URURIRIMBO RWA 106
Dutsimbataze kamere y’urukundo
Integuro icapuwe
1. Dusab’Imana ngw’ituronse
Kuri kamere zayo zose.
Ariko mur’izo kamere
Urukundo ni rwo rwa mbere.
Nimb’urukundo turubuze
Nta c’ibindi vyoba bivuze.
Mu mvugo twame dukundana
No mu ngiro, ko tuvukana.
2. Urukundo ni ngenderwako.
Rutanga rutikwegerako.
Urukundo rwihanganira
Ibintu birubangamira.
Mu rukundo ntihab’urwanko;
Ikigongwe ntirukivako.
Kubera ko rutananirwa,
Ruzoguma ruroranirwa.
(Raba kandi Yoh. 21:17; 1 Kor. 13:13; Gal. 6:2.)