ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 64 rup. 152-rup. 153 ing. 2
  • Turakwiye kubabarira abandi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Turakwiye kubabarira abandi
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Icigwa mu vy’Uguharira Abandi
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Igituma dukwiye kubabarira abandi
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • “None ni nde mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge?”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • “Baguma bakurikira wa Mwagazi w’intama”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 64 rup. 152-rup. 153 ing. 2
Umushumba afashe mu kanigo umushumba mugenziwe

IKIGABANE CA 64

Turakwiye kubabarira abandi

MATAYO 18:21-35

  • KUBABARIRA GUSHIKA KU NCURO INDWI?

  • IKIGERERANYO C’UMUSHUMBA ATAGIRA IKIGONGWE

Petero ahejeje kwumva impanuro Yezu atanze yerekeye ingene abavukanyi botorera umuti ingorane iri hagati yabo mu kugererageza kuganira ari babiri. Ariko rero, bisa n’uko Petero ashaka kumenya incuro umuntu yoshikanako mu kugerageza gutunganya iyo ngorane.

Petero amubaza ati: “Mukama, mwene wacu azoncumurako kangahe nanje nza ndamubabarira? Gushika ku ncuro indwi?” Abakuru b’idini bamwebamwe bigisha yuko umuntu akwiye kubabarira abandi gushika ku ncuro zitatu. Petero rero yibaza ko yoba abaye igitangaza hamwe yoharira umuvukanyi “gushika ku ncuro indwi.”​—Matayo 18:21.

Ariko rero, ico ciyumviro co guharura incuro umuntu yagucumuyeko ntigihuye n’ivyo Yezu yigisha. Aca rero akosora Petero ati: “Sinkubwiye Gushika ku ncuro indwi, ahubwo Gushika ku ncuro mirongo irindwi n’indwi.” (Matayo 18:22) Mu yandi majambo, ni gushika ibihe bidahera. Nta gitigiri kanaka Petero akwiye kugarukirizako mu guharira mwene wabo.

Umwami ababarira umushumba yari amuheraniye

Yezu aca aha Petero n’abandi ikigereranyo kibumvisha ko bategerezwa guharira abandi. Cerekeye umushumba ananirwa kwigana shebuja w’imbabazi. Uwo mwami ashaka kwishuza abashumba biwe. Bamuzanira umushumba umwe amufitiye ideni ry’agacamutwe ry’italanto 10.000 [idenariyo 60.000.000]. Naho yogira gute ntiyoshobora kwishura iryo deni! Nuko umwami ategeka ko uwo mushumba, umugore wiwe n’abana biwe bagurishwa maze iryo deni rikarihwa. Nya mushumba rero aca yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, akamutakambira ati: “Nyihanganire nzokwishura vyose.”​—Matayo 18:26.

Umushumba apfungishije umushumba mugenziwe

Uwo mwami aramwumvira ikigongwe maze akamuhebera iryo deni ry’umurengera. Umwami ahejeje kumuharira uwo mushumba aragenda maze agahura n’umushumba mugenziwe amufitiye idenariyo 100. Aca amufata mu kanigo, akamubwira ati: “Ishura ivyo umfitiye vyose.” Ariko nya mushumba wundi aca yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, akamutakambira ati: “Nyihanganire nzokwishura.” (Matayo 18:28, 29) Yamara rero, uwo mushumba yahariwe umwenda ntiyigana shebuja. Naho wa mushumba mugenziwe amufitiye ideni rito cane, aca amuta mu munyororo gushika amwishuye ivyo amufitiye.

Umwami apfungisha umushumba atagira imbabazi

Yezu abandanya avuga ko abandi bashumba babona ingene amufata bunyamaswa bagenda maze bakavyiganira shebuja. Shebuja aca amutumako yashavuye, akamubwira ati: “Wa mushumba mubi we, nahanaguye wa mwenda wose wari ufise, igihe wanyinginga. None weho ntiwari ukwiye kugirira imbabazi umushumba mugenzawe, nk’uko nanje nakugiriye imbabazi?” N’ishavu n’akantu, uwo mwami aca amuhereza abarinzi b’ibohero gushika yishuye ivyo aheranye vyose. Yezu asozera ati: “Ukwo nyene ni ko na Dawe wo mw’ijuru azobagirira, umwe wese muri mwebwe natababarira mwene wabo bivuye ku mutima.”​—Matayo 18:32-35.

Mbega icigwa ciza cerekeye ukugira imbabazi! Imana yaraduhebeye umwenda munini w’ibicumuro. Igicumuro ico ari co cose umuvukanyi wacu yodukorera ni gito ugereranije n’ivyo Yehova atubabarira. Kandi Yehova atubabarira incuro n’izindi. None ntidukwiye kubabarira umuvukanyi wacu akatari gake, naho twoba dufise imvo yo kumwidogera? Nk’uko Yezu yabivuze muri ya Nsiguro yatanga ari ku musozi, Imana ‘iduhebera imyenda yacu nk’uko natwe tuyihebera abayidufitiye.’​—Matayo 6:12.

  • Ni igiki gituma Petero abaza ibijanye n’ukubabarira umuvukanyi wiwe, kandi kubera iki abona ko yoba abaye igitangaza ahariye umuntu incuro indwi?

  • Ukuntu umwami afata umushumba amutakambiye gutandukaniye he n’ukuntu uwo mushumba afata mugenziwe?

  • Ico kigereranyo Yezu yatanze kitwigisha iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika