ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 74 rup. 176-rup. 177 ing. 4
  • Yezu aba Mesiya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu aba Mesiya
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yohani Abatiza Yezu
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yezu abatizwa
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yohani ategura inzira
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ibatisimu ya Yezu
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 74 rup. 176-rup. 177 ing. 4
Yohani araheza kubatiza Yezu, impwemu y’Imana igaca imuzako imeze nk’inuma

ICIGWA CA 74

Yezu aba Mesiya

Yohani yari amaze igihe yamamaza ati: ‘Uwuhambaye kundusha ariko araza.’ Igihe Yezu yari afise nk’imyaka 30, yaravuye i Galilaya aza ku ruzi Yorodani, aho Yohani yariko arabatiriza. Yashaka ko Yohani amubatiza, ariko Yohani amubwira ati: ‘Simbereye kukubatiza, ahubwo ni wewe ukwiye kumbatiza.’ Yezu yamwishuye ati: ‘Yehova ashaka ko umbatiza.’ Baciye baja mu ruzi Yorodani, Yohani aca aramwibiza mu mazi.

Yezu yiburutse mu mazi, yaciye asenga. Ako kanya ijuru ryarugurutse, impwemu y’Imana ica imanuka kuri we imeze nk’inuma. Yehova yaciye avugira mw’ijuru ati: «Uri Umwana wanje nkunda cane. Naragushimye.»

Igihe impwemu ya Yehova yaza kuri Yezu, yaciye aba Kristu ari we Mesiya. Hari hageze rero ko atangura igikorwa Yehova yari yaramurungitse gukora.

Yezu agiheza kubatizwa, yaciye aja mu bugaragwa amarayo imisi 40. Avuyeyo yaciye aja kuraba Yohani. Yohani abonye Yezu ariko araza, yaciye avuga ati: ‘Ng’uyu Umwagazi w’intama w’Imana uzokuraho igicumuro c’isi.’ Yohani yari ashatse kubwira abantu ko Yezu ari we Mesiya. None urazi ivyashikiye Yezu igihe yari mu bugaragwa? Reka tubirabe.

«Ijwi riva mw’ijuru, rivuga riti: ‘Uri Umwana wanje nkunda cane. Naragushimye.’»​—Mariko 1:11

Ibibazo: Kubera iki Yezu yabatijwe? Kubera iki Yohani yavuze ko Yezu ari Umwagazi w’intama w’Imana?

Matayo 3:13-17; Mariko 1:9-11; Luka 3:21-23; Yohani 1:29-34; Yesaya 42:1; Abaheburayo 10:7-9

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika