ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 5 rup. 18-rup. 19 ing. 6
  • Yezu yavukiye hehe kandi hari ryari?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu yavukiye hehe kandi hari ryari?
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Ivuka rya Yezu—Ryabereye Hehe Kandi Ryari?
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Abamarayika batangaza ivuka rya Yezu
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Avukiye mu Kigango c’Inka
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yezu Kristu​—Ni igiki ukwiye kwibuka ku bijanye na we?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 5 rup. 18-rup. 19 ing. 6
Mariya yicaye ku ndogobwa Yozefu na we ari imbere bagiye i Betelehemu

IKIGABANE CA 5

Yezu yavukiye hehe kandi ryari?

LUKA 2:1-20

  • YEZU AVUKIRA I BETELEHEMU

  • ABUNGERE BAZA KURABA UMWANA YEZU

Sezari Ogusito, umwami w’inganji y’Uburoma yategetse ko haba rusansuma rw’abantu bose. Ku bw’ivyo, Yozefu na Mariya bategerezwa gufata urugendo baja mu gisagara Yozefu avukamwo ari co Betelehemu mu bumanuko bwa Yeruzalemu.

I Betelehemu hari isinzi ry’abantu baje kwiyandikisha. Yozefu na Mariya nta handi baronka bashikira atari mu ruhongore, ahantu indogobwa n’ibindi bitungwa birara. Aho ni ho Yezu avukira. Mariya amworosa udutambara maze akamuryamika mu bwato ibitungwa biriramwo.

Imana itegerezwa kuba ari yo yatumye Sezari Ogusito ategeka ko haba urwo rusansuma. Uti kubera iki? Kubera yuko ivyo vyatumye Yezu avukira i Betelehemu, igisagara ca sekuruza Umwami Dawidi. Ivyanditswe vyari vyaravuze imbere y’igihe ko ico gisagara ari co Umutegetsi yari yarasezeranywe yovukiyemwo.​—Mika 5:2.

Mbega ijoro ridasanzwe! Abungere bari mu gahinga baza babona umuco ukayanganira irya n’ino yabo. Ubwo ni ubwiza bwa Yehova! Umumarayika w’Imana abwira abo bungere ati: “Ntimutinye, kuko ehe ndabamenyesha inkuru nziza y’akanyamuneza kenshi abantu bose bazogira, kuko uno musi Umukiza yabavukiye, akaba ari Kristu Umukama, mu gisagara ca Dawidi. Kandi iki ni co kibabera ikimenyetso: Muraza kubona uruyoya ruzingiriye mu dutambara, ruryamye mu bwato bw’ibitungwa.” Ako kanya haca haboneka abandi bamarayika benshi, maze bakavuga bati: “Ubuninahazwa iyo hejuru mu majuru bube ubw’Imana, kw’isi na ho amahoro abe mu bantu ishima.”​—Luka 2:​10-14.

Mariya, Yozefu n’abungere bariko baraba akana Yezu karyamye mu bwato bw’inka

Abo bamarayika bahavuye, nya bungere bavugana bati: “Tugende dushike i Betelehemu turabe ico kintu cabaye Yehova atumenyesheje.” (Luka 2:​15) Baranyaragasa bagasanga wa mwana Yezu aho nyene wa mumarayika yababwiye. Igihe nya bungere bigana ivyo umumarayika yababwiye, abari ng’aho bose barumirwa. Mariya afata nkama ayo majambo yose, akayashira ku mutima.

Muri iki gihe abantu benshi bemera ko Yezu yavutse ku wa 25 Kigarama. Ariko muri Kigarama i Betelehemu haba hari imvura nyinshi kandi hakanye. Biranashika hakagwa urubura rumeze nk’ibarafu. Muri ico kiringo c’umwaka, abungere ntibari gushobora kurara hanze bari kumwe n’amasho yabo. N’ikindi kandi, ntivyumvikana ko Umwami w’inganji y’Uburoma yari gusaba abantu basanzwe banka ubutegetsi bwiwe ngo baje kwisansumisha muri ico gihe c’imbeho izura inzara. Biboneka ko Yezu yavutse muri Gitugutu.

  • Kubera iki Yozefu na Mariya baja i Betelehemu?

  • Ni ikintu gitangaje ikihe kiba mw’ijoro Yezu avuka?

  • Kubera iki bitumvikana kwiyumvira ko Yezu yavutse ku wa 25 Kigarama?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika