ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 6 rup. 20-rup. 21 ing. 5
  • Abantu umunani ni bo barokotse

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abantu umunani ni bo barokotse
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Ubwato bwa Nowa
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Isegenya y’Isi Yose
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Nowa Abāza Ubwato
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • ‘Yarazigamwe hamwe n’abandi indwi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 6 rup. 20-rup. 21 ing. 5
Ubwato buriko burareremba mu mvura nyinshi

ICIGWA CA 6

Abantu umunani ni bo barokotse

Nowa, umuryango wiwe n’ibikoko bisohotse ubwato

Nowa n’umuryango wiwe hamwe n’ibikoko barinjiye mu bwato. Yehova yaciye yugara umuryango, imvura ica iratangura kugwa. Haraguye imvura nyinshi ku buryo ubwato butangura kureremba. Isi yose yahavuye irengerwa n’amazi. Abantu bose batari mu bwato barapfuye. Ariko Nowa n’umuryango wiwe bararokotse. Ibaze ingene banezerewe kubera bari bagamburukiye Yehova!

Imvura yamaze imisi 40 n’amajoro 40 iriko iragwa hanyuma irahita. Amazi yagiye aragabanuka bukebuke. Amaherezo, bwa bwato bwarahagaze ku musozi. Ariko kubera amazi yari akiri menshi, Nowa n’umuryango wiwe ntibashobora gusohoka.

Buhorobuhoro, amazi yaratevye arakama. Nowa n’umuryango wiwe bamaze umwaka urenga bari mu bwato. Yehova yaciye ababwira ngo bave mu bwato. Bashikiye mw’isi yari yakuwemwo abantu babi. Barashimiye cane Yehova kubera yabarokoye, baca baramushikanira ikimazi.

Umunywamazi

Yehova yarahimbawe n’ico kimazi. Yasezeranye ko atazosubira gukoresha umwuzure mu gukuraho ibintu vyose biri kw’isi. Yaciye ashira umunywamazi wa mbere mu kirere, kugira uzoze uributsa abantu iryo sezerano. Uramaze kubona umunywamazi?

Yehova yaciye abwira Nowa n’umuryango wiwe ngo bavyare buzure isi.

‘Nowa yarinjiye mu bwato, kandi abantu nta na kimwe bitayeho, gushika umwuzure uje ukabatwara bose.’​—Matayo 24:38, 39

Ibibazo: Ni igiki caciye kiba Yehova amaze kwugara umuryango w’ubwato? Umunywamazi utwibutsa iki?

Itanguriro 7:1–9:17

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika