Yeruzalemu be n’urusengero Yezu yakunda kujamwo
HACIYE imisi mikeyi Yezu avutse, Yozefu na Mariya baciye bamujana mu gisagara, aho Se wiwe wo mw’ijuru yari yarishiriye izina, ni ukuvuga i Yeruzalemu (Lk 2:22-39). Yezu afise imyaka 12, yarongeye kujayo ajanywe n’uguhimbaza Pasika. Yaratangaje abigisha mu rusengero kubera ubwenge bwiwe (Lk 2:41-51). Igikorwa co kuri izo nyubakwa z’urusengero, icari kiri muri porogarama y’ubwubatsi ya Herode Mukuru, camaze “imyaka [irenga] mirongwine n’itandatu”.—Yh 2:20.
Mu gihe c’ubusuku bwiwe, Yezu ni ho yaba ari mu misi mikuru i Yeruzalemu, aho kenshi yaca yigisha amasinzi y’abantu. Yarahindiye hanze incuro zibiri abadandariza mu rusengero n’abahavunjiriza amahera.—Mt 21:12; Yh 2:13-16.
Mu Buraruko bw’urusengero, ku kidengeri Betesida, Yezu yarakijije umugabo yari amaze imyaka 38 arwaye. Umwana w’Imana yarahumuye kandi umugabo w’impumyi, amubwira ngo aje kwiyuhagira mu kidengeri Silowamu cari mu gice co mu Bumanuko bw’ico gisagara.—Yh 5:1-15; 9:1, 7, 11.
Akenshi Yezu yaragendera abagenzi biwe Lazaro, Mariya na Marita baba i Betaniya, ‘nko ku bilometero bitatu’ amaja mu Buseruko uvuye i Yeruzalemu (Yh 11:1, 18, akajambo k’epfo; Yh 12:1-11; Lk 10:38-42; 19:29; raba ahavuga ngo “Akarere ka Yeruzalemu”, ku rupapuro rwa 18.). Hasigaye imisi mikeyi ngo Yezu apfe, yaraje hafi y’i Yeruzalemu aciye ku Musozi wa Elayono. Niwihe ishusho ahagaze araba ico gisagara cari mu Burengero yongera akiririra (Lk 19:37-44). Ashobora kuba yabonye nk’ivyo ubona biri hejuru ku rupapuro rukurikira. Yaciye yinjira i Yeruzalemu ari ku nyana y’indogoba, kumbure aciye muri rimwe mu marembo y’ico gisagara yo mu Buseruko. Amasinzi y’abantu yaramuvugirije impundu nka we Mwami wa Isirayeli wo muri kazoza.—Mt 21:9-12.
Ibintu bihambaye vyabaye imbere y’uko Yezu apfa, vyabereye i Yeruzalemu no hafi yaho: mw’itongo ry’i Getsemane, hamwe Yezu yasengera; ku kirimba c’Abanyekombe; kwa Kayafa; ku kirimba ca Buramatari Pilato, amaherezo i Gologota.—Mr 14:32, 53–15:1, 16, 22; Yh 18:1, 13, 24, 28.
Yezu amaze kuzuka, yaraserutse i Yeruzalemu no mu micungararo yaho (Lk 24:1-49). Mu nyuma, yaciye aduga mw’ijuru avuye ku Musozi wa Elayono.—Ivyk 1:6-12.
[Igicapo ku rup. 31]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Urusengero rw’i Yeruzalemu/Urusengero rwa Herode
Ivyari Bigize Urusengero
1. Ahera Cane
2. Ahera
3. Igicaniro c’ukwoserezako imibavu
4. Ikiyaga c’ikarabiro
5. Imbuga y’abaherezi
6. Imbuga y’Abisirayeli
7. Imbuga y’abagore
8. Imbuga y’Abanyamahanga
9. Urugabano (Soregi)
10. Ibaraza ry’umwami
11. Ibaraza rya Salomo
URUSENGERO
Irembo
Imbuga y’abaherezi
Irembo
Ahera Igicaniro
Cane Ahera c’ukwoserezako Imbuga Imbuga
imibavu y’Abisirayeli y’abagore
Ikiyaga
c’ikarabiro
Irembo Ibaraza
Urugabano (Soregi) rya Salomo
Imbuga y’Abanyamahanga
Irembo
Ibaraza ry’umwami
Amarembo
Umunara wa Antoniya
Ikiraro
Ingoro y’Abanyekombe?
UMWONGA TIROPOWEYONI
Ikidengeri Silowamu
Umufurege
Inzu ya Kayafa?
Ikirimba ca buramatari
Gologota?
Gologota?
Ikidengeri Betesida
Itongo ry’i Getsemane?
UMUSOZI WA ELAYONO
UMWONGA KIDIRONI
Isôko ry’i Gihoni
Eni-rogeli
UMWONGA WA HINOMU (GEHINOMU)
[Ifoto ku rup. 30]
Uravye mu Buseruko hakurya ya Yeruzalemu yo mu gihe ca none: (A) urusengero, (B) itongo ry’i Getsemane, (C) Umusozi wa Elayono, (D) ubugaragwa bw’Ubuyuda, (E) Ikiyaga c’Umunyu
[Ifoto ku rup. 31]
Uravye mu Burengero, uhereye ku Musozi wa Elayono mu gihe ca Yezu