ICIGWA CA 6
Abantu umunani ni bo barokotse
Nowa n’umuryango wiwe hamwe n’ibikoko barinjiye mu bwato. Yehova yaciye yugara umuryango, imvura ica iratangura kugwa. Haraguye imvura nyinshi ku buryo ubwato butangura kureremba. Isi yose yahavuye irengerwa n’amazi. Abantu bose batari mu bwato barapfuye. Ariko Nowa n’umuryango wiwe bararokotse. Ibaze ingene banezerewe kubera bari bagamburukiye Yehova!
Imvura yamaze imisi 40 n’amajoro 40 iriko iragwa hanyuma irahita. Amazi yagiye aragabanuka bukebuke. Amaherezo, bwa bwato bwarahagaze ku musozi. Ariko kubera amazi yari akiri menshi, Nowa n’umuryango wiwe ntibashobora gusohoka.
Buhorobuhoro, amazi yaratevye arakama. Nowa n’umuryango wiwe bamaze umwaka urenga bari mu bwato. Yehova yaciye ababwira ngo bave mu bwato. Bashikiye mw’isi yari yakuwemwo abantu babi. Barashimiye cane Yehova kubera yabarokoye, baca baramushikanira ikimazi.
Yehova yarahimbawe n’ico kimazi. Yasezeranye ko atazosubira gukoresha umwuzure mu gukuraho ibintu vyose biri kw’isi. Yaciye ashira umunywamazi wa mbere mu kirere, kugira uzoze uributsa abantu iryo sezerano. Uramaze kubona umunywamazi?
Yehova yaciye abwira Nowa n’umuryango wiwe ngo bavyare buzure isi.
‘Nowa yarinjiye mu bwato, kandi abantu nta na kimwe bitayeho, gushika umwuzure uje ukabatwara bose.’—Matayo 24:38, 39