‘Twigishe Kuzamba’
‘MUKAMA, twigishe kuzamba.’ Iyo nsabo yagizwe n’umwe mu bayoboke ba Yezu Kirisitu. (Luka 11:1) Uwo muyoboke atavuzwe izina biboneka yuko yari umugabo ashima cane rwose izambo. Abasenzi b’ukuri kino gihe na bo nyene baremera icese akamaro karyo. Nanone, izambo ni uburyo ducako ngo tubone guhabwa umubonano n’Umumenyekane Mukuru ahebuje mw ihangāre! Kandi iyumvire gatoyi! Umwe ‘yumvá izambo’ arashira ikebu ubwiwe ku ndazashinga zacu n’imyitwarariko yacu. (Zaburi 65:2) Igihambaye kuruta, duciye kw izambo, turakurira ubwatsi Mana kandi tukamushemeza.—Ab’i Filipi 4:6.
Yamara rero, amajambo ngo ‘twigishe kuzamba’ aravyura ibibazo bimwebimwe bikomakomeye. Mw isi nzima, hariho uburyo bwinshi bw’ukwegēra Mana bukoreshwa n’amadini atandukanye. Ariko none, hoba hariho uburyo bwiza na bubi bw’ukuzamba? Mu kwishura, reka tubanze dutereze ijisho ku migenzo imwimwe y’amadini ikundwa na benshi yerekeye ivy’ukuzamba. Tuja gucumbika ku yimogorewe muri Amerika y’Epfo.
Ibishusho n’“Abatagatifu Barinzi”
Mu bisanzwe, ibihugu vyo muri Amerika y’Epfo birakunda cane rwose ivy’idini. Nk’akarorero, muri Mekizike nzima, umuntu ashobora kuhasanga wa mumogorero ukundwa na benshi w’ukuzamba “abatagatifu barinzi.” Si ivy’imbeshere, ku bisagara vya Mekizike kugira “abatagatifu barinzi” bagirirwa imisi mikuru ku misi imwimwe, ni nk’umugenzo. Abagatolika bo muri Mekizike barazamba kandi ibishushanyo uburo budasekuye. Mugabo rero, kumenya “umutagatifu” yokwambazwa uwo ari we, biva ku bwoko bw’ico nyene gusenga yipfuza gusaba. Niba umuntu ariko arondera uwo bazokwubakana, ashobora gucanira ishashara “Mutagatifu” Antoni. Umuntu agomba kwurira umuduga ngo afate isafari, ashobora kwitura “Mutagatifu” Kirisitofe, umurinzi w’abafatangendo, canecane abagîra mu miduga.
Ariko none, iyo migenzo yamutse hehe? Inkuru-kahise yerekana yuko igihe imvukira za Esupanye bashika muri Mekizike, bǎsanzeho inyarucari bibânda ku gusenga imana mpagani. Mu gitabu ciwe Los Aztecas, Hombre y Tribu (Abaziteki, Umuntu n’Akabira), Victor Wolfgang von Hagen avuga ati: “Hǎriho imana zisângijwe n’umuntu, igiterwa cose kikagira imana yaco, akazi kose kakagira imana canke imanakazi yako, mbere n’ukwiyahura kwari gufise imana yakwo. Yacatecuhtli cari ikimana c’abatarafikayi. Muri iyo si y’imana nyinshinyinshi, imana zose zari zifise amahengamiro manaka hamwe n’impara zirangûra.”
Ico izo mana zari zihuriyeko n’“abatagatifu” ba Gatolika, cari indore ku buryo aho abigarurizi b’Abasupanyoli bǎgerageza “gukirisura” imvukira, bano ico bagize kwabaye ugukûra ubugandutsi ku bigirwamana vyabo hanyuma babushira ku “batagatifu” ba Ekeleziya. Ikiganiro kimwe co mu kinyamakuru The Wall Street Journal caremeje amamuko mashenzi y’Ubugatolika bumogorewe mu mihingo imwimwe ya Mekizike. Caravuze yuko mu ntara imwe, benshi mu “batagatifu” 64 basonerwa cane n’inyarucari bǎhaba bari bahuye n’ “imana zinaka z’Abamaya.”
Igitabu New Catholic Encyclopedia gisohora ivyiyumviro ngo “hagati y’umutagatifu n’abari kw isi hǎrashizweho umukanda w’ubwumvikane bwa cane bwishimiwe, . . . umukanda wongereza kandi ukadwega ubucuti umuntu agiranira na Kirisitu n’ubwo agirana na Mana, aho kubugabanya.” Ariko umukanda uboneka ko ari umurângá w’ubupagani vyoshoboka gute ko ukomeza cane ubucuti umuntu agiranira na ya Mana y’ukuri? Ubwo amazambo aturwa abo “batagatifu” yoba aryohera Mana vy’ukuri?
Amamuko y’Ishapule
Uwundi mugenzo ukundwa na benshi ni uwerekeye ikoreshwa ry’ishapule. Diccionario Enciclopédico Hispano-Americano (Inzinduzi nsikolopediya y’Ivy’Abahisupanike n’Abanyamerika) idondora ishapule ko ari “akanyuzi gatungiriyeko intete mirongwitanu canke ijana na mirongwitanu, hakagira n’izindi nininini kuziruta zizigabaguye mu mirongo ya cumicumi, ku musozo hakaba hunzweko umusaraba, uno ukabanza gutangurirwa n’intete zitatu.”
Mu gusigura ukuntu ishapule ikoreshwa, igisohokayandikiro kimwe ca Gatolika kivuga giti: “Ishapule Nyeranda ni ubwoko bw’igisabisho giterwa mw ijwi kikavugwa ku mutwe cerekeye Ibinyegezwa vy’ugucungurwa kwacu. Kigizwe n’imirongo cumi n’itanu. Buri murongo ugizwe n’ukudonda ca Gisabisho c’Umukama (Dawe wa Twese), hanyuma Mwaramutse Mariya cumi, hamwe na Gloria Patri (Haninahazwe Data) imwe. Ku murongo wose umuntu aragira umwisuzumo ku kinyegezwa.” Nya binyegezwa ni injijuzo, canke inyigisho, Abagatolika bakwiye kumenya, ngaha bikaba vyerekeye ubuzima, ukubabara, hamwe n’urupfu vya Kirisitu Yezu.
Igitabu The World Book Encyclopedia kivuga giti: “Uburyo bwa kare bw’ukuzamba hakoreshejwe ishapule bwatanguye mu Bukirisu muri vya Biringo Ncahagati, ariko buja gusa kuba agakwiragiye mu myaka y’1400 n’1500.” Ikoreshwa ry’ishapule ryoba rigirwa gusa n’Ubugatolika? Oyaye. Ya nzinduzi, Diccionario Enciclopédico Hispano-Americano, ivuga icese iti: “Intete nk’izo zirakoreshwa mu nsengo y’Abanyesilamu, Abalamesi n’Ababudha.” Si ivy’imbeshere, igitabu Encyclopedia of Religion and Religions kivuga ibi: “Bivugwa yuko Abamuhamadi ishapule yabo bǎyikuye ku Babudha, maze Abakirisu na bo bayikura ku Bamuhamadi igihe ca za Ntambara Ndwaniradini.”
Bamwe basohora ivyiyumviro ngo ishapule ikora bwa nyibutsabwenge gusa igihe bisabwe ko hasubirwamwo igitigiri kinaka c’ibisabisho. Ariko ubwo Mana yoba iryoherwa n’ikoreshwa ryayo?
Ntidukeneye gukêkakēka canke guharira ivy’uko imigenzo mwen’iyo yoba kibure itoba ibereye canke iri n’agaciro. Yezu yaratanze inyishu nyawisungwa ku nsabo yari igizwe y’uko yokwigisha abakurikizi biwe ukugene bozamba. Ivyo yavuze biraja kutuboneshereza, kumbure binatangaze abasomyi bamwebamwe.
[Ifoto ku rup. 3]
Abagatolika basanzwe bakoresha intete z’ishapule. Amamuko yazo ni amaki?