ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yc icig. 12 rup. 26-27
  • Umwana wa mushiki wa Paulo ntiyatinya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umwana wa mushiki wa Paulo ntiyatinya
  • Niwigishe abana bawe
  • Ivyo bijanye
  • Umwishwa wa Paulo yararokoye ubuzima bw’uwo inarume
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • “Nimwumve ukwiregura kwanje”
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Nugire umutima rugabo—Yehova ni Umutabazi wawe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Gushinga intahe inogangije n’“umutima rugabo”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Niwigishe abana bawe
yc icig. 12 rup. 26-27
Umwishwa wa Paulo ariko aravugana n’umukuru w’abasoda

ICIGWA CA 12

Umwana wa mushiki wa Paulo ntiyatinya

Reka twige ivyerekeye umusore yarokoye inarume (muyomba). Inarume w’uwo musore yari intumwa Paulo. Ntituzi ukuntu uwo musore yitwa, ariko turazi ko yakoze ikintu cerekana ko atatinya. Urashaka kumenya ico yakoze?—

Paulo yari mu gasho i Yeruzalemu. Yari yafashwe kubera ko yariko aramamaza ivyerekeye Yezu. Hari abantu babi banka Paulo, rero baca bagira umugambi mubi. Bavuze bati: ‘Reka dusabe umukuru w’ingabo abwire abasoda biwe bazane Paulo muri sentare. Turaza kwinyegeza iruhande y’ibarabara, hanyuma Paulo niyarengana duce tumwica!’

Intumwa Paulo apfunzwe ariko arumviriza ivyo abwirwa n’umwishwa wiwe

Umwishwa wa Paulo yarabwiye Paulo be n’umukuru w’abasoda umugambi mubi

Umwana wa mushiki wa Paulo (umwishwa wiwe) yarumvise uwo mugambi. None yakoze iki? Yaciye agenda aho Paulo yari afungiwe arawumubwira. Ubwo nyene, Paulo yaciye amubwira ngo abwire uwo mugambi mubi umukuru w’abasoda. Wibaza ko vyoroheye umwishwa wa Paulo kuvugana n’uwo mukuru w’abasoda?— Ntivyamworoheye kubera ko uwo mukuru w’abasoda yari umuntu akomeye cane. Ariko umwishwa wa Paulo ntiyatinya kandi yaravuganye n’uwo mukuru w’abasoda.

Uwo mukuru w’abasoda yari azi neza icokorwa. Yaciye agena abasoda nka 500 ngo bakingire Paulo! Yababwiye ngo bajane Paulo i Sezariya muri iryo joro. Paulo yoba yararokotse?— Abo bantu babi ntibashoboye kumwica! Umugambi wabo mubi ntiwakunze.

Iyi nkuru ikwigisha iki?— Na wewe nyene urashobora kutagira ubwoba nk’umwishwa wa Paulo. Turakwiye kutagira ubwoba igihe tubwira abandi ivyerekeye Yehova. Woba utazogira ubwoba kandi ukabandanya uvuga ivyerekeye Yehova?— Ivyo ubigize, woshobora kurokora ubuzima bw’umuntu.

SOMA MURI BIBILIYA YAWE

  • Ivyakozwe 23:12-24

  • Matayo 24:14; 28:18-20

  • 1 Timoteyo 4:16

IBIBAZO:

  • Abantu bamwe babi bagize umugambi wo kugirira iki Paulo?

  • Umwishwa wa Paulo yakoze iki? Ni kubera iki ico kintu casaba kudatinya?

  • Ushobora gute kudatinya nk’umwishwa wa Paulo?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika