Abahagarikizi b’ishengero
Ni ibisabwa ibihe abahagarikizi b’ishengero rya gikirisu bakwiye gushitsa ku rugero rwumvikana?
Ni ibindi bintu ibihe bisabwa abakirisu abahagarikizi b’ishengero bakwiye gushitsa?
Mt 28:19, 20; Gl 5:22, 23; 6:1; Ef 5:28; 6:4; 1Tm 4:15; 2Tm 1:14; Tt 2:12, 14; Heb 10:24, 25; 1Pt 3:13
Ni ibisabwa ibihe abakozi b’ishengero bakwiye gushitsa ku rugero rwumvikana?
Impwemu nyeranda igira uruhara uruhe mw’igenwa ry’abahagarikizi b’ishengero?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Ivk 13:2-5; 14:23—Abahagarikizi b’ingenzi Pawulo na Barunaba barazeza amabanga abagabo mu mashengero atandukanye. Muri kino gihe, abahagarikizi b’imizunguruko bakora nk’ukwo nyene. Barasaba impwemu nyeranda, bagasuzuma bitonze ibisabwa biboneka mu Vyanditswe vyahumetswe n’Imana
Tt 1:1, 5—Tito yarashinzwe igikorwa co kugendera amashengero atandukanye, akagena abakurambere
Ishengero ni rya nde, kandi ryaguzwe iki?
Kubera iki abahagarikizi b’ishengero bitwa abasuku?
Kubera iki abahagarikizi b’ishengero bakwiye kuguma bicisha bugufi?
Fp 1:1; 2:5-8; 1Ts 2:6-8; 1Pt 5:1-3, 5, 6
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
Ivk 20:17, 31-38—Intumwa Pawulo yaribukije abakurambere b’i Efeso ivyo yamaze imyaka arangura, kandi barakengurutse urukundo yabagaragarije
Abahagarikizi b’ishengero rya gikirisu babona gute ubuyobozi buva ku «mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge»?
Uburyo bwiza kuruta ubundi abakurambere bokwigisha abandi ni ubuhe?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Neh 5:14-16—Kubera ko buramatari Nehemiya yatinya Yehova akamwubaha, ntiyakoresheje nabi ubukuru yari afise ku basavyi b’Imana. Yarahevye n’ivyo yari afitiye uburenganzira
Yoh 13:12-15—Yezu yarigishije abigishwa biwe kwicisha bugufi mu kubaha akarorero
Abungere bakirisu bashobora gute kwerekana ko bitwararikana urukundo umwe wese mu bagize ishengero?
Abakurambere bafasha gute abarwaye mu vy’impwemu?
Ni ibanga irihe abakurambere bajejwe mu bijanye no kwigisha?
1Tm 1:3-7; 2Tm 2:16-18; Tt 1:9
Raba kandi 2Kr 11:2-4
Kubera iki abakurambere bakwiye kugira uko bashoboye ngo ishengero rigume ridahumanye mu vy’inyifato runtu?
1Kr 5:1-5, 12, 13; Yak 3:17; Yud 3, 4; Ivy 2:18, 20
Raba kandi 1Tm 5:1, 2, 22
Ni bande abakurambere bihatira kumenyereza?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Mt 10:5-20—Yezu yaramenyereje intumwa ziwe 12 imbere yo kuzirungika kwamamaza inkuru nziza
Lk 10:1-11—Yezu yarahaye abigishwa 70 ubuyobozi butomoye imbere yo kubarungika kwamamaza inkuru nziza
Ni igiki cofasha abakurambere kwitwararika amabanga menshi bajejwe?
Raba kandi Img 3:5, 6
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
1Bm 3:9-12—Umwami Salomo yasavye Yehova ubushobozi bwo gutandukanya ikibi n’iciza n’ubwo gutegera, kugira acire imanza abasavyi ba Yehova
2Ng 19:4-7—Umwami Yehoshafati yaragenye abacamanza mu bisagara vyo mu Buyuda, abibutsa ko Yehova yobafashije gushitsa iryo banga rihambaye
Ishengero rikwiye kubona gute abahagarikizi b’intahemuka?
1Ts 5:12, 13; 1Tm 5:17; Heb 13:7, 17
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Ivk 20:37—Abakurambere b’i Efeso ntibagonanywe kwerekana ko bakunda intumwa Pawulo
Ivk 28:14-16—Igihe intumwa Pawulo yariko aja i Roma, abavukanyi bo muri ico gisagara baragiye ibilometero nka 65 kugira babonane na we ku kaguriro ka Apiyo. Ivyo vyaramuremesheje cane