Ukuza kwa Yezu Canke Ukuhaba kwa Yezu—Dufate Iki?
“Ni igiki kizoba ari ikimenyetso c’ukuhaba kwawe n’ic’isozēro ry’urunkwekwe rw’ibintu?”—MATAYO 24:3, NW.
1. Ni uruhara ruki ibibazo vyari bifise mu gikorwa ngenerwa ca Yezu?
IKORESHA nyabuhanga ry’ibibazo rya Yezu ryatuma abumviriji biwe biyumvira, mbere bakarimbura ibintu mu buryo bushasha. (Mariko 12:35-37; Luka 6:9; 9:20; 20:3, 4) Turashobora gukura ubwatsi kubona kandi yarishura ibibazo. Inyishu ziwe ziraboneshereza ibintu-kuri tutohavuye tumenya canke dutahura.—Mariko 7:17-23; 9:11-13; 10:10-12; 12:18-27.
2. Ni ikibazo giki dukwiye gushirako ikebu ubu?
2 Muri Matayo 24:3, tuhasanga kimwe mu bibazo bihambaye kurushiriza mu vyo Yezu yigeze kwishura. Kubera ko impera y’ubuzima bwiwe kw isi yari yegereje, Yezu yari ahejeje kubûra yuko urusengero rw’i Yeruzalemu rwosenyaguwe, bikaranga iherezo ry’urunkwekwe ruyuda. Inkuru ishikirizwa na Matayo yongerako iti: “Bugingo yari yicaye ku Musozi [wa Elayono], abayoboke biwe baramwegera bihereranye, bavuga bati: Tubwire, ivyo bizoba ryari, kandi ni igiki kizoba ari ikimenyetso c’ukuhaba [“ukuza,” Bibiliya Yera] kwawe n’ic’isozēro ry’urunkwekwe rw’ibintu?”—Matayo 24:3, NW.
3, 4. Ni itandukaniro irihe riri n’ico rivuze riri mu vy’ukugene Bibiliya zihinzora ijambo nyamukuru ryo muri Matayo 24:3?
3 Amamiliyoni y’abasomyi ba Bibiliya bǎribajije, bati ‘Ni kuki nya bayoboke bǎbajije ico kibazo, kandi igisubizo Yezu yabahaye gikwiye gukora iki kuri jewe?’ Mu gisubizo Yezu yatanze, yaravuze ivy’itutuza ry’amababi ryerekana yuko agatǎsi “kari hafi.” (Matayo 24:32, 33) Ni co gituma amakeleziya atari make yigisha yuko nya baposolo bariko basaba ikimenyetso c’“ukuza” kwa Yezu, ikimenyetso kigaragaza ko uguhindukira kwiwe kuri bugufi. Bemera yuko “ukuza” kuzoba ari igihe aca atwara Abakirisu mw ijuru hanyuma maze akazana umuhero w’isi. Wewe woba wemera ko ivyo ari ko bimeze?
4 Aho guhinzora ngo “ukuza,” Bibiliya zimwezimwe, dushizemwo Les Saintes Écritures — Traduction du monde nouveau, zikoresha ijambo “ukuhaba.” Vyoshoboka none ko ico abayoboke bǎbajije hamwe n’ico Yezu yavuze mu gusubizayo biba ibitandukanye n’ivyigishwa mu makeleziya? Mu vy’ukuri hǎbajijwe iki? Kandi ni inyishu nki Yezu yatanze?
Bo Bǎriko Babaza Iki?
5, 6. Ni iciyumviro giki dushobora gupfundika ku vyerekeye ukwiyumvira kw’abaposolo igihe bǎbaza ca kibazo dusoma muri Matayo 24:3?
5 Turavye ico Yezu yavuze ku vyerekeye urusengero, ba bayoboke ntibabuze kuba bâriko biyumvira intondeko nyuda igihe bǎsaba ‘ikimenyetso c’ukuhaba [canke, “ukuza”] kwiwe hamwe n’isozero ry’urunkwekwe rw’ibintu [urudome ku rundi, “ikiringo”].’—Gereranya n’ “isi” muri 1 Ab’i Korinto 10:11 no mu B’i Galatiya 1:4, KJ.
6 Kugera ngaho abaposolo bari bafise gusa intahuro ngufi y’inyigisho za Yezu. Kare bǎri biyumviriye yuko “ubgami bg’Imana bugira buboneke uwo mwanya.” (Luka 19:11; Matayo 16:21-23; Mariko 10:35-40) N’inyuma y’ico kiyago nyene ku Musozi wa Elayono, ariko imbere y’uko basīgwa impwemu yera, bǎrabajije ko buno Yezu yoba yagomba agarukane bwa Bwami kuri Isirayeli.—Ivyakozwe n’intumwa 1:6.
7. Ni kuki abaposolo bǎbajije Yezu ivyerekeye uruhara yoranguye muri kazoza?
7 Yamara, bari bazi neza ko yohavuye, kuko yari aherutse kuvuga ati: “Hasigaye igihe gito umuco ukiri muri mwebge: ni mugende mugifise umuco.” (Yohana 12:35; Luka 19:12-27) Bashobora neza rero kuba bâribajije, bati ‘Niba Yezu agiye kuhava, tuzotahura gute ihindukira ryiwe?’ Igihe yaseruka ari Mesiya, benshi ntibamumenye. N’inyuma y’umwaka urenga, hǎgumye hari ibibazo vy’ukumenya ko yoshikije ivyo Mesiya yari kugira. (Matayo 11:2, 3) Urumva ko ba baposolo batari bihenze mu kubaririkiza ivya kazoza. Ariko, nubundi, boba bâriko basaba ikimenyetso c’uko vuba yoje, canke bariko basaba ikintu gitandukanye?
8. Abaposolo bisa n’uko bǎvugana na Yezu mu rurimi ruki?
8 Iyumvire yuko woba wari inyoni yumviriza ico kiyago ku Musozi wa Elayono. (Gereranya n’Umusiguzi 10:20.) Kumbure wari kwumva Yezu na nya baposolo bavugana mu Giheburayo. (Mariko 14:70; Yohana 5:2; 19:17, 20; Ivyakozwe n’intumwa 21:40) Yamara, bisa n’uko n’ururimi rw’Ikigiriki batari baruyobewe.
Ico Matayo Yanditse—Mu Kigiriki
9. Impibanuro nyinshi z’ubu zo kuri Matayo zishingiye kuki?
9 Imbikwamunyandiko zo mu kinjana ca kabiri G.C. zirerekana yuko Matayo yabanje kwandika Injili yiwe mu Giheburayo. Biboneka yuko mu nyuma yayanditse no mu Kigiriki. Imparangate nyinshi zo mu Kigiriki zarasigaye gushika muri iki gihe turimwo, kandi ni zo zabaye ishingiro ry’uguhibanura Injili yiwe mu ndimi za kino gihe. Ni igiki Matayo yanditse mu Kigiriki ku vyerekeye ico kiyago co ku Musozi wa Elayono? Ni ibiki yanditse ku vyerekeye “ukuza” canke “ukuhaba,” kumwe kwabazwa na ba bayoboke Yezu na we akagutangako insasanuro?
10. (a) Ni ijambo irihe ry’Ikigiriki Matayo akoresha kenshi ryahinzowe ngo “kuza,” kandi ni insobanuro nki rishobora kugira? (b) Ni irindi jambo ry’Ikigiriki irihe dukwiye kwitwararika?
10 Mu bigabane 23 vya mbere vya Matayo, incuro zirenga 80 turasangamwo irivuga ry’Ikigiriki gisanzwe ryahibanuwe ngo “kuza,” ari ryo erʹkho·mai. Kenshi ritanga iciyumviro c’ukwegera canke kwimiriza, nka kumwe kwo muri Yohana 1:47: “Yesu abona Natanayeli aza kuri we.” (Ni twe duhiritse izo ndome.) Bivuye kw ikoreshwa, nya rivuga erʹkho·mai rishobora gusobanura “gushika,” “kuja,” “kugera ku,” “gushikīra,” canke “kuba mu nzira.” (Matayo 2:8, 11; 8:28; Yohana 4:25, 27, 45; 20:4, 8; Ivyakozwe n’intumwa 8:40; 13:51) Ariko muri Matayo 24:3, 27, 37, 39, Matayo yakoresheje ijambo rindi, izina ata handi turisanga mu Njili: pa·rou·siʹa. Kubera ko Imana yahumetse iyandikwa rya Bibiliya, ni kuki yatumye Matayo acagura iryo jambo ry’Ikigiriki muri iyo mirongo igihe yakaramura Injili yiwe mu Kigiriki? Risobanura iki, kandi ni kuki dukwiye kurondera kubimenya?
11. (a) Ijambo pa·rou·siʹa rifise inyuro nyabaki? (b) Uturorero tuva ku vyanditswe na Josèphe twemeza gute intahuro dufise kuri pa·rou·siʹa? (Raba akajambo k’epfo.)
11 Ata kubica irya, pa·rou·siʹa risobanura “ukuhaba.” Inzinduzi imwe, Expository Dictionary of New Testament Words ya Vine, ivuga iti: “PAROUSIA, . . . [urudome ku rundi], ukuhaba, para, kumwe na, be na ousia, ukuba (rivuye muri eimi, kuba), ririmwo ukuza hamwe n’ukuhaba gukurikira [umuntu ari] kumwe na. Nk’akarorero, mw ikete ryanditse ku rufunzo, hari umwigeme avuga ivy’ubukenerwe bwa parousia yiwe ahantu hanaka kugira atunganye ibintu vyerekeye ishamvu ryiwe.” Izindi ntohozamajambo zisigura yuko pa·rou·siʹa ririmwo ‘ukugenderwa n’umutegetsi.’ Ni co gituma atari gusa nya mwanya ashitse, ariko ukuhaba kuva ku gihe c’ishika, kukabandanya. Birakwegēra kubona ari kwo umumenyeshakahise Josèphe w’Umuyuda wo mu gihe c’abaposolo yakoresheje pa·rou·siʹa.a
12. Bibiliya ubwayo idufasha gute kugira twemeze insobanuro ya pa·rou·siʹa?
12 Insobanuro “ukuhaba” iremezwa n’ivyandikano vya kera, yamara Abakirisu bitaho canecane ukugene Ijambo ry’Imana rikoresha pa·rou·siʹa. Inyishu ni yayindi—ukuhaba. Ivyo turabibonera mu burorero bwo mu makete ya Paulo. Nk’akarorero, yandikiye Abanyafilipi ati: “Nk’uko mwamye muganduka abe ari ko mushitsa agakiza kanyu, mutinya muhinda agashitsi, yamara s’iyo [ndahari] gusa, ariko n’ubu nyene naho [ntahari] ni murushirize.” Yaravuze kandi ivy’ukugumana na bo ku buryo bashobora kwigina biciye ‘mu gusubira kuhaba [pa·rou·siʹa] kwiwe ngo abe kumwe na bo.’ (Ab’i Filipi 1:25, 26, NW; 2:12) Izindi Bibiliya zisomwamwo ngo “ugusubira kuba kumwe namwe kwanje” (Weymouth; New International Version); “ninongera kuba kumwe namwe” (Jerusalem Bible; New English Bible); na “nimwasubira kungira hagati muri mwebwe.” (Twentieth Century New Testament) Mu rya 2 ku b’i Korinto 10:10, 11, Paulo yarahushanije ‘ukuhaba kwiwe ubwa nege’ n’ukuba ‘atahari.’ Muri ubwo burorero biriyaruye ko atǎriko avuga ivy’ukwegēra canke ugushika kwiwe; yakoresheje pa·rou·siʹa mu nyuro y’ukuba ahari.b (Gereranya na 1 Ab’i Korinto 16:17.) Twovuga iki none ku merekezo yagizwe kuri pa·rou·siʹa ya Yezu? Ayo yoba arimwo inyuro y’“ukuza” kwiwe, canke yoba yerekana ukuhaba kumara igihe?
13, 14. (a) Ni kuki ari ngombwa ngo dupfundike iciyumviro c’uko pa·rou·siʹa imara igihe kinaka? (b) Ni igiki gitegerezwa kuvugwa ku vyerekeye uburebure bwa pa·rou·siʹa ya Yezu?
13 Abakirisu basizwe impwemu bo mu gihe ca Paulo bari bitwararitse pa·rou·siʹa ya Yezu. Ariko Paulo yarababûriye ngo ‘ntibanyigange ngo bave ku ntegero yabo.’ Ubwa mbere “wa muntu w’umugarariji” ategerezwa kuza, ari na we yagaragaye ko ari abakuru b’Ubukirisu-bwitirano. Paulo yanditse yuko “[ukuhaba, “NW”] kw’uwo mugarariji kuri mu buryo bg’inkomezi za Satani, kuri n’ubushobozi bgose n’ibimenyetso n’ibitangaza vy’ibinyoma.” (2 Ab’i Tesalonike 2:2, 3, 9) Ni ivyiyaruye, iyo pa·rou·siʹa canke ukuhaba, y’uwo “muntu w’umugarariji” ntikwari gusa ukuza kumara igihe gitoyi; yomaze igihe kinaka, muri ico ibimenyetso vy’ikinyoma bikaba vyokozwe. Ni kuki ivyo biri n’ico bivuze?
14 Rimbura umurongo uza buno nyene imbere y’uwo: “Wa mugarariji azohishur[wa], umwe Umwami Yesu azokwicisha impwemu ziva mu kanwa kiwe, azomutītūza uguseruka kw’[ukuhaba, “NW”] kwiwe.” Nk’uko nyene ukuhaba kw’uwo “muntu w’umugarariji” kwomaze ikiringo c’igihe, ukuhaba kwa Yezu kwomaze igihe kinaka hanyuma igihe-gaheta cakwo kukaba uguhonya uwo “mwana wo kuranduka.”—2 Ab’i Tesalonike 2:8.
Imboneko z’Ururimi rw’Igiheburayo
15, 16. (a) Ni ijambo irihe riri n’ico ryisangije rikoreshejwe mu mpibanuro nyinshi zo mu Giheburayo zagizwe kuri Matayo? (b) Ijambo bohʼ rikoreshejwe rite mu Vyanditswe?
15 Nk’uko twabibonye, Matayo biboneka ko Injili yiwe yabanje kuyandika mu rurimi rw’Igiheburayo. None ni ijambo nyabaki ry’Igiheburayo yakoresheje muri Matayo 24:3, 27, 37, 39? Muri Matayo, Bibiliya zahibanuwe mu Giheburayo ca none zifise indemaremo y’irivuga bohʼ, muri ca kibazo abaposolo bǎbaza hamwe no mu gisubizo Yezu yabahaye. Ivyo vyotuma hasomwa uku: “Ni igiki kizoba ari ikimenyetso c[a bohʼ y]awe n’ic’isozēro ry’urunkwekwe rw’ibintu?,” na, “Uko vyari biri mu misi ya Nowa ni ko bizoba biri mu [bohʼ y]’Umwana w’umuntu.” (Matayo 24:3, 37) None bohʼ risobanura iki?
16 Naho irivuga bohʼ ry’Igiheburayo rifise inyuro nyinshi, kw ishimikiro risobanura “kuza.” Inzinduzi imwe, Theological Dictionary of the Old Testament, ivuga iti: ‘Ijambo bohʼ, iriza incuro 2 532, ni rimwe mu mavuga akunda gukoreshwa kuruta ayandi mu Vyanditswe vy’Igiheburayo kandi rikaba ku mutwe w’amavuga aserura ubugende. (Itanguriro 7:1, 13; Kuvayo 12:25; 28:35; 2 Samweli 19:30; 2 Abami 10:21; Zaburi 65:2; Yesaya 1:23; Ezekiyeli 11:16; Daniyeli 9:13; Amosi 8:11) Niba Yezu na ba baposolo bakoresheje ijambo rifise insobanuro indiri gutyo, inyuro yaryo yovyura ibibazo vyinshi. Ariko ryoba ari ryo bǎkoresheje?
17. (a) Ni kuki impibanuro nyinshi zigirwa ubu kuri Matayo mu Giheburayo atari ngombwa ngo zibe zerekana ico Yezu n’abaposolo bǎvuze? (b) Ni hehe kandi dushobora gusanga ikiyobozo cerekeye ijambo Yezu n’abaposolo boba bârakoresheje, kandi ni kubera iyindi mpamvu iyihe iryo sôko dukwiye kuryitwararika? (Raba akajambo k’epfo.)
17 Uribuka yuko Bibiliya z’Igiheburayo z’ubu ari impibanuro zoshobora kutazana nezaneza ico Matayo yakaramuye mu Giheburayo. Ikirukuri ni uko Yezu ashobora kuba yarakoresheje ijambo rindi atari bohʼ, iryari rihuye neza n’inyuro ya pa·rou·siʹa. Ivyo turabibonera mu gitabu citwa Hebrew Gospel of Matthew (Injili ya Matayo mu Giheburayo) co mu 1995, canditswe na Porofeseri George Howard. Ico gitabu gishimangira ku candikano carwanya Ubukirisu mu kinjana ca 14, canditswe n’umuganga muyuda Shem-Tob ben Isaac Ibn Shaprut. Ico candiko cashira ahabona igisomwa co mu Giheburayo c’Injili ya Matayo. Hariho ikimenyamenya c’uko aho kuba ico gisomwa ca Matayo cahibanuwe gikuwe mu Kilatini canke mu Kigiriki mu gihe ca Shem-Tob, cari ica kera cane kikaba kandi mu mamuko cari câtondānijwe mu Giheburayo.c Coshobora rero kutwegereza cane ivyavugiwe kuri wa Musozi wa Elayono.
18. Shem-Tob akoresha ijambo ry’Igiheburayo irihe rikwiye kwitwararikwa, rikaba risobanura iki?
18 Muri Matayo 24:3, 27, 39, igisomwa ca Matayo cahibanuwe na Shem-Tob ntigikoresha rya rivuga bohʼ. Mu gishingo caryo, gikoresha izina bi·ʼahʹ rijanye na ryo. Iryo zina riseruka mu Vyanditswe vy’Igiheburayo muri Ezekiyeli 8:5 gusa, aho risobanura “irasukiro.” Mu gishingo c’uguserura inkwakuro y’ukuza, bi·ʼahʹ ngaho ryerekeza ku muryango w’inyubakwa; igihe ugeze mu rwinjiriro canke mu mutangaro, uba uri muri nya nyubakwa. Kandi inzandiko z’ivy’idini zidashingiye kuri Bibiliya zo mu bizingo vyatowe ku Kiyaga c’Umunyu, kenshi zikoresha bi·ʼahʹ ku biraba ishika n’iyandamwa ry’ibirori vyerekeye ubuherezi. (Raba 1 Ngoma 24:3-19; Luka 1:5, 8, 23.) N’impibanuro mu Giheburayo yo mu 1986 ya Peshitta ya kera y’insiriya (canke mparameya), ikoresha bi·ʼahʹ muri Matayo 24:3, 27, 37, 39. Urumva rero ko hari ikimenyamenya c’uko mu bihe vya kera izina bi·ʼahʹ ryoba ryari rifise inyuro itandukanye mu buryo bunaka n’irivuga bohʼ rikoreshejwe muri Bibiliya. Ni kuki ivyo bikwiye kwitwararikwa?
19. Niba Yezu n’abaposolo bakoresheje bi·ʼah,ʹ ni iciyumviro giki twoca dupfundika?
19 Abaposolo mu kibazo cabo hamwe na Yezu mu gisubizo yabahaye, bashobora kuba bakoresheje iryo zina bi·ʼah.ʹ Naho abo baposolo boba mu muzirikanyi bari bafise gusa igishariro c’ugushika kwa Yezu kwo muri kazoza, Kirisitu ashobora kuba yakoresheje bi·ʼahʹ kugira ashiremwo ibiruta ivyo bǎriko biyumvira. Yezu ashobora kuba yariko adoma urutoke ku gushika kwiwe ngo yandame amabanga mashasha yiwe; ugushika kwiwe kwobaye ari intango y’uruhara rwiwe rushasha. Ivyo vyoca bihura n’inyuro ya pa·rou·siʹa Matayo yakoresheje mu nyuma. Iryo koreshwa ry’ijambo bi·ʼah,ʹ birumvikana, ryoba rishigikiye ico Ivyabona vya Yehova bǎmye bigisha kuva kera, yuko ca ‘kimenyetso’ Yezu yatanga kigizwe na vyinshi cari ikigaragaza ko ahari.
Ukurindira Igihe-gaheta c’Ukuhaba Kwiwe
20, 21. Ni igiki dushobora kwegenyera ku nsasanuro Yezu yatanze yerekeye imisi ya Nowa?
20 Intohozo tugira y’ukuhaba kwa Yezu, bidaciye kure ikwiye kugira ico ikoze ku buzima bwacu no ku vyo twiteze. Yezu yahimirije abakurikizi biwe kuguma bari maso. Yaratanze ikimenyetso kugira ukuhaba kwiwe gushobore kumenyekana, naho abenshi ata co bomenye: “Uko vyari biri mu misi ya Nowa ni ko bizoba mu [kuhaba, NW] kw’Umwana w’umuntu. Kukw ari ko bāri bameze mu misi umwuzure utaribgatere: bārarya, bāranywa, bārarongora, bārashingira, bageza kuri wa musi Nowa yinjiye muri bga bgato, ntibagira ico bamenya kugeza ah’umwuzure waziye ubatwara bose; ni k’[ukuhaba, NW] kw’Umwana w’umuntu kuzomera.”—Matayo 24:37-39.
21 Mu gihe ca Nowa, abantu benshi bo muri iryo yaruka baguma bikorera utwabo basanganywe. Yezu yavuze imbere y’igihe yuko ari ko vyobaye mu “[kuhaba, NW] kw’Umwana w’umuntu.” Abantu bakikuje Nowa bashobora kuba bariyumvisemwo ko ata kintu coshitse. Ariko ivyabaye urabizi. Iyo misi, iyaramvurutse igihe kinaka, yarashitse ku gihe-gaheta, “umwuzure [uraza] ubatwara bose.” Luka ashikiriza inkuru imeze nk’iyo, muri yo Yezu akaba yagereranije ‘imisi ya Nowa,’ n’ ‘imisi y’Umwana w’umuntu.’ Yezu yakebuye ati: “Ni ko bizoba, umusi Umwana w’umuntu [azohishurirwako].”—Luka 17:26-30.
22. Ni kubera iki dukwiye kwitwararika bimwe bidasanzwe ibimenyeshakazoza vya Yezu muri Matayo ikigabane ca 24?
22 Ivyo vyose kuri twebwe biri n’insobanuro idasanzwe, kuko tubayeho mu gihe dutahura neza vya bishikiragihe Yezu yamenyesha—uri intambara, ibinyamugigima, indwara z’ibiza, amapfa, hamwe n’uguhamwa kw’abayoboke biwe. (Matayo 24:7-9; Luka 21:10-12) Ivyo vyaribonekeje kuva aho habereye amatati mpindurakahise atapfuye kwitwa Intambara ya I y’Isi Yose, naho abantu benshi ivyo babona ko ari ibisanzwe mu bihimba vy’inkuru-kahise. Ariko rero, Abakirisu b’ukuri baranyurwa n’insobanuro y’ivyo bishikiragihe bihambaye, nk’uko nyene abantu bari maso babona itoha ry’igiti c’umusukoni bagatahura yuko agatasi kari hafi. Yezu yahanuye ati: “Nuko namwe ni mwabona ivyo bibaye, muze mumenye yuk’ubgami bg’Imana buri hafi.”—Luka 21:31.
23. Amajambo Yezu yavuze muri Matayo ikigabane ca 24 afise insobanuro idasanzwe kuri bande, kandi ni kuki?
23 Yezu ahanini igisubizo ciwe yatangiye ku Musozi wa Elayono yacerekeje ku bakurikizi biwe. Bari bo bogiyemwo muri wa murimo nkizabuzima w’ugukwiririza inkuru nziza mw isi yose imbere y’uko umuhero uza. Ni bo boshoboye gukerebuka bagatahura ‘ca kintu gisesemanye gitera ubuyobe . . . gihagaze ahantu heranda.’ Ni bo bobaye abitaba mu ‘guhunga’ imbere ya ya marushwa ahambaye. Kandi ni na bo canecane boshitsweko n’aya majambo yongeweko: “Iyo misi iy’itagerurwa [nta munofo wokize]; ariko kubg’abatoranijwe iyo misi izogerurwa.” (Matayo 24:9, 14-22) Ariko none ayo majambo nkwegavyiyumviro yoba asobanuye iki, kandi ni kuki twovuga ko atanga iremezo ry’uko twebwe ubu tugira agahimbare, umwishimiro n’umwete vyongerekanye? Intohozo ikurikira ya Matayo 24:22 iraja gutanga inyishu.
[Utujambo tw’epfo]
a Uturorero dutangwa na Josèphe: Ku Musozi Sinayi imiravyo n’imituragaro “yatangaje ko Imana ari ho iri [pa·rou·siʹa].” Inyigaragazo yiwe ku gitangaro mw itaberenakulo “yararanze ukuhaba [pa·rou·siʹa] kw’Imana.” Mu kurangira umusuku wa Elisa imikogote ihashagaje, Imana “yaragaragarije umusuku wayo ububasha n’ukuhaba [pa·rou·siʹa] vyayo.” Igihe umutware w’Umuroma Petronius yagerageza guhwamika Abayuda, Josèphe yavuze yuko ‘Imana vy’ukuri yarangiye Petronius ukuhaba [pa·rou·siʹa] kwayo,’ mu kurungika imvura. Josèphe pa·rou·siʹa ntiyarikoresheje kw iyegēra rigaragara canke kw ishika rimara igihe gito. Vyasobanura ukuhaba kubandanya, mbere kutaboneka. (Kuvayo 20:18-21; 25:22; Abalewi 16:2; 2 Abami 6:15-17)—Gereranya no mu gitabu Antiquities of the Jews, Igitabu ca 3, ikigabane ca 5, igifungo ca 2 [80]; ikigabane c’8, igifungo ca 5 [203]; Igitabu c’9, ikigabane ca 4, igifungo ca 3 [55]; Igitabu ca 18, ikigabane c’8, igifungo ca 6 [284].
b Mu ntohozamajambo imwe, A Critical Lexicon and Concordance to the English and Greek New Testament, E. W. Bullinger aradoma ku vy’uko pa·rou·siʹa risobanura ‘ukuba canke ugucika uwuhari, kugaca kuba ukuhaba, ugushika; ukuza kurimwo n’igishariro c’ugucumbika intahava guhera kuri ukwo kuza, no kubandanya.’
c Ikimenyamenya kimwe ni uko kirimwo imvugo y’Igiheburayo ngo “Rya Zina,” yanditswe yose canke mu mpfunyapfunyo, incuro 19. Porofeseri Howard yandika ibi: “Isomwa ry’Izina ry’Imana mu rwandiko rukirisu rwasubiwemwo ibirurimwo n’umurwanyavyiyumviro w’Umuyuda, riribonekeza. Niba iyo yari impibanuro mu Giheburayo y’urwandiko rukirisu rw’Ikigiriki canke rw’Ikilatini, umuntu yokwiteze gusanga adonai [Mukama] muri nya gisomwa, ntibe imenyetso isubirira rya zina ntadondoreka ry’Imana ari ryo YHWH. . . . Ntivyosigurika kuba we yarongeyeko iryo zina ntadondoreka ry’iridasigurika. Ico kimenyamenya kirerekana bimwe bikomeye yuko Shem-Tob yaronse igisomwa ciwe ca Matayo kímaze kujamwo nya Zina ry’Imana, n’uko yoba yararizigamye hako ahakwa kwagīrwa n’ukurikuramwo.” Impibanuro Les Saintes Écritures — Traduction du monde nouveau (à références) ikoresha igisomwa ca Matayo (J2) cǎhibanuwe na Shem-Tob bwa cishigikizo c’ugukoresha izina ry’Imana mu Vyanditswe vy’Ikigiriki Bikirisu.
Wewe None Wokwishura Ute?
◻ Ni kuki ari igihambaye ko tubona itandukaniro riri hagati y’ukugene Bibiliya zihinzora Matayo 24:3?
◻ Ni insobanuro nki iri muri pa·rou·siʹa, kandi ni kuki iyo ikwiye kwitabwaho?
◻ Ni imbangabanganyo nki ishoboka yoshobora kubaho hagati ya Matayo 24:3 mu Kigiriki no mu Giheburayo?
◻ Ku biraba igihe, ni ikintu giki gikuru dukeneye kumenya mu gutahura Matayo ikigabane ca 24?
[Ifoto ku rup. 4]
Wa Musozi wa Elayono, uwurengēra Yeruzalemu