperesona batabu bari mu Mana imwe? Eka data! Yehova, Data wa twese, ni we ‘Mana yonyene y’ukuri.’ (Yohana 17:3; Mariko 12:29) Yezu ni Umwana wiwe w’imfura, kandi arumvira Imana. (1 Ab’i Korinto 11:3) Uwo Se araruta Umwana. (Yohana 14:28) Impwemu yera si umuntu; ni inguvu zikora z’Imana.—Itanguriro 1:2; Ivyakozwe 2:18.
3. Noweli na Pasika y’Amadini: Yezu ntiyavutse ku wa 25 Kigarama. Yavutse nko ku wa 1 Gitugutu, mu kiringo co mu mwaka aho abungere baba baraririye amasho yabo mu gahinga mw ijoro. (Luka 2:8-12) Yezu ntiyigeze ategeka Abakirisu guhimbaza ivuka ryiwe. Ahubwo, yabwiye abigishwa biwe kwibukiriza canke kwibuka urupfu rwiwe. (Luka 22:19, 20) Noweli hamwe n’imigenzo ijana na n’uwo musi, vyavuye mu madini y’ikinyoma ya kera. N’imigenzo ya Pasika y’amadini ni ko yaje, nka kwa gukoresha amagi n’inkwavu. Abakirisu ba mbere ntibahimbaza Noweli canke iyo Pasika, eka n’Abakirisu b’ukuri nta vyo bahimbaza muri iki gihe.
4. Imisi y’Ivuka: Imisi y’ivuka ibiri yonyene ivugwa muri Bibiliya ni iyahimbajwe n’abantu batasenga Yehova. (Itanguriro 40:20-22; Mariko 6:21, 22, 24-27) Abakirisu ba mbere ntibahimbaza imisi y’ivuka. Umugenzo wo guhimbaza imisi y’ivuka uturuka mu madini y’ikinyoma ya kera. Abakirisu b’ukuri barahana amaturo kandi bakanezererwa hamwe ku bindi bihe vyo mu mwaka.
5. Ugutinya Abapfuye: Abapfuye ntibashobora gukora ikintu na kimwe canke kwumva ikintu na kimwe. Ntidushobora kugira ico tubafashije, kandi nta co bashobora kutugira. (Zaburi 146:4; Umusiguzi 9:5, 10) Ubugingo burapfa; ntibubandanya kubaho iyo umuntu apfuye. (Ezekiyeli 18:4) Ariko hari igihe abamarayika babi, abitwa amadayimoni, bigira imizimu y’abapfuye. Umugenzo wose ufise ico upfana no gutinya canke kwambaza abapfuye ni mubi.—Yesaya 8:19.
6. Umusaraba: Yezu ntiyapfiriye ku musaraba. Yapfiriye ku kigiga canke igiti. Ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwe ngo “umusaraba” muri Bibiliya nyinshi risigura gusa ikigegene c’inkingi. Ikigereranyo c’umusaraba gituruka mu madini y’ikinyoma ya kera. Umusaraba ntiwakoreshwa canke ngo usengwe n’Abakirisu ba mbere. None wumva vyoba ari vyiza gukoresha umusaraba mu gusenga?—Gusubira mu Vyagezwe 7:26; 1 Ab’i Korinto 10:14.
7. Hari aho vyokubera ibigoye guheba bimwebimwe muri ivyo vyemerwa canke iyo migenzo. Incuti canke abagenzi boshobora kugerageza kukujijura ngo ntuhindure ivyo wemera. Ariko guhimbara Imana ni co kintu gihambaye kuruta guhimbara abantu.—Imigani 29:25; Matayo 10:36, 37.
[Ifoto ku rup. 22]
Imana si Ubutatu
[Ifoto ku rup. 23]
Noweli na Pasika y’amadini vyaturutse mu madini y’ikinyoma ya kera
[Ifoto ku rup. 23]
Nta mpamvu iriho yotuma twambaza abapfuye canke ngo tubatinye