ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bh rup. 218-rup. 219 ing. 1
  • Mikaheli wa mumarayika mukuru ni nde?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Mikaheli wa mumarayika mukuru ni nde?
  • Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ivyo bijanye
  • Wa mumarayika mukuru Mikaheli ni nde?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Yezu yoba ari we wa mumarayika mukuru Mikaheli?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ukuri ku bijanye n’abamarayika
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Abamarayika ni “impwemu ku bw’igikorwa gikorerwa abantu”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
bh rup. 218-rup. 219 ing. 1

AMAYAGWA Y’INYONGERA

Mikaheli wa mumarayika mukuru ni nde?

UMUMARAYIKA yitwa Mikaheli ntakunda kuvugwa muri Bibiliya. Ariko rero igihe avuzwe, aba ariko arakora ikintu kanaka. Mu gitabu ca Daniyeli, Mikaheli avugwa ariko ararwana n’abamarayika babi; mw’ikete rya Yuda ariko aratongana na Shetani; mu Vyahishuwe na ho ariko ararwana intambara na Shetani be n’amadayimoni yiwe. Mu kurwanira ubutegetsi bwa Yehova no mu kurwanya abansi b’Imana, Mikaheli aba ariko akora ahuza n’insobanuro y’izina ryiwe, na yo ikaba ari iyi: “Ni nde ameze nk’Imana?” Ariko none uwo Mikaheli ni nde?

Birashika ugasanga abantu bafise amazina menshi. Nk’akarorero, umwe sokuruza w’imiryango Yakobo yitwa kandi Isirayeli, intumwa Petero na we akitwa Simoni. (Itanguriro 49:1, 2; Matayo 10:2) Muri ubwo buryo nyene, Bibiliya yerekana ko Mikaheli ari irindi zina rya Yezu Kristu yitwa imbere yuko aza kuba ng’aha kw’isi be n’inyuma y’aho. Reka turabe imvo zo mu Vyanditswe zituma tuvuga gutyo.

Umumarayika mukuru. Ijambo ry’Imana rivuga ko Mikaheli ari “umumarayika mukuru.” (Yuda 9) Imvugo “umumarayika mukuru” muri Bibiliya yama iri muri rudende gusa, ntiyigera ija mu bwinshi, ngo ‘abamarayika bakuru.’ Ivyo biratwereka neza yuko uwo mumarayika ari umwe gusa. N’ikindi kandi, birerekana yuko hariho isano hagati ya Yezu n’umumarayika mukuru. Ku vyerekeye Umukama Yezu Kristu uwazutse, mu 1 Abatesalonika 4:16 havuga hati: “Umukama ubwiwe azomanuka avuye mw’ijuru n’akamo k’ugutegeka, n’ijwi ry’umumarayika mukuru.” Ku bw’ivyo, ijwi rya Yezu rivugwa ko ari iry’umumarayika mukuru. Ico canditswe kirerekana rero ko Yezu ubwiwe ari we mumarayika mukuru Mikaheli.

Intwazangabo. Bibiliya ivuga ko “Mikaheli n’abamarayika biwe barwana na ca gisato . . . n’abamarayika baco.” (Ivyahishuwe 12:7) Ku bw’ivyo, Mikaheli ni Intwazangabo itwara abamarayika b’abizigirwa. Mu Vyahishuwe havuga kandi ko Yezu ari Intwazangabo itwara ingabo zigizwe n’abamarayika b’abizigirwa. (Ivyahishuwe 19:14-16) Vyongeye, intumwa Paulo aravuga mu buryo butomoye ivyerekeye “Umukama Yezu” be n’“abamarayika biwe b’ububasha.” (2 Abatesalonika 1:7) Bibiliya iravuga rero Mikaheli n’“abamarayika biwe” ikongera ikavuga Yezu n’“abamarayika biwe.” (Matayo 13:41; 16:27; 24:31; 1 Petero 3:22) Kubera ko ata na hamwe mw’Ijambo ry’Imana herekana ko mw’ijuru hari imigwi ibiri y’ingabo z’abamarayika b’intahemuka, uwuyobowe na Mikaheli n’uwuyobowe na Yezu, bica vyumvikana ko Mikaheli atari uwundi, ahubwo ko ari Yezu Kristu ariko ararangura uruhara rwiwe mw’ijuru.a

a Ayandi makuru yerekana ko izina Mikaheli ari iry’Umwana w’Imana, tuyasanga mu gitabu Étude perspicace des Écritures, igitabu ca 2, urupapuro rwa 280-281, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika