50 SAWULI W’I TARUSO
Yarahinduye cane uburyo yiyumvira
MU NTANGO, Sawuli w’i Taruso ntiyicuza ku ruhara yagize mw’iyicwa rya Sitefano.a Mbere yarushiriza kuba mubi. Kubera ko yakunda cane idini yarimwo, «[yaragira] iterabwoba rikaze ku bigishwa b’Umukama» i Yeruzalemu. Yarata mw’ibohero abigishwa ba Yezu ata co abahora. Igihe baba barengutse imbere ya sentare, Sawuli yashigikira ko bicwa. Kubera urwo ruhamo rukaze, abigishwa benshi ba Yezu babwirijwe guhunga barava i Yeruzalemu. Ariko Sawuli yaciye aja kubahiga iyo bahungiye. Yarasavye umuherezi mukuru amakete amuha uburenganzira bwo kuja gufata abigishwa ba Yezu i Damasiko.
Sawuli amaze kuronka ayo makete, we n’abo bari kumwe baciye bafata urugendo baja mu buraruko mu gisagara ca Damasiko. Ntiyari azi ko Yezu ari muzima kandi ko yari iruhande ya Se mw’ijuru. Yehova n’Umwana wiwe bari bazi Sawuli. Barabona ko ashobora kuba umuntu mwiza. Sawuli n’abo bari kumwe begereje i Damasiko, hari umuco ukayangana waje bukwi na bukwi wakira irya n’ino yabo. «[Warusha] izuba gukayangana!» Sawuli yaciye agwa hasi aca arahuma.
Sawuli yagiye yumva ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: «Sawuli, Sawuli, umpamira iki?» Iryo jwi ryongeyeko riti: «Erega kuguma utera imigere ku mihunda birakugirira nabi.» Sawuli yaciye abaza ati: «Uri nde ga Mukama?» Inyishu yumvise ishobora kuba yatumye akanguka. Yamwishuye ati: «Ndi Yezu uriko urahama.» Yezu yaciye amubwira ahaguruke, aca aramubwira igikorwa yipfuza ko akora. Yamubwiye ko yipfuza ko amushingira intahe, akereka abantu bose ko ivyo Yezu yigishije ari ukuri. Sawuli yari ashinzwe igikorwa co gufasha abantu kuva mu mwiza bakaja mu muco.
Vyagenze gute ngo umuntu yahoze ahama abakirisu acike umwamamaji w’umunyamwete?
Iryo jwi rivuye mw’ijuru ryaratumye uwo mugabo w’umunyabwibone kandi w’inkozi y’ikibi yicisha bugufi. Kubera ko yari agihumye, abantu bari kumwe baciye bamujana i Damasiko, arindira ko hagira umukirisu aja kumuraba. Yamaze imisi itatu yisonzesheje kugira yerekane ko yigaye ivyo yakoze vyose. Nta gukeka ko yasenze Yehova cane, amubwira ko ababajwe no kuba yarahamye Umwana wiwe. Yezu yararungitse umukirisu yitwa Ananiya ngo aje kuraba Sawuli. Mu ntango Ananiya yaragize ubwoba, ariko yaragiye, arambika ibiganza kuri Sawuli. Bibiliya igira iti: «Ibintu bimeze nk’ibigaragamba bica biva ku maso yiwe.» Yaciye abona! Sawuli yari yahindutse. Yari yarushirije kwicisha bugufi no kuba inkerebutsi. Yaciye ‘ahaguruka arabatizwa.’
Sawuli agicika umukirisu yaciye atangura kwamamaza. Ntiyaciye asubira i Yeruzalemu, ahubwo yaciye akora ikintu kigoye cane. Yaciye aja mu masinagogi y’i Damasiko, kandi abantu bo ng’aho bashobora kuba bari bazi neza ko yahama abigishwa ba Yezu. Nta gukeka ko yasenze asaba umutima rugabo. Iyumvire ingene abantu batangaye igihe yababwira ko yari yarihenze, ko asigaye ari umukirisu! Kandi ntiyagarukirije aho. «Yaguma arushiriza kuronka ububasha, agatsinda Abayuda baba i Damasiko, abaha ivyemeza vyumvikana vyerekana ko Yezu ari we Kristu.»
Haciye igihe kanaka Sawuli aba i Damasiko, yarafashe urugendo aja muri Arabiya, hakaba hashobora kuba ari mu bugaragwa bwa Siriya. Bibiliya ntivuga ico yari agiye gukora, ariko ashobora kuba yashaka kumara akanya ari wenyene kugira asenge Yehova yongere azirikane cane ku vyo Yezu yamubwiye no ku gikorwa gishasha yari yashinzwe. Sawuli ntiyigeze areka kwiga Ivyanditswe no kubizirikanako. Yarahinduye cane uburyo yiyumvira. Mu nyuma yahavuye aremesha abakirisu b’i Roma kugira nk’ukwo nyene.—Rom. 12:2.
Sawuli ntiyigeze yibagira ibintu bibi yakoze muri kahise. Mbere n’inyuma y’imyaka itari mike yavuze ati: «Navuga nabi Imana, ngahama abantu bayo, nkaba n’umuntu atisonera.» (1 Tim. 1:13) Yaricujije cane kubona yarashigikiye urupfu rwa Sitefano. (Ivyak. 22:19-21) Ariko rero, Sawuli yari azi ko Yehova na Yezu bamubabariye kandi ko bariko baramuhezagira.
Haciye nk’imyaka itatu Sawuli ari Damasiko, Abayuda barashatse kumwica aca arayanyaga. Mu kumuhungisha, abandi bigishwa bamushize mu giseke baca bamwururutsa bamucishije mu gitoboro c’uruzitiro. Yaciye aja i Yeruzalemu. Ariko igikorwa cari kimurindiriye cari kinini.
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Sawuli w’i Taruso yerekanye gute umutima rugabo muri ico kiringo c’ubuzima bwiwe?
Niwinjire mu mizi
1. Kubera iki Sawuli yavuze ko igisagara yavamwo c’i Taruso cari «igisagara kitayoberanye»? (Ivyak. 21:39; w99 15/5 30 ing. 1-wcgr) A
Todd Bolen/BiblePlaces.com
Ifoto A: Ibisigarira vy’igisagara ca kera ca Taruso, n’ibarabara rishashemwo amabuye
2. Kubera iki twovuga ko Sawuli yari amenyereye imico y’Abayuda, iy’Abagiriki n’iy’Abaroma? (bt 70, uruzitiro ing. 1-3)
3. Igihe Sawuli yavuga ko Yezu yamubonekeye «[a]meze nk’umwana yavutse atageze» yashaka kuvuga iki? (1 Kor. 15:8; w22.09 27)
4. Ni igiki cemeza ko ivyo Luka yanditse mu Vyakozwe 9:11, 24, 25 ari ukuri? (g03 8/2 24-26-wcgr) B
Photo by ROLOC Color Slides
Ifoto B: Irembo ry’i Damasiko ryitwa Bab-Sharqi aho ibarabara ryitwa Irigororotse riherera
Rondera ivyigwa wohakura
Sawuli abigiranye ukwicisha bugufi, yaremeye gufashwa na Ananiya n’abandi bakirisu. (Ivyak. 9:17, 18; Kol. 4:10, 11) Ni ryari twokwemera ko abandi badufasha?
Sawuli ntiyaretse amashure yize canke amakosa yakoze muri kahise ngo bimubuze gukorera Yehova. (Flp. 3:4-8; 1 Tim. 1:12-16) Twomwigana gute? C
Ifoto C
Ni mu bundi buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo Sawuli yagaragaje muri iyi nkuru?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni kamere nziza izihe Sawuli yagaragaje muri iyi nkuru zituma uhimbarwa no kuba Yehova yaramutoye ngo afadikanye na Kristu kuganza?
Rondera kumenya n’ibindi
Raba ukuntu uwahoze ahama abakirisu nka Sawuli yahindutse.
Twigira iki kuri Sawuli mu bijanye no kugira urutonde rwiza rwo kwiyigisha, gutsimbataza urukundo no kwicisha bugufi?
«Nutere imbere mu vy’impwemu mu kwigana akarorero Ka Paulo» (w08 15/5 21-25)
a Naho Sawuli yahavuye yitwa Pawulo, kugira vyorohe muri iki kigabane tumwita Sawuli.