Ikigabane ca 4
Imana irafise izina
MBEGA, kenshi iyo uhuye n’umuntu ari bwo bwa mbere, umubaza iki?— Uca umubaza izina ryiwe. Twese turi n’amazina. Umuntu wa mbere Imana yaremye kw’isi yaramuhaye izina. Yamwise Adamu. Umugore wa Adamu yitwa Eva.
Mugabo rero, abantu si bo bonyene bafise amazina. Iyumvire ibindi bintu bifise amazina. Iyo hagize umuntu aguha igipupe, uracita izina, si vyo none?— Egome, kugira izina birahambaye cane.
Uraraba zirya nyenyeri nyinshi ziboneka mw’ijoro. Woba wibaza ko zifise amazina?— Egome, inyenyeri yose iri mu kirere Imana yarayihaye izina. Bibiliya itubwira iti: “Aharūra inyenyeri uko zingana, zose azita amazina yazo”.—Zaburi 147:4.
Woba wari uzi yuko inyenyeri zose zifise amazina?
Ni nde wovuga ko ari we muntu ahambaye kw’isi no mw’ijuru?— Emwe, ni Imana. Woba wibaza yuko ifise izina?— Yezu yavuze ko Imana ifise izina. Igihe kimwe Yezu yavuze mw’isengesho yariko atura Imana ati: ‘Naramenyesheje izina ryawe abayoboke banje’ (Yohana 17:26). Woba uzi izina ry’Imana?— Bibiliya ivuga iti: “Uhoraho Yehova [n]i we gitandara camah’ibihe bidashira”. Urumva rero ko izina ry’Imana ari YEHOVA.—Yesaya 26:4.
Uhora wumva umerewe gute iyo abandi bibutse izina ryawe?— None ntuhora wumva unezerewe?— Na Yehova ashaka ko abantu bamenya izina ryiwe. Turakwiye rero gukoresha izina Yehova igihe tuganirira abantu ivyerekeye Imana. Igihe wa Mwigisha Ahambaye yaba ariko aganiriza abantu, yarakoresha izina ry’Imana ari ryo Yehova. Igihe kimwe Yezu yavuze ati: ‘Ukunde Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose’.—Mariko 12:30.
Yezu yari azi yuko “Yehova” ari izina rihambaye cane. Ni co gituma yigishije abayoboke biwe gukoresha izina ry’Imana. Yarabigishije mbere kuvuga izina ry’Imana mu masengesho yabo. Yezu yari azi yuko Imana ishaka ko abantu bose bamenya izina ryayo, ari ryo Yehova.
Kera cane, Imana yareretse wa mugabo Musa ukuntu izina ryayo rihambaye, Musa akaba yari uwo mu bana ba Isirayeli. Abana ba Isirayeli, ari bo biswe Abisirayeli, baba mu gihugu citwa Misiri. Abantu bo muri ico gihugu bitwa Abanyamisiri. Bari bagize Abisirayeli abaja, kandi bakabafata nabi cane. Musa amaze gukura, yaragerageje gufasha umwe mu bantu b’iwabo. Ivyo vyatumye Farawo umwami wa Misiri ashavura cane. Yaciye ashaka kwica Musa! Vyaciye bituma Musa ahunga ava mu Misiri.
Musa yaciye aja mu kindi gihugu. Cari igihugu c’i Midiyani. Ngaho Musa yararongoye, hanyuma aribaruka atangura kurera ibibondo. Yaranakoze bwa mwungere, akaza arabungabunga intama. Umusi umwe, Musa yari mu bikorwa vyinshi vyo kubungabunga intama hafi y’umusozi, aza abona ikintu gitangaje. Cari igisaka caka umuriro, mugabo ntigishe ngo gicike umunyota! Musa yaregereye kugira ngo abirabe neza.
None urazi uko vyagenze?— Musa yumvise ijwi rihamagara rivuye hagati muri nya gisaka caka umuriro. Iryo jwi ryarahamagaye cane, ngo: ‘Musa! Musa!’. Ni nde none yariko aravuga ivyo?— Imana ni yo yariko irabivuga! Imana yari igiye guha Musa ibikorwa vyinshi vyo gukora. Imana yavuze iti: ‘Ngwino, ngutume kuri Farawo Umwami wa Misiri, ukure abantu banje b’Abisirayeli mu Misiri’. Imana yasezeraniye Musa ko izobimufashamwo.
Ni ikintu gihambaye ikihe Musa yigiye kuri ca gisaka caka umuriro?
Mugabo, Musa yabwiye Imana ati: ‘Dufate ko nje ku bana ba Isirayeli mu Misiri hanyuma nkavuga yuko Imana yantumye. Bite none nibambaza bati: “Yitwa nde?” Nzovuga iki?’. Imana yabwiye Musa kubwira abana ba Isirayeli ati: ‘Yehova ni we yabantumyeko, kandi Yehova ni ryo zina ryiwe’ (Kuvayo 3:1-15). Ivyo vyerekana yuko Imana yari igiye kubandanya yitwa Yehova. Ntiyokwigeze ihindura izina ryayo. Imana yashaka ko imenyekana mw’izina ryayo ari ryo Yehova, ibihe bidahera.
Imana yabigenjeje gute ku Kiyaga Gitukura kugira ngo izina ryayo rimenyekane?
Igihe Musa yasubira mu Misiri, Abanyamisiri biyumviriye yuko Yehova yari akamana gatoyi gusa k’Abisirayeli. Ntibiyumvira yuko yari we Mana y’isi yose. Ni ho Yehova yabwira umwami wa Misiri ati: ‘Ngiye gutuma izina ryanje rimenyekana mw’isi yose’ (Kuvayo 9:16). Yehova koko yaratumye izina ryiwe rimenyekana. Woba uzi ingene ivyo yabigize?—
Urumva, yatumye Musa kurongora Abisirayeli ngo abakure mu Misiri. Igihe bashika ku Kiyaga Gitukura, Yehova yarabaciriye inzira yumutse muri ico kiyaga nyene. Abisirayeli baraciye kw’isi yumutse barirenganira ataco babaye. Mugabo, Farawo n’ingabo ziwe zose bamaze kwinjira nya hantu humutse mu kiyaga, amazi yari yagomye ku mpande zose aca yisuka ku Banyamisiri, bose barapfa.
Bidatevye, abantu bose bo kw’isi baratanguye kwumva ivyo Yehova yakoze ku Kiyaga Gitukura. Tuzi dute yuko bavyumvise?— Urumva, imyaka 40 inyuma y’aho, Abisirayeli baraje i Kanani, ico kikaba cari igihugu Yehova yari yarabasezeraniye. Ngaho, abagabo babiri b’Abisirayeli babwiwe n’umugore akiri muto ari we Rahabu ngo: ‘Twarumvise ingene Yehova yakamije amazi y’Ikiyaga Gitukura imbere yanyu, igihe mwava mu Misiri’.—Yosuwa 2:10.
Muri iki gihe, hari abantu benshi bameze nk’abo Banyamisiri koko. Ntibemera yuko Yehova ari we Mana y’isi yose. Ni co gituma Yehova ashaka ko abantu biwe bwite babwira abandi ibimwerekeye. Ivyo ni vyo Yezu yagize. Nko mu mpera y’ubuzima bwiwe kw’isi, yabwiye Yehova mw’isengesho ati: “Nabamenyesheje izina ryawe”.—Yohana 17:26.
Yezu yaramenyekanishije izina ry’Imana. Wewe woba ushobora kwerekana izina ry’Imana muri Bibiliya?
Woba ushaka kumera nka Yezu? Bwira abandi rero yuko izina ry’Imana ari Yehova. Ushobora gusanga abantu benshi batarizi. Kumbure rero ushobora kubereka muri Bibiliya icanditswe co muri Yesaya 12:2. Reka duce dutora Bibiliya ubu nyene hanyuma turonderere hamwe ico canditswe. Kivuga giti: “Ehe rāba, Imana ni yo gakiza kanje; nzokwama nizigira, sintinye: kuk’Uhoraho Yehova ari we nkomezi zanje n’indirimbo yanje, kandi yacitse agakiza kanje”.
Twiga iki iyo dusomye ivyo?— Turabona yuko Yehova ari ryo zina ririho rihambaye kuruta ayandi yose. Ni ryo zina ry’Imana Mushoboravyose, Se wa Yezu, akaba ari na we yaremye ibintu vyose. Kandi niwibuke, Yezu yavuze yuko dukwiye gukunda Yehova Imana n’umutima wacu wose. Wewe none urakunda Yehova?—
None dushobora gute kwerekana ko dukunda Yehova?— Uburyo bumwe ni mu kumumenya akakubera Umugenzi. Ubundi buryo, ni mu kubwira abandi izina ryiwe iryo ari ryo. Turashobora kubereka muri Bibiliya yabo yuko izina ry’Imana ari Yehova. Turashobora kandi kubabwira ivyerekeye ibintu vyiza bitangaje Yehova yaremye, be n’ibintu vyiza yakoze. Ivyo bituma Yehova anezerwa cane, kubera ko ashaka ko abantu bamenya ibimwerekeye. Turashobora kugira uruhara muri ivyo, si ko?—
Si bose bazoshima kudutega amatwi igihe tuvuga ivyerekeye Yehova. Abantu benshi ntibumvirije n’igihe Yezu wa Mwigisha Ahambaye yavuga ivyerekeye Yehova. Ariko ivyo ntivyabujije Yezu kuvuga ivyerekeye Yehova.
Reka natwe rero tumere nka Yezu. Tugume tuvuga ivyerekeye Yehova. Nitwabigira, tuzotuma Yehova Imana ahimbarwa, kubera ko tuzoba twerekanye ko dukunda izina ryiwe.
Ubu na ho dusomere hamwe muri Bibiliya iyindi mirongo mikeyi yerekana ukuntu izina ry’Imana rihambaye: Yesaya 12:4, 5; Matayo 6:9; Yohana 17:6; n’Abaroma 10:13.