Indemesho
Kubera iki bihambaye ko abasavyi b’Imana baremeshanya?
Yes 35:3, 4; Kl 3:16; 1Ts 5:11; Heb 3:13
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
2Ng 32:2-8—Umwami Hezekiya yararemesheje abo yatwara igihe bari bahanzwe n’umwansi akomeye
Dn 10:2, 8-11, 18, 19—Umumarayika yararemesheje yongera arakomeza umuhanuzi Daniyeli igihe yari ageze mu zabukuru, ata dutege afise
Ni igiki abafise ubukuru basabwa ku bijanye no kuremesha abandi?
Raba kandi Mt 11:28-30
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Gus 3:28; 31:7, 8—Umuhanuzi Musa yararemesheje yongera arakomeza uwari agiye kumusubirira ari we Yosuwa, nk’uko Yehova yari yabimutegetse
Ivk 11:22-26; 14:22—Intumwa Pawulo na Barunaba bararemesheje abakirisu b’i Antiyokiya mu gihe c’uruhamo
Igihe turemesha abandi, kubera iki bihambaye ko tubakeza bivuye ku mutima?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Abc 11:37-40—Abigeme bo muri Isirayeli baraja kuramutsa umukobwa w’umucamanza Yefuta buri mwaka kugira bamukeze ku kuntu yitanga
Ivy 2:1-4—Naho Yezu yari akeneye gukosora abakirisu b’i Efeso, yaranababwiye ivyiza yababonako
Abasavyi ba Yehova bashobora gute kuremeshanya?
Img 15:23; Ef 4:29; Fp 1:13, 14; Kl 4:6; 1Ts 5:14
Raba kandi 2Kr 7:13, 15, 16
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
1Sm 23:16-18—Yonatani yararondeye umugenzi wiwe akiri muto Dawidi mu bihe bitoroshe, aramuremesha
Yoh 16:33—Yezu yararemesheje abayoboke biwe biciye ku karorero yatanga yongera arabahumuriza yuko na bo nyene bashobora gutsinda
Ivk 28:14-16—Igihe intumwa Pawulo yariko aja i Roma gusambishwa, yararemye abonye abavukanyi biwe bari bagize urugendo baje kumusanganira ngo bamuremeshe
Kubera iki bihambaye cane ko twirinda agatima ko kutubaha canke kwidodomba?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Gh 11:10-15—Agatima kabi Abisirayeli bagaragaje ko kutumvira karaciye intege cane umuhanuzi Musa
Gh 13:31, 32; 14:2-6—Amajambo ataremesha yavuzwe na cumi muri ba bagabo baja gusuma urusaku i Kanani yaraciye intege abantu, atuma bagarariza
Kubera iki kwifatanya n’abo dusangiye ukwizera bituremesha?
Img 27:17; Rm 1:11, 12; Heb 10:24, 25; 12:12
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
2Ng 20:1-19—Igihe umwami Yehoshafati yaterwa n’ingabo nyinshi zikomeye, yarakoranije abantu kugira basenge
Ivk 12:1-5, 12-17—Aho intumwa Yakobo amariye kwicwa, intumwa Petero na we agapfungwa, abo mw’ishengero ry’i Yeruzalemu barakoraniye hamwe barasenga
Kubona ibintu mu buryo bwiza bishobora gute kudufasha kwumirako igihe turi mu bihe bigoye?
Ivk 5:40, 41; Rm 8:35-39; 1Kr 4:11-13; 2Kr 4:16-18; 1Pt 1:6, 7
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
It 39:19-23; 40:1-8—Naho Yozefu yadenderejwe agapfungwa azira ubusa, yagumye ari intahemuka yongera arafasha abandi
2Bm 6:15-17—Igihe umuhanuzi Elisha yari ageramiwe cane, yaratsinze ubwoba yongera asaba Imana ngo ifashe umusuku wiwe guhera ubwoba
Indemesho dukura mw’ijambo rya Yehova
Ni impumurizo iyihe iranga urukundo Yehova aduha?
Kuzirikana ku kwihangana kwa Yehova n’imbabazi ziwe bishobora gute kuturemesha?
Ni igiki Yehova akorera abacitse intege?
Zb 46:1; Yes 12:2; 40:29-31; Fp 4:13
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
1Sm 1:10, 11, 17, 18—Igihe Hana yari afise amaganya kandi adundumiwe rwose, Yehova yarumvise isengesho ryiwe aramufasha kwumva aremye
1Bm 19:1-19—Igihe umuhanuzi Eliya yacika intege, Yehova yaramuhaye ibifungurwa n’amazi. Yaramuremesheje yongera aramusubiriza umutima mu nda mu kumwereka ko imbere ari heza
Icizigiro ca kazoza Bibiliya iduha gishobora gute kuturemesha?
2Ng 15:7; Zb 27:13, 14; Heb 6:17-19; 12:2
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Yb 14:1, 2, 7-9, 13-15—Igihe Yobu yari mu bihe bigoye cane, icizigiro c’izuka caramuhumurije
Dn 12:13—Igihe umuhanuzi Daniyeli yari afise nk’imyaka 100, umumarayika yaramuremesheje mu kumubwira impera azoronka muri kazoza
Kubera iki gusenga Yehova no kuzirikana ibimwerekeye bishobora kuturemesha?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
1Sm 30:1-9—Igihe umwami Dawidi yashikirwa n’ivyago, yarituye Yehova araronka inkomezi
Lk 22:39-43—Igihe Yezu yari mu kigeragezo gikomeye kuruta ibindi vyose, yaratakamvye maze Yehova amurungikira umumarayika ngo amuremeshe
Kwumva amakuru meza no kuyabwira abandi bishobora gute kuturemesha?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Ivk 15:2-4—Intumwa Pawulo na Barunaba bararemesheje cane amashengero bagendeye
3Yh 1-4—Intumwa Yohani ageze mu zabukuru, yararemeshejwe cane no kwumva ko abo yabwiye inkuru nziza bari bakigendera mu kuri