Intangamarara y’igihimba ca 12
Yezu yarigishije abantu ivyerekeye Ubwami bwo mw’ijuru. Yabigishije kandi gusenga ngo izina ry’Imana ryezwe, Ubwami bwayo buze, ivyo igomba na vyo bikorwe kw’isi. Nimba uri umuvyeyi, nusigurire umwana wawe ico iryo sengesho ritwigisha. Yezu ntiyaretse ngo Shetani atume ahemuka. Yaratoye intumwa ziwe, kandi ni bo babaye aba mbere mu bazofadikanya na we kuganza. Niwerekane ingene Yezu yagiriye umwete ugusenga kw’ukuri. Kubera yuko yashaka gufasha abandi, yarakijije abarwaye, aragaburira abashonje, arazura n’abapfuye. Ivyo bitangaro yakoze vyarerekanye ivyo Ubwami bw’Imana buzokorera abantu.