ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gl rup. 28-29
  • Yezu “mu gihugu c’Abayuda”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu “mu gihugu c’Abayuda”
  • ‘Raba ca gihugu ciza’
  • Ivyo bijanye
  • Ca Gihugu c’Isezerano
    ‘Raba ca gihugu ciza’
  • ‘Igihe Yehova yahagurutsa abacamanza’
    ‘Raba ca gihugu ciza’
  • B10 Isirayeli mu gihe ca Yezu
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Isirayeli mu gihe ca Dawidi na Salomo
    ‘Raba ca gihugu ciza’
Ibindi
‘Raba ca gihugu ciza’
gl rup. 28-29

Yezu “mu gihugu c’Abayuda”

MU GUSHINGA intahe kuri Koruneliyo, intumwa Petero yaravuze ivyo Yezu yakoreye “mu gihugu c’Abayuda, bo n’i Yerusalemu” (Ivyk 10:​39). Wiyumvira ko ari uturere utuhe Yezu yaranguriyemwo ca gikorwa ciwe c’intibagirwa?

Mu “gihugu c’Abayuda” harimwo Yudaya, aho Yezu yakoreye bimwebimwe mu bijanye n’igikorwa c’Imana (Lk 4:​44). Yezu amaze kubatizwa, yamaze imisi 40 mu bugaragwa bw’Ubuyuda (canke bw’i Yudaya), kakaba kari akarere kagadutse kandi katabamwo abantu kakunda kugendwamwo n’abagumutsi be n’ibisuma (Lk 10:​30). Mu nyuma, Yezu yariko agenda yerekeza mu Buraruko avuye i Yudaya igihe yashinga intahe ku Musamariyakazi hafi y’i Sukara.​—⁠Yh 4:​3-7.

Umuntu yihweje Injili, arabona ko Yezu yakoreye canecane i Galilaya. Naho yagenda mu Bumanuko i Yeruzalemu ku bw’imisi mikuru yaba ku mwaka ku mwaka, imyaka ibiri ya mbere y’ubusuku bwiwe ahanini yayimaze mu gice co mu Buraruko bw’Igihugu c’Isezerano (Yh 7:⁠2-10; 10:​22, 23). Nk’akarorero, yarigishije inyigisho nyinshi zihambaye yongera arakorera ibitangaro bikomeye hafi y’Ikiyaga c’i Galilaya no kuri co. Ibuka ko yatururuje ibisebuzi vy’amazi yaco, mbere aranayagendagenderako. Yarigishije ari mu bwato amasinzi y’abantu bari ku musenyi wo ku nkengera y’ico kiyaga. Abayoboke biwe somambike ba mbere bava mu bibano bihegereye vyari bitunzwe n’uburovyi be n’uburimyi.​—⁠Mr 3:​7-12; 4:​35-41; Lk 5:​1-11; Yh 6:​16-21; 21:​1-19.

Ubusuku Yezu yaranguriye i Galilaya yabukoreye canecane “mu gisagara c’i wabo” cari ku nkengera y’ikiyaga ari co Kaperinawumu (Mt 9:⁠1). Igihe yashikiriza ya Nsiguro rurangiranwa yo ku Musozi, yari ku mucamo, hafi yo ngaho. Rimwe na rimwe, yarava i Kaperinawumu ari mu bwato akaja i Magadani, i Betsayida canke mu duce two hafi yaho.

Urabona yuko ‘igisagara c’amavukiro’ ca Yezu kitari kiri kure cane y’i Nazareti, aho yakuriye; kitari kure y’i Kana, hamwe yahindurira amazi umuvinyu; kitari kure y’i Nayini, hamwe yazurira umuhungu w’umupfakazi; kitari no kure y’i Betsayida, hamwe yagaburirira ku gitangaro abagabo 5.000 akongera agahumura umugabo w’impumyi.

Pasika yo mu 32 G.C. imaze kurangira, Yezu yaciye yerekeza mu Buraruko, aja i Tiro n’i Sidoni, bikaba vyari ibivuko vy’i Foyinike. Yaciye yagura ubusuku bwiwe arakorera no mu bisagara bimwebimwe vyo muri vya bisagara cumi vyagirwa ivy’Abagiriki vyitwa Dekapoli. Yezu yari hafi y’i Kayisariya y’i Filipi (F2) igihe Petero yamwemera icese ko ari Mesiya, maze bidatevye hagakurikira kwa guhinduka ukundi, ugushobora kuba kwabereye ku Musozi Herumoni. Mu nyuma, Yezu yaramamaje mu karere k’i Pereya, hakurya ya Yorodani.​—⁠Mr 7:⁠24-37; 8:​27–9:​2; 10:​1; Lk 13:​22, 33.

Yezu yamaze indwi yiwe ya nyuma yo kw’isi ari kumwe n’abigishwa biwe i Yeruzalemu no mu micungararo yaho, Yeruzalemu ukaba wari “umurwa w’Umwami ahambaye” (Mt 5:​35). Urashobora kubona kw’ikarata ibibanza bihegereye wasomye mu Njili, nka Emawusi, Betaniya, Betifage na Betelehemu.​—⁠Lk 2:​4; 19:​29; 24:​13; raba ikarata yongeweko ahavuga ngo “Akarere ka Yeruzalemu” ku rupapuro rwa 18.

[Ikarata ku rup. 29]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

Igihugu c’Isezerano (Igihe ca Yezu)

Ca Gihugu Mu Gihe Ca Yezu

Ibisagara vyari bigize Dekapoli

E5 Hipone

E6 Pela

E6 Sikitopolisi

F5 Gadara

F7 Jeraza

G5 Diyoni

G9 Filadelufiya

H1 Damasiko

H4 Rafana

I5 Kanata

Amabarabara makurumakuru (See publication)

Ibarabara ritazigura ryari hagati ya Galilaya na Yeruzalemu (See publication)

Ibarabara rindi ryari hagati ya Galilaya na Yeruzalemu ryaca i Pereya (See publication)

A11 Gaza

B6 Kayisariya

B8 Yopa

B9 Luda

B12 Beri-sheba

C4 Putolemayi

C8 SAMARIYA

C8 Antipatiri

C8 Arimataya

C9 Emawusi

C10 YUDAYA

C11 Heburoni

C12 IDUMAYA

D1 Sidoni

D2 Tiro

D3 FOYINIKE

D4 GALILAYA

D4 Kana

D5 Seforisi

D5 Nazareti

D5 Nayini

D7 Samariya

D7 Sukara

D9 Efurayimu

D9 Betifage

D9 Yeruzalemu

D9 Betaniya

D10 Betelehemu

D10 Herodiyumu

D10 UBUGARAGWA BW’I YUDAYA

D12 Masada

E4 Korazini

E4 Betsayida

E4 Kaperinawumu

E4 Magadani

E5 Tiberiya

E5 Hipone

E6 Betaniya? (hakurya ya Yorodani)

E6 Sikitopolisi

E6 Pela

E6 Salimu

E6 Ayinoni

E9 Yeriko

F1 ABILENE

F2 Kayisariya y’i Filipi

F4 Gamala

F5 Abila?

F5 Gadara

F7 PEREYA

F7 Jeraza

G3 ITURAYA

G5 Diyoni

G6 DEKAPOLI

G9 Filadelufiya

H1 Damasiko

H3 TIRAKONITI

H4 Rafana

H12 ARABIYA

I5 Kanata

[Imosozi]

D7 Msz. Ebalu

D7 Msz. Gerizimu

F2 Msz. Herumoni

[Amazi]

B6 Ikiyaga Mediterane (Ikiyaga Kinini)

E4 Ikiyaga c’i Galilaya

E10 Ikiyaga c’Umunyu

[Inzuzi]

E7 Uruzi Yorodani

[Springs and wells]

D7 Iriba rya Yakobo

[Ifoto ku rup. 28]

Ikiyaga c’i Galilaya. Kaperinawumu iri ibubamfu aho ushikiza amaso. Aho hose ubona ni mu Bumanuko bushira Uburengero hakurya y’Ikiyaya Genesareti

[Ifoto ku rup. 28]

Abasamariya basengera ku Musozi Gerizimu. Umusozi Ebalu ni uriya uri inyuma

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika