ICIGWA CA 12
Umwana wa mushiki wa Paulo ntiyatinya
Reka twige ivyerekeye umusore yarokoye inarume (muyomba). Inarume w’uwo musore yari intumwa Paulo. Ntituzi ukuntu uwo musore yitwa, ariko turazi ko yakoze ikintu cerekana ko atatinya. Urashaka kumenya ico yakoze?—
Paulo yari mu gasho i Yeruzalemu. Yari yafashwe kubera ko yariko aramamaza ivyerekeye Yezu. Hari abantu babi banka Paulo, rero baca bagira umugambi mubi. Bavuze bati: ‘Reka dusabe umukuru w’ingabo abwire abasoda biwe bazane Paulo muri sentare. Turaza kwinyegeza iruhande y’ibarabara, hanyuma Paulo niyarengana duce tumwica!’
Umwishwa wa Paulo yarabwiye Paulo be n’umukuru w’abasoda umugambi mubi
Umwana wa mushiki wa Paulo (umwishwa wiwe) yarumvise uwo mugambi. None yakoze iki? Yaciye agenda aho Paulo yari afungiwe arawumubwira. Ubwo nyene, Paulo yaciye amubwira ngo abwire uwo mugambi mubi umukuru w’abasoda. Wibaza ko vyoroheye umwishwa wa Paulo kuvugana n’uwo mukuru w’abasoda?— Ntivyamworoheye kubera ko uwo mukuru w’abasoda yari umuntu akomeye cane. Ariko umwishwa wa Paulo ntiyatinya kandi yaravuganye n’uwo mukuru w’abasoda.
Uwo mukuru w’abasoda yari azi neza icokorwa. Yaciye agena abasoda nka 500 ngo bakingire Paulo! Yababwiye ngo bajane Paulo i Sezariya muri iryo joro. Paulo yoba yararokotse?— Abo bantu babi ntibashoboye kumwica! Umugambi wabo mubi ntiwakunze.
Iyi nkuru ikwigisha iki?— Na wewe nyene urashobora kutagira ubwoba nk’umwishwa wa Paulo. Turakwiye kutagira ubwoba igihe tubwira abandi ivyerekeye Yehova. Woba utazogira ubwoba kandi ukabandanya uvuga ivyerekeye Yehova?— Ivyo ubigize, woshobora kurokora ubuzima bw’umuntu.