ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lmd icig. 3
  • Umutima mwiza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umutima mwiza
  • Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo Yezu yakoze
  • Twigira iki kuri Yezu?
  • Niwigane Yezu
  • Kwitwararika abandi
    Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Nureke “itegeko ry’ubuntu” rikuyobore
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Tubandanye kugaragaza ubuntu muri iyi si yuzuye ububisha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Abasavyi b’Imana bategerezwa gukunda kugira ubuntu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Nukunde abantu ubahindure abigishwa
lmd icig. 3

GUTANGUZA IKIYAGO

Yezu aregera impumyi yitonze kugira ayikize.

Yoh. 9:​1-7

ICIGWA CA 3

Umutima mwiza

Icanditswe c’ishimikiro: «Urukundo . . . rugira neza.»—1 Kor. 13:4.

Ivyo Yezu yakoze

Yezu aregera impumyi yitonze kugira ayikize.

IVIDEWO: Yezu akiza umugabo w’impumyi

1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Yohani 9:​1-7. Nuce uzirikana ibi bibazo:

  1. Ni igiki Yezu yatanguye gukora: gukiza uwo mugabo w’impumyi canke kumubwira inkuru nziza?—Raba Yohani 9:​35-38.

  2. Kubera iki ukwo kuntu Yezu yavyifashemwo bishobora kuba vyatumye uwo mugabo arushiriza kwakira neza inkuru nziza?

Twigira iki kuri Yezu?

2. Biroroha cane ko umuntu yumviriza ubutumwa twamamaza iyo abonye ko tumwitaho.

Niwigane Yezu

3. Nugaragaze impuhwe. Gerageza kwiyumvira uko uwo muntu yiyumva.

  1. Niwibaze uti: “Ni ibiki bishobora kuba bimuraje ishinga? Ni ibiki vyomufasha kandi bikamushimisha?” Ivyo bizotuma umukorera iciza wisunze uko ivyiwe vyifashe, bivuye ku mutima.

  2. Numwumvirize, werekane ko witayeho ibibazo vyiwe. Bishitse akakubwira uko yiyumva canke akavuga ingorane afise, ntuce uhindura ikiyago.

4. Nuvugane ubuntu n’icubahiro. Iyo ufitiye ikibabarwe umuntu ukaba kandi wipfuza kumufasha vy’ukuri, birabonekera mu kuntu uvuga. Niwiyubare ku vyo uvuga n’uburyo ubivuga, wirinde kuvuga ibintu vyoshobora kumubabaza.

5. Numufashe. Rondera uturyo twiza two kumufasha mu buryo bufadika. Kugaragariza umuntu umutima mwiza birashobora gutuma yemera ko muganira.

NURABE KANDI

Rom. 12:​15, 16; Gal. 6:10; Heb. 13:16

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika