ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 36 rup. 88-rup. 89 ing. 1
  • Indagano ya Yefuta

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Indagano ya Yefuta
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Indagano ya Yefuta
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yaranezereje se wiwe hamwe na Yehova
    Niwigishe abana bawe
  • Yarakundwa n’Imana be n’abagenzi biwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Kuba abizigirwa bituma dushimwa n’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 36 rup. 88-rup. 89 ing. 1
Yefuta atabuye impuzu yiwe igihe umukobwa wiwe aje kumusanganira

ICIGWA CA 36

Indagano ya Yefuta

Abisirayeli barasubiye guheba Yehova batangura gusenga ibigirwamana. Igihe Abamoni babatera, ivyo bigirwamana nta co vyabafashije. Abisirayeli bamaze imyaka myinshi bamerewe nabi. Bahavuye batakambira Yehova bati: ‘Twaracumuye. Dufashe udukize abansi bacu.’ Abisirayeli baciye bakuraho ivyo bigirwamana basubira gusenga Yehova. Yehova ntiyashaka ko babandanya kumererwa nabi.

Umusoda yitwa Yefuta ni we yatowe ngo ayobore Abisirayeli mu ntambara yo kurwana n’Abamoni. Yabwiye Yehova ati: ‘Niwadufasha tugatsinda, ndakwemereye ko nzoguha umuntu wa mbere azoza kunsanganira ntashe.’ Yehova yarumvise isengesho rya Yefuta, aramufasha gutsinda iyo ntambara.

Yefuta atashe, umuntu wa mbere yaje kumusanganira yari umukobwa wiwe, kandi nta wundi mwana yari afise. Yaje aratamba yongera avuza akagoma. None Yefuta yari gukora iki? Yaributse ivyo yemereye Yehova maze avuga ati: ‘Yooh, mwananje! Urambabaje cane. Hari ikintu nemereye Yehova. Kugira ndagishitse, ntegerezwa kukurungika gukorera kw’ihema ryeranda i Shilo.’ Mugabo uwo mukobwa wiwe yamubwiye ati: ‘Da, nushitse ivyo wemereye Yehova. Ico nosaba gusa, nundeke nje hariya mu misozi, mareyo amezi abiri ndi kumwe n’abakobwa b’abagenzi banje. Mvuyeyo nzoca ngenda.’ Umukobwa wa Yefuta yagumye akorera kw’ihema ryeranda ubuzima bwiwe bwose. Buri mwaka, abagenzi biwe baraja i Shilo kumuramutsa.

Abagenzi b’umukobwa wa Yefuta baje kumuramutsa kw’ihema ryeranda

«Uwo wese akunda umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe akabandutisha, ntabereye kuba umwigishwa wanje.»​—Matayo 10:37

Ibibazo: Ni igiki Yefuta yemereye Yehova? Umukobwa wa Yefuta yakoze iki yumvise ivyo se yemereye Yehova?

Abacamanza 10:6–11:11; 11:29-40; 1 Samweli 12:10, 11

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika