ICIGWA CA 29
Bitugendera gute iyo dupfuye?
Woba umaze kubura uwawe? Mu bihe bigoye nk’ivyo, woshobora kwibaza uti: ‘Bitugendera gute iyo dupfuye? Twoba tuzokwigera dusubira kubona abacu bapfuye?’ Muri iki cigwa no mu gikurikira, tuzobona inyishu zihumuriza Bibiliya itanga.
1. Bitugendera gute iyo dupfuye?
Yezu yagereranije urupfu n’itiro rinini. Ni kubera iki twogereranya urupfu n’itiro? Iyo umuntu ari muri rinini, ntamenya ibiriko biraba. Umuntu amaze gupfa ntasubira kubabara canke ngo agire irungu. Bibiliya ivuga iti: “Abapfuye, nta co bazi namba.”—Soma Umusiguzi 9:5.
2. Kumenya ukuri ku bijanye n’urupfu bitumarira iki?
Abantu benshi baratinya urupfu mbere bagatinya n’abapfuye. Ariko ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’urupfu birashobora kuguhumuriza. Yezu yavuze ati: “Ukuri kuzobagira abidegemvya.” (Yohani 8:32) Amadini amwamwe yigisha ko hariho ikintu kibandanya kubaho umuntu amaze gupfa. Ariko ivyo si vyo Bibiliya yigisha. Rero nta muntu abandanya kubabara yamaze gupfa. Vyongeye, kubera ko abapfuye ata na kimwe baba bazi, ntibashobora kutugirira nabi. Ku bw’ivyo, ntidukwiye kubasenga canke ngo hagire ibindi bintu dukora kugira ntibatugirire nabi.
Abantu bamwebamwe bavuga ko bashobora kuvugana n’abapfuye. Mugabo ivyo ntibishoboka. Nk’uko duhejeje kubibona, “abapfuye nta co bazi namba.” Abiyumvira ko bariko bavugana n’ababo bapfuye boshobora kuba bariko bavugana n’amadayimoni yigira abo bantu. Rero kumenya ukuri kwerekeye abapfuye biradukingira amadayimoni. Yehova atugabisha ngo twirinde kugerageza kuvugana n’abapfuye kubera azi yuko kuvugana n’amadayimoni bishobora kutugirira nabi.—Soma Gusubira mu vyagezwe 18:10-12.
TWINJIRE MU MIZI
Nurabe ivyo Bibiliya yigisha ku vyerekeye urupfu, gutyo ukomeze ubucuti ufitaniye n’Imana y’urukundo itababariza abapfuye mu muriro.
3. Nurabe ukuri ku vyerekeye ukuntu abapfuye bamerewe
Kw’isi yose, abantu bemera ibitandukanye ku bijanye n’ukuntu abapfuye bamerewe. Emwe birumvikana ko ivyo bemera atari vyose ari ukuri.
Aho iwanyu bavuga ko abapfuye bamerewe gute?
Kugira ubone ivyo Bibiliya yigisha, nimurabe iyo VIDEWO.
Nimusome Umusiguzi 3:20, muce muganira kuri ibi bibazo:
Wisunze uwo murongo, iyo umuntu apfuye bimugendera gute?
Hoba hari ikintu kidapfa gisigara iyo umuntu apfuye?
Bibiliya iratubwira ivyerekeye urupfu rwa Lazaro, akaba yari umugenzi somambike wa Yezu. Uko musoma Yohani 11:11-14, nurabe ico Yezu yavuze ku bijanye n’ukuntu Lazaro yari amerewe. Nimuce muganira kuri ibi bibazo:
Yezu yagereranije urupfu n’iki?
Ukwo kuntu Yezu yagereranije urupfu, bitwigisha iki ku bijanye n’ingene abapfuye bamerewe?
Ubona iyo nyishu Bibiliya itanga ku vyerekeye urupfu yumvikana?
4. Ukuri kwerekeye urupfu kuratugirira akamaro
Kumenya ukuri ku vyerekeye urupfu biratuma tudatinya abapfuye. Nimusome Umusiguzi 9:10, muce muganira kuri iki kibazo:
Abapfuye boba bashobora kutugirira nabi?
Ukuri kwo muri Bibiliya kuratuma tutemera inyigisho z’ikinyoma zivuga ko dukwiye gusenga abapfuye canke kubatururuza kugira ntibatugirire nabi. Nimusome Yesaya 8:19 n’Ivyahishuwe 4:11, muce muganira kuri iki kibazo:
Wibaza ko Yehova yiyumva gute abonye umuntu asenga abapfuye canke arondera ko bamufasha?
Ukuri kwerekeye urupfu kuratuma tuvavanura n’imigenzo idahimbara Yehova
5. Ukuri kwerekeye urupfu kuraturemesha
Abantu benshi bigishijwe ko bamaze gupfa bazobabazwa kubera ibicumuro bakoze muri kahise. Ariko biraremesha kumenya ko ata n’umwe ababazwa yapfuye, mbere naho yoba yakoze ibibi bingana gute. Nimusome Abaroma 6:7, muce muganira kuri iki kibazo:
Bibiliya ivuga ko iyo umuntu apfuye aba akuweko igicumuro ciwe. None woba wibaza ko hari umuntu yapfuye ariko arababazwa kubera ibicumuro yakoze muri kahise?
Uko turushiriza kumenya ivyerekeye Yehova, ni ko dutahura neza ko atokwigera ababariza abapfuye mu muriro. Nimusome Gusubira mu vyagezwe 32:4 na 1 Yohani 4:8, muce muganira kuri ibi bibazo:
Uravye ukuntu Imana idondorwa muri iyi mirongo, yoba yokwigera ibabaza abapfuye?
Kumenya ukuri ku vyerekeye urupfu vyoba biguhumuriza? Kubera iki?
HARI ABAVUGA BATI: “Ndatinya ibizohava binshikira ninapfa.”
Ni imirongo iyihe yo muri Bibiliya ihumuriza womusomera?
INCAMAKE
Igihe umuntu apfuye, ubuzima bwiwe buba buhagaze. Abapfuye ntibariko barababazwa kandi ntibashobora kugirira nabi abakiriho.
Wize iki?
Bitugendera gute iyo dupfuye?
Kumenya ukuri kwerekeye urupfu bidufitiye akamaro akahe?
Ni gute kumenya ukuri kwerekeye urupfu bishobora kuturemesha?
RONDERA N’IBINDI
Raba insobanuro y’ijambo “ubuzima (âme)” muri Bibiliya.
“Ubuzima (âme) ni iki?” (Ikiganiro co kuri jw.org mu gifaransa)
Nurabe nimba Imana ihana inkozi z’ikibi ikoresheje umuriro.
Twoba dukwiye gutinya abapfuye?
Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri? (agatabu)
Nurabe ingene umugabo umwe yumvise aremye igihe yamenya ukuri ku vyerekeye ingene abapfuye bamerewe.
“Narakozwe ku mutima n’inyishu zitomoye Bibiliya itanga” (Umunara w’Inderetsi, 1 Ruhuhuma 2015)