ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • scl rup. 88-89
  • Ubusaza; Abitereye mu myaka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubusaza; Abitereye mu myaka
  • Ivyanditswe bidufasha mu buzima
Ivyanditswe bidufasha mu buzima
scl rup. 88-89

Ubusaza; abitereye mu myaka

Ni ibiki bidushikira iyo dushaje?

Zb 71:9; 90:10

Raba kandi «Uruhoza​—Kuba hari ivyo tudashoboye kubera indwara canke ubusaza»

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Ums 12:​1-8—Umwami Salomo yarakoresheje amajambo ndyoshamvugo mu kudondora ubumuga buterwa n’ubusaza, nko kutabona neza («abakenyezi barabira mu madirisha bagasanga bwije») no kutumva neza («abakobwa . . . bagasigara baririmba n’ijwi ritoyi»)

Abageze mu zabukuru boba bashobora kugumana umunezero igihe bari mu bigeragezo canke hari ivyo batagishoboye kubera ubusaza?

2Kr 4:​16-18; Yak 1:​2-4

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Sm 12:​2, 23—Umuhanuzi Samweli, naho yari ashaje, yari azi ko bihambaye yuko abandanya gusengera abasavyi ba Yehova

    • 2Sm 19:​31-39—Umwami Dawidi yarashimye ingene umutama Baruzilayi yamufashe mu mugongo. Baruzilayi na we yarifashe ruto aremera ko hari ivyo atari agishoboye igihe yasabwa gukora ikintu kimurengeye

    • Zb 71:​9, 18—Igihe umwami Dawidi yabona ko ata co yari akimaze kubera ubusaza, yaringinze Yehova ngo ntamuhebe ahubwo amuhe inkomezi kugira ashobore kwigisha ivyerekeye Yehova urunganwe rukurikira

    • Lk 2:​36-38—Ana, umuhanuzikazi akaba n’umupfakazi ashaje cane, yarahezagiwe kubera ko yagumye yihebera Imana, akayikorera adahemuka

Yehova ahumuriza gute abashaje yuko abaha agaciro?

Zb 92:​12-14; Img 16:31; 20:29; Yes 46:4; Tt 2:​2-5

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 12:​1-4—Igihe Aburahamu yari afise imyaka 75, Yehova yaramushinze igikorwa cahinduye ubuzima bwiwe

    • Dn 10:​11, 19; 12:13—Igihe Daniyeli yari ageze mu myaka 90, umumarayika yaramubonekeye amubwira yuko Yehova amukunda cane kandi ko yoronse impera agumye ari umwizigirwa

    • Lk 1:​5-13—Yehova yarahezagiye umutama Zakariya n’umutamakazi Elizabeti mu kubakorera igitangaro, akabaha umwana w’umuhungu yitwa Yohani

    • Lk 2:​25-35—Yehova yarateye agateka umutama Simeyoni ko kubona uruyoya rwohavuye ruba Mesiya; Simeyoni yaravuze ubuhanuzi ku bimwerekeye

    • Ivk 7:​23, 30-36—Umuhanuzi Musa yari afise imyaka 80 igihe Yehova yamugena ngo ayobore abasavyi biwe b’Abisirayeli

Abitereye mu myaka dukwiye kubafata gute?

Lw 19:32; 1Tm 5:1

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 45:​9-11; 47:12—Yozefu yaratumyeko se igihe yari ashaje, aramwitwararika gushika apfuye

    • Rs 1:​14-17; 2:​2, 17, 18, 23—Rusi yarashigikiye umutamakazi Nawomi mu majambo no mu bikorwa

    • Yoh 19:​26, 27—Igihe Yezu yagira apfire ku giti co kubabarizwako, yarahaye wa mwigisha yakunda Yohani ibanga ryo kwitwararika nyina wiwe

Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe abakirisu bashobora gufasha abitereye mu myaka mw’ishengero?

1Tm 5:​3-5, 8-10, 16; Yak 2:​14-17

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika