ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 67 rup. 160-rup. 161 ing. 4
  • “Ntiharigera haboneka umuntu avuga nka we”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ntiharigera haboneka umuntu avuga nka we”
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Bananirwa Gufata Yezu
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yigisha Nikodemu mw’ijoro
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • ‘Igihe Ciwe Nticaribwagere’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • I Yeruzalemu ku musi mukuru w’insago
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 67 rup. 160-rup. 161 ing. 4
Abasoda batumwe gufata Yezu bagaruka batamuzanye

IKIGABANE CA 67

“Ntiharigera haboneka umuntu avuga nka we”

YOHANI 7:32-52

  • BARUNGIKA ABARINZI GUFATA YEZU

  • NIKODEMU AVUGIRA YEZU

Yezu aracari i Yeruzalemu ku Musi mukuru w’insago. Arahimbarwa no kubona ‘benshi muri iryo sinzi bamwizera.’ Ariko abakuru b’idini bobo ntibanezerwa n’ico kintu. Nuko barungika abarinzi kumufata. (Yohani 7:31, 32) Ariko rero, Yezu ntagerageza kwinyegeza.

Ahubwo Yezu abandanya kwigisha i Yeruzalemu ku mugaragaro, ati: “Ndacari kumwe namwe akandi kanya gatoyi, imbere y’uko nja ku wandungitse. Muzondondera, mugabo ntimuzombona, kandi aho nzoba ndi ntimushobora kuhaza.” (Yohani 7:33, 34) Abayuda ntibatahura ico ashatse kuvuga, ari co gituma babazanya bati: “Uyu muntu agomba aje hehe ku buryo tutazomubona? Yoba agomba kuja ku Bayuda bashwiragiye mu Bagiriki ngo yigishe Abagiriki? Iryo jambo risobanura iki, aho avuga ngo: ‘Muzondondera, mugabo ntimuzombona, kandi aho nzoba ndi ntimushobora kuhaza’?” (Yohani 7:35, 36) Ariko rero, Yezu ariko avuga ibijanye n’urupfu rwiwe n’ingene azozukira ubuzima bwo mw’ijuru, kandi abansi biwe ntibashobora kumusangayo.

Umusi ugira indwi w’urwo rubanza uragera. Mu misi yose urwo rubanza rumara, buri gitondo umuherezi arasuka amazi avuye mu Kidengeri c’i Silowamu, ku buryo atemba ku ntaba y’igicaniro. Kumbure kugira yibutse abantu uwo mugenzo, Yezu arasemerera ati: “Nimba hari uwunyotewe, naze kuri jewe anywe. Uwunyizera, nk’uko Icanditswe cavuze, ‘Imbere muri we hazotemba imigezi y’amazi mazima.’”​—Yohani 7:37, 38.

Yezu ariko avuga ibizoba intumwa ziwe nizarobanuzwa impwemu maze zigahabwa icizigiro co kuja kuba mw’ijuru. Ivyo bishika inyuma y’urupfu rwa Yezu. Uhereye kuri Pentekoti yo mu mwaka ukurikira, imigezi y’amazi y’ubuzima iratangura gutemba uko intumwa zarobanujwe impwemu zigenda ziramenyesha abandi ukuri.

Aho bumviye inyigisho za Yezu, bamwe bavuga bati: “Emwe, uyu ni Wa Muhanuzi,” bikaboneka ko bariko berekeza kuri wa muhanuzi aruta Musa yari yaravuzwe ko yoje. Abandi na bo bagira bati: “Uyu ni we Kristu.” Mugabo bamwe barabihakana bati: “None Kristu vy’ukuri yovuye i Galilaya? Mbega Icanditswe nticavuze yuko Kristu yovuye mu ruvyaro rwa Dawidi, n’i Betelehemu ca kigwati Dawidi yabamwo?”​—Yohani 7:40-42.

Abantu rero baricamwo ibice. Naho hari abipfuza ko Yezu yofatwa, nta n’umwe amukozako urutoke. Aho ba barinzi bagarukiye ku bakuru b’idini batazanye Yezu, abakuru b’abaherezi n’Abafarizayo bababaza bati: “Kubera iki mutamuzanye?” Bishura bati: “Ntiharigera haboneka umuntu avuga nka we.” N’ishavu n’akantu, abo bakuru b’idini baca babatyekeza n’ibitutsi hejuru, bati: “Mbega namwe mwazimijwe? Hari n’umwe mu batware canke mu Bafarizayo yamwizeye? Mugabo iri sinzi ritazi Itegeko ni ibivume.”​—Yohani 7:45-49.

Nikodemu ariko aravugira Yezu

Umufarizayo yitwa Nikodemu akaba n’umwe mu bagize Sentare nkuru y’Abayuda avyumvise, ararya umutima amenyo akavugira Yezu. Haraciye imyaka ibiri n’igice Nikodemu aje aho Yezu ari mw’ijoro maze araserura ko amwizera. Ubu na ho Nikodemu avuga ati: “None itegeko ryacu riracira umuntu urubanza ritabanje kumwumva ngo rimenye ivyo ariko arakora?” None basubizayo iki? Bagira bati: “Mbega nawe uri uw’i Galilaya? Sesangura urabe ko hari umuhanuzi yohagurukijwe i Galilaya.”​—Yohani 7:51, 52.

Ivyanditswe ntibivuga bitomora yuko hari umuhanuzi yovuye i Galilaya. Ariko rero, Ijambo ry’Imana ryarerekanye ko Kristu ari ho yovuye. Ryaravuze ko hobonetse “umuco mwinshi” muri “Galilaya y’amahanga.” (Yesaya 9:1, 2; Matayo 4:13-17) Vyongeye, nk’uko nyene vyari vyaravuzwe, Yezu yavukiye i Betelehemu, kandi akomoka mu muryango wa Dawidi. Naho ivyo Abafarizayo bashobora kuba babizi, bisa n’uko ari bo bakwiragiza ibinyoma vyinshi abantu bemera kuri Yezu.

  • Ni igiki Yezu avuga ku vyerekeye amazi gishobora kuba cibutsa abantu ikintu cama kiba buri gitondo mu kiringo cose umusi mukuru umara?

  • Kubera iki abarinzi badafata Yezu, kandi abakuru b’idini bavyakira gute?

  • Ni igiki cerekana ko Kristu yovuye i Galilaya?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika