Ururirimbo 103
“Inzu ku nzu”
Integuro icapuwe
1. Ku nzu n’inzu no ku nzugi
Turakwiragiza
Bwa butumwa maz’intama
Zikabwumviriza.
Iyi nkuru y’uk’Ubwami
Bw’Imana buganza
Iravugwa mw’isi yose
N’abayamamaza.
2. Ku nzu n’inzu no ku nzugi
Twama dutangaza
Ubukiriro Yehova
Ah’abamwambaza.
None bomwambaza bate
Kandi batamuzi?
Tubabwir’ivyiwe rero
Tutagira nkunzi.
3. Tuje ku nzu no ku nzugi
Tuvuge nya nkuru,
Abantu bihitiremwo.
Ni na co gikuru.
Yehova tuzomuvuga,
Ni co kituranga.
Turondey’intama ziwe
Tuzozihasanga.
(Raba kandi Ivyak. 2:21; Rom. 10:14.)