Yeruzalemu n’urusengero rwa Salomo
YERUZALEMU hitwa ahantu h’ “ubgiza buhebuje” be n’ “umurwa w’Umwami ahambaye” (Zb 48:2; 50:2; Int 2:15). Wari umurwa mukuru w’ihanga ry’Imana (Zb 76:2). Dawidi amaze gufata ico gisagara agikuye mu minwe y’Abayebusi maze akakigira umurwa mukuru wiwe, caciye citwa ‘igisagara ca Dawidi’ canke “Siyoni”.—2Sm 5:7.
Naho igisagara ca Yeruzalemu kitari giherereye ahantu hacorohereza mu bintu vyinshi, carabaye rurangiranwa kubera ko Imana yahashize izina ryayo (Gus 26:2). Cari ikibanza gikuru c’iryo hanga mu vy’ugusenga no mu vy’ubutegetsi.
Yeruzalemu hari ku bukiruruke bw’imetero 750 mu misozi y’i Yudaya yo hagati na hagati. Bibiliya iravuga “igihagararo” caho ikongera ikavuga abahasengera ko ‘bakūka’ (baduga) kugira bashikeyo (Zb 48:2; 122:3, 4). Ico gisagara ca kera cari gikikujwe n’imyonga: umwonga wa Hinomu mu Burengero no mu Bumanuko be n’Umwonga Kidironi mu Buseruko (2Abm 23:10; Yr 31:40). Mw’isôko ry’amazi ry’i Gihonia ryari mu Mwonga Kidironi be no mu ry’i Eni-rogeli ryari amaja mu Bumanuko hava amazi meza, canecane amazi yakoreshwa mu gihe umwansi yaba yateye.—2Sm 17:17.
Ku gicapo kiri ku rupapuro rwa 21 , igisagara ca Dawidi cerekanwa n’ibara ritukura. Mu gihe c’ingoma ya Dawidi na Salomo, ico gisagara caraguwe amaja mu Buraruko, hajamwo Ofeli (ahasa n’urwatsi rutoto) be n’Umusozi Moriya (ahasa n’ubururu) (2Sm 5:7-9; 24:16-25). Salomo yubakiye Yehova urusengero rwakaka kuri uwo musozi muremure. Ihe ishusho y’abambaji amasinzi n’amasinzi bariko basendanisha baduga ku “musozi w’Uhoraho” kugira bahimbaze imisi mikuru yaba ku mwaka ku mwaka (Zk 8:3)! Urunyurangane rw’amabarabara rwerekanwa ku rupapuro rwa 17 rwarorohereza urugendo nk’urwo.
Urusengero rwa Salomo, urwari rutatsweko inzahabu n’utubuye tw’igiciro, ni rwo rusengero rwatwaye ibintu vyinshi kuruta inyubakwa zose zigeze kwubakwa. N’igihambaye, ni uko Yehova ari we yatanze umugero warwo. Nk’uko ubibonera kuri ico gicapo, urwo rusengero rwari rukikijwe n’imbuga nininini be n’inyubakwa abategetsi bakoreramwo. Birakwiriye ko ufata akanya ko kwiga ibintu vyose bijanye na rwo.—1Abm 6:1–7:51; 1Ng 28:11-19; Heb 9:23, 24.
[Akajambo k’epfo]
a Umwami Hezekiya yarazibiye iryo sôko hanyuma aca yubaka inzira ica mu kuzimu igashika ku kidengeri c’amaja mu Burengero.—2Ng 32:4, 30.
[Uruzitiro ku rup. 21]
Haciye igihe, Yeruzalemu yaraguwe mu Burengero no mu Buraruko. Abami b’Ubuyuda batwaye inyuma ya Salomo barongeyeko impome n’amarembo. Ubushakashatsi bujanye n’ivy’ubucukuzi bukiriko buragirwa bwoshobora kwerekana neza na neza aho ibihimba bimwebimwe vy’izo mpome vyari biherereye be n’ingene vyareha. Ico gisagara casanganguwe mu 607 B.G.C., kiraheza kiguma ari umusaka imyaka 70. Haciye nk’imyaka 80 Abayuda bagarutse, Nehemiya yaratanguye igikorwa gikomeye c’ugusubira kwubaka impome za Yeruzalemu.
[Diagram/Ifoto ku rup. 21]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Jerusalem/Solomon’s Temple
URUSENGERO MU GIHE CA SALOMO
Ibigize Urusengero
1. Ahera Cane
2. Ahera
3. Ibaraza
4. Bowazi
5. Yakini
6. Igicaniro c’umuringa
7. Igikarabiro citwa ikiyaga
8. Ibitereko
9. Utwumba dukikuje urusengero
10. Uburiro
11. Ikigo c’imbere
IKIBANZA C’URUSENGERO
Msz. Moriya
Uburiro
Ibitereko
Utwumba dukikuje urusengero
Ahera Bowazi
Cane Ahera Ibaraza Igicaniro Ikigo
Yakini c’umuringa c’imbere
Ibitereko Igikarabiro citwa
ikiyaga
Ofeli
Ku nama?
Irembo ry’amazi?
IGISAGARA CA DAWIDI
Msz. Siyoni
Ikirimba ca Dawidi
Irembo rija kw’iriba
Uruzitiro rwa Manase?
Umunara wa Hananeli
Umunara wa Hameya
Irembo ry’intama
Irembo ry’abateramyi
Irembo ry’igenzuriro
Irembo ry’amafarasi
UMWONGA KIDIRONI
Uruzitiro rugufi?
Gihoni
Uwahavuye uba umuhora w’amazi
UMWONGA TIROPOWEYONI
Irembo bacishamwo umwavu (ry’ababumvyi) (ry’umwanda mukuru)
Eni-rogeli
Irembo rija ku mwonga
UMWONGA WA HINOMU
Irembo ryo ku mfuruka
Umunara wo ku matanure
Uruzitiro rw’intimba nini
Irembo ry’Abefurayimu
Ku nama
Irembo ry’igisagara ca kera
Uruhome rwa mbere rwo mu Buraruko
IGICE CA KABIRI
Irembo ry’amafi
[Ifoto]
Ofeli
Inzu y’umukobwa wa Farawo
Ikirimba ca Salomo
Inzu y’ikibira c’i Lebanoni
Ibaraza y’inkingi
Ibaraza irimwo intebe y’ubwami
Msz. Moriya
Urugo rw’intangaro
Urusengero
[Ifoto ku rup. 20]
Aho ushikiza amaso ni ho ‘igisagara ca Dawidi’ cari giherereye. Urusengero rwari ahantu hateze (hariya inyuma)
[Ifoto ku rup. 20]
Ishusho yerekana ‘igisagara ca Dawidi’ be n’urusengero rwa Salomo yacapwe hakoreshejwe orodinateri