ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w96 1/7 rup. 9-14
  • Imihezagiro Canke Imivumo—Uburorero Kuri Twebwe Ubu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imihezagiro Canke Imivumo—Uburorero Kuri Twebwe Ubu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Imburizi Kazire Isengabimana
  • Imburizi Kazire Ubusambanyi
  • Imburizi Kazire Imyidogo y’Ubugarariji
  • Imburizi Kazire Umwidodombo
  • Egenya, Ubone Kwinovora ya Mihezagiro
  • Tiducike Abumva Bakibagira
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Twirinde “kwidodomba”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Imihezagiro Canke Imivumo—Hariho Ihitamwo!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Nugamburukire Ubukuru bw’Imana Udahemuka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
w96 1/7 rup. 9-14

Imihezagiro Canke Imivumo—Uburorero Kuri Twebwe Ubu

“Ivyo vyababayeko kugira ngo bitubere akarorero, kandi vyandikiwe kuduhanūra twebge, abashikwako n’amaherezo y’ibihe.”—1 AB’I KORINTO 10:11.

1. Nk’uko nyene umuntu agenzura igikoresho, ni ingenzuro nyabaki dukwiye kugira?

MUNSI y’umukuyenge w’irangi, ingese irashobora gutangura gukuguta igikoresho gikozwe mu cuma ata wuyibona. Ivyo bishobora kuba igihe kinaka imbere y’uko nya ngese iseruka inyuma. Ni nk’ukwo nyene, inyifato n’ivyipfuzo vy’umutima w’umuntu birashobora gutangura kwononekara imbere rwose y’uko bivamwo inkurikizi zikomeye canke y’uko mbere bibonwa n’abandi. Nk’uko twogenzura n’urwevu igikoresho kugira turabe ko coba kiriko kigwa ingese, ni ko ingenzuro ntasigaza twogira ku mitima yacu hamwe n’imbungabungo twoja turagira buri gihe vyoshobora gukingira ukutadohoka kwacu gukirisu. Tubivuze mu bundi buryo, turashobora kuronka imihezagiro y’Imana kandi tugashobora kuzibukira imivumo mvamana. Hari abashobora kwiyumvira yuko ya mihezagiro n’imivumo vyǎturirwa Isirayeli ya kera bifise insobanuro nke ku bahanganye n’isozēro ry’uru runkwekwe rw’ibintu. (Yosuwa 8:34, 35; Matayo 13:49, 50; 24:3) Ariko rero, ivyo si ko bimeze. Turashobora kwungukira rwose ku burorero mburizi bw’ivyabaye kuri Isirayeli, nk’uko vyerekanywe mu 1 Ab’i Korinto ikigabane c’10.

2. 1 Ab’i Korinto 10:5, 6 havuga iki ku vyashikiye Isirayeli mu bugaragwa?

2 Umuposolo Paulo arabangabanganya Abisirayeli bo munsi ya Musa n’Abakirisu bo munsi ya Kirisitu. (1 Ab’i Korinto 10:1-4) Naho igisata ca Isirayeli cari gushobora kwinjira mu Gihugu c’Isezerano, “abenshi muri bo, Imana ntiyabashimye, kuko bahonerejwe mu bugaragwa.” Paulo rero yabwiye Abakirisu nka we ati: “Arikw ivyo vyatubereye [uburorero] kugira ngo ntitwifuze ibibi, nk’uko ba bandi bāvyipfuje.” (1 Ab’i Korinto 10:5, 6) Ivyipfuzo bigaburirirwa mu mutima, ni co gituma dukeneye gukurikira uburorero mburizi Paulo adondagura.

Imburizi Kazire Isengabimana

3. Abisirayeli bǎkoze icaha gute mu bijanye na ya masa y’inzahabu?

3 Imburizi ya mbere ya Paulo ni: “Kandi ntimugasenge ibishushanyo vy’ibigirwamana, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bābisenga: nk’uko handitswe, ngw Abantu bicaritswe no kurya no kunywa, bava hasi baravyina.” (1 Ab’i Korinto 10:7, ni twe duhiritse izo ndome.) Ako karorero mburizi ni ka kandi k’Abisirayeli bǎsubira ku maryo ya Misiri bagahingura imasa ngirwamana y’inzahabu. (Kuvayo, ikigabane ca 32) Wa muyoboke Stefano yarerekanye ingorane nyamunini, ati: “Ba sogokuruza banse kumwumvira [Musa, umuserukizi w’Imana], baramwikunkumura, basubira [mu Misiri] mu mitima yabo, babgira Aroni, bati N’uturonkere imana zo kutuja imbere; kuk’umwe Mose yaturōngōye adukūra mu gihugu ca [Misiri], tutazi ico yabaye. Bironkera igishushanyo c’imasa mur’iyo misi, ico kigirwamana bakizanira ibimazi, bahimbarwa n’ibikorwa vy’intoke zabo.” (Ivyakozwe n’intumwa 7:39-41) Urabona yuko “mu mitima yabo” nya Bisirayeli b’imburabugirire bǎtaze ivyipfuzo bibi, ari vyo vyabashikanye kw isengabimana. “Bironkera igishushanyo c’imasa . . . ico kigirwamana bakizanira ibimazi.” Vyongeye, “[batangura gu]himbarwa n’ibikorwa vy’intoke zabo.” Harabayeho imiziki, ukuririmba, ugutamba, ukurya, n’ukunywa. Ni akarangabwami, nya sengabimana ryari iriryosharyosha kandi risamaza.

4, 5. Ni imimogorero nsengabimana miki dukeneye kuzibukira?

4 Misiri ngereranywa—isi ya Shetani—vy’ukuri irasenga ivy’ukwisamaza. (1 Yohana 5:19; Ivyahishuriwe Yohana 11:8) Irasenga abakinabikino, abaririmvyi, ba karuhariwe mu vy’inkino, hamwe n’intambo yabo, imiziki yabo, ivyibazo bafise ku vy’ibijajuro n’ibihe vy’ukwinezereza. Abenshi baragejejwe ngo bivobeke mu vy’imyisamazo bugingo babandanya bavuga ko basenga Yehova. Igihe umukirisu ategerezwa gukangīrwa kubera ubugirenabi, imero yiwe igoyagoya y’ivy’impwemu kenshi ushobora gusanga yandurutse ku vy’ukunywa ibinyobwa bikaze, ugutamba, hamwe n’ukwiryohereza mu buryo bunaka bwoshobora kumbure kuba bwegera isengabimana. (Kuvayo 32:5, 6, 17, 18) Imyisamazo imwimwe ni myiza ku magara, kandi irînovoretse. Yamara, muri iki gihe vyinshi mu miziki, ugutamba, amasenema, hamwe n’amavidewo vyo mw isi usanga bikongereza ivyipfuzo vy’umubiri vyononekaye.

5 Abakirisu b’ukuri ntibubama ngo baje mu nsengo y’ibimana. (2 Ab’i Korinto 6:16; 1 Yohana 5:21) Umwe wese muri twebwe abe inkenzi kugira ntiyizizirwe n’imyisamazo nsengabimana ngo ahave ahakwa gucumukuzwa n’inkurikizi zibabaza z’ukwiroha mu vy’ukwiryohereza mu buryo bw’iyi si. Twihereje ubwohe bw’isi, ivyipfuzo hamwe n’udutima ngiranabi birashobora gusembera mu muzirikanyi no mu mutima, mu buryo bumeze nk’ubutamenyekana. Iyo ivyo bidakosowe, bishobora guhava bivamwo ‘uguhonerezwa mu bugaragwa’ bw’urunkwekwe rwa Shetani.

6. Ni inkwakuro ntahesha nyabaki dukeneye gufata ku biraba imyisamazo?

6 Cokimwe na Musa igihe c’iyo nzeduka y’ivy’imasa y’inzahabu, mu vy’ukuri “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (NW) avuga ati: “Ni nde ari ku ruhande rw[a Yehova]? N’aze hano aho ndi”! Ugufata inkwakuro ntahesha ngo turange yuko duhagarariye dushikamye insengo y’ukuri birashobora kuba nkizabuzima. Umuryango wa Lewi ari wo wa Musa warakwakuye intateba kugira uzimanganye ubwohe bwuntûra. (Matayo 24:45-47; Kuvayo 32:26-28) Nuko rero, nuhwebuze witonze ihitamwo uhora ugira ry’imyisamazo, imiziki, amavidewo, n’ibisa n’ivyo. Niba usanze ari ivyononekaye mu buryo bunaka, nuje ku ruhande rwa Yehova. Wishimiye Imana mw izambo, gira amahindura mw ihitamwo ugira ry’imyisamazo n’imiziki, hanyuma usangangure ibintu bigirira umuntu nabi mu vy’impwemu, nk’uko nyene Musa yasanganguye ya masa y’inzahabu.—Kuvayo 32:20; Gusubira mu vyagezwe 9:21.

7. Dushobora gute gukingira wa mutima w’ikigereranyo?

7 Twoshobora gute kuzibira ikugutwa ry’umutima? Mu gutohoza Ijambo ry’Imana dushirutse ubute, tukareka ibintu-kuri biri muri ryo bikanyengetera mu mizirikanyi yacu no mu mitima yacu. (Abaroma 12:1, 2) Ni ivyumvikana, dukwiye kwitaba amahwaniro makirisu intahorereza. (Abaheburayo 10:24, 25) Ukurorēra amahwaniro twiraramiye vyoshobora kugereranywa n’ugusīgasiga irangi hejuru y’agace kǎguye ingese. Ivyo vyoshobora kudusayanganisha igihe kinaka gitoyi, ariko ntibitorera umuti imbangamyi nyamunini. Ahubwo, mu kwitegura hakiri kare, mu kuzirikana, hamwe no mu gutanga insasanuro dushirutse ubute ku mahwaniro, turashobora gukuraho bimwe bikomeye ibintu vy’ibikugusi vyohava vyisigaza mu migobwegobwe y’umutima wacu w’ikigereranyo. Ivyo bizodufasha kwumira kw Ijambo ry’Imana vyongere bidukomeze kugira turindireko ibigeragezo vy’ukwizera, tubone gucika ‘abatunganye rwose bahīngūwe.’—Yakobo 1:3, 4; Imigani 15:28.

Imburizi Kazire Ubusambanyi

8-10. (a) Ni akarorero mburizi gaki kerekezwako muri 1 Ab’i Korinto 10:8? (b) Amajambo ya Yezu dusanga muri Matayo 5:27, 28 ashobora gukurikizwa gute mu buryo nzananyungu?

8 Mu karorero gakurikira Paulo atanga, duhanurwa ngo: “Kandi ntitugas[ambane], nk’uko bamwe bo muri ba bandi bās[ambanye], maze hagapfamw’abantu ibihumbi mirongwibiri na bitatu ku musi umwe.”a (1 Ab’i Korinto 10:8) Uwo muposolo yariko yerekeza kuri ca gihe Abisirayeli bǔnamira imana zitari zo hanyuma “[baga]sambana n’Abanyamowabukazi.” (Guharūra 25:1-9) Ubushegabo mpuzabitsina ni agakwegarupfu! Kureka ivyiyumviro n’ivyipfuzo vy’ubushegabo bikirandararika ni nk’uguha inzira “igwangese” ry’umutima. Yezu yavuze icese ati: “Mwarumvise ko vyāvuzwe, ngo Ntugasambane. Ariko jeho ndababgira yuk’umuntu wese arāba umugore [kugirango amugirire ihahame, NW], aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe.”—Matayo 5:27, 28.

9 N’igishingira intahe inkurikizi mbi z’ ‘ukuraba kugirango umuntu agirire ihahame umugore,’ ni ingaruka y’ukwiyumvira kwuntûra kwa ba bamarayika bagarariji b’imbere y’Umwuzure wo mu gihe ca Nowa. (Itanguriro 6:1, 2) Ibuka kandi yuko imwe mu nzeduka nkuru z’agacamutima zo mu buzima bwa wa Mwami Dawidi yarámitswe n’ukubandanya araba umugore bimwe bitabereye. (2 Samweli 11:1-4) Ikinyuranye n’ivyo, wa mugabo Yobu w’umugororotsi yari yubatse, ‘yaragiraniye isezerano n’amaso yiwe yuko atoshira ijisho ku mwigeme,’ gutyo akazibukira ubushegabo kandi agahinyuza yuko agumya ukutadohoka. (Yobu 31:1-3, 6-11) Amaso yoshobora gusanishwa n’amadirisha y’umutima. Kandi ibintu bibibibi vyinshi bisohagurika biva mu mutima wononekaye.—Mariko 7:20-23.

10 Dukurikije amajambo Yezu yavuze, ntituzoha inzira ivyiyumviro bibi mu kuraba intimbikirweko z’ubweruzi canke mu kwigumizamwo ivyiyumviro vy’ubushegabo vyerekeye umukirisu nkatwe, uwo dukorana, canke uwundi wese. Ingese ntikurwa ku cuma mu guhanaguza gusa uburosi nya mukuguto. Ku bw’ico, ntugahungure inderembe ibishariro n’impengamiro vy’ubushegabo nka kumwe vyoba bitavuze kinini. Fata ingingo zikomeye wiranduremwo imbogamo za gishegabo. (Gereranya na Matayo 5:29, 30.) Paulo arihanikiza abemera bagenziwe ati: “Mwice ingingo zanyu ziri mw isi, ubus[ambanyi], ibihumanya, ukwifuza kw’umubiri, ukwifuza kubi kwose, no kwifuza ivy’abandi, ni kwo gusenga ibigirwamana; ivyo ni vyo bizanira uburake bg’Imana abantu b’intabarirwa.” Yego, kubera ibintu nk’ubushegabo mpuzabitsina, “uburake bg’Imana [buraza]” bukaba nk’inseruro y’umuvumo wayo. Ni co gituma dukeneye ‘kwica’ ingingo z’umubiri wacu ku biraba ivyo bintu.—Ab’i Kolosayi 3:5, 6.

Imburizi Kazire Imyidogo y’Ubugarariji

11, 12. (a) Ni imburizi nyabaki itangiwe mu 1 Ab’i Korinto 10:9, kandi ni inzeduka nyabaki ihavugwa? (b) Imburizi Paulo yatanze ikwiye kutunyengera gute?

11 Paulo hanyuma abūra ati: “Kandi ntitukagerageze [Yehova, NW], nk’uko bamwe bo muri ba bandi bāmugerageje, bakamarwa n’inzoka.” (1 Ab’i Korinto 10:9) Igihe bariko bagira rwa rugendo rutoroshe mu bugaragwa hafi y’umupaka wa Edomu, Abisirayeli “[bagumye] batonganya Imana na Mose, bati Mwadukūriye iki [mu Misiri], mukatuzana gupfira mur’ubu bugaragwa? kw ata vyo kurya tuharonka, ata n’amazi ariho, kandi tubihiwe n’ibi vyo kurya bitagira ikimazi,” ya mana bǎronswa ku gitangaro. (Guharūra 21:4, 5) Iyumvire nawe! Abo Bisirayeli ‘bǎgumye batonganya Imana,’ intunganyo yashinze bazita izigayitse!

12 Kuri iyo myidogo yabo, abo Bisirayeli bariko bagerageza umwiyumanganyo wa Yehova. Igihano nticasubijwe inyuma, kuko Yehova yarungitse inzoka z’ubumara hagati muri bo, hanyuma benshi muri bo bakîcwa n’amakomora yazo. Inyuma y’aho nya bantu bamariye kwigaya hanyuma Musa akabavugira, nya cago carahagaritswe. (Guharūra 21:6-9) Nta mazinda, iyo nzeduka ikwiye kutubera imburizi kugira ntitugaragaze agatima k’ubugarariji, k’ukwidoga, canecane kwidogera Imana n’intondeko zayo za gitewokarasi.

Imburizi Kazire Umwidodombo

13. 1 Ab’i Korinto 10:10 hatubūrira kazire ibiki, kandi ni ubugarariji buki Paulo yabona mu muzirikanyi?

13 Paulo yaradonze akarorero atanze ka nyuma kerekeye ba Bibisirayeli mu bugaragwa, avuga ati: “Kandi ntimukidodombe, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bidodomvye, bakamarwa n’umuranduzi.” (1 Ab’i Korinto 10:10) Ubugarariji bwaravyutse igihe Kora, Datani, Abiramu n’abo bifatanije bǎkwakura mu buryo butari ubwa gitewokarasi hanyuma bagahigisha ubukuru bwa Musa na Aroni. (Guharūra 16:1-3) Inyuma y’irandurwa ry’abo bagarariji, Abisirayeli batangura kwidodomba. Ivyo kwari ukubera batanguye gutegeza (kwiyumvira) yuko iryo randurwa ry’abagarariji ryari iry’akarenganyo. Guharūra 16:41 havuga icese hati: “Bukeye bgaho, ishengero ryose ry’Abisirayeli ryidodombera Mose na Aroni, riti Ni mwebge mwishe abantu b’Uhoraho.” Icavuye mu kunegura kwabo ukugene ubutungane bwashikijwe muri ico gihe, ni uko Abisirayeli 14 700 batikijwe n’ikiza kirungitswe n’Imana.—Guharūra 16:49.

14, 15. (a) Kimwe mu vyaha vy’ ‘abantu batubaha Imana’ bari binyegeteje mw ikorane cari igiki? (b) Ni igiki gishobora kwegenyerwa muri ya nzeduka y’ivyerekeye Kora?

14 Mu kinjana ca mbere G.C., ‘abantu batubaha Imana’ bǐnyegeteje mw ikorane rikirisu bǎrahinyutse ko ari abigisha batari bo n’abidodomvyi. Abo bagabo baza ‘bakengera ukuganzwa bagatuka n’abanyacubahiro,’ abagabo basīzwe bari bashinzwe ubucungezi bw’ikorane mu vy’impwemu ico gihe. Ku vyerekeye abahuni batubaha Imana, uwo muyoboke Yuda na we aravuga ati: “Abo n’abidodomba n’abanyamwikomo bagenda bakurikira ukwifuza kwabo.” (Yuda 3, 4, 8, 16) Muri iki gihe, hari abantu bacika abidodomvyi kubera ko barekerana agatima gakugusi mu vy’impwemu ngo gashinge imizi mu mutima wabo. Kenshi bitunira ku makemwa y’abari mu bibanza vy’ubucungezi mw ikorane hanyuma bagatangura kubidodombera. Ukwidodomba hamwe n’ukwidoga vyabo bishobora mbere gushika ku kunegura ibisohokayandikiro vya wa ‘mushumba w’umwizerwa.’

15 Birabereye kubaza ibibazo mvamutima vyerekeye iremezo rinaka ryo mu Vyanditswe. Ariko vyomera gute nka hamwe twokuza agatima kaneguzi kǐgaragarije mu biyago vy’ubuneguzi bigirirwa mu mugwi w’abagenzi ba cane? Twoba tugize neza twibajije duti, ‘Ibi bisa n’ibizotahīrira he? Ntivyoba ari vyiza cane kuruta ndetse kwidodomba hanyuma nkazamba nicishije bugufi kugira ndonke urwevu?’ (Yakobo 1:5-8; Yuda 17-21) Kora hamwe n’abashigikizi biwe, abǎgararije ubukuru bwa Musa na Aroni, bashobora kuba bari bajijutse cane yuko ukubona ibintu kwabo kwari kubereye, ku buryo batahwebuje ibiterangiro vyabo. Naho ari ukwo, bari bihenze buhere. Abisirayeli bǐdodomvye kubera irandurwa rya Kora na nya bandi bagarariji, na bo nyene kwari ukwo. Ese ukuntu biranga urwevu kureka uturorero nk’utwo tukadutera guhwebuza ibiterangiro vyacu, tukirukana ukwidodomba canke ukwidoga, hanyuma tugaha inzira Yehova akatumimina!—Zaburi 17:1-3.

Egenya, Ubone Kwinovora ya Mihezagiro

16. Iciyumviro nyamukuru kiri mu nyihanikizo iri mu 1 Ab’i Korinto 10:11, 12 ni ikihe?

16 Bivuye ku guhumekerwa n’Imana, Paulo yasozerereye urutondekane rw’ubutumwa mburizi kuri uyu mwihanikizo: “Arikw ivyo vyababayeko kugira ngo bitubere akarorero, kandi vyandikiwe kuduhanūra twebwe, abashikwako n’amaherezo y’ibihe. Nuko rer’uwiyumvira kw ahagaze ni yiyubare ntagwe.” (1 Ab’i Korinto 10:11, 12) Ntituvunire agati mu ryinyo ngo turahagaze mw ikorane ry’Abakirisu.

17. Mu gihe twiyumvisemwo igiterangiro kitabereye mu mutima wacu, dukwiye kugira iki?

17 Nk’uko icuma gishobora kugwa ingese, ni ko nyene twebwe abakomoka kuri Adamu munyacaha twarazwe impengamiro ija ku bubi. (Itanguriro 8:21; Abaroma 5:12) Ni co gituma tudakwiye gucibwa intege twiyumvisemwo igiterangiro kitabereye mu mutima wacu. Ahubwo, nidukwakure vy’akamara. Iyo icuma gitezwe akayaga karimwo ubutohé canke ahantu h’inkegeta, ugukugutwa kwaco kuratebuka cane. Turakeneye kuzibukira ukwitega ‘akayaga’ k’isi ya Shetani, hamwe n’imyisamazo yayo mibi, ubushegabo bwayo bw’umurandarara, n’agahengamiro kabi k’umuzirikanyi wayo.—Abanyefeso 2:1, 2.

18. Ni igiki Yehova yagize ku vyerekeye impengamiro mbi z’ubwoko-muntu?

18 Yehova yararonkeje abantu iyo bava bakagera uburyo bw’ukuzibira impengamiro mbimbi twarazwe. Yaratanze Umwana wiwe jishorimwe kugirango abatumikisha ukwizera muri we bashobore kugira ubuzima budashira. (Yohana 3:16) Dúkurikiye intambwe za Yezu tudata, kandi tukagaragaza ikamere-muntu isa n’iya Kirisitu, tuzobera abandi umuhezagiro. (1 Petero 2:21) Kandi, ico tuzoronka, ntizoba imivumo, ariko imihezagiro mvamana.

19. Dushobora gute kwunguka turimbūye uburorero dusanga mu Vyanditswe?

19 Naho muri iki gihe dushobora gukora ikosa nka kumwe kw’Abisirayeli ba kera, turafise Ijambo ryanditswe ry’Imana rirumye ry’ukutuyobora. Mu mpapuro zaryo, turahegenyera ivyo Yehova agirana n’ubwoko-muntu hamwe n’insinzoke afise zabonekeye muri Yezu, ‘we gukayangana kw’ubwiza bw’Imana, n’ishusho y’akameremere kayo.’ (Abaheburayo 1:1-3; Yohana 14:9, 10) Biciye mw izambo no mu gutohoza Ivyanditswe, turashobora kugira “ivyiyumviro vya Kristo.” (1 Ab’i Korinto 2:16) Iyo duhanganye n’inyosha mbi bo n’ibindi bigeragezo vy’ukwizera kwacu, turashobora kwungukira ku kwihweza uburorero bwa kera buvugwa mu Vyanditswe na canecane ka karorero nsumbabwose ka Yezu Kirisitu. Tubigenjeje dutyo, ntituzokwirirwa turashikirwa n’ishitswa ry’imivumo mvamana. Mu gishingo c’ivyo, tuzokwinovora ubutoneshwe buva kuri Yehova muri kino gihe hamwe n’imihezagiro yiwe ubudashira.

[Akajambo k’epfo]

a Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Mukakaro 1992, urupapuro 4.

Wewe Wokwishura Ute?

◻ Twoshobora dute gukurikiza impanuro ya Paulo y’ukudacika abasengabimana?

◻ Ni igiki dushobora kugira ngo dukurikire imburizi wa muposolo yatanze kazire ubusambanyi?

◻ Ni kuki dukwiye kuzibukira ukwidodomba n’ukwidoga?

◻ Vyoshoboka gute ko turonka imihezagiro y’Imana, atari imivumo?

[Ifoto ku rup. 10]

Niba dushaka imihezagiro mvamana, dutegerezwa kuzibukira isengabimana

[Ifoto ku rup. 12]

Nk’uko nyene ingese bikenewe ko ikurwaho, nidufate inkwakuro ntahesha kugira dukure ivyipfuzo bibi mu mitima yacu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika