ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 26 rup. 66-rup. 67 ing. 1
  • Abagabo 12 bagiye gusuma urusaku

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abagabo 12 bagiye gusuma urusaku
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Abatasi 12
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo Yosuwa Yibutse
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Niwizigire Yehova N’umutima Wawe Wose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yosuwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 26 rup. 66-rup. 67 ing. 1
Abagabo b’Abisirayeli bariko bararaba ingene igihugu ca Kanani kimeze

ICIGWA CA 26

Abagabo 12 bagiye gusuma urusaku

Abisirayeli baravuye ku musozi Sinayi, baca mu bugaragwa bwa Parani maze baja i Kadeshi. Bari ng’aho, Yehova yabwiye Musa ati: ‘Rungika abagabo 12, umwumwe ku muryango, baje kuraba uko igihugu ca Kanani nzoha Abisirayeli kimeze.’ Musa yaciye atora abagabo 12, ababwira ati: ‘Nimuje i Kanani murabe ko ico gihugu cimbuka cane. Murabe ko abantu baho bafise inguvu canke ko atazo bafise, ko baba mu mahema canke mu bisagara.’ Muri abo bagabo 12 harimwo Yosuwa na Kalebu. Bose baciye bahaguruka baragenda i Kanani.

Abisirayeli bariko baridoga bagaca bacika intege

Haciye imisi 40, abo bagabo baragarutse, baza bazanye insukoni, amakomamanga n’inzabibu. Bavuze bati: ‘Ni igihugu ciza cane, ariko abantu baho barakomeye cane kandi ibisagara vyaho bikikujwe n’ibihome birebire.’ Kalebu yaciye avuga ati: ‘Turashobora kubanesha. Nimuze tugende ubu nyene!’ Urazi icatumye Kalebu avuga gutyo? Ni kubera ko we na Yosuwa bizigira Yehova. Ariko abandi cumi bavuze bati: ‘Oya! Abantu baho ni barebare kandi barakomeye cane! Tumeze nk’uduhori kuri bo.’

Abisirayeli baratinye baca batangura kwidoga, babwirana bati: ‘Nimuze twitorere uwundi muntu atuyobora twisubirire mu Misiri. Kubera iki twoja muri ico gihugu ngo batwicireyo?’ Yosuwa na Kalebu baciye bababwira bati: ‘Ntimugambararire Yehova kandi ntimutinye. Yehova azodukingira.’ Ariko Abisirayeli baranse kubumviriza. Mbere baciye bashaka kwica Yosuwa na Kalebu!

None Yehova yaciye akora iki? Yabwiye Musa ati: ‘Abisirayeli maze kubakorera ibintu vyinshi, ariko n’ubu ntibangamburukira. Ku bw’ivyo, bazoguma muri ubu bugaragwa imyaka 40 kandi ni ho bazopfira. Abana babo gusa hamwe na Yosuwa na Kalebu ni bo bazoba mu gihugu nabemereye.’

«Kubera iki mutinya cane, ga mwa bantu b’ukwizera guke?»​—Matayo 8:26

Ibibazo: Vyagenze gute igihe ba bagabo 12 bagaruka bavuye i Kanani? Yosuwa na Kalebu berekanye gute ko bizigira Yehova?

Guharura 13:1–14:38; Gusubira mu vyagezwe 1:22-33; Zaburi 78:22; Abaheburayo 3:17-19

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika