ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bm igice 20 rup. 23
  • Yezu Kristu yicwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu Kristu yicwa
  • Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Ivyo bijanye
  • Icibutso c’urupfu rwa Yezu
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Kristu agaburwa akongera agafatwa
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Imfungurwa zo ku Mugoroba z’Icibutso
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yezu ni muzima!
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
Ibindi
Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
bm igice 20 rup. 23
Yezu

IGIHIMBA CA 20

Yezu Kristu yicwa

Yezu aratanguza ihimbaza rishasha; aragurwa maze akamanikwa

HAHEZE imyaka itatu n’igice Yezu ariko aramamaza yongera yigisha, yari azi ko igihe ciwe co kuba ng’aha kw’isi cari kigiye kurangira. Indongozi z’idini ry’Abayuda zariko zija inama yo kumwica, ariko zaratinya ko abantu bogumuka, bano bakaba babona ko ari umuhanuzi. Muri ico gihe nyene, Shetani yaroheje umwe mu ntumwa 12 za Yezu, ari we Yuda Isikariyoti, kugira ngo ahemuke. Indongozi z’idini zarahaye Yuda intete 30 z’ifeza ngo agabure Yezu.

Mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaze ng’aha kw’isi, yarakoraniye hamwe n’intumwa ziwe kugira ngo bahimbaze Pasika. Amaze gutaramura Yuda, yaratanguje ihimbaza rishasha, ni ukuvuga Imfungurwa zo ku mugoroba z’Umukama. Yaratoye umukate, arasenga, maze awuhereza intumwa 11 zari zisigaye. Yavuze ati: “Iki kigereranya umubiri wanje ugiye gutangwa ku bwanyu. Muragume mugira ibi mu kunyibuka.” N’igikombe c’umuvinyu yakigenjeje kuno nyene, maze avuga ati: “Iki gikombe kigereranya isezerano rishasha hishimikijwe amaraso yanje.”—Luka 22:19, 20.

Yezu yari afise ibintu vyinshi yabwirizwa kubwira intumwa ziwe muri iryo joro. Yarabahaye ibwirizwa rishasha ry’uko bakwiye kugiriranira urukundo ruzira ubwikunzi. Yavuze ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje, nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yohani 13:34, 35) Yarabahimirije kutareka ngo imitima yabo ihagarikwe n’ibintu bibabaje cane vyari bigiye gushika. Yezu yarasenze ku bwabo abigiranye ubwira. Bararirimbiye hamwe amashemezo maze muri iryo joro nyene barasohoka baja mw’itongo ry’i Getsemani.

Yezu ari muri iryo tongo ry’i Getsemani, yarapfukamye maze abwira Imana ibiri mu mutima wiwe mw’isengesho. Muri ako kanya, umugwi w’abasoda bitwaje ibirwanisho, abaherezi be n’abandi bantu baraje kumufata. Yuda yaregereye maze abereka Yezu uwo ari we mu kumusoma. Igihe abasoda bacakira Yezu, intumwa zaciye zihunga.

Yezu arengukishijwe imbere ya sentare nkuru y’Abayuda, yarivugiye yuko ari Umwana w’Imana. Iyo sentare yaramwagirije ko arogose maze imenyesha yuko akwiye gupfa. Yezu yaciye ajanwa kwa Buramatari w’Umuroma yitwa Ponsiyo Pilato. Naho Pilato yasanze Yezu ata kibi na kimwe kimwagira, yaramutanze kuri nya mugwi w’abantu b’inkazi wariko usaba usemerera ngo yicwe.

Yezu yarajanywe i Gologota, aho abasoda b’Abaroma bamukomereyemwo imisumari ku giti. Umurango waciye ucura umwiza ku gitangaro. Mu nyuma kuri uwo mugoroba, Yezu yarapfuye, maze haca haba ikinyamugigima gikomeye. Yahambwe mu mva yakorogoshowe mu gitandara c’amabuye. Bukeye bw’aho, abaherezi barugaye iyo mva bongera bashiraho abarinzi bayicungera. Yezu yoba yari kuguma muri iyo mva? Uwokubesha. Igitangaro gihambaye kuruta ibindi vyose cari kigiye kuba.

​—Bivugwa muri Matayo ikigabane ca 26 n’ica 27; Mariko ikigabane ca 14 n’ica 15; Luka ikigabane ca 22 n’ica 23; Yohani ikigabane ca 12 gushika ku ca 19.

  • Ni ihimbaza rishasha irihe Yezu yatanguje?

  • Ni ibiki vyabaye imbere y’uko Yezu apfa?

URUHARA RUHAMBAYE RWA YEZU

Urupfu rwa Yezu rwararanguye uruhara nyamukuru mw’iranguka ry’umugambi wa Yehova. Kubera ko Yezu yasamwe biciye ku bubasha bw’impwemu nyeranda y’Imana, yavutse ari umuntu atunganye, atarazwe urupfu. Yamara, yaratanze ubuzima bwiwe kugira ngo umuryango w’abantu ushobore kuronka akaryo ko kubaho ibihe bidahera maze bagire ubuzima wa mugambarazi Adamu yatuma abamukomotseko bose batakaza.a​—Matayo 20:28; Luka 1:34, 35; Yohani 3:16, 36; 2 Petero 3:13.

a Nimba wipfuza kurimbura ibijanye n’agaciro k’inkuka y’urupfu rwa Yezu, raba ibivugwa mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, ku kigabane ca 5.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika