ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wt ikig. 1 rup. 4-13
  • Ubumwe mu vy’Ugusenga Muri Iki Gihe—Busigura Iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubumwe mu vy’Ugusenga Muri Iki Gihe—Busigura Iki?
  • Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico Busigura vy’Ukuri
  • Ingene Ubwo Bumwe Bushikwako
  • Ni Ibiki Bifasha Kugira Habe Ubumwe?
  • Niwirinde Utwosho Dutera Amacakubiri
  • Ivy’Uguhurikira Hamwe mu Gusenga—Ukwiye Kubibona Gute?
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Ubumwe ni bwo buranga ugusenga kw’ukuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Umuryango wa Yehova Urinovora Iyungabumwe ry’Agaciro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Zigama Iyungabumwe Muri Ino Misi Y’iherezo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
Ibindi
Senga Imana yonyene y’ukuri
wt ikig. 1 rup. 4-13

Ikigabane ca Mbere

Ubumwe mu vy’Ugusenga Muri Iki Gihe—Busigura Iki?

1, 2. (a) Ni igwirirana nyabaki ry’inkoramutima ririko riraba muri iki gihe? (b) Ni icizigiro c’igitangaza ikihe abantu b’inzirabugunge bafise?

HIRYA no hino kw’isi hariho igwirirana ry’inkoramutima ry’abahurumbira ubumwe mu vy’ugusenga. Iryo gwirirana ririko ritororokaniriza hamwe abantu amamiliyoni bo mu mahanga yose, abo mu moko yose n’abavuga indimi zose. N’abandi baguma batororokanywa ku mwaka ku mwaka. Muri Bibiliya abo bavugwa yuko ari “[i]vyabona” vya Yehova, bakaba kandi bitwa “ishengero ryinshi.” ‘Bakorera Imana ku murango no mw’ijoro.’ (Yesaya 43:10-12; Ivyahishuriwe 7:9-15) Ivyo babitumwa n’iki? Ni uko bahavuye bakamenya ko Yehova ari we Mana yonyene y’ukuri. Ivyo biratuma bahuza ubuzima bwabo n’inzira ziwe zigororotse. Vyongeye baramenye ko turi mu “misi y’iherezo” y’iyi si mbi, yuko vuba Imana igiye guhonya iyi si, be n’uko izoca iyisubiriza isi yayo nshasha y’iparadizo.—2 Timoteyo 3:1-5, 13; 2 Petero 3:10-13.

2 Ijambo ry’Imana risezerana riti: “Hasigaye igihe gito, umunyakibi ntabeho; . . . Arikw abagwaneza bazoragwa igihugu, bazonezererwa amahoro y’umusēsekara.” (Zaburi 37:10, 11) “Abagororotsi bazoragwa igihugu, bakibemw’ibihe bidashira.” (Zaburi 37:29) “[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.”—Ivyahishuriwe 21:4.

3. Ubumwe nyabwo mu vy’ugusenga buriko buboneka gute?

3 Abariko baranywanishwa ubu mu nsengo y’ukuri ni bo bazoba aba mbere mu kuba muri iyo si nshasha. Barize ivyo Imana igomba ivyo ari vyo, bakaba bariko barabikora gushika aho ubushobozi bwabo bugera. Yezu mu kwerekana ingene ivyo bihambaye, yavuze ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.” (Yohana 17:3) Intumwa Yohani yanditse ati: “Isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira.”—1 Yohana 2:17.

Ico Busigura vy’Ukuri

4. (a) Itororokanywa ry’abantu benshi gutyo ngo baze ku gusenga mu bumwe risigura iki vy’ukuri muri iki gihe? (b) Bibiliya idondora gute iryo tororokanywa?

4 None itororokanywa ry’abantu benshi gutyo ngo baze ku gusenga mu bumwe risigura iki vy’ukuri muri iki gihe? Biribonekeza yuko twegereje cane umuhero w’iyi si mbi, isi nshasha y’Imana na yo ice itangura buno nyene inyuma y’ivyo. Turibonera iranguka ry’ubuhanuzi bwa Bibiliya bwari bwaravuze ivy’iryo tororokanywa ry’akamarampaka. Bumwe muri mwene ubwo buhanuzi buvuga buti: “Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw ingoro [“ya Yehova,” NW] [ugusengwa kwiwe kw’ukuri, kuri hejuru] uzotsimbatara ku mpinga y’umusozi [hejuru y’ubundi bwoko bwose bw’insengo], . . . kand’amoko azosendanisha aja kuri wo. Amahanga menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa [“wa Yehova,” NW], [ku] ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’inzira zayo, natwe tuzigenderemwo.”—Mika 4:1, 2; Zaburi 37:34.

5, 6. (a) Twovuga dute yuko amahanga ariko aja kuri Yehova? (b) Ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza?

5 Naho atari amahanga uko yakabaye ariko arizana ku nzu ya Yehova yo mu buryo bw’impwemu ngo amusenge, abantu amamiliyoni bakomoka mu mahanga yose bariko barabigira. Uko biga ivyerekeye umugambi uranga urukundo wa Yehova Imana be na kamere ikwegera afise, biriko birabakora ku mutima bimwe bigera kure. Bararondera bicishije bugufi kumenya ivyo Imana ibasaba. Bagasenga nka kumwe kw’umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Unyigishe gukora ivyo ugomba, kukw ari wewe Mana yanje.”—Zaburi 143:10.

6 Woba ubona uri muri iryo shengero rinini ry’abantu Yehova ariko aratororokaniriza hamwe mu gusenga kugirwa mu bumwe? Uburyo ufata inyigisho waronse mw’Ijambo ryiwe bwoba bwerekana ko utahura vy’ukuri yuko Yehova ari we Sôko ryazo? Wewe ‘uzogendera mu nzira ziwe’ ukungana iki?

Ingene Ubwo Bumwe Bushikwako

7. (a) Mbega ubumwe mu vy’ugusenga amaherezo buzoshikwako ku rugero rungana iki? (b) Ni kuki gucika uwusenga Yehova ubu vyihutirwa, kandi dushobora gute gufasha abandi ngo na bo bamusenge?

7 Umugambi Yehova afise ni uko ibiremwa vyose vy’ubwenge bihurikira hamwe mu gusenga kw’ukuri. Ese ukuntu tunyotewe umusi abariho bose bazoba basenga Imana yonyene y’ukuri! (Zaburi 103:19-22) Mugabo imbere y’uko ivyo biba, Yehova ategerezwa kuzimanganya abo bose banka gukora ivyo agomba. Kubera ikigongwe ciwe, abanza kumenyesha imbere y’igihe ivyo agiye gukora, kugira abantu aho bari hose bashobore kuronka akaryo ko guhindura ingendo zabo. (Yesaya 55:6, 7) Ni muri ubwo buryo rero “[abantu b’]amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose” muri iki gihe bariko baraterwa aka kamo kihutirwa: “Mwubahe Imana, muyihimbaze, kukw igihe c’amateka yayo gishitse, musenge iyaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasōko y’amazi.” (Ivyahishuriwe 14:6, 7) Woba umaze kwemera ubwo butumire? Nimba umaze kubwemera, uri n’agateka ko gutumira n’abandi ngo bamenye Imana y’ukuri bongere bayisenge.

8. Tumaze kumenya inyigisho za Bibiliya z’ishimikiro, ni irindi terambere irihe dukwiye kwihatira kugira?

8 Yehova nta mugambi n’umwe afise wo gusengwa n’abantu bavuga yuko bamwemera mugabo bagaca babandanya kwikurikiranira ivyabo. Imana ishaka ko abantu bashika ku “bumenyi bw’ico ishaka” hanyuma ivyo bakabigaragaza mu buzima bwabo. (Abanyakolosi 1:9, 10, UB) Muri ubwo buryo, abantu b’umutima ushima iyo bamenye inyigisho z’ishimikiro za Bibiliya baca bipfuza gutera imbere bagana ku buhumure bwa gikirisu. Icipfuzo cabo ni ugushika ku kumenya Yehova neza kuruta, kwagura no gushika kure ibwina mu gutahura Ijambo ryiwe, hamwe no kurikurikiza bimwe bishitse mu buzima bwabo. Barondera kugaragaza kamere za Data wa twese wo mw’ijuru no kubona ibintu nk’uko abibona. Ivyo biratuma barondera uburyo bwo kugira uruhara mu gikorwa co kurokora ubuzima ariko aratuma gikorwa mw’isi muri iki gihe. Ivyo vyoba ari vyo nawe wipfuza?—Mariko 13:10; Abaheburayo 5:12–6:3.

9. Ni mu buryo ubuhe ubumwe nyakuri bushoboka ubu?

9 Bibiliya irerekana yuko abakorera Yehova bategerezwa kuba ari abantu bunze ubumwe. (Abanyefeso 4:1-3) Ubwo bumwe bubwirizwa kuhaba ubu, naho nyene tuba mw’isi yuzuye amacakubiri kandi tukaba tukirwana n’udusembwa twacu bwite. Yezu yarasenganye ubwira asaba yuko abigishwa biwe bose boba umwe, bakagira ubumwe nyakuri. Ivyo none vyobaye bisigura iki? Ubwa mbere, bogiriraniye ubucuti bwiza na Yehova be n’Umwana wiwe. Ubwa kabiri, vyosiguye ko bagiriranira ubumwe. (Yohana 17:20, 21) Kugira ngo ivyo bishoboke, ishengero rya gikirisu rikora bwa shirahamwe Yehova abicishamwo mu kwigisha abantu biwe.

Ni Ibiki Bifasha Kugira Habe Ubumwe?

10. (a) Ni ibiki dutsimbataza igihe ubwacu dukoresha Bibiliya mu kwiyumvira inyishu z’ibibazo biri n’ico bikora kuri twebwe? (b) Ihweze ibintu bifasha kuzana ubumwe bwa gikirisu mu kwishura ibibazo bitondetswe muri iyi ngingo.

10 Tugiye kubona ibintu indwi nyamukuru bituma haba ubumwe mu vy’ugusenga. Uko wishura ibibazo bibiherekeje, nuzirikane ku kuntu ikintu kimwekimwe kigira ico gikoze ku bucuti ufitaniye na Yehova be n’Abakirisu bagenzawe. Uzirikanye kuri ivyo bintu ukongera ugasoma ivyanditswe vyatanzwe mugabo bitasubiwemwo mu majambo, bizogufasha gutsimbataza ubukerebutsi buva ku Mana, ububasha bwo kwiyumvira hamwe n’ugutegera, zikaba ari kamere twese dukeneye. (Imigani 5:1, 2; Ab’i Filipi 1:9-11) Rimbura nya bintu kimwekimwe ukwaco.

(1) Turemera icese uburenganzira Yehova afise bwo gushinga ingingo mfatirwako igenga ikibi n’iciza. “Wizigize [“Yehova,” NW] umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.”—Imigani 3:5, 6.

Ni kuki dukwiye kurondera impanuro za Yehova n’ubuyobozi bwiwe igihe dufata ingingo? (Zaburi 146:3-5; Yesaya 48:17)

(2) Turafise Ijambo ry’Imana ryo kutuyobora. “Hamwe mwākīra ijambo ry’ubutumwa mwatwumvanye, ni ryo ry’Imana, [ntimw]āryemeye nk’ijambo ry’abantu, ariko nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko, rikorera muri mwebge abizera.”—1 Ab’i Tesalonike 2:13.

Hoba akaga akahe hamwe twopfa gukora ivyo twebwe “twiyumvira” ko ari vyiza? (Imigani 14:12; Yeremiya 10:23, 24; 17:9)

Nimba tutazi impanuro Bibiliya itanga ku kintu kanaka, dukwiye gukora iki? (Imigani 2:3-5; 2 Timoteyo 3:16, 17)

(3) Twese turungukira kuri porogarama imwe yo kugaburirwa mu vy’impwemu. “Abana bawe bose bazokwigishwa nanje, jewe Uhoraho.” (Yesaya 54:13) “Twiyumviraneko, kugira ngo turwane ishaka ryo gukundana n’iry’ibikorwa vyiza, twoye guheba gukoranira hamwe, nk’uko bamwe bagira, ariko duhanūrane, kand’uko mubonye wa musi [w’isangangura] wegereza, murushirize kugenza murtyo.”—Abaheburayo 10:24, 25.

Ni ivyiza ibihe abungukira bimwe bishitse ku ndinganizo Yehova ashiraho zo kugaburirwa mu vy’impwemu baronka? (Yesaya 65:13, 14)

(4) Indongozi yacu ni Yezu Kirisitu, si umuntu n’umwe. “Ntimukitwe Rabi, kuk’umwigisha wanyu ar’umwe, namwe mwese mur’abavukana. Kandi ntimukīte umuntu wo mw isi Data, kuko So ar’umwe, ar’uwo mw ijuru. Kandi ntimukīyite [“indongozi, kuko indongozi yanyu ari imwe, Kirisitu,” NW].”—Matayo 23:8-10.

Hari n’umwe muri twebwe akwiye kuvuga ko aruta abandi? (Abaroma 3:23, 24; 12:3)

(5) Duhanze amaso intwaro y’Ubwami bw’Imana ko ari yo cizigiro conyene abantu bakwiye kugira. “Nuko musenge murtya, muti Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe, ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru. Ariko mubanze mwitwararike ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa.”—Matayo 6:9, 10, 33.

‘Kubanza kurondera ubwami’ bifasha gute kuzigama ubumwe bwacu? (Mika 4:3; 1 Yohana 3:10-12)

(6) Impwemu yera irama mu basenga Yehova kamere zihambaye zituma haba ubumwe bwa gikirisu. “Ivyo [im]pwemu yama n’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, ubugwaneza, ukwirinda.”—Ab’i Galatiya 5:22, 23.

Dutegerezwa gukora iki kugira ngo impwemu y’Imana yame ivyamwa vyayo muri twebwe? (Ivyakozwe 5:32)

Ukugira impwemu y’Imana bigira ico bikoze gute ku bucuti dufitaniye n’Abakirisu bagenzi bacu? (Yohana 13:35; 1 Yohana 4:8, 20, 21)

(7) Abasavyi b’Imana b’ukuri bose baragira uruhara mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bwiwe. “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza.”—Matayo 24:14.

Ni igiki gikwiye gutuma dushaka kugira uruhara bimwe bishitse muri ico gikorwa co kwamamaza inkuru nziza? (Matayo 22:37-39; Abaroma 10:10)

11. Iyo dukurikije ukuri kwa Bibiliya mu buzima bwacu, biraheza bigakora iki?

11 Gusenga Yehova twunze ubumwe biratuma turushiriza kumwiyegereza, bikanatuma tugiriranira ubucuti bweza umutima n’abo dusangiye ukwizera. Zaburi 133:1 ivuga iti: “Ewe kuntu ari vyiza kand’ar’ivy’igikundiro kw abavukana babana [“mu bumwe,” NW]!” Ibaze ukuntu turuhurwa no kwikinga isi na bwa bwikunzi bwayo, ubushegabo bwayo be n’ubukazi bwayo, hanyuma tukikoraniriza hamwe n’abakunda Yehova vy’ukuri kandi bagamburuka amategeko yiwe!

Niwirinde Utwosho Dutera Amacakubiri

12. Ni kuki dukwiye kwirinda agatima k’ukwigenga?

12 Kugira ntidutobe ubumwe bw’agaciro dufitaniye kw’isi yose, dutegerezwa kwirinda utwosho dutera amacakubiri. Kamwe muri utwo twosho ni agatima k’ukwigenga mu kwiyonkora ku Mana no ku mategeko yayo. Yehova aradufasha kwirinda ako gatima mu gushira ku kabarore inkwezi yako, ari we Shetani wa Mucokoranyi. (2 Ab’i Korinto 4:4; Ivyahishuriwe 12:9) Shetani ni we yoheje Adamu na Eva ngo birengagize ivyo Imana yari yaravuze, ngo bongere bafate ingingo ihushanye n’ivyo Imana igomba. Ivyavuyemwo vyabaye ivyago kuri bo no kuri twebwe. (Itanguriro 3:1-6, 17-19) Iyi si ibogaboga agatima k’ukwigenga mu kwiyonkora ku Mana no ku mategeko yayo. Dukwiye rero gutangira ako gatima muri twebwe.

13. Ni ibiki bizokwerekana yuko turiko vy’ukuri turitegurira kuba mw’isi nshasha igororotse y’Imana?

13 Nk’akarorero, rimbura umuhango w’inkoramutima Yehova yatanze wo gufata iyi si mbi akayisubiriza ijuru rishasha n’isi nshasha, ivyo “ukugororoka kuzobamwo.” (2 Petero 3:13) Ivyo none ntibikwiye gutuma dutangura kwitegurira kuzoba tuhari igihe ukugororoka kuzoba ari kwo kwiganza? Ivyo bisaba ko dukwirikiza iyi mpanuro itomoye ya Bibiliya: “Ntimugakunde isi, cank’ibiri mw isi. Umuntu ni yakunda isi, ugukunda Data wa twese ntikuzoba kuri muri we.” (1 Yohana 2:15) Ni co gituma twamirira kure agatima k’iyi si k’ukwigenga, ukuntu yitwararitse ivyayo kurenza urugero, ubushegabo n’ubukazi buri muri yo. Turimenyereza gutega ugutwi Yehova no kumugamburukira tubikuye ku mutima, naho hoba impengamiro zo kuvyanka ziva ku mubiri wacu w’umunyagasembwa. Ubuzima bwacu bwose burerekana yuko ukwiyumvira kwacu be n’imvo dukorana ibintu vyerekezwa ku gukora ivyo Imana igomba.—Zaburi 40:8.

14. (a) Ni kuki bihambaye ko ducakira akaryo ubu ko kwiga inzira za Yehova no kuzikurikira mu buzima bwacu? (b) Ivyanditswe vyatanzwe mu ngingo bisigura iki kuri wewe ubwawe?

14 Igihe Yehova yashinze nicagera c’uko ahonya uru runkwekwe rw’ibintu rwuzuye ububisha hamwe n’abikundira ivyarwo bose, ntazobitevya. Ntazokwigiza inyuma ico gihe canke ngo ahindure ingingo mfatirwako ziwe kugira ngo yorohereze abakigerageza kwumira kuri iyi si mu gihe bariko bariga ivyo Imana igomba hanyuma bakabikora bafise imitima ibiri. Ubu ni igihe co gukura amaboko mu mpuzu! (Luka 13:23, 24; 17:32; 21:34-36) Ese ukuntu vyeza umutima rero kubona ishengero rinini ry’abantu bariko bacakira kano karyo keza cane, baronderana ubwira amabwirizwa Yehova atanga biciye mw’Ijambo ryiwe no mw’ishirahamwe ryiwe, kandi bakagendera mu nzira ziwe bunze ubumwe bagana mw’isi nshasha! Kandi uko turushiriza kwiga ivyerekeye Yehova, ni ko tuzorushiriza kumukunda no gushaka kumukorera.

Ikiganiro c’Isubiramwo

• Umugambi Yehova afise ku vyerekeye ugusenga ni uwuhe?

• Tumaze kumenya inyigisho z’ishimikiro za Bibiliya, ni irindi terambere irihe dukwiye kwihatira kugira?

• Ni ibiki umwumwe muri twebwe ashobora gukora kugira ngo tube mu bumwe n’abandi basenga Yehova?

[Ifoto ku rup. 4]

‘Abagwaneza bazoragwa isi, bazonezererwa amahoro y’umusesekara’

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika