ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 25 rup. 64-rup. 65 ing. 3
  • Ihema ryeranda ryo gusengeramwo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ihema ryeranda ryo gusengeramwo
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Nukenguruke agateka ufise ko gusengera Yehova mu rusengero rwiwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Ihema yo Gusengeramwo
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • “Inzu yo Gusengerwamwo n’Amahanga Yose”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Kuvayo: ibirimwo
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 25 rup. 64-rup. 65 ing. 3
Ihema ryeranda n’ikigo caryo

ICIGWA CA 25

Ihema ryeranda ryo gusengeramwo

Igihe Musa yari ku musozi Sinayi, Yehova yaramubwiye kwubaka ihema ridasanzwe. Iryo hema ni ryo Abisirayeli bari gusengeramwo Yehova. Bari kuza bararyimukana iyo bagiye hose.

Yehova yamubwiye ati: ‘Bwira abantu batange ivyo bashoboye kuronka kugira bikoreshwe mu kwubaka iryo hema.’ Abisirayeli baratanze inzahabu, ifeza, umujumpu, amabuye y’agaciro n’udusharizo. Baratanze n’ubwoya bw’ibikoko, ilino, inshato z’ibikoko n’ibindi bintu vyinshi. Baratanze ibintu vyinshi ku buryo Musa yababwiye ati: ‘Birakwiye! Ntimusubire kuzana ibindi.’

Abisirayeli bariko baratanga ivyari gufasha kwubaka ihema ryeranda

Abantu bazi gukora ibintu bitandukanye barafashije kwubaka iryo hema. Yehova yarabahaye ubwenge bwo gukora ico gikorwa. Bamwe barajisha inyuzi, abandi bakadesa ibitambara. Hari n’ababaza amabuye, abakora ibintu vy’inzahabu n’abakora ibintu vy’imbaho.

Bubatse iryo hema nk’uko nyene Yehova yari yababwiye. Barakoze irido ryiza cane ryatandukanya ibice bibiri vy’iryo hema. Ivyo bice vyitwa Aheranda n’Aheranda cane. Aheranda cane hari isandugu y’isezerano ikozwe mu mbaho z’umunyinya hamwe n’inzahabu. Aheranda hari ikintu c’inzahabu giterekwako amatara. Hariyo n’imeza hamwe n’igicaniro baturirirako imibavu. Mu kigo hari ibesani y’umujumpu hamwe n’igicaniro kinini. Isandugu y’isezerano yaributsa Abisirayeli ko bari baremeye kugamburukira Yehova.

Yehova yacaguye Aroni n’abahungu biwe ngo babe abaherezi kuri iryo hema ryeranda. Ni bo bahitwararika bakongera bakaza barashikanira Yehova ibimazi. Umuherezi mukuru Aroni ni we wenyene yari yemerewe kwinjira Aheranda cane. Yahinjira rimwe mu mwaka agiye gushikana ikimazi c’ibicumuro vyiwe, ivy’umuryango wiwe n’ivy’Abisirayeli bose.

Abisirayeli bahejeje kwubaka iryo hema ryeranda haciye umwaka bavuye mu Misiri. Bari bagiye baronka ahantu ho gusengera Yehova.

Yehova yarerekanye ko yashimye iryo hema mu gushira igicu hejuru yaryo. Igihe cose ico gicu caba kiri hejuru y’iryo hema, Abisirayeli baguma aho bari. Ico gicu kigiye baca bamenya ko hageze ko bimuka. Baca basambura iryo hema, bagakurikira nya gicu.

«Nca numva ijwi rirenga rivuye kuri ya ntebe y’ubwami rivuga riti: ‘Ehe ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kandi izobana na bo, na bo bazoba abantu bayo. Imana ubwayo izobana na bo.’»​—Ivyahishuwe 21:3

Ibibazo: Yehova yabwiye Musa ngo yubake iki? Ni ibikorwa ibihe Yehova yahaye Aroni n’abahungu biwe?

Kuvayo 25:1-9; 31:1-11; 40:33-38; Abaheburayo 9:1-7

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika