ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w96 1/9 rup. 26-31
  • Kubaho Twisunga Iteka rya Kirisitu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubaho Twisunga Iteka rya Kirisitu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Mu Rugo
  • Mw Ikorane
  • Abakurambere Barakurikiza Iteka rya Kirisitu
  • Kubaho Twisunga Iteka rya Kirisitu
  • Rya Teka rya Kirisitu Rirakora Akazi!
  • Iteka rya Kirisitu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Urukundo n’ubutungane mw’ishengero rya gikirisu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Niwumvirize inyishu z’ibi bibazo
    Programa y’iteraniro ry’umuzunguruko ryo mu 2017-2018 ririmwo uwuserukira ishami
  • Yehova Adusaba Iki Muri Iki Gihe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
w96 1/9 rup. 26-31

Kubaho Twisunga Iteka rya Kirisitu

“Mwākīrane imitwaro, mushikane murtyo [iteka ry]a Kristo.”—AB’I GALATIYA 6:2.

1. Ni kuki twovuga ko iteka rya Kirisitu ari inguvu y’agakomeye y’ugukora iciza kino gihe?

MU Rwanda, Ivyabona vya Yehova b’Abahutu n’Abatutsi bǎrahatswe ubuzima bwabo kugira bakingírane ubucincanyi mfatirabwoko buherutse gukubūra ico gihugu. Ivyabona vya Yehova b’i Kobe mu Buyapani bǎburiye ababo mu kinyamugigima c’intikiza bǎrasabagijwe n’ukubura kwabo. Yamara bǎrabangutse ningoga na ningoga kugira batabare abandi cǎciyeko. Yego, uturorero nshwangamuramutima tuva irya n’ino kw isi turerekana ko iteka rya Kirisitu ririko rirakora akazi kino gihe. Ni inguvu y’agakomeye y’ugukora iciza.

2. Ubukirisu-bwitirano bwasizwe gute n’ico iteka rya Kirisitu rivuze, kandi twogenza gute kugira dushitse iryo teka?

2 Aho nyene, ikimenyeshakazoza ca Bibiliya cerekeye iyi “misi y’iherezo” igoye kiriko kirataha. Abatari bake usanga bafise ‘indemaremo y’ukwibanda ku Mana,’ ariko ‘bagahakana ububasha bwakwo.’ (2 Timoteyo 3:1, 5) Na canecane mu Bukirisu-bwitirano, idini kenshi usanga ari ikintu c’ikuramwuga, si ikiva ku mutima. Ivyo kwoba ari ukubera ko kubaho umuntu yisunga iteka rya Kirisitu ari ikigoye kurenza? Oya. Yezu ntiyoduha iteka ridashoboye gukurikizwa. Ubukirisu-bwitirano bwarasizwe gusa n’ico iryo teka rya Kirisitu rivuze. Bwarananiwe n’ugukurikiza aya majambo yahumetswe: “Mwākīrane imitwaro, mushikane murtyo [iteka ry]a Kristo.” (Ab’i Galatiya 6:2) Twebwe ‘dushitsa iteka rya Kirisitu’ mu kwakirana imitwaro, si mu kwigāna Abafarisayo no mu kwongerereza abavukanyi bacu imizigo ata mpamvu.

3. (a) Imbwirizo zimwezimwe zishizwemwo mw iteka rya Kirisitu ni izihe? (b) Ni kuki twoba twihenze dupfunditse yuko ikorane rikirisu rikwiye kutagira amategeko yandi atari imbwirizo Kirisitu we nyene yatanze?

3 Iteka rya Kirisitu rishiramwo n’imbwirizo zose za Yezu Kirisitu—zaba ugukwiririza n’ukwigisha, ukugumya ijisho rityorotse kandi ribayabaye, gukora kugira tugumane amahoro na mugenzacu, canke gukûra ubwandure kw ikorane. (Matayo 5:27-30; 18:15-17; 28:19, 20; Ivyahishuriwe Yohana 2:14-16) Si ivy’imbeshere, Abakirisu bategerezwa kwubahiriza imbwirizo zose ziri muri Bibiliya zitegekwa abakurikizi ba Kirisitu. Ariko si ivyo gusa. Iyungungane rya Yehova hamwe n’ikorane rimwerimwe ukwaryo bibwirizwa gushinga amategeko hamwe n’uburyo bw’ugukora bikenewe kugira hazigamwe urupange rwiza. (1 Ab’i Korinto 14:33, 40) Kuki, Abakirisu ntiboshoboye mbere no guhwanira hamwe iyaba batagira amategeko nk’ayababwira igihe, ahantu, n’ukugene bogira amahwaniro mwen’ayo! (Abaheburayo 10:24, 25) Ukwemera inyobozo zitegereka zishirwaho n’abǎhawe ubukuru mw iyungungane na vyo nyene ni igihimba c’ugushitsa iteka rya Kirisitu.—Abaheburayo 13:17.

4. Ni inguvu ngendeshi nki iri inyuma y’insengo ityorotse?

4 Naho ari ukwo, Abakirisu b’ukuri ntibareka ngo insengo yabo icike urutondeko rw’amategeko ataco ruvuze. Ntibasukurira Yehova kubera gusa ko hari umunaka canke iyungungane rinaka ribabwira kubigira. Ahubwo, inguvu ngendeshi iri inyuma y’insengo yabo ni urukundo. Paulo yanditse ati: ‘Urukundo rwa Kristo ruratugobera.’ (2 Ab’i Korinto 5:14, ni twe duhiritse izo ndome.) Yezu yabwirije abakurikizi biwe gukundana. (Yohana 15:12, 13) Urukundo rw’ukwibabaza ni ryo remezo ry’iteka rya Kirisitu, kandi ruragobera canke rukanavyurira ingiro Abakirisu b’ukuri aho bari hose, mu rugo no mw ikorane. Reka turabe ukugene.

Mu Rugo

5. (a) Abavyeyi bashobora gute gushitsa iteka rya Kirisitu i muhira? (b) Ni igiki abana bakeneye kiva ku bavyeyi babo, kandi ni intambamyi nki abavyeyi bamwebamwe bategerezwa kwiyuburura kugira bakibamare?

5 Umuposolo Paulo yanditse ati: “Bagabo, mukunde abagore banyu, nk’uko Kristo na we yakunze [ikorane, NW], akaryigura.” (Abanyefeso 5:25) Iyo umunega yigana Kirisitu kandi umukazi wiwe akamufata n’urukundo hamwe n’ubutahuzi, arashitsa umuce uhambaye w’iteka rya Kirisitu. Vyongeye, Yezu yararanze adahisha igishika afitiye abana batoyi, aranabarera mu maboko yiwe, arabarambikako ibiganza, arabahezagira. (Mariko 10:16) Abavyeyi bashitsa iteka rya Kirisitu na bo nyene bararanga igishika bafitiye abana babo. Ego ni ko, hariho abavyeyi basanga kwigāna akarorero ka Yezu muri ivyo ari intambara. Bamwe ntibǎvukanye ivy’ukwerekana inyiyumvo. Bavyeyi, ntimukareke ngo ukurimbura ibintu gutyo kubabuze kurangira abana banyu urukundo mubumvira! Wewe kumenya ko ukunda abana bawe ntibihagije. Na bo nyene bategerezwa kubimenya. Kandi ntibazobimenya utarondeye amaryo y’ukuranga urukundo rwawe.—Gereranya na Mariko 1:11.

6. (a) Abana boba bakeneye amategeko ya kivyeyi, kandi ni kubera iki wishuye ukwo? (b) Ni impamvu nyamukuru iyihe abana bakeneye gutahura ituma haba amategeko mu nzu? (c) Ni ingeramizi izihe zirindwa igihe iteka rya Kirisitu ryivugira mu nzu?

6 Aho nyene, abana barakeneye inyobozo, bikaba bisobanura ko abavyeyi babo bakeneye gushinga amategeko kandi rimwe na rimwe bagakoresha itozandero kugira ano mategeko akurikizwe. (Abaheburayo 12:7, 9, 11) Naho biri ukwo, abana buhorobuhoro bategerezwa kuja barafashwa kugira babone impamvu nyamukuru itumye habaho ayo mategeko: abavyeyi babo barabakunda. Bategerezwa kandi kumenya yuko urukundo ari yo mpamvu nziza irushirije yotuma bagamburukira abavyeyi babo. (Abanyefeso 6:1; Ab’i Kolosayi 3:20; 1 Yohana 5:3) Ihangiro ry’abavyeyi b’inkerebutsi ni ukwigisha abakiri bato gukoresha ‘ububasha bw’integero’ bwabo kugira bazobone gushobora gufata ingingo nziza ata wubari inyuma. (Abaroma 12:1; gereranya na 1 Ab’i Korinto 13:11.) Ku rundi ruhande, amategeko ntakwiye kuba menshi birenze, n’itozandero ntirikwiye kuba irikaze kurenza. Paulo avuga ati: “Ba se, ntimukaratse abana banyu, ntibaranduke imitima.” (Ab’i Kolosayi 3:21; Abanyefeso 6:4) Igihe iteka rya Kirisitu ari ryo ryivugira mu nzu, nta kibanza kihaba c’itozandero ritanganwa ishavu ridakontoroye canke umunebaguro ubabaza. Mu muhira mwen’uwo, abana bumva batekanye kandi bakomejwe, ntibumva baremerejwe umutwaro canke ngo batabānutse.—Gereranya na Zaburi 36:7.

7. Imihira ya Beteli yoshobora gute gutanga akarorero mu vy’ugushiraho amategeko mu rugo?

7 Abǎgendeye imihira ya Beteli irya n’ino kw isi bavuga ko mwen’utwo ari uturorero twiza tw’irimbāne mu vy’amategeko agenga umuryango. Naho iyo mihira igizwe n’abakuze, inzego mwen’izo zikora mu buryo busa cane n’ingo.a Ibikorerwa muri Beteli biri mu buryo bwinshi kandi bisaba igitigiri kitari gito c’amategeko—kuruta nyene urugo rusanzwe. Naho ari ukwo, abakurambere baja imbere mu mihira ya Beteli, mu biro vyayo no mu bikorwa vyaho vy’ubuhinguzi, barinanata kugira bakurikize iteka rya Kirisitu. Barabona ko ikigabu bashinzwe atari kwungunganya umurimo gusa, ariko kandi gukorereza iterambere ryo mu vy’impwemu bo n’ ‘umunezero wa Yehova’ mu bakozi bagenzabo. (Nehemiya 8:10) Kubera ico, barinanata ngo bagire ibintu mu buryo bwiza kandi buremesha, vyongeye bakihatira kuba intarenzurugero. (Abanyefeso 4:31, 32) Ntibitangaje rero kubona imiryango ya Beteli imenyekana ku gatima k’umunezero kayirimwo!

Mw Ikorane

8. (a) Ni igiki gikwiye nantaryo kuba ihangiro ryacu mw ikorane? (b) Bamwebamwe bǎsavye canke bagerageza gushiraho amategeko babitumwe n’ibiki?

8 Mw ikorane na ho nyene ihangiro ryacu ni ugukomezanya mu gatima k’urukundo. (1 Ab’i Tesalonike 5:11) Nuko Abakirisu bose bakwiye kuba maso ntibongerereze imitwaro y’abandi mu kujako bagahātiriza ibishariro vyabo bwite mu bintu bisaba ukwihitiramwo kw’umuntu ubwiwe. Bihora bishika ko hagira abandikira Ishirahamwe Watch Tower basaba ingingo-nkurikizwa ku bintu nk’imbono y’ibintu bakwiye kugira ku vyerekeye amafilime manaka, ibitabu, eka n’ibikinisho. Yamara, Ishirahamwe nta burenganzira rifise bw’ugukoba ibintu mwen’ivyo no gutanga ukuntu ribibona. Mu bihe vyinshi, usanga ivyo ari ibintu buri muntu canke buri mutwe w’urugo akwiye kwihitiramwo, afatiye ku rukundo afitiye ingingo za Bibiliya. Abandi bagomba guhindukiza amagîrenama n’inyobozo Ishirahamwe ritanga bakabigira amategeko. Nk’akarorero mu nsohore y’Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) yo ku wa 15 Ntwarante 1996, hǎrimwo Ikiganiro ciza kiremesha abakurambere kugendera kabungere abaharurwa b’ikorane ubudahorereza. Intēgo none kwari ugushinga amategeko? Eka. Naho abashoboye gukurikira ayo magîrenama baronka inyungu nyinshi, abakurambere bamwebamwe ntibashoboye kubigira. Ikiganiro “Ibibazo Biva ku Basomyi,” mu nsohore y’Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) yo ku wa 1 Ndamukiza 1995, na co nyene cǎratanze inkeburo y’ukutagerura urupfasoni ruri ku gihe c’ibatisimu mu kuja ku marenzarugero, nko mu kugira ibitereko vy’umuyevere canke gutegura amahimbaza. Iyo mpanuro iranga ubuhǔmure bamwe bǎrayijanye ku marenzarugero, gushika n’aho bashinga itegeko yuko ngo ukurungika agakarata k’indemesho kuri ico gihe vyoba ari bibi!

9. Ni kuki bihambaye ko twirinda kuba baneguranyi na bahinyuranyi birenze urupimo?

9 Rimbura kandi, kugíra ‘iteka rikemutse ry’umwidegemvyo’ ribe ryivugira hagati muri twebwe, dutegerezwa kwemera yuko imburanyamutima z’Abakirisu bose zitameze kimwe. (Yakobo 1:25) Twoba dukwiye gushuha umutwe none mu gihe abantu bigiriye amahitamwo yabo bwite atarenga ku ngingo zo mu Biharangato? Oya. Tugize dutyo twotera amacakubiri. (1 Ab’i Korinto 1:10) Paulo, igihe yatubūrira ku vy’uguhinyura Umukirisu nkatwe, yavuze ati: “Imbere ya shebuja [ni] ho ahagarara cank’agatemba; mber’ushime azohagarara, kuk[o Yehova] ashobora kumuhagarika.” (Abaroma 14:4) Duhakwa kutaryohera Imana tugiye turavugavugana nabi ku bintu vyari bikwiye kurekerwa imburanyamutima y’umuntu ubwiwe.—Yakobo 4:10-12.

10. Ni bande bashinzwe kurereka ikorane, kandi dukwiye kubashigikira dute?

10 Nitwibuke kandi yuko abakurambere bashinzwe kuguma bareretse umukuku w’Imana. (Ivyakozwe n’intumwa 20:28) Bari ngaho ngo bafashe. Dukwiye kwumva ko turi n’umwidegemvyo wo kubegera ngo tubasabe impanuro, kuko ari abatohoji ba Bibiliya bakaba kandi bamenyereye ivyayazwe mu vyandikano vy’Ishirahamwe Watch Tower. Iyo abakurambere babonye inyirongōro isa n’iyoshikana ku kurenga ku ngingo zo mu Biharangato, baratanga impanuro ikenewe ata gutinya. (Ab’i Galatiya 6:1) Abaharurwa b’ikorane barakurikira iteka rya Kirisitu mu gufashanya n’abo bungere bakǔndwa bagendera imbere, muri bo.—Abaheburayo 13:7.

Abakurambere Barakurikiza Iteka rya Kirisitu

11. Abakurambere bakurikiza bate iteka rya Kirisitu mw ikorane?

11 Abakurambere bari n’ishaka ryo gushitsa iteka rya Kirisitu mw ikorane. Baraja imbere mu gukwiririza inkuru nziza, bakigisha ibivuye muri Bibiliya kugira bashikîre umutima, kandi, bwa bungere banyarukundo, banyabuntu, bararemesha ‘abarandutse imitima.’ (1 Ab’i Tesalonike 5:14) Baririnda udutima tutari dukirisu turiho mu madini menshi cane y’Ubukirisu-bwitirano. Ni ko, iyi si iriko iderera yihuta, kandi nka kumwe kwa Paulo abakurambere barashobora kwumva amaganya kubera umukuku; yamara baragumya irimbāne uko bagira ico bakoze ku birazashinga mwen’ivyo.—2 Ab’i Korinto 11:28.

12. Igihe Umukirisu yegêreye umukurambere ngo amusabe imfasho, uno yoshobora kugira iki?

12 Nk’akarorero, Umukirisu yoshaka guhanuza umukurambere ku kintu gihambaye kitagira irābiro rinaka ryo mu Biharangato rishoka rikivuga, canke gisaba ukurimbanya ingingo nkirisu zitandukanye. Kumbure ashobora kuba yadugijwe igiti ku kazi gihemberwa menshi ariko kikamushirako ibanga rinini kuruta. Canke se atizeye w’Umukirisu akiri muto, yoshobora kugira ivyo asaba uno muhungu wiwe bishobora kugira ico bikoze ku gikorwa ngenerwa ciwe. Mu gihe ibintu vyifashe gutyo, nya mukurambere aririnda gutanga iciyumviro ciwe bwite. Ahubwo, ngirango azozingurura Bibiliya hanyuma afashe nya muntu gutegēza ku ngingo zijanye na vyo. Ashobora gukoresha Index des publications de la Société Watch Tower niba ihari, kugira atore ico “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (NW) yavuze kuri ico kibazo mu mpapuro z’Umunara w’Inderetsi n’ibindi bisohokayandikiro. (Matayo 24:45) Bite hoho mu gihe nya Mukirisu mu nyuma afashe ingingo isa n’iyitaranga urwevu kuri uwo mukurambere? Niba iyo ngingo afashe itari iyishoka irenga ku ngingo canke ku mateka vya Bibiliya, nya Mukirisu azosanga uwo mukurambere yemera uburenganzira uno muntu yifitiye bw’ugufata ingingo mwen’iyo, azí ko “umuntu wese azokwiyikorerera uwiwe [muzigo].” Yamara nya Mukirisu akwiye kwibuka yuko “ic’umuntu abiba cose ari co azokwimbura.”—Ab’i Galatiya 6:5, 7.

13. Abakurambere aho gutanga inyishu za buno nyene ku bibazo canke gutanga ivyiyumviro vyabo bwite, ni kuki bafasha abandi kugira bategêze ku bintu?

13 Ni kubera iki nya mukurambere aciye uruma akora atyo? N’imiburiburi ni kubera impamvu zibiri. Ubwa mbere, Paulo yabwiye ikorane rimwe yuko ‘ataganza ukwizera kwabo.’ (2 Ab’i Korinto 1:24) Nya mukurambere, mu gufasha umuvukanyi wiwe ngo ategêze ku Biharangato hanyuma yifatire ingingo yiwe bwite azi ico agira, aba ariko yigāna agatima ka Paulo. Aba yiyemereye yuko ubukuru bwiwe bufise imipaka, nk’uko Yezu yemeye icese yuko ubukuru bwiwe bwari bufise imipaka. (Luka 12:13, 14; Yuda 9) Aho nyene, abakurambere baratanga badatinze impanuro rufasha, n’iyoba yumutse, ishingiye ku Biharangato, aho ikenewe. Ubwa kabiri, aba ariko amenyereza Umukirisu mugenziwe. Umuposolo paulo yavuze ati: “Ivyo kurya bigumye n’ivy’abakuze, bafise [ububasha butegera], maze kubgo kwama babukoresha, bumogorera gutandukanya ikibi n’iciza.” (Abaheburayo 5:14) Ni co gituma kugira dukure dushike ku buhûmure dutegerezwa gukoresha ububasha butegera bwacu, ntitwame nantaryo twishimira ko uwundi ari we aduha inyishu. Uno mukurambere, mu kurangira Umukirisu mugenziwe ukuntu yotegêza ku Biharangato, muri ubwo buryo aba ariko amufasha gutera imbere.

14. Abahûmuye bashobora gute kuranga yuko bizigiye Yehova?

14 Turashobora kwizera ko Yehova Mana akóresheje impwemu yera yiwe azokwosha imitima y’abasenzi b’ukuri. Gutyo, Abakirisu bahūmuye barakwegēra imitima y’abavukanyi babo, bakabinginga, nka kumwe umuposolo Paulo yagira. (2 Ab’i Korinto 8:8; 10:1; Filemoni 8, 9) Paulo yari azi yuko abatari intungane, si abari intungane, ari bo canecane bakeneye amateka atondanuye ido n’ido, kugira bagume barongōtse. (1 Timoteyo 1:9) Ntiyaseruye umwicuro canke umwikeko, ahubwo yaseruye ko yizeye abavukanyi biwe. Yandikiye ikorane rimwe ati: “T[ur]izigiye Umwami ku vyanyu.” (2 Ab’i Tesalonike 3:4) Ukwizera kwa Paulo, umwizigiro n’umwishimiro vyiwe ntitwokeka vyarakoze vyinshi kugira bitere ingiro abo Bakirisu. Abakurambere n’abacungezi b’ingenzi kino gihe bafise amahangiro nk’ayo nyene. Ewe kuntu abo bagabo bizerwa baruhura uko baragirana urukundo umukuku w’Imana!—Yesaya 32:1, 2; 1 Petero 5:1-3.

Kubaho Twisunga Iteka rya Kirisitu

15. Ni ibibazo bimwebimwe ibihe dushobora kwibaza kugira turabe ko turiko dukurikiza rya teka rya Kirisitu mu bucuti dufitaniye n’abavukanyi bacu?

15 Twese turakeneye kwisuzuma tudahorereza kugira turabe ko twoba tubayeho dukurikiza twongera dukorereza rya teka rya Kirisitu. (2 Ab’i Korinto 13:5) Vy’ukuri, twebwe twese turashobora kwunguka twibajije duti: ‘Noba ndi mukomezanyi canke muneguranyi? Noba ndi n’irimbāne canke ndenza urugero? Noba ndangira abandi ukububaha canke nshimika ku bikwiye kunyegukira?’ Umukirisu ntagerageza kubwiriza umuvukanyi wiwe intambwe akwiye canke adakwiye gutera mu bintu bitavugwa na Bibiliya bimwe bitoboye.—Abaroma 12:1; 1 Ab’i Korinto 4:6.

16. Dushobora gufasha dute abafise ivyiyumviro mpebuza kuri bo nyene, tukaba dushikije umuce uhambaye cane wa rya teka rya Kirisitu?

16 Muri ibi bihe bigoye, birahambaye ko turondera amaryo y’ukuremeshanya. (Abaheburayo 10:24, 25; gereranya na Matayo 7:1-5.) Iyo turavye abavukanyi n’abavukanyikazi bacu, insinzoke nziza zabo none ntizisobanuye kinini cane rwose kuruta ubugoyagoye bwabo? Kuri Yehova, umwe wese ari n’agaciro. Ikibabaje, si bose bavyiyumvamwo gutyo, no kuri bo ubwabo. Abatari bake bahengamiye ku kubona gusa utunenge n’amakemwa vyabo bwite. Kugira turemeshe mwen’abo—hamwe n’abandi—twogerageza kuganira n’umwe canke babiri kw ihwaniro rimwe ryose, tukabamenyesha igituma duha agaciro ukahaba kwabo hamwe n’akamaro k’intererano bagira kw ikorane? Ese ingene bitera umunezero, kworosha umutwaro wabo muri ubwo buryo tukabona gushitsa rya teka rya Kirisitu!—Ab’i Galatiya 6:2.

Rya Teka rya Kirisitu Rirakora Akazi!

17. Ni mu maryo maki atandukanye wewe ubona ko rya teka rya Kirisitu ririko rikora akazi mw ikorane urimwo?

17 Rya teka rya Kirisitu rirakora akazi mw ikorane rikirisu. Turavyibonera buri musi—igihe Ivyabona bagenzacu bajamwo mu vy’ugushikiriza inkuru nziza n’ishaka ryinshi, igihe birurana kandi bakaremeshanya, igihe bagwa bavyuka kugira basukurire Yehova nanzi imbangamyi zigoye barimwo, igihe abavyeyi bihata ngo barere abana babo kugira bakunde Yehova n’imitima y’umunezero, igihe abacungezi bigisha Ijambo ry’Imana n’urukundo hamwe n’ishwashwanuke, bakoherereza umukuku kugira umwete ururumba w’ugusukurira Yehova ubudashira. (Matayo 28:19, 20; 1 Ab’i Tesalonike 5:11, 14) Igihe twebwe umwumwe dushize rya teka rya Kirisitu mu ngiro mu buzima bwacu bwite, ibaze ukuntu umutima wa Yehova unezerwa! (Imigani 23:15) Ashaka ko abakunda iteka rikemutse ryiwe bose babaho ubudashira. Mw Iparadizo igiye kuza, tuzobona igihe ubwoko-muntu buzoba bukemutse, igihe kitagiramwo abatambukamateka, n’igihe impengamiro iyo ari yo yose y’imitima yacu izoba ikontoroye. Mbega iyo mpêra nziza cane kubera ukubaho twisunga iteka rya Kirisitu!

[Akajambo k’epfo]

a Imihira mwen’iyo ntimeze nka ya mamonasiteriyo y’Ubukirisu-bwitirano. Nta “babǒti,” ari bo bitwa “ba dawe,” bo muri ubwo buryo. (Matayo 23:9) Abavukanyi bahagarikiye abandi barahabwa icubahiro, ariko ubusuku barangûra buyobowe n’ingingo nyene zigenga abandi bakurambere.

Wewe Wibaza Iki?

◻ Ni kuki Ubukirisu-bwitiranio bwasizwe n’ico iteka rya Kirisitu rivuze?

◻ Twoshobora gute gushira iteka rya Kirisitu mu ngiro mu rugo?

◻ Kugira dukurikize rya teka rya Kirisitu mw ikorane, ni igiki dukwiye kwirinda, kandi ni igiki dukwiye kugira?

◻ Abakurambere bashobora gute kugamburuka rya teka rya Kirisitu mu vyo bagirana n’ikorane?

[Ifoto ku rup. 30]

Umwana wawe arafise inkenero nini y’urukundo

[Ifoto ku rup. 31]

Ese ukuntu abungere banyarukundo bacu baruhura!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika