Ibubamfu: Mushiki wacu w’umwamamaji w’inkuru nziza w’igihe cose ariko aramamaza muri Koreya mu 1931; iburyo: Kwamamaza mu rurimi rw’ibimenyetso muri Koreya muri iki gihe
IGIHIMBA CA 2
Kwamamaza Ubwami—Gukwiragiza inkuru nziza kw’isi yose
NI KARE mu gitondo. Uwo musi ntuja ku kazi. Uriko witegurira kuja mu ndimiro. Wumva umengo ntiwogenda kuko wumva urushe. Ahubwo ubona ko vyoba vyiza wiruhukiye muri ico gitondo. Ariko uratuye isengesho maze ufata ingingo yo kugenda. Ukoranye na mushiki wacu ageze mu za bukuru w’umwizigirwa, kandi urakorwa ku mutima n’ukwihangana kwiwe be n’umutima mwiza wiwe. Igihe muriko murashikiriza inzu ku nzu ubutumwa bwerekeye ukuri, uciye wibuka ko bene wanyu na bashikawe bo hirya no hino kw’isi bariko bashikiriza ubwo butumwa nyene bakoresheje ibitabu nk’ivyo uriko urakoresha kandi mwese mukaba mwungukira ku kumenyerezwa kumwe. Ushitse i muhira, wumva ingoga ari zose. Uraryohewe cane kubona utagumye i muhira.
Ubu, ubusuku bwa gikirisu ni co gikorwa c’Ubwami bw’Imana gihambaye kuruta ibindi vyose. Yezu yavuze ko ico gikorwa co kwamamaza coranguwe ku rugero rutangaje mu misi ya nyuma. (Mat. 24:14) Ubwo buhanuzi yavuze bwarangutse gute? Muri iki gihimba, tuzokwihweza abantu babaye ngirakamaro cane mu kurangura ubusuku bwa gikirisu buriko burafasha abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi kubona ko Ubwami bw’Imana bubaho koko, twihweze uburyo be n’ibikoresho vyafashije cane muri ico gikorwa.