ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • scl rup. 81-82
  • Kwiga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwiga
  • Ivyanditswe bidufasha mu buzima
Ivyanditswe bidufasha mu buzima
scl rup. 81-82

Kwiga

Kubera iki umukirisu akwiye kwama yiga Ijambo ry’Imana?

Zb 1:​1-3; Img 18:15; 1Tm 4:6; 2Tm 2:15

Raba kandi Ivk 17:11

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Zb 119:​97-101—Biciye ku mpwemu y’Imana, umwanditsi w’amazaburi yaravuze ko akunda amategeko y’Imana, aravuga n’ivyiza biva mu kuyashira mu ngiro mu buzima bwiwe

    • Dn 9:​1-3, akajambo k’epfo.—Kubera ko umuhanuzi Daniyeli yiga ibitabu vyeranda, yarashoboye gutahura ko ya myaka 70 y’ubunyagano yari yimirije kurangira

Kubera iki dukeneye kubandanya twironsa ubumenyi?

Heb 6:​1-3; 2Pt 3:18

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Img 4:18—Nk’uko umuco wo mu gatondo ugenda urushiriza gukayangana, ni ko n’abantu b’ivy’impwemu bagenda barushiriza gutahura ukuri Yehova ahishura

    • Mt 24:​45-47—Yezu yavuze ko yogenye «umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge» ajejwe gutanga ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu igihe kigeze, mu misi ya nyuma

Kubera iki twoha agaciro ubukerebutsi bwo muri Bibiliya kuruta ubukerebutsi bwose buri mu bindi bitabu vyanditswe n’abantu?

Ums 12:​11-13; 1Kr 3:19; 1Tm 6:​20, 21; 2Pt 1:​19-21

Yehova asezeranira iki abiga Bibiliya babikuye ku mutima?

Img 2:​4-6; 9:10; Yoh 6:45

Kugira twungukire ku kwiyigisha Bibiliya, ni ibiki dukeneye gusaba Imana?

Lk 11:13; 1Kr 2:10; Yak 1:5

Raba kandi Zb 119:66

Kubera iki dukwiye kwironsa imfungurwa zose zo mu buryo bw’impwemu turonka biciye ku «mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge»?

Mt 24:​45-47

Raba kandi Mt 4:4; 1Tm 4:15

Kubera iki dukwiye kurondera ubumenyi butagira amakosa, tukitwararika gutahura n’utuntu tw’ido n’ido?

Fp 1:​9, 10; Kl 1:​9, 10

Kubera iki bihambaye ko turonka ubukerebutsi n’ugutegera?

Img 4:7; Ums 7:25

Kubera iki dukwiye gusoma twitonze tukongera tukazirikana ivyo dusoma?

Yos 1:8; Zb 1:2

Kubera iki dukwiye kuzirikana ukuntu twoshira mu ngiro ivyo Ijambo ry’Imana rivuga?

Rm 15:4; 1Kr 10:11; 2Tm 3:​16, 17; Yak 1:​22-25

Kubera iki dukwiye kuzirikana ku kuntu twobwira abandi ivyo twiga?

Img 15:28; 1Pt 3:15

Kuguma twiga inyigisho zihambaye z’ukuri bishobora gute kudufasha?

2Pt 1:13; 3:​1, 2

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Gus 6:​6, 7; 11:​18-20—Yehova yategetse abasavyi biwe kwigisha abana babo mu kuza barabasubiriramwo amajambo yiwe

Kuganira kw’Ijambo ry’Imana uko mugize umuryango bifise akamaro akahe?

Ef 6:4

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 18:​17-19—Yehova yashaka ko Aburahamu yokwigisha abo mu rugo rwiwe kugamburukira Imana bagakora ibigororotse

    • Zb 78:​5-7—Muri Isirayeli, abavyeyi basabwa kwigisha abana babo kugira ngo uko urunganwe rwogiye rurakurikira urundi, babandanye kwizigira Yehova

Kwigira hamwe n’ishengero bidufasha gute?

Heb 10:25

Raba kandi Img 18:1

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika