ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w96 1/9 rup. 9-14
  • Wewe Uzokira Imana Niyahaguruka?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wewe Uzokira Imana Niyahaguruka?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico Yezu Yabûye, n’Icashitse
  • Umunofo Warakize—Gute?
  • Kazoza Kawe Gatekeye Iki?
  • ‘Ivyo Bintu Ntibizobura Gushika’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • “Tubwire: Ivyo bizoba ryari?”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • “Ukurokoka kwanyu kuzoba kuriko kuregereza”!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
w96 1/9 rup. 9-14

Wewe Uzokira Imana Niyahaguruka?

“Iyo misi iy’itagerurwa [nta munofo wokize]; ariko kubg’abatoranijwe iyo misi izogerurwa.”—MATAYO 24:22.

1, 2. (a) Ni kubera iki kwitwararika kazoza kacu atari ibidasanzwe? (b) Ubwitwararitsi busanzwe bushobora kuba bwarimwo ibibazo bihambaye ibihe?

WEWE witwararika ivyawe ku rugero rungana iki? Abatari bake kino gihe usanga bitwararika ivyabo kurenza, bakaba basatuntutwanje. Yamara, Bibiliya ntiyanka ko tugira ubwitwararitsi bubereye mu bitwerekeye. (Abanyefeso 5:33) Ivyo birimwo ukwitwararika kazoza kacu. Ntiwoba rero ugize ibidasanzwe urondeye kumenya ico kazoza kawe gatekeye. Woba uvyitwararitse?

2 Nta cotubuza kwemera ko abaposolo ba Yezu bǐtwararika kazoza kabo mwen’ukwo. (Matayo 19:27) Ico kirinda kuba carimwo, igihe bane muri bo bari kumwe na Yezu ku Musozi wa Elayono. Bo bǎbajije bati: “Ivyo bizobaho ryari, ikimenyetso kizoba iki, c’igihe ivyo vyose bizoba bigira bishike?” (Mariko 13:4) Yezu ntiyǐyobagije ubwitwararitsi umuntu asanganywe bwa kazoza—ubwabo n’ubwacu. Incuro n’izindi yarabonekesheje ukugene abakurikizi biwe bokwerekewe n’ibizoba, hamwe n’ico amaherezo vyovuyemwo.

3. Ni kuki igisubizo Yezu yatanze tugifatanya n’igihe turimwo?

3 Igisubizo Yezu yatanze kirerekana ikimenyeshakazoza kigira itaha rinini muri iki gihe turimwo. Ivyo dushobora kubibonera ku ntambara z’isi hamwe no ku yandi matati biba muri iki kinjana cacu, vya binyamugigima bikumakuma abantu ntaharurwa, ya mapfa azana indwara n’impfu, na vya biza—guhera kuri ka karanda k’inyonko nsipanyoli ko mu 1918 gushika kuri rya sîbe ry’INDWABUSOBI rihari ubu. Ariko rero, igice kinini c’igisubizo Yezu yatanze caratashe, bishikana ku gusangangurwa n’Abaroma kwa Yeruzalemu mu 70 G.C., na kwo nyene kurimwo. Yezu yabûriye abayoboke biwe ati: “Mwiyubare: kuko bazobashengerana mu manza, muzoshishagurirwa mu masinagogi, kandi muzohagarara imbere y’abaganza n’abami babampōra, mube ikimenyetso kibabere icabona.”—Mariko 13:9.

Ico Yezu Yabûye, n’Icashitse

4. Ni imburizi zimwezimwe izihe zǎrimwo mu gisubizo Yezu yatanze?

4 Yezu ntiyabûye gusa ukugene abandi bofashe abayoboke biwe. Yaranabakebuye ku vy’ukugene bo ubwabo bakwiye gukwakura. Nk’akarorero: “Aho muzobonera ca [kintu gisesemanye gitera, NW] ubugesera gihagaze aho kidakwiye, (ūsoma ni yiyubare), ico gihe abazoba bar’i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire.” (Mariko 13:14) Inkuru ibangabanganye n’iyo iri muri Luka 21:20, ivuga iti: “Ni mwabona i Yerusalemu hakikijwe n’ibitero.” Ivyo vyagaragaye gute ko ari ntagakosa mw itaha ryavyo rya mbere?

5. Ni ibiki vyashitse mu Bayuda mu 66 G.C.?

5 Igitabu kimwe, The International Standard Bible Encyclopedia (1982), kitubwira giti: “Abayuda bǎtera barushiriza kunanirana ku ntwaro y’Abaroma, n’abategetsi bakaba bârushiriza kuba inkoramabi, imburakigongwe, eka bakagunga. Ubugarariji bweruye bwaradutse mu 66 A.D. . . . Intambara yaratanguye igihe Abaziloti bacakira Masada hanyuma, bárongowe na Menahem, baragira imyiyerekano i Yeruzalemu. Ubwo nyene Abayuda mu gisagara ca buramatari c’i Kayisariya baragandaguwe, amakuru y’ubwo bwicanyi ntangere na yo arandagara mu gihugu cose. Ibingorongoro bishasha vyaraháramuweko ngo Umwaka wa 1 gushika ku Mwaka wa 5 w’akaguma.”

6. Akaguma k’Abayuda katumye Abaroma bagira iki?

6 Ilegiyoni Ndoma ya Cumi na Kabiri irongôwe na Cestius Gallus yarafashe inzira guhera i Siriya, iyogeza Galilaya na Yudaya, hanyuma maze itera umugwa mukuru, mbere irigarurira igihimba co haruguru ca ‘Yeruzalemu igisagara ceranda.’ (Nehemiya 11:1; Matayo 4:5; 5:35; 27:53) Isemo y’igitabu kimwe, The Roman Siege of Jerusalem, yaraciye muri make ivyabaye ivuga iti: “Abaroma bǎmaze imisi itanu bagerageza kunanagira igihome ca Yeruzalemu, kaja karacamwo bakigizwayo. Abavunnyi, aho barushirijwe n’urubura rw’imyampi, bǎhavuye batana n’akoho. Abasoda b’Abaroma bararemaremye iciswe testudo (“ikinyamasyo”)—ubuhinga bw’ugufatanganiriza inkinzo zabo ku mitwe kugira bikingire—basenyura nya gihome hanyuma bagerageza kururumbika urugi. Agacavutu gateye ubwoba gatekera ba bavunnyi.” Abakirisu bǎri imbere muri nya gisagara barashoboye kwibuka amajambo Yezu yari yaravuze hanyuma barakerebuka barabona ko ca kintu gisesemanye gihagaze ahantu heranda.a Ariko ko ico gisagara cari kizingujwe, abo Bakirisu boshoboye guhunga gute nk’uko Yezu yari yabagīriye inama?

7. Igihe intsinzi yagomba ishikîrwe mu 66 G.C., ni igiki Abaroma bagize?

7 Umumenyeshakahise Flavius Josèphe yigana ibi: “Cestius [Gallus], atâzi umwiheburo abǎsagirijwe bagize canke inyiyumvo abantu baho bafise, buno nyene yategetse abagabo biwe guheba gutera, araheba icizigiro c’intsinzi naho atari yaneshejwe, ata mpamvu iboneka iriho, ariyonjorora aheba ico Gisagara.” (The Jewish War, II, 540 [xix, 7]) Ni kuki Gallus yǐdohoye? Impamvu yaba nki, ukwidohora kwiwe kwatumye Abakirisu bagamburuka imbwirizo bari bahawe na Yezu hanyuma bahungira mu misozi, baja mu ntekane.

8. Igihimba kigira kabiri c’umwigoro Abaroma bagize kazire (barwanya) Yeruzalemu cari nyabaki, kandi ni ibiki vyashikiye abǎrokotse?

8 Ubugamburutsi bwari agakizabuzima. Haciye gato, Abaroma baravuye hasi ngo bacinye ka kaguma. Igitero kirongôwe na Jenerali Titus cashizwe gisagirije Yeruzalemu guhera muri Ndamukiza gushika muri Myandagaro 70 G.C. Birahagarika amaraso usomye indondoro igirwa na Josèphe y’ukuntu Abayuda bahacumukuriye. Uretse abǐshwe bariko barwanya Abaroma, abandi Bayuda baracincwe n’utugwi dukēbana tw’Abayuda, ikigoyi na co gituma bajamwo bararyana inyama. Aho Abaroma batsindiye, Abayuda 1 100 000 bari bamaze gupfa.b Mu barokoke 97 000, bamwe barishwe bukwi na bukwi; abandi bagizwe abaja. Josèphe avuga ati: “Abarenza imyaka cumi n’indwi bǎrashizweko iminyororo barungikwa mu bikorwa vy’imitunuruko mu Misiri, abandi ibitigiri n’ibitigiri na bo Titus abatanga ku maporovensi ngo bapfire mu bibanza vy’ibikino bîshwe n’inkota canke n’inyamaswa.” N’igihe batondanuriwe gutyo, ababohwa 11 000 bǎrakubaguwe n’ikigoyi ku gupfa.

9. Ni kuki Abakirisu batashikiwe n’inkurikizi yashikiye Abayuda, ariko ni ibibazo biki bigisigaye?

9 Abakirisu bǎrashobora gukura ubwatsi kubera bari bagamburutse imburizi y’Umukama kandi bagahunga nya gisagara imbere y’uko ingabo z’Abaroma zigaruka. Gutyo bǎrakize igihimba c’ico Yezu yise ‘amarushwa ahambaye atari bwigere abaho guhera ku kuremwa kw’isi gushika ico gihe, kandi atokwigeze asubira gushikira’ Yeruzalemu. (Matayo 24:21) Yezu yongeyeko ati: “Kand’iyo misi iy’itagerurwa [nta munofo wokize]; ariko kubg’abatoranijwe iyo misi izogerurwa.” (Matayo 24:22) Ico gihe ivyo none vyǎsigura iki, kandi ubu na ho bisigura iki?

10. Kare twahoze dusigura gute Matayo 24:22?

10 Mu gihe cahera, vyasiguwe ko ‘umunofo wokize’ wěrekeza ku Bayuda bǎrokotse amarushwa yashikiye Yeruzalemu mu 70 G.C. Abakirisu bari bâhunze, gutyo Imana igashobora kureka Abaroma bakazana isangangura ridateba. Mu yandi majambo, hárimbuwe ivy’uko “abatoranijwe” bǎri bári inze y’ingeramizi, iyo misi y’amarushwa yashobora kugerurwa, bigatuma ‘umunofo’ muyuda urokoka. Vyǐyumvirwa ko abo Bayuda bǎkize bǎri igitûtu c’abokize ya marushwa ahambaye ariko aza muri ino misi turimwo.—Ivyahishuriwe Yohana 7:14.

11. Ni kuki bisa n’uko insiguro y’ivyo muri Matayo 24:22 ikwiye gusubira kurimbūrwa?

11 Ariko iyo nsiguro yoba ihuye n’ivyashitse mu 70 G.C.? Yezu yavuze yuko ‘umunofo’ w’umuntu ‘wokize’ ukava muri ayo marushwa. Wokoresha none ijambo ‘abakize’ udondora abo barokoke 97 000, urâvye ivy’uko hari ibihumbi muri bo bǎpfuye mu nyuma bishwe n’ikigoyi canke bagacincirwa mu kibanza c’ibikino? Ku vyerekeye ikibanza kimwe c’ibikino i Kayisariya, Josèphe avuga ati: “Igitigiri c’abapfiriye mu mitītano n’inyamaswa canke mu kunigana kwabo ubwabo canke bagaturirwa babona, cararenga 2 500.” Naho batapfiriye muri nya musagirizo, mu vy’ukuri ‘ntibakize.’ None Yezu abo yobarimbuye ko basa n’abarokoke bahǐrwe bazokira ya ‘marushwa ahambaye’ ariko araza?

Umunofo Warakize—Gute?

12. “Abatoranijwe” bo mu kinjana ca mbere Imana yari yitwararitse bari bande?

12 Mu 70 G.C., Abayuda b’imvukira Imana ntiyari ikibabona nk’igisata ciwe catoranijwe. Yezu yararanze ko Mana yari amaze gushibura iryo hanga n’uko yoretse umugwa mukuru waryo, urusengero rwaho hamwe n’urunkwekwe rw’ivy’ugusenga rwaho bikarangira. (Matayo 23:37–24:2) Imana yatoranije ihanga rishasha, Isirayeli yo mu vy’impwemu. (Ivyakozwe n’intumwa 15:14; Abaroma 2:28, 29; Ab’i Galatiya 6:16) Ryari rigizwe n’abagabo n’abagore bǎtoranijwe mu mahanga yose bagasigwa impwemu yera. (Matayo 22:14; Yohana 15:19; Ivyakozwe n’intumwa 10:1, 2, 34, 35, 44, 45) Imyaka mikeyi imbere y’uko igitero kirongowe na Cestius Gallus kiba, Petero yarandikiye ‘abatoranijwe mu kweza kw’impwemu nk’ukw Imana Data wa twese yabamenye uhereye kera.’ Abo basîgwampwemu bǎri ‘ubwoko bwǎtoranijwe, bakoranije kuba abami n’abaherezi, ihanga ryeranda.’ (1 Petero 1:1, 2; 2:9) Imana abo batoranijwe yobatwaye mw ijuru kuja ku ngoma kumwe na Yezu.—Ab’i Kolosayi 1:1, 2; 3:12; Tito 1:1; Ivyahishuriwe Yohana 17:14.

13. Amajambo Yezu yavuze muri Matayo 24:22 ashobora kuba yari afise inyuro nki?

13 Ukwo kugenekereza abǎtoranijwe abo ari bo birafasha, kuko Yezu yabûye yuko imisi ya nya marushwa yogeruwe “kubg’abatoranijwe.” Ijambo ry’Ikigiriki rihibanuwe ngo ‘ku bwa’ rishobora kandi guhinzorwa ngo ‘ku neza ya’ canke ‘harimbuwe ineza ya . . .’ (Mariko 2:27; Yohana 12:30; 1 Ab’i Korinto 8:11; 9:10, 23; 11:9; 2 Timoteyo 2:10; Ivyahishuriwe Yohana 2:3) Yezu rero ashobora kuba yariko avuga, ati ‘Kiretse iyo misi igeruwe, nta munofo uzokira; ariko ku neza ya bamwe batoranijwe iyo misi izogerurwa.’c (Matayo 24:22) Hoba hari icashitse cǔnguye canke cǎbaye ‘kubera ineza ya’ bamwe bǎtoranijwe b’Abakirisu bǎfatirwa i Yeruzalemu?

14. ‘Umunofo’ wakize gute igihe ingabo za Roma zǐdohora i Yeruzalemu bitari vyitezwe, mu 66 G.C.?

14 Ibuka yuko mu 66 G.C. Abaroma baciye mu gihugu, bafata igihande ca Yeruzalemu co haruguru, hanyuma bagatangura gusenyura ca gihome. Josèphe asasanura ati: “Iyo gusa ashishikara uwo musagirizo kandi gatoyi, ico Gisagara yari kugicakira adatevye.” Ibaze, ‘Ko ingabo z’Abaroma zari zikomeye, ni kuki buno nyene zaciye ziheba ico gitero hanyuma bakidohora “ata mpamvu iboneka iriho”’? Rupert Furneaux, umuhinga mu vy’ugusobanura inkuru-kahise z’ivy’igisirikare, asasanura ibi: “Nta mumenyeshakahise n’umwe arashobora gutanga impamvu nyayo y’igituma Gallus yafashe iyo ngingo itangaje y’ubutindi.” Impamvu yaba nki, ico vyavuyemwo ni uko nya marushwa yageruwe. Abaroma bǎridohoye, Abayuda na bo babajako bábatera ingenda. Ba ‘batoranijwe’ b’Abakirisu bǎfatwa bo bite? Aho umusagirizo uviriyeho vyasiguye ko bakize ugucincwa kwari kubahanamiye muri nya marushwa. Nuko rero, abo Bakirisu bǔngukiye kw igerurwa rya nya marushwa mu 66 G.C. ni bo ‘munofo’ wakize uvugwa muri Matayo 24:22.

Kazoza Kawe Gatekeye Iki?

15. Ni kuki wovuga yuko Matayo ikigabane ca 24 hakwiye kwitwararikwa bidasanzwe muri iki gihe turimwo?

15 Umunaka yobaza, ati ‘Ni kuki nkwiye canecane kwitwararika iyi ntahuro itonganuye y’amajambo Yezu yavuze?’ Vyumve, hariho impamvu ihagije y’ugupfundika iciyumviro c’uko ikimenyeshakazoza ca Yezu cari icogize irindi taha rinini kuruta, rirenga iryabaye gushika mu mwaka wa 70 G.C., na wo nyene urimwo.d (Gereranya na Matayo 24:7; Luka 21:10, 11; Ivyahishuriwe Yohana 6:2-8.) Ivyabona vya Yehova baramaze imyaka mirongo bakwiririza yuko iranguka rikuru rishika muri iki gihe turimwo rigaragaza yuko dushobora kwitega “amarushwa ahambaye” araririye gushika ku rugero runini. Mu gihe cayo, ya majambo menyeshakazoza yo muri Matayo 24:22 azotaha gute?

16. Ni ikintu kiremesha ikihe Ivyahishuwe bitanga ku vyerekeye ya marushwa ahambaye ariko yegereza?

16 Imyaka nka mirongo ibiri inyuma y’amarushwa yashikiye Yeruzalemu, umuposolo Yohani yaranditse igitabu c’Ivyahishuwe. Caremeje yuko amarushwa ahambaye yimirije kuzoba. Kandi, kubera ko twitwararitse ibitwerekeye ubwacu, tworuhurwa n’ukumenya yuko Ivyahishuwe bimenyesha kazoza bídusubiriza umutima mu nda yuko umunofo wa kimuntu uzobaho ugakira ayo marushwa ahambaye. Yohani yarabuye “ishengero ryinshi, . . . bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose.” Abo ni bande? Ijwi riva mw ijuru ryishura riti: “Aba n’abāvuye muri wa mubabaro mwinshi.” (Ivyahishuriwe Yohana 7:9, 14) Egome, bazoba abarokoke! Ivyahishuwe biraduha uguca mu kajisho mu vy’ukuntu ibintu bizosanzuruka muri ya marushwa ahambaye agiye kuza hamwe no mu vy’ukuntu Matayo 24:22 hazotaha.

17. Igice c’intango ca ya marushwa ahambaye kizoba kirimwo ibiki?

17 Igice c’intango c’ayo marushwa kuzoba uguterwa kw’imaraya ngereranyo yitwa “Babuloni Hahambaye.” (Ivyahishuriwe Yohana 14:8; 17:1, 2) Iyo igereranya inganji nkwirasi y’idini y’ikinyoma, muri iyo Ubukirisu-bwitirano bukaba ari bwo bwagîrwa cane kuruta. Dukurikije amajambo yo mu Vyahishuriwe Yohana 17:16-18, Imana izoshira mu mutima w’abanyapolitike ngo batere iyo ndaya ngereranyo.e Iyumvire ukugene vyoboneka ku ‘batoranijwe’ basīzwe b’Imana hamwe n’abifatanije na bo, za ‘zindi ntama.’ Uko iryo terwa ry’idini ryunguruza, vyoshobora gusa n’uko rizozimanganya amungungane yose y’ivy’idini, dushizemwo igisata ca Yehova.

18. Ni kuki vyoshobora gusa n’uko ata ‘munofo’ uzokira mu gihimba c’intango ca ya marushwa ahambaye?

18 Aho ni ho amajambo Yezu yavuze muri Matayo 24:22 azotaha ku rugero runini cane. Nk’uko abǎtoranijwe b’i Yeruzalemu bǎbonetse yuko bageramiwe, abasuku ba Yehova bashobora kuzoboneka yuko bageramiwe n’ukuzimanganywa mu gihe c’iterwa ry’idini, nka kumwe umengo iryo terwa ryohanagura ‘umunofo’ wose w’igisata c’Imana. Yamara, nitugumye mu muzirikanyi ivyabaye aho mu 66 G.C. Nya marushwa yatewe n’Abaroma yarageruwe, bituma abatoranijwe basīzwe b’Imana bagira akaryo gahagije k’uguponyoka bakabona kuguma ari bazima. Gutyo, turashobora kugumiza umutima mu nda yuko iterwa ry’agasanganguro rizoba kw idini ritazorekwa ngo rikunguture ikorane nkwiramubumbe ry’abasenzi b’ukuri. Rizokwakwanya, nka kumwe hoba ari “[m]u musi umwe.” Mugabo, mu bugene bunaka, iryo tera rizogerurwa, ntirizorekwa ngo risozere icigerero caryo, kugira igisata c’Imana gishobore ‘gukira.’—Ivyahishuriwe Yohana 18:8.

19. (a) Inyuma y’igihimba ca mbere ca ya marushwa ahambaye, ni ibiki bizokwibonekeza? (b) Ivyo bizojana ku giki?

19 Abagize iyindi mice y’iyungungane ryo kw isi rya Shetani ya Diyǎbule mu nyuma bazobandanya igihe kinaka, báririra ihomba ry’ivyo yahora igirana n’umuhabarakazi wabo. (Ivyahishuriwe Yohana 18:9-19) Ku gihe kinaka, bazobona ko abasuku b’Imana b’ukuri bagumyeho, “[bi]bereye [mu] mpore ata co binona, bose uko bangana baba ahatubakiwe inzitiro,” baboneke ko boroshe icakira. Ese ugutangara babikiwe! Mana na we azokwishura agasomborotso nyakuri canke gahanamirijwe abasuku biwe, ave hasi acire urubanza abansi biwe bose mu gihimba ca nyuma ca nya marushwa ahambaye.—Ezekiyeli 38:10-12, 14, 18-23.

20. Ni kuki igice ca kabiri ca ya marushwa ahambaye kitazoshira mu bugeramirwe igisata c’Imana?

20 Ico gice kigira kabiri ca nya marushwa ahambaye kizobangabangana n’ivyabaye kuri Yeruzalemu hamwe n’abaturagi baho mw iterwa n’Abaroma rigira kabiri mu 70 G.C. Azogaragara ko ari “amarushwa ahambaye atigeze kubaho kuva kw itanguriro ry’isi ugashitsa [buno], kandi [a]tazokwongera kubaho.” (Matayo 24:21) Mugabo turashobora kugumiza umutima mu nda, yuko abǎtoranijwe b’Imana hamwe n’abifatanije na bo batazoba mu karere k’ingeramizi, ngo bahakwe kwicwa. Eh, ntibazoba birukiye ahantu hanaka kw isi. Abakirisu b’i Yeruzalemu bo mu kinjana ca mbere bǎshobora guhunga bava muri ico gisagara, baja mu ntara y’imisozi, nk’i Pela hakurya ya Yorodani. Ariko rero, muri kazoza, Ivyabona bizerwa b’Imana bazoba bakwiragiye ku mubumbe iyo uva ukagera, ari yo mpamvu intekane n’ubukingirwe bitazoba bishingiye ku vy’uko baherereye ahanaka kw isi.

21. Irwana rizogirwa na nde muri rwa rugamba rwa nyuma, kandi bizovamwo iki?

21 Iryo sangangurwa ntirizogirwa n’inteko z’Abaroma canke ikindi gikoresho kinaka c’abantu. Ahubwo, igitabu c’Ivyahishuwe kiradondora inteko nyawica ko ari izituruka mw ijuru. Yego, ico gihimba ca nyuma c’amarushwa ahambaye kizoshitswa, ariko ntikizoshitswa n’ingabo z’abantu namba, ariko na “Jambo w’Imana,” wa Mwami Yezu Kirisitu, asahirijwe n’ “ingabo zo mw ijuru,” hashizwemwo Abakirisu basīzwe bazutse. Wa ‘Mwami w’abami n’Umukama w’abakama’ azoshitsa iyica ritsembatsemba kuruta ryarindi Abaroma bagira mu 70 G.C. Rizozimanganya abarwanya Imana bose—abami, abakomanda ba gisirikare, abidegemvya n’abagaragu, abatobato n’abahambaye. N’amungungane y’abantu yo muri iyi si ya Shetani azokwihurira n’umuhero.—Ivyahishuriwe Yohana 2:26, 27; 17:14; 19:11-21; 1 Yohana 5:19.

22. ‘Umunofo’ uzokira mu yindi nyuro nki?

22 Ibuka ko ‘umunofo,’ uw’amasigarira hamwe n’uwa rya ‘shengero ryinshi,’ uzoba umaze gukizwa igihe Babiloni Hahambaye izoba yarimbutse nk’ejo igaherengetera mu gihimba ca mbere ca ya marushwa. Nk’ukwo nyene, mu gihimba ca nyuma c’ayo marushwa, ‘umunofo’ uhungiye ku ruhande rwa Yehova uzokira. Ese ingene ivyo bizoba binyuranye n’inkurikizi zashikiye Abayuda b’ingarariji mu 70 G.C.!

23. ‘Umunofo’ urokoka ukwiye kuzokwitega iki?

23 Wiyumviriye ibishoboka ku bwa kazoza kawe bwite hamwe no ku bw’ak’ab’ukunda, fata nka nkama ivyasezeranywe mu Vyahishuriwe Yohana 7:16, 17: “Ntibazoba bakigira inzara ukundi, kandi ntibazoba bakigira inyota ukundi, kand’izuba ntirizobarabika cank’indugumba yose, kuko wa Mwagazi ari hagati ahahanganye n’iyo ntebe, azobaragira, kand’azobashōra ku masōko y’amazi y’[ubuzima]; kand’Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo.” Ni vyo koko, ukwo ni kwo ‘gukira’ mu nyuro y’igitangaza, iramba.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi 1996, urupapuro 25-30.

b Josèphe avuga ati: “Igihe Titus yinjira yarajorejwe n’inkomezi za nya gisagara . . . Yaritangaje n’ijwi riri hejuru ati: ‘Imana yabaye mu ruhande rwacu; Imana ni yo yatumye Abayuda bururuka bakava muri ivyo bihome-bikingizi; kuko amaboko canke ibikoresho vy’umuntu vyari kugira iki iyo minara?’ ”

c Birakwegēra kubona igisomwa ca Shem-Tob co muri Matayo 24:22 gikoresha ijambo ‛a·vurʹ ry’Igiheburayo, risigura ngo “kubera ineza ya, harimbuwe, kugíra ngo.”—Raba Ikiganiro giheruka, ku rupapuro 7.

d Raba Umunara w’Inderetsi wo ku 1 Ruhuhuma 1994, urupapuro 21 na 22, n’igicapo co ku rupapuro 24 na 25, aherekana mu nkingi zibangabanganye igisubizo menyeshakazoza Yezu yatanze dusanga muri Matayo ikigabane ca 24, Mariko ikigabane ca 13, na Luka ikigabane ca 21.

e Raba Ufunuo—Upeo Wao Mtukufu U Karibu!, urupapuro 235-58, cǎsohowe mu 1990 na Watchtower Bible and Tract Society of New York, Inc.

Wewe Wokwishura Ute?

◻ Itera ry’ingabo z’Abaroma kuri Yeruzalemu ryagize ibice bibiri ibihe?

◻ Ni kuki bisa n’uko Abayuda 97 000 bǎrokotse mu 70 G.C. batari bagize wa ‘munofo’ uvugwa muri Matayo 24:22?

◻ Imisi y’amarushwa ya Yeruzalemu yageruwe gute, kandi ni mu buryo ki ‘umunofo’ waciye ubona gukira?

◻ Muri ya marushwa ahambaye ariko yegereza, ni mu buryo ki imisi izogerurwa hanyuma ‘umunofo’ ugakira?

[Ifoto ku rup. 10]

Ikingorongoro c’Abayuda cacuzwe inyuma y’akaguma. Indome mpeburayo zanditseko zivuga ngo “Umwaka wa kabiri,” ni ukuvuga 67 G.C., umwaka ugira kabiri w’ubwitegeke bwabo

[Abo dukesha ifoto]

Pictorial Archive (Near Eastern History) Est.

[Ifoto ku rup. 11]

Ikingorongoro kiroma cacuzwe mu 71 G.C. Ibumoso ni Umuroma abanze, iburyo na ho Umuyudakazi ariragurika. Amajambo “IVDAEA CAPTA” asobanura ngo “Yudaya Ahafashwe Mpiri”

[Abo dukesha ifoto]

Pictorial Archive (Near Eastern History) Est.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika