ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w96 1/9 rup. 21-26
  • Iteka rya Kirisitu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Iteka rya Kirisitu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Isezerano Risha
  • Iteka ry’Umwidegemvyo
  • Yezu na ba Bafarisayo
  • Iteka rya Kirisitu Ryoba Ari Indekeranyi?
  • Ubukirisu-bwitirano Bútosekaza Iteka rya Kirisitu
  • Ukwegenyera ku Makosa y’Ubukirisu-bwitirano
  • Iteka Imbere ya Kirisitu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Ico Ivyagezwe vya Musa Bivuze Kuri Wewe
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • «Itegeko rya Yehova riratunganye»
    Niwiyegereze Yehova
  • Turōngōwe na ya Mabwirizwa Cumi?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
w96 1/9 rup. 21-26

Iteka rya Kirisitu

‘Ngabwa n’iteka rya Kirisitu.’—1 AB’I KORINTO 9:21, UB.

1, 2. (a) Amakosa menshi yagizwe n’ubwoko-muntu yari gushobora gukingwa gute? (b) Ni igiki Ubukirisu-bwitirano bwananiwe kwegenyera kuri kahise k’idini y’Abayuda?

“IBISATA n’intwaro ntibirigera vyegenyera ikintu na kimwe kuri kahise, canke ngo bigire ico bikoze bífatiye ku ngingo ziva kuri ko.” Ivyo vyavuzwe n’umufilozofe w’Umudagi wo mu kinjana ca 19. Si ivy’imbeshere, ingendo y’inkuru-kahise y’abantu yamye idondorwa nk’“urukurikirane rw’akagahu,” urukurakuranwe rw’ubujujusi hamwe n’amananiza bishisha, ibitari bike muri vyo bikaba vyari gukingwa iyo gusa ubwoko-muntu bwemera kugira ico bwegenyeye ku makosa yo mu gihe caheze.

2 Ukwo kwanka nyene kugira ico begenyeye ku makosa yo mu gihe caheze kurihwezwa muri iki kiyago cerekeye iteka mvamana. Yehova Mana Iteka rya Musa yarisubirije iryiza mbere kuriruta—iteka rya Kirisitu. Yamara, abagenderambere b’Ubukirisu-bwitirano, abavuga ko bigisha kandi bagakurikiza iryo teka, bǎrananiwe n’ukugira ico begenyeye ku kagahu k’agahomerabunwa k’Abafarisayo. Nuko Ubukirisu-bwitirano bwǎrahotoye iteka rya Kirisitu bwongera burikoresha ukutari kwo, nka kumwe nyene idini y’Abayuda yagira Iteka rya Musa. Ariko ivyo vyashobotse gute? Ubwa mbere, reka tuyage ivy’iryo teka ubwaryo—ico ari co, abo riyobôra n’ukugene ribayobora, hamwe n’ico ritandukaniyeko n’Iteka rya Musa. Maze turaja kwihweza ukugene Ubukirisu-bwitirano bwarikoresheje ukutari kwo. Ese rero twogira ico twegenyeye kuri kahise kandi tukakungukirako!

Isezerano Risha

3. Ni insezeranwa nki Yehova yagize ku biraba isezerano risha?

3 Ni nde yoshobora kuryohora Iteka rikemutse atari Yehova? Isezerano ryo mw Iteka rya Musa ryari rikemutse. (Zaburi 19:7) Naho ari ukwo, Yehova yasezeranye ati: “Eh’imisi igira ize, . . . aho nzosezerana isezerano risha n’umuryango wa Isirayeli n’umuryango wa Yuda: ridahwanye n’isezerano nasezeranye na ba sekuruza.” Ya Mabwirizwa Cumi—akaba yari yo ntimatima y’Iteka rya Musa—yari yanditse ku bisate vy’amabuye. Ariko kuri iryo sezerano risha Yehova yavuze ati: “Nzoshira [iteka r]yanje imbere muri bo, no mu mitima yabo ni ho nzo[r]yandika.”—Yeremiya 31:31-34.

4. (a) Isirayeli iri mw isezerano risha ni iyihe? (b) Ni bande kandi bari munsi y’iteka rya Kirisitu turetse Abisirayeli bo mu vy’impwemu?

4 Ni nde yojanywe muri iryo sezerano risha? Eka vy’ukuri ntiwobaye “umuryango wa Isirayeli” ku bw’umubiri, bamwe bǎshibura Umukandizi w’iryo sezerano. (Abaheburayo 9:15) Oyaye, iyo “Isirayeli” nshasha yobaye ari ‘Isirayeli y’Imana,’ ihanga ry’Abisirayeli bo mu vy’impwemu. (Ab’i Galatiya 6:16; Abaroma 2:28, 29) Uwo mugwi mutoyi w’Abakirisu basîgwampwemu háciye igihe wokwiyunzweko n’“ishengero ryinshi” riva mu mahanga yose borondeye na bo nyene gusenga Yehova. (Ivyahishuriwe Yohana 7:9, 10; Zekariya 8:23) Naho nyene abo batarimwo mw isezerano risha, na bo nyene bobaye bafatwa n’iteka. (Gereranya n’⁠Abalewi 24:22; Guharūra 15:15.) Kubera ko bobaye bagize “umukuku umwe” munsi y’“umwungere umwe,” bose bobaye ‘bagabwa n’iteka rya Kirisitu’ nk’uko umuposolo Paulo yanditse. (Yohana 10:16; 1 Ab’i Korinto 9:21, UB) Paulo iryo sezerano risha yaryise ‘isezerano risumbije.’ (UB) Kuki? Kimwe twovuga, rishingiye ku nsezeranwa zarangutse, si ku bitûtu vy’ibintu bizoza.—Abaheburayo 8:6; 9:11-14.

5. Isezerano risha rifise intēgo nyabaki, kandi ni kuki rizotunganirwa?

5 Iryo sezerano rifise intēgo nyabaki? Ni ukugira ryimbuke ihanga ry’abami n’abaherezi bo guhunda imigisha ubwoko-muntu. (Kuvayo 19:6; 1 Petero 2:9; Ivyahishuriwe Yohana 5:10) Isezerano ry’Iteka rya Musa ntiryigeze ryimbuka iryo hanga mu buryo bushitse, kuko Isirayeli ifashwe ikivunga yagararije hanyuma igahomba ku karyo yari yahawe. (Gereranya n’Abaroma 11:17-21.) Ariko rero rya sezerano risha ni ngombwa ngo ritunganirwe, kuko rijanye n’ubwoko bumeze ukundi cane bw’iteka. Bumeze ukundi mu yandi maryo maki?

Iteka ry’Umwidegemvyo

6, 7. Iteka rya Kirisitu ritanga gute umwidegemvyo uhambaye gusumvya rya Teka rya Musa?

6 Iteka rya Kirisitu kenshi rijanishwa n’umwidegemvyo. (Yohana 8:31, 32) Rivugwa ko ari ‘iteka ry’igisata cidegemvya’ n’ ‘iteka rikemutse ry’umwidegemvyo.’ (Yakobo 1:25; 2:12) Birumvikana, umwidegemvyo wose uri mu bantu ni uwubayabaye. Mugabo, iryo teka riratanga umwidegemvyo uhambaye rwose kurusha iryaritanguriye, ari ryo Teka rya Musa. Mu buryo ki?

7 Kimwe twovuga, nta n’umwe avukira munsi y’iteka rya Kirisitu. Inyungamwo nk’ivy’ibara ry’urukoba n’ikibanza c’amavukiro, nta co bipfana na ryo. Abakirisu b’ukuri, mu mitima yabo baracagura bidegemvya kwemera ingǒgo y’ukugamburuka iryo teka. Bagize ivyo, basanga ari ingǒgo itababaza, umuzigo uhwahutse. (Matayo 11:28-30) Ubiravye, Iteka rya Musa ryari ryagenewe kandi kwigisha umuntu yuko ari munyavyaha n’uko akeneye bimwe bibi inkuka y’incungu y’ukumugombora. (Ab’i Galatiya 3:19) Iteka rya Kirisitu ryigisha yuko Mesiya yaje, akariha igiciro c’incungu akoresheje ubuzima bwiwe, hanyuma akatwugururira uburyo bw’ukwidegemvya dukuwe muri ka gahahazo gakaze k’icaha n’urupfu! (Abaroma 5:20, 21) Kugira twunguke, turakeneye ‘gutumikisha ukwizera’ iyo nkuka.—Yohana 3:16.

8. Iteka rya Kirisitu rishiramwo n’iki, ariko ni kuki kubaho turyisunga bidasaba gufata ku mutwe amayobozo y’amateka amajana?

8 ‘Gutumikisha ukwizera’ birimwo ukubaho twisunga iteka rya Kirisitu. Ivyo birashiramwo ukugamburuka imbwirizo za Kirisitu zose. Ivyo vyoba none bisobanura gufata ku mutwe amateka hamwe n’amayobozo amajana? Oyaye. Naho Musa wa mukandizi w’isezerano rya kera yanditse Iteka rya Musa, Yezu we, wa Mukandizi w’isezerano risha, ntabwo yigeze yandika iteka na rimwe rudende. Ahubwo, yabayeho akurikiza iryo teka. Biciye ku ngendo y’ubuzima bukemutse bwiwe, yarashiriyeho bose indorerwako bokurikira. (1 Petero 2:21) Ngirango ico ni co gituma insengo y’Abakirisu ba kare yavugwa ko ari “Inzira.” (Ivyakozwe n’intumwa 9:2; 19:9, 23; 22:4; 24:22) Kuri bo, iteka rya Kirisitu ryari ryatangiwe akarorero mu buzima bwa Kirisitu. Kwigāna Yezu kwari ukugamburuka iteka ryiwe. Ukumukunda cane kwabo kwasobanura yuko iryo teka vy’ukuri ryari ryanditswe ku mitima yabo, nk’uko vyari vyaravuzwe n’ibimenyeshakazoza. (Yeremiya 31:33; 1 Petero 4:8) Kandi uwugamburuka bivuye ku rukundo ntaho yigera yiyumvamwo ko ahahajwe—ikaba ari iyindi mpamvu ituma iteka rya Kirisitu rishobora kwitwa ‘iteka ry’igisata cidegemvya.’

9. Ikintu nyamukuru nyene co mw iteka rya Kirisitu ni igiki, kandi iryo teka ririmwo imbwirizo nshasha mu buryo ki?

9 Niba urukundo rwari ruhambaye mw Iteka rya Musa, ni rwo nyamukuru nyene mw iteka rya Kirisitu. Iteka rya Kirisitu rero ririmwo imbwirizo nshasha—Abakirisu babwirizwa kuba bagiranira urukundo rw’ukwibabarizanya. Babwirizwa gukundana nk’uko Yezu yabigira; yaremeye gutanga ubuzima bwiwe ku neza ya bagenziwe. (Yohana 13:34, 35; 15:13) Twoshobora rero kuvuga yuko iteka rya Kirisitu ari umwiseruro wa tewokarasi munini mbere usumba uko Iteka rya Musa ryari. Nk’uko iyi ntashamakuru yǐgeze kubidomako urutoke: “Tewokarasi ni ubutegetsi bugirwa n’Imana; Imana ni urukundo; tewokarasi rero ni ubutegetsi bugirwa n’urukundo.”

Yezu na ba Bafarisayo

10. Inyigisho ya Yezu ihushaniye hehe n’iy’Abafarisayo?

10 Bitangaza buhoro rero kubona Yezu atahuje n’abagenderambere mu vy’idini b’Abayuda bo mu gihe ciwe. ‘Iteka rikemutse ry’umwidegemvyo’ ntiryigeze ryinjira mu mizirikanyi y’abaharangasi n’Abafarisayo. Bǎragerageza kwifatira abantu bakoresheje indoranisho zashizweho n’abantu. Inyigisho yabo yacitse iy’agahahazo, icira abantu rubi, ihebuza. Aho bitandukaniye n’inyigisho ya Yezu, yo yarubaka bimwe bidasanzwe kandi ikagira ico yungura! We yari ngirakimazi kandi akitwararika ivy’inkenero nyazo z’abantu hamwe n’ibibaraza ishinga. Yǐgisha mu buryo butagoye kandi agakoresha inyiyumvo nyakuri, akoresheje ibirorezo akuye mu buzima bwa misiyose kandi akavoma mu bukuru bw’Ijambo ry’Imana. Ivyo vyatuma “ishengero ritangazwa n’inyigisho ziwe.” (Matayo 7:28) Egome, inyigisho ya Yezu yarashikīra imitima yabo!

11. Yezu yerekanye ate yuko Iteka rya Musa ryǎri rikwiye gukurikizwa ata kurenza urugero kandi n’ikigongwe?

11 Aho kwongerako izindi ndoranisho kw Iteka rya Musa, Yezu yararanze ukugene Abayuda bǎri bakwiye kuba bakurikiza iryo Teka igihe cose—batarenza urugero kandi n’ikigongwe. Ibuka, nk’akarorero, igihe yěgērwa n’umugore yari aruhijwe n’umwicuko w’amaraso. Mw Iteka rya Musa, uwo yari gukorako wese yocitse uwuhumanye, ari na co gituma yategerezwa kutaja hamwe n’ishengero ry’abantu! (Abalewi 15:25-27) Ariko yari yihebujwe n’ukudakira ku buryo aca mw ishengero agakora ku mutamana wa Yezu. Nya muvirirano waciye uhagarara. None yoba yaciye amukankamira ngo arenze kw Iteka? Oya; ahubwo yaratahuye umwiheburo yarimwo hanyuma arerekana icigishwa gikuru co mw Iteka—urukundo. N’ikirorobwe cinshi, yamubwiye ati: “Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro, ukire rwose icago cawe.”—Mariko 5:25-34.

Iteka rya Kirisitu Ryoba Ari Indekeranyi?

12. (a) Ni kuki tudakwiye kwibesha ngo Kirisitu ni murekeranyi? (b) Ni igiki kiranga yuko ukurema amateka menshi bituma haremwa ibikwēpero vyinshi?

12 Dukwiye guca none dupfundika iciyumviro ngo kubera ko iteka rya Kirisitu ‘ari iry’umwidegemvyo’ ni indekeranyi, kandi Abafarisayo na bo nyene, nanzi impererekane zabo zo ku munwa zose, n’imiburiburi bâragumiza inyirongōro y’abantu mu mipaka yumije? Oyaye. Amankwekwe y’ivy’amateka ya kino gihe aratanga ikirorezo c’uko kenshi uko amateka aba menshi ari ko abantu bayatoramwo ibikwēpero.a Mu gihe ca Yezu ubugwirirane bw’amategeko ya gifarisayo bwararemesheje ironderwa ry’ibikwēpero, irangurwa ry’ibikorwa vy’uguheza umwuga ribuzemwo urukundo, hamwe n’itsimbatazwa ry’ivy’imboneko yo hanze iranga ukwibona ubutungane ngo bapfuke ubwononekare bw’imbere.—Matayo 23:23, 24.

13. Ni kuki iteka rya Kirisitu rivamwo imfatirwako ikirurutse y’inyigenzo kuruta ingenderwako iyo ari yo yose yanditse y’amateka?

13 Iteka rya Kirisitu ryoryo, ntiryorora udutima mwen’utwo. Kukaba nkako, kugamburuka iteka rishingiye ku gukunda Yehova kandi rigamburukwa mu kwigana urukundo rw’ukwibabaza Kirisitu yari afitiye abandi bivamwo indabirwako ikirurutse y’inyirongōro kuruta ugukurikira ingenderwako yashinzwe y’amateka. Urukundo ntirurondera ibikwēpero; ruratugumya ngo ntitugire ibintu vy’agakomeretsa bishobora kuba bitabuzwa n’ingenderwako y’amateka mu buryo buseruye. (Rāba Matayo 5:27, 28.) Gutyo, iteka rya Kirisitu rizotuma tugirira ibintu abandi—kubabera inda nziza, kubākīra, no kubakunda—mu maryo wosanga ata teka ntegekanywa ririho ryotuma tubigira.—Ivyakozwe n’intumwa 20:35; 2 Ab’i Korinto 9:7; Abaheburayo 13:16.

14. Ni ingaruka nki kubaho hakurikizwa iteka rya Kirisitu vyagize kw ikorane rikirisu ryo mu kinjana ca mbere?

14 Ikorane rikirisu rya kare, ku rugero abaharurwa baryo bǎgezako mu kubaho bakurikiza iteka rya Kirisitu, ryǎrangwa n’imimerere y’ishwashwanuke n’urukundo, bakagira umwidegemvyo munaka ntibafatīrwe n’udutima tudadaraye, tw’ubuhinyuranyi kandi tw’ubwiyorobetsi twari tugwiriye mu masinagogi y’ico gihe. Abaharurwa b’ayo makorane yari akiri urubatu bategerezwa vy’ukuri kuba bari babayeho biyumvamwo ko bisunga ‘iteka ry’igisata cidegemvya’!

15. Imwimwe mu myigoro ya kare Shetani yagize ngo yonone ikorane rikirisu yari imiki?

15 Ariko rero, Shetani yari afise ishaka ry’ukwonona ikorane rikirisu arihereye imbere, nk’uko nyene yari yarononye ihanga rya Isirayeli. Umuposolo Paulo yarabuye ko hobayeho abagabo bameze nk’amabingira bobaye “bavuga ibigoramye” kandi bagahahaza umukuku w’Imana. (Ivyakozwe n’intumwa 20:29, 30) Yabwirizwa kunyinyana n’abumirira ku vy’Abayuda, bǎrondera ko umwidegemvyo ubayabaye watangwa n’iteka rya Kirisitu bawukaba akajakazo k’Iteka rya Musa, iryari ryarangukiye muri Kirisitu. (Matayo 5:17; Ivyakozwe n’intumwa 15:1; Abaroma 10:4) Inyuma y’aho uwa nyuma mu baposolo apfiriye, nta cari kikizibiye ubwo buhuni. Nuko ubwononekare burarandarara.—2 Ab’i Tesalonike 2:6, 7.

Ubukirisu-bwitirano Bútosekaza Iteka rya Kirisitu

16, 17. (a) Ubwononekare bwǎfashe imero nki mu Bukirisu-bwitirano? (b) Ni mu buryo ki amateka ya Ekeleziya Gatolika yakorereje ibonabintu rihotoye ryerekeye ihuzabitsina?

16 Nk’uko vyari mw idini y’Abayuda, ubwononekare bwaragize imero zitari nke mu Bukirisu-bwitirano. Buno, na bwo nyene bwaracitse igicaki c’injijuzo z’ikinyoma hamwe n’inyigenzo runtu zidebutse. Kandi imyigoro yabwo y’ugukingira umukuku wabwo ngo ntufatwe n’utwosho mvahanze kenshi yaragaragaye ko ari nyamukuguta ku miranga iyo ari yo yose y’insengo ityorotse. Amateka adadaraye kandi adashingiye ku Biharangato yaragwiriranye.

17 Ekeleziya Gatolika yarabaye iya mbere mu vy’ukurema ivyegeranyo vy’amateka y’ekeleziya. Ayo mateka yari canecane ayagondagonze ku bintu vyerekeye ihuzabitsina. Dukurikije igitabu Sexuality and Catholicism, Ekeleziya yaranyoye filozofiya y’Abagiriki y’Ubusitoyika, iyǐkekwamwo ubwoko bwose bw’ivy’ukwinezereza. Ekeleziya yahavuye yigisha yuko uburyoherwe bwose buva kw ihuzabitsina, dushizemwo ukwimara inambu y’umubiri gusanzwe kwo mu bwabirane, ari icaha. (Hushanya n’Imigani 5:18, 19.) Ihuzabitsina bǎvuga ko ari iry’ukurondoka, ata kindi. Gutyo iteka ry’ekeleziya ryaragize ikizira ubwoko bwose bw’ivy’ukwibuza kuvyara, ngo ni icaha gikomeye cane, rimwe na rimwe bigasaba imyaka itari mike y’ipenetensiya. Vyongeye, abasaseredoti bǎrabujijwe kurongora, rikaba ari ibwirizwa ryatumye haba ubushurashuzi bwinshi, dushizemwo kwa kugoka ku bana.—1 Timoteyo 4:1-3.

18. Ni igiki cǎmutse mw igwizwa ry’amateka ya Ekeleziya?

18 Aho amateka ya Ekeleziya agwiriraniye, yaratondānijwe mu bitabu. Ivyo bitabu bitangura kuzimagiza no gusubirira Bibiliya. (Gereranya na Matayo 15:3, 9.) Nk’uko vyari mw idini y’Abayuda, Gatolika yaririnze ivyandiko vyo mw isi, vyinshi muri vyo ibona ko ari agahanamizi. Ukwo kubona ibintu mu nyuma kwaragiye kure y’inkeburo yumvikana Bibiliya itanga kuri ivyo. (Umusiguzi 12:12; Ab’i Kolosayi 2:8) Yoronimu, umwanditsi wa Ekeleziya wo mu kinjana ca kane G.C., yaritangaje ati: “Yowe Mukama, nkaramuka nsubiriye kugira ibitabu vyo mw isi canke nkabisoma, nzoba ndakwihakanye.” Mu nyuma, Ekeleziya yahavuye ija ku vy’ugutera umukwabu ibitabu—n’ivyoba bivuga ibintu vyo mw isi. Gutyo umutohozamibumbe wo mu kinjana ca 17 yitwa Galilée yaraneguwe kubera ukwandika yuko isi izunguruka izuba. Ugushimika kwa Ekeleziya ngo ni yo ifise ijambo rya nyuma ku kintu cose—no ku bibazo vyerekeye ubutohozamibumbe—amaherezo vyokoze kugira bisenyure ivy’ukwizera Bibiliya.

19. Amamonasiteriyo yakorereje ate ingamburutso idadaraye?

19 Ihinguramategeko rya Ekeleziya ryarasasagaye mu mamonasiteriyo, aho abamonaki bǐtanirije n’iyi si ngo babeho mu bwiyanke. Amamonasiteriyo menshi y’Abagatolika yumiye ku “Ngingo ya Mut. Benedigito.” Umwaboti (inyito ivuye mw ijambo ry’Igiharameya rivuga “dawe”) yategekana ubukuru budakomwa. (Gereranya na Matayo 23:9.) Iyo umumonaki aronse impano agabiwe n’abavyeyi biwe, nya mwaboti yarafata ingingo yuko uwo mumonaki canke uwundi munaka yoba ari we akwiye kuyironka. Uretse ivy’ukugira ibishirasoni ikizira, hari ingingo imwe yabuza akayago kose n’akajajuro kose; ikavuga iti: “Nta muyoboke ari buvuge ibintu mwen’ivyo.”

20. Ni igiki kiranga yuko Ubuporotisanti na bwo nyene bwagaragaye ko bukurikira ingamburutso idashingiye ku Biharangato?

20 Ubuporotisanti, ubwarondeye gusubiramwo ukundi ibirenzarugero vy’Ubugatolika bidashingiye ku Biharangato, mu nyuma gato na bwo nyene bwakurikiye ivy’uguhingura amategeko agamburutsa ku nguvu atagira ishingiro namba mw iteka rya Kirisitu. Nk’akarorero, wa mutunganyabusha mugenderambere Jean Calvin yahavuye yitwa “umutangamateka w’Ikeleziya Yasanuwe.” Yaganza ikeleziya ya Porotisanti i Genève akoresheje amategeko injojo agumye, akazwa n’abitwa “Abakurambere,” abó “ibanga” bashinzwe, nk’uko Calvin yabivuga, “ari ugucungera ubuzima bw’umwumwe wese.” (Hushanya na 2 Ab’i Korinto 1:24.) Ekeleziya yarashinga ijisho ubwihemburiro-buraro kandi igashinga indoranisho zigenga ibiyago vyemewe kuhaganīrirwa ivyo ari vyo. Hǎriho ibihano bibabaza vyari bitegekanirijwe amakosa nk’ukuririmba indirimbo z’ubwubahutsi canke gutamba.b

Ukwegenyera ku Makosa y’Ubukirisu-bwitirano

21. Impengamiro Ubukirisu-bwitirano bufise y’ ‘ukurenga ivyanditswe’ yagize ingaruka nki tuyifatiye hamwe?

21 Ayo mategeko yose n’ayo mateka yose vyoba vyarakoze kugira bikingire Ubukirisu-bwitirano ukwononekara? Icankwa ni co cabaye! Ubu Ubukirisu-bwitirano bwarimanyaguye mu tudumbidumbi amajana, guhera ku tudadaza indenzarugero gushika ku turekerana vy’agaterasoni. Utwo twose, mu buryo bunaka canke bunaka, ‘twǎrarenze ivyanditswe,’ turareka ukwiyumvira kwa kimuntu kuba ari kwo kuyobora umukuku kwongera kwisuka mw iteka mvamana.—1 Ab’i Korinto 4:6.

22. Ni kubera iki ugukevya kw’Ubukirisu-bwitirano kudasobanura ko iteka rya Kirisitu ryaheze?

22 Ariko rero, inkuru-kahise y’ivy’iteka rya Kirisitu nta butindi iri bukore. Yehova Mana ntaho azokwigera areka ngo abantu basa bazimanganye iteka mvamana. Iteka rikirisu rirakomeye cane muri iki gihe mu Bakirisu b’ukuri, kandi bano barafise agateka gahambaye k’ukubaho barikurikiza. Ariko ko tumaze kwihweza ico idini y’Abayuda hamwe n’Ubukirisu-bwitirano vyakoreye iteka mvamana, twoshobora neza kwibaza, tuti ‘Twobaho gute twisunga iteka rya Kirisitu twongera twirinda wa mutego w’ugutosekarisha Ijambo ry’Imana ugutegēza kwa kimuntu hamwe n’amategeko asenya agatima nyene kari mw iteka ry’Imana? Ni ibonabintu ririmbanye nyabaki iteka rya Kirisitu ritwinjizamwo muri iki gihe?’ Ikiganiro gikurikira kiraja kwihweza ivyo bibazo.

[Utujambo tw’epfo]

a Abafarisayo ni bo cane bǎri bene kubazwa ivy’ubwoko bw’idini y’Abayuda buhari kino gihe, ari na co gituma bidatangaje kubona idini y’Abayuda ikirondera ibikwēpero mu miziririzo myinshi yayo yongeweko yerekeye Isabato. Nk’akarorero, umushitsi agendeye ibitaro vy’idini nyorotodogisi y’Abayuda kw Isabato ashobora gusanga asanseri ija irihagarika yo nyene kuri buri gorofa kugira bene kuyikoresha boye gukora “igikorwa” kinyacaha c’ugufyonda ibuto yayo. Abaganga b’ikiyuda bamwebamwe barandikisha inkurikizwa wino icá iyonga mu misi mikeyi. Kubera iki? Imishina ukwandika ikwita “igikorwa,” ariko igasigura ko “ukwandika” ari ugusíga iharama riramba.

b Servetus, uwahaririye amabonabintu ya Calvin y’ivya tewolojiya, yatuririwe ku mugogo ngo ni umugararizanyigisho.

Ubona Wokwishura Ute?

◻ Ikintu nyamukuru nyaco co mw iteka rya Kirisitu ni igiki?

◻ Umudeli w’ukwigisha wa Yezu wari utandukaniye hehe n’uw’Abafarisayo?

◻ Ni mu buryo ki Shetani yakoresheje agatima kadadaraye, k’uguhingura amategeko, kugira yonone Ubukirisu-bwitirano?

◻ Ingaruka nziza zimwezimwe z’ukubaho twisunga iteka rya Kirisitu ni izihe?

[Ifoto ku rup. 23]

Yezu yakurikiza Iteka rya Musa ata kurenza urugero kandi n’ikigongwe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika