ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • od rup. 185-192
  • Igice ca 1: Ivyo twemera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igice ca 1: Ivyo twemera
  • Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Ivyo bijanye
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ubutumwa Dutegerezwa Kumenyekanisha
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • “Mukama, twigishe gusenga”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
od rup. 185-192

IBIBAZO VY’ABIPFUZA KUBATIZWA

Igice ca 1: Ivyo twemera

Kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova vyaragufashije kumenya ukuri. Nta gukeka ko ivyo wize vyagufashije kugiranira ubucuti bwiza n’Imana kandi bikaguha icizigiro co kuzobaho mw’isi y’iparadizo, aho uzokwironkera imihezagiro urongowe n’Ubwami bw’Imana. Wararushirije kwizera Ijambo ry’Imana, kandi uramaze kwironkera imihezagiro myinshi kubera wifatanya n’ishengero rya gikirisu. Waratahuye ingene Yehova akorana n’abasavyi biwe muri iki gihe.​—Zek. 8:23.

Ubu rero ko uriko uritegurira kubatizwa, vyoba vyiza usubiye kwihweza ibintu vy’ishimikiro twemera, ubifashijwemwo n’abakurambere b’ishengero. (Heb. 6:1-3) Ese Yehova yobandanya guhezagira utwigoro twose ugira kugira umumenye kandi akakuronsa impembo yasezeranye!​—Yoh. 17:3.

1. Kubera iki ushaka kubatizwa?

2. Yehova ni nde?

• “Yehova [ni] we Mana y’ukuri mu majuru hejuru no kw’isi hasi. Nta yindi iriho.”​—Gus. 4:39.

• “Wewe, uwitwa Yehova, [ni] wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.”​—Zab. 83:18.

3. Kubera iki bihambaye ko ukoresha izina ry’Imana?

• “Nuko rero musenge mutya: ‘Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe.’”​—Mat. 6:9.

• “Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa.”​—Rom. 10:13.

4. Ni imvugo zimwezimwe izihe Bibiliya ikoresha mu kudondora Yehova?

• “Yehova, wa Muremyi w’impera z’isi, ni Imana gushika igihe kitagira urugero.”​—Yes. 40:28.

• “Dawe wa twese uri mw’ijuru.”​—Mat. 6:9.

• “Imana [ni] urukundo.”​—1 Yoh. 4:8.

5. Ni igiki woha Yehova Imana?

• “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose n’inkomezi zawe zose.”​—Mrk. 12:30.

• “Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda.”​—Luka 4:8.

6. Kubera iki utipfuza guhemukira Yehova?

• “Ba inkerebutsi mwananje, unezereze umutima wanje, kugira ngo nshobore kwishura uwuncokora.”​—Imig. 27:11.

7. Uhora usenga nde, kandi mw’izina rya nde?

• “Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Nimwasaba Data ikintu ico ari co cose azokibaha mw’izina ryanje.”​—Yoh. 16:23.

8. Ni ibintu bimwebimwe ibihe woshira mw’isengesho?

• “Nuko rero musenge mutya: ‘Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe. Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru. Uduhe uno musi ibifungurwa vyacu vy’uyu musi; uduhebere imyenda yacu nk’uko natwe twayihebeye abayidufitiye. Kandi ntutujane mu kigeragezo, mugabo uturokore mu kudukiza wa mubisha.’”​—Mat. 6:9-13.

• “Uku ni kwo guhera amazinda dufise kuri yo: ni uko ico dusaba cose twisunze ukugomba kwayo, itwumva.”​—1 Yoh. 5:14.

9. Ni ibiki vyoshobora gutuma Yehova atumviriza amasengesho yacu?

• “Bazotabaza Yehova, mugabo ntazobishura . . . [kuko] bagize nabi mu vyo bakoze.”​—Mika 3:4.

• “Amaso ya Yehova ari ku bagororotsi, n’amatwi yiwe akaba ku gutakamba kwabo; mugabo amaso ya Yehova arwanya abakora ibintu bibi.”​—1 Pet. 3:12.

10. Yezu Kristu ni nde?

• “Simoni Petero yishura ati: ‘Uri Kristu, Umwana w’Imana nzima.’”​—Mat. 16:16.

11. Kubera iki Yezu yaje kw’isi?

• “Umwana w’umuntu yaje, atari kugira akorerwe, ariko kugira akorere abandi, no kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.”​—Mat. 20:28.

• “Ntegerezwa kumenyesha n’ibindi bisagara inkuru nziza y’ubwami bw’Imana, kubera ko ico ari co natumwe.”​—Luka 4:43.

12. Wokwerekana gute ko ukenguruka incungu ya Yezu?

• “Yapfiriye bose kugira ngo abariho ntibabe bakibaho ku bwabo, ahubwo babeho ku bw’umwe yabapfira hanyuma akazurwa.”​—2 Kor. 5:15.

13. Yezu afise ububasha bungana gute?

• “Ububasha bwose narabuhawe mw’ijuru no kw’isi.”​—Mat. 28:18.

• ‘Imana yaramudugije imushira mu kibanza co hejuru cane, imuha n’umutima ukunze izina riri hejuru y’ayandi mazina yose.’​—Flp. 2:9.

14. Woba wemera ko Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova ari yo “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” yagenywe na Yezu?

• “Ni nde mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge shebuja yashinze abakozi biwe bo mu nzu, kugira abahe ibifungurwa vyabo ku gihe kibereye?”​—Mat. 24:45.

15. Impwemu nyeranda yoba ari umuntu?

• “Nya mumarayika amwishura ati: ‘Impwemu nyeranda izokuzako, kandi ububasha bwa Musumbavyose buzogutwikiriza igitutu. Ni co gituma kandi ikizovuka kizokwitwa ceranda, Umwana w’Imana.’”​—Luka 1:35.

• “Nimba rero mwebwe, naho muri babi, muzi guha abana banyu ingabirano nziza, ese ingene Data ari mw’ijuru azorushiriza guha impwemu nyeranda abayimusaba!”​—Luka 11:13.

16. Ni gute Yehova yagiye arakoresha impwemu yiwe nyeranda?

• “Kw’ijambo rya Yehova amajuru yarakozwe, ku mpwemu yo mu kanwa kiwe na ho ingabo zayo zose zirakorwa.”​—Zab. 33:6.

• “Muzoronka ububasha impwemu nyeranda niyabazako, kandi muzombera ivyabona . . . gushika mu karere ka kure rwose k’isi.”​—Ivyak. 1:8.

• “[N]ta buhanuzi bw’Icanditswe buva ku vyiyumviro vy’umuntu ku giti ciwe. Kuko ubuhanuzi ata ho bwigeze buzanwa n’ukugomba kw’umuntu, ahubwo abantu bavuze ivyava ku Mana nk’uko bari barongowe n’impwemu nyeranda.”​—2 Pet. 1:20, 21.

17. Ubwami bw’Imana ni iki?

• “Imana yo mw’ijuru izoshinga ubwami butazokwigera busenyurwa. Kandi ubwo bwami ntibuzohabwa ikindi gisata c’abantu. Buzojanjagura ubwo bwami bwose bubuherengeteze, yamara bwobwo buzohangama gushika ibihe bitagira urugero.”​—Dan. 2:44.

18. Ni ivyiza ibihe uzoronka biciye ku Bwami bw’Imana?

• “Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.”​—Ivyah. 21:4.

19. Wemezwa n’iki ko imihezagiro y’Ubwami bw’Imana iri hafi?

• “Abigishwa baramwegera biherereye, bamubwira bati: ‘Tubwire: Ivyo bizoba ryari, kandi ni igiki kizoba ikimenyetso c’ukuhaba kwawe n’ic’insozero y’ivy’isi?’ Yezu abishura ati: ‘. . . Ihanga rizohagurukira irindi hanga, n’ubwami [buhagurukire] ubundi bwami, kandi hazoba amapfa na vya nyamugigima, biva hamwe bija ahandi. Kandi iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.’”​—Mat. 24:3, 4, 7, 14.

• “Mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira. Kuko abantu bazoba ari abikunda, inkunzi z’amahera, abishima, abibona, abarogosi, abagambararira abavyeyi, intashima, ibihemu, batiyumvamwo ababo, badashaka kwumvikana na gato, abambika ibara abandi, batagira ukwigumya, inkazi, badakunda iciza, abaguranyi, intumva, abivyimvya, abakunda ibinezereza aho gukunda Imana, bafise ishusho y’ukwihebera Imana mugabo bakihakana ububasha bwakwo.”​—2 Tim. 3:1-5.

20. Wokwerekana gute ko uha agaciro Ubwami bw’Imana?

• “Gume rero mubanza kurondera ubwami n’ubugororotsi bw’Imana.”​—Mat. 6:33.

• “Yezu abwira abigishwa biwe ati: ‘Nimba umuntu ashaka kunkurikira, niyiyanke atore igiti co kubabarizwako ciwe hanyuma agume ankurikira.’”​—Mat. 16:24.

21. Shetani n’amadayimoni yiwe ni bande?

• “Mwebwe muva kuri so Shetani . . . Uwo yari umwicanyi kuva mu ntango.”​—Yoh. 8:44.

• “Ca gisato kinini kiraririzwa hasi, ya nzoka yo mu ntango, iyitwa Mubesheranyi na Shetani, umwe azimiza isi yose; araririzwa kw’isi, n’abamarayika biwe bararirizanywa na we.”​—Ivyah. 12:9.

22. Ni ibiki Shetani yagirije Yehova n’abasavyi biwe?

• “Uwo mugore . . . abwira iyo nzoka ati: ‘Ivyamwa vy’ibiti vyo mu murima turashobora kubiryako. Mugabo ku bijanye n’ukurya ku vyamwa vy’igiti kiri hagati na hagati mu murima, Imana yavuze iti: “Ntimuze mukiryeko, oya, ntimuze mugikoreko, kugira ntimupfe.”’ Iyo nzoka ica ibwira uwo mugore iti: ‘Haba namba ntimuzopfa. Kuko Imana izi yuko umusi nyene mwakiriyeko amaso yanyu azoca yuguruka mugaca mumera nk’Imana, mukamenya iciza n’ikibi.’”​—Ita. 3:2-5.

• “Shetani yishura Yehova ati: ‘Urukoba rukabwa urundi, kandi ivyo umuntu afise vyose yobitanga ku bw’ubuzima bwiwe.’”​—Yobu 2:4.

23. Wokwerekana gute ko ibirego vya Shetani ari ibinyoma?

• “[Ukorere Imana] n’umutima ukwiye.”​—1 Ngo. 28:9.

• “Gushika ncikanye, sinzokwiyambura ugutungana kwanje!”​—Yobu 27:5.

24. Ni kubera iki dupfa?

• “Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo [ruzanwa] n’igicumuro, gutyo urupfu [rukwira] ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.”​—Rom. 5:12.

25. Abapfuye bamerewe gute?

• “Abazima ba[ra]zi yuko bazopfa; mugabo abapfuye, nta co bazi namba.”​—Umus. 9:5.

26. Ni icizigiro ikihe kihari ku bapfuye?

• “Hagiye kubaho izuka ry’abagororotsi n’abatari abagororotsi.”​—Ivyak. 24:15.

27. Ni abantu bangahe bazoja mw’ijuru gufadikanya na Yezu kuganza?

• “Mbona Umwagazi w’intama ahagaze ku Musozi Siyoni, ari kumwe n’abantu ibihumbi ijana na mirongo ine na bine bafise izina ryiwe n’izina rya Se wiwe yanditswe ku ruhanga rwabo.”​—Ivyah. 14:1.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika