ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w96 1/10 rup. 14-19
  • Yehova Aragashima Ivyo Wakóze

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova Aragashima Ivyo Wakóze
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ubumenyi Buratuma Tugira Ico Tubazwa
  • Turi n’Ico Tubazwa ku bw’Igikorwa Ngenerwa Cacu
  • Ingo Zirishura Neza Ico Zibazwa
  • Abakurambere Bari n’Ico Babazwa—Gute?
  • Tugume Twishura Neza Ivyo Duharurwako
  • Bose Ni Ngombwa Babazwe n’Imana Ivyo Bǎkoze
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Nehemiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • “Uze unyibuke, ewe Mana yanje, ungirire iciza”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • ‘Nugume utsindisha ikibi iciza’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
w96 1/10 rup. 14-19

Yehova Aragashima Ivyo Wakóze

“Mana yanje, n’ibi . . . uz’ubinzirikaneko, . . . Mana yanje, uz’ubinzirikaneko, ubinyishure ivyiza.”—NEHEMIYA 13:22, 31.

1. Ni igiki gifasha abiyeguriye Imana kwishura neza kuri Yehova?

ABASUKU ba Yehova barafise imfasho yose bakeneye kugira bishure neza kuri we. Kuki? Kubera ko bafitaniye n’Imana ubucuti bukomeye uko bagize igihimba c’iyungungane ryayo ryo kw isi. Yarabahishuriye intēgo zayo, kandi yarabahaye imfasho hamwe n’uguca mu kajisho kwo mu vy’impwemu ikoresheje impwemu yera yayo. (Zaburi 51:11; 119:105; 1 Ab’i Korinto 2:10-13) Turavye izo nyifato z’ibintu zidasanzwe, Yehova n’urukundo rwinshi arasaba abasuku biwe bo kw isi kwishura ku biberekeye ku co bari co hamwe n’ivyo bashitsa ku nkomezi ziwe, ivyo bagira kandi bafashijwe n’impwemu yera yiwe.

2. (a) Ni mu buryo buki butari bumwe Nehemiya yishuye neza ku Mana ku bimwerekeye? (b) Nehemiya yasozereje insabo iyihe ishimitse igitabu citiriwe izina ryiwe?

2 Umugabo umwe yishuye neza ku Mana ku bimwerekeye yari Nehemiya, umukevyi w’Umwami Aritazeruzi (Longimanus) w’Abaperesi. (Nehemiya 2:1) Nehemiya yacitse buramatari w’Abayuda hanyuma arubaka busha igihome ca Yeruzalemu ahanzwe n’abansi hamwe n’impanamizi. N’ishaka n’akantu yari afitiye insengo y’ukuri, yarashikishije Iteka Imana yashinze yongera aritwararika abahotorwa. (Nehemiya 5:14-19) Nehemiya yarahimirije Abalewi kwityorora ubudahorereza, kurinda amarembo no kweraza (kwerandisha) umusi w’Isabato. Yarashoboye rero kuzamba ati: “Mana yanje, n’ibi na vyo uz’ubinzirikaneko, umpangaze nk’ukw imbabazi zawe nyinshi zingana.” Mu buryo kandi bubereye, Nehemiya igitabu yanditse ahumekewe n’Imana yagisozereje iyi nsabo ishimitse: “Mana yanje, uz’ubinzirikaneko, ubinyishure ivyiza.”—Nehemiya 13:22, 31.

3. (a) Wodondora ute umuntu agira iciza? (b) Ukuzirikana ingendo ya Nehemiya vyoshobora kudutera kwibaza ibibazo ibihe?

3 Umuntu akora iciza aragira ingeso nziza kandi akarangura ibigiro (ibikorwa) bigororotse vyungura abandi. Nehemiya yari umuntu ameze ukwo. Yari n’ugutinya Imana kw’ukuyisonera, akagirira n’ishaka ryinshi insengo y’ukuri. Vyongeye, yarakura ubwatsi kubera uduteka yari yaratewe mu busuku akorera Imana, kandi yarishuye neza kuri Yehova ku bimwerekeye. Tuzirikanye ingendo yiwe bishobora neza kudutera kwibaza, duti ‘Jewe noba mbona gute uduteka natewe n’Imana hamwe n’amabanga yanshinze? Jewe ndiko nishura nte kuri Yehova na Yezu Kirisitu ku binyerekeye?’

Ubumenyi Buratuma Tugira Ico Tubazwa

4. Ni igikorwa-banga ikihe Yezu yahaye abakurikizi biwe, kandi ‘abari n’imero-gatima igororokeye ubuzima budashira’ bǎgize iki?

4 Yezu yahaye abakurikizi biwe iki gikorwa-banga: “Ni mugende, muhindure [mu ma]hanga yose abigishwa, mubabatiza . . . ; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose.” (Matayo 28:19, 20) Hǎri kugirwa abayoboke biciye mu kubigisha. Abigishijwe rero bakaba kandi ‘bari n’imero-gatima igororokeye ubuzima budashira’ bobatijwe, nk’uko Yezu yabatijwe. (Ivyakozwe n’intumwa 13:48; Mariko 1:9-11) Icipfuzo cabo c’ukwubahiriza ibintu vyose yageze cobaye kiva ku mutima. Boshikiriye intambwe y’ukwiyegura mu kwitwaramwo ubumenyi ntagakosa bwo mw Ijambo ry’Imana no mu kubukurikiza.—Yohana 17:3.

5, 6. Dukwiye gutahura dute Yakobo 4:17? Tangira ikirorezo ukuntu hokoreshwa.

5 Uko ubumenyi dufise bw’Ivyanditswe burushiriza kuba ubushika ibwina ni ko ishingiro ry’ukwizera kwacu rirushirizaho kuba ryiza kuruta. Ico gihe nyene, kugira ico tubazwa ku Mana bica bicika ibihambaye kuruta. Yakobo 4:17 havuga hati: “Ūzi gukora neza ntabikore, bimubera icaha.” Iyo nyatamuro biboneka ko ari insozero ku vyo umuyoboke Yakobo yari yavuze ku vyerekeye ukwishimagiza mu gishingo c’ukwisunga Imana muri vyose. Mu gihe umuntu azi ko ata kintu kiramba ashoboye gushitsa adafashijwe na Yehova ariko ntakore yisunze iryo, ivyo biba icaha. Ariko amajambo ya Yakobo arashobora kandi gukora ku vyaha biva ku mwiyobagizo. Nko muri wa mugani Yezu yaca werekeye intama n’impene, impene zirakubitwa intahe mu gahanga, atari kubera ibikorwa bibi, ariko kubera ukudafasha abavukanyi ba Kirisitu.—Matayo 25:41-46.

6 Hari umugabo umwe Ivyabona vya Yehova bǎyoborera urwigo rwa Bibiliya yagira iterambere rito mu vy’impwemu, bikaboneka ko vyava ku kudaheba kunywa itabi, naho yari azi yuko akwiye kuriheba. Umukurambere umwe yamusavye gusoma Yakobo 4:17. Nya mukurambere amaze gusasanura icó ico Canditswe gisiguye, yavuze ati: “Naho utarabatizwa, uri n’ico uharurwako kandi utegerezwa kubazwa ingingo yose ufata.” Amahirwe aba amahirwe, nya mugabo yarumvise, arahagarika kunywa itabi, hanyuma bidatevye arakwiza ibisabwa ngo abatizwe bwa kigereranyo c’uko yiyeguriye Yehova.

Turi n’Ico Tubazwa ku bw’Igikorwa Ngenerwa Cacu

7. Uburyo bumwe bw’ukwerekana ko dukenguruka “ukumenya Imana” ni ubuhe?

7 Icipfuzo mvamutima dufise gikwiye kuba ukuryohera Umuremyi wacu. Uburyo bumwe bw’ugushira ahabona ubukengurutsi bwacu kubera “ukumenya Imana” ni ugushitsa igikorwa-banga dufise c’uguhindura abantu abayoboke b’Umwana wiwe, Yezu Kirisitu. Ubwo kandi ni uburyo bw’ukuranga urukundo dufitiye Imana hamwe na mugenzi wacu. (Imigani 2:1-5; Matayo 22:35-40) Egome, ukumenya Imana kwacu kuratuma tugira ico tubazwa kuri yo, kandi abantu nkatwe bikenewe ko tubabona nk’abashobora kuzoba abayoboke.

8. Ni kuki dushobora kuvuga yuko Paulo yǐyumvamwo ko ari n’ico abazwa ku Mana kubera igikorwa ngenerwa ciwe?

8 Umuposolo Paulo yari azi yuko kwemera no kugamburuka inkuru nziza tutiziganya vyanzukamwo urukiza, bugingo ukuyishibura bishobora kuzana uguhona. (2 Ab’i Tesalonike 1:6-8) Yariyumvamwo rero ko hari ico abazwa kuri Yehova kubera igikorwa ngenerwa ciwe. Kukaba nkako, Paulo hamwe n’abari bifatanije na we bǎrashima cane igikorwa ngenerwa cabo ku buryo mbere bǐrinda rwose ko biboneka nk’uko boba bagikuramwo inyungu yinaka y’amahera. Vyongeye, umutima wa Paulo waramutumye kuvuga ati: “Iyo mvuga ubutumwa, singira ico nirata; kuko mfise ikingōbēra: ntavuze ubutumwa nobona ibara.”—1 Ab’i Korinto 9:11-16.

9. Ni umwenda uhambaye uwuhe Abakirisu bose bategerezwa kuriha?

9 Kubera ko turi abasuku ba Yehova biyeguye, ‘turagoberwa ngo tuvuge inkuru nziza.’ Gukwiririza inkuru nziza y’Ubwami ni igikorwa-banga dushinzwe. Twaremeye iryo banga igihe twiyegurira Imana. (Gereranya na Luka 9:23, 24.) Bitayeko, turi n’umwenda dukwiye kuriha. Paulo yavuze ati: “Abagiriki bo n’abanyamahanga badebagura, abanyabgenge bo n’ibipfu, ndi n’umwenda wabo; ni co gituma jeho kubganje niteguye kubabgira ubutumwa bgiza namwe mur’i Roma.” (Abaroma 1:14, 15) Paulo yariko umwenda kubera ko yari azi yuko gukwiririza ari ico ategerejwe, kugira abantu bashobore kwumva inkuru nziza kandi bakizwe. (1 Timoteyo 1:12-16; 2:3, 4) Ni co gituma yakora agatama kugira ashitse ico gikorwa-banga ciwe abe yikuyeko uwo mwenda afitiye abantu nka we. Twebwe Abakirisu natwe nyene, turiko umwenda mwen’uwo dukwiye kuriha. Ugukwiririza Ubwami ni uburyo kandi nyamukuru bw’ukwerekana urukundo dufitiye Imana, Umwana wayo hamwe na bagenzi bacu.—Luka 10:25-28.

10. Bamwe bǎguye igikorwa ngenerwa cabo mu kugira iki?

10 Uburyo bumwe bw’ukwishura neza ku Mana ku bitwerekeye, ni ugukoresha ububangukirwe dufise mu kwagura igikorwa ngenerwa cacu. Tubitangire ikirorezo: mu Bwongereza harabayeho umwicuko w’abantu bo mu migwi-mahanga myinshi mu myaka iherutse. Kugira abantu mwen’abo bashikirwe bâzaniwe inkuru nziza, abatsimvyi (abakwiririji b’Ubwami b’igihe cose) barenga 800 hamwe n’abandi Vyabona amajana bariko biga indimi zindi. Ico ivyo vyanzutsemwo ni uko vyabavyuriye imbaga ngo barangûre igikorwa ngenerwa. Raba ivyavuzwe n’umutsimvyikazi yǐgisha isomero ry’Igishinwa: “Sinǐyumvira ko nokwigeze nigisha abandi Vyabona ururimi mvuga, kugira basabikanye ukuri n’abandi muri ubu buryo. Biraheza akanyota cane!” Woba ushobora kwagura igikorwa ngenerwa cawe muri ubwo buryo nyene?

11. Igihe Umukirisukazi umwe yashinga intahe intategekanywa vyanzutsemwo iki?

11 Umwumwe muri twebwe ntiyobura kugira ivyo ashoboye kugira akize umuntu ariko asoma nturi. Abasuku ba Yehova na bo nyene barashashaye gukoresha ububangukirwe bwabo kugira bashinge intahe igihe cose habonetse akaryo. Ubuheruka hari Icabonakazi yari yicaye hambavu y’umugore bari mw ibisi hanyuma aramuganiriza ku Vyanditswe. Uno mugore aho anyuririwe n’ivyo amubwiye, abaza ibibazo vyinshi. Igihe ca Cabonakazi yari yimirije kwururuka, nya mugore yaramutakambiye ngo apfume aza i muhira iwe kubera ko yari agifise ibibazo bitari bike. Nya Cabonakazi yaremeye. Vyavuyemwo iki? Urwigo rwa Bibiliya rwaratanguye, hanyuma inyuma y’amezi atandatu nya mugore acika umwamamaji w’Ubwami atarabatizwa. Vuba mu nyuma wenyene yarongōra inyigo za Bibiliya zitandatu zigirirwa ku muhana. Ese impêra inyurîra vyavuyemwo kubera ugukoresha ububangukirwe umuntu afise mu busuku arangûrira Ubwami!

12. Ububangukirwe bwacu bwa bakozi bagenwa dushobora kubukoresha neza gute mu busuku bwo mu ndimiro?

12 Ububangukirwe dufise bwa bakozi bagenwa bushobora gukoreshwa mu buryo kirumara mu ndimiro, dukoresheje ibisohokayandikiro nka ca gitabu c’impapuro 192 citwa Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira. Muri Ndamukiza 1996, Komite Nshingwayandika y’Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova yari imaze kwemera isohorwa ry’ico gitabu Ubumenyi mu ndimi zirenga 140, kandi ico gihe imyǎbu 30 500 000 yaco yari imaze gucapurwa mu ndimi 111. Ico gitabu canditswe ngo gifashe abatohoji ba Bibiliya kwiga ibitosheje vyerekeye Ijambo ry’Imana hamwe n’intēgo zayo, kugira biyegurire Yehova bongere babatizwe. Kubera ko abamamaji b’Ubwami batazomara imyaka n’iyindi barongōra urwigo rwa Bibiliya rw’umuntu umwumwe wese rugirirwa i muhira, bashobora kurongōra inyigo n’abandi bantu biyongereye canke bakongereza ivy’ukujamwo mu gikorwa c’inzu ku nzu hamwe no mu bundi bwoko bw’igikorwa ngenerwa. (Ivyakozwe n’intumwa 5:42; 20:20, 21) Kubera ko bazi neza ko hari ico babazwa ku Mana, berekeza ikebu ku mburizi Imana itanga. (Ezekiyeli 33:7-9) Ariko ico bitwararitse gikuru ni ugutera ikuzo Yehova n’ugufasha abenshi bashoboka kwiga ivyerekeye inkuru nziza mu gihe kigufi kigisigaye c’uru runkwekwe rw’ibintu rubi.

Ingo Zirishura Neza Ico Zibazwa

13. Ni kuki ingo zibanga Imana zikwiye kugira urwigo rwa Bibiliya rw’umuryango zidahorereza?

13 Buri muntu wese canke buri rugo rwose rwakiriye Ubukirisu nyakuri, ari n’ico abazwa ku Mana, kandi akwiye rero ‘gushishikara ngo ashike ku buhûmure’ agacika ‘uw’ukwizera gushikamye.’ (Abaheburayo 6:1-3; 1 Petero 5:8, 9) Nk’akarorero, abize mu gitabu Ubumenyi bakaba barabatijwe barakeneye kwuhīra ubumenyi bwabo bw’Ivyanditswe mu kwitaba amahwaniro ubudahorereza hamwe no mu gusoma Bibiliya n’ibindi bisohokayandikiro bikirisu. Ingo zibanga Imana zikwiye kandi kugira urwigo rw’umuryango zidahorereza, kuko ubwo ari uburyo buhambaye bw’‘ukwama bagavye, bashikamye mu kwizera, bakaba abagabo, bakagira inkomezi.’ (1 Ab’i Korinto 16:13) Niba ari we uri umutwe w’urugo, wewe canecane uri n’ico ubazwa ku Mana, kuraba neza ko urugo rwawe rugaburirwa neza mu vy’impwemu. Nk’uko nyene ibifungurwa ndemamubiri biterêra ku vy’ukugira amagara meza, ni ko imfungurwa zigwiriye kandi zifatwa ubudahorereza z’ivy’impwemu zikenewe niba wewe n’urugo rwawe mugomba kuguma muri “abahangaye mu kwizera.”—Tito 1:13.

14. Ni igiki cǎnzutse mu ntahe yashinzwe n’akigeme k’akisirayeli kigishijwe neza?

14 Niba mu nzu iwawe hariho abana, Imana izoshima inyisiguro yawe kubera ubaha incishabwenge itonganutse yo mu vy’impwemu. Inyigisho mwen’iyo izobungura, nk’uko yabigiriye akigeme k’akisirayeli kari kafashwe mpiri n’Abasiriya mu misi ya Elisa umumenyeshakazoza w’Imana. Nya kigeme kacitse incoreke y’umugore w’umushefu w’ingabo z’Abasiriya yari arwaye imibembe, ari we Namani. Naho nya kigeme kari gato, karabwiye inabuja gati: “Icompa databuja akaja k’ūvugishwa n’Imana aba i Samariya! Yomukiza iyo mibembe yiwe.” Kubera icabona gishinzwe na nya kigeme, Namani yaragiye i bw’Isirayeli, amaherezo aremera ubuyobozi Elisa amuhaye bw’ukwiyuhagira incuro ndwi mu Ruzi Yorodani, hanyuma abona gukira nya mibembe. Vyongeye, Namani yaracitse umusenzi wa Yehova. Ese ukugene ivyo bitegerezwa kuba vyaranyurīriye ako kigeme!—2 Abami 5:1-3, 13-19.

15. Ni kuki bihambaye ko abavyeyi bigisha neza abana babo mu vy’impwemu? Bitangire ikirorezo.

15 Si icoroshe kurera abana ngo babe abibanga Imana muri iyi si yahumvye mu vy’ukwigenza runtu iri mu bubasha bwa Shetani. (1 Yohana 5:19) Ariko rero, guhera mu buhinja bwa Timoteyo, inakuru Lowisi na nyina wiwe Ewunike, barerewe mu vy’ukumwigisha Ivyanditswe. (2 Timoteyo 1:5; 3:14, 15) Ukwiga Bibiliya muri kumwe n’abana banyu, ukubajana ku mahwaniro makirisu ubudahorereza amaherezo bakabaherekeza mu gikorwa ngenerwa, ivyo vyose bigize igihimba c’uburyo bw’ukwigisha, ari na vyo dutegerezwa kubazwa ku Mana. Umukirisu umwe w’umutamakazi wo mu gihugu ca Pays de Galles, ubu akaba ageze mu myaka 80 n’iyindi, aribuka yuko mu ntango y’imyaka y’1920, se wiwe yahora ajana na we igihe yagenda ibirometero 10 ku maguru ku musozi (isafari y’ukugenda n’ukugaruka y’ibirometero 20), agiye kugabanganya amataragiti y’ivya Bibiliya ku banyamihana bo mu mubande uhegereye. “Muri izo ngendo zo ku maguru ni ho dawe yaja aranyinjiza ukuri mu mutima,” ni vyo avugana ishimwe.

Abakurambere Bari n’Ico Babazwa—Gute?

16, 17. (a) Ni uduteka nyabaki twǎhabwa abagabo bakuze bahūmuye mu vy’impwemu bo muri Isirayeli ya kera? (b) Tugereranije n’inyifato y’ibintu yari muri Isirayeli ya kera, ni kuki kino gihe abakurambere bakirisu bari na vyinshi kuruta basabwa?

16 “Imvi ku mutwe n’igitsibo c’icubahiro, kiboneka mu nzira y’ubugororotsi,” vyavuzwe na Salomo umugabo aciye uruma. (Imigani 16:31) Ariko si imyaka bwaka umuntu amaze ituma aba uwuri n’ivyangombwa vy’ukugira ashingwe amabanga mw ikorane ry’igisata c’Imana. Abagabo bakuze bahūmuye mu vy’impwemu muri Isirayeli ya kera bǎsukura bwa bacamanza n’abakuru ku bw’ishitswa ry’ubutungane hamwe n’izigamwa ry’amahoro, urupange rwiza hamwe n’amagara meza mu vy’impwemu. (Gusubira mu vyagezwe 16:18-20) Naho mw ikorane rikirisu ari na kwo bigenda, hari vyinshi kuruta bisabwa abakurambere uko umuhero w’uru runkwekwe rw’ibintu wegereza. Kubera iki?

17 Abisirayeli bari ‘igisata cacaguwe,’ abo Imana yahabuje ibakuye mu gihugu ca Misiri. Kubera ko bǎhawe Iteka biciye ku mukandizi wabo Musa, abakomoke babo bavukiye mw ihanga ryiyeguye kandi bakaba bari bamenyereye amabwirizwa ya Yehova. (Gusubira mu vyagezwe 7:6, 11) Ariko rero, nta n’umwe avukira mw ihanga ryiyeguye mwen’iryo muri iki gihe, tugereranije ugasanga abake ari bo bakurira mu ngo zibanga Imana zizi neza ukuri kwo mu Vyanditswe. Canecane abaherutse gutangura ‘kugendera mu kuri’ barakeneye incishabwenge zerekeye ukugene bobaho bakurikiza ingingo zo mu Vyanditswe. (3 Yohana 4) Ese rero ibanga riri ku gatwe k’abakurambere b’abizerwa uko “[ba]gumya icitegererezo c’amajambo mazima” bongera basahiriza igisata ca Yehova!—2 Timoteyo 1:13, 14.

18. Ni insahirizo nyabaki abakurambere b’ikorane bategerezwa kuba biteguriye gutanga, kandi ni kubera iki?

18 Umwana mutoyi yiga gutambuka ashobora gutsitara akagwa. Arumva impungenge vyongeye akaba akeneye ko abavyeyi bamufasha kandi bakamusubiriza umutima mu nda. Umuntu yiyeguriye Yehova na we nyene yoshobora gutsitara canke akagwa mu vy’impwemu. N’umuposolo Paulo nyene yasanze bikenewe ko arwana urugamba rw’ukugira ibigororotse canke ivyiza mu nyonga z’Imana. (Abaroma 7:21-25) Abungere b’umukuku w’Imana barakeneye gusahiriza n’urukundo Abakirisu bahuvye mugabo bakaba vy’ukuri bihanye. Igihe abakurambere bǎgendera umukenyezi umwe yǐyeguye yari yakoze ikosa rikomeye, uno yavugiye imbere y’umunega wiwe yiyeguye, ati: “Ndazi ko muja kunca!” Ariko yaraturikishije ararira igihe yabwirwa ko abakurambere bashaka kumenya imfasho ikenewe kugira bagarure nya rugo mu vy’impwemu. Kubera ko nya bakurambere bari bazi ko bategerezwa kugira ico babazwa, baragize agahimbare k’ugusahiriza mugenzabo yihanye.—Abaheburayo 13:17.

Tugume Twishura Neza Ivyo Duharurwako

19. Ni mu buryo ki dukwiye kuguma twishura neza ku Mana ku bitwerekeye?

19 Abakurambere b’ikorane hamwe n’abandi basuku b’Imana barakeneye kuguma bishura neza kuri Yehova ku biberekeye. Ivyo birashoboka niba twumiye kw Ijambo ry’Imana kandi tukagira igomba ryayo. (Imigani 3:5, 6; Abaroma 12:1, 2, 9) Dushaka canecane kugirira iciza abafatanije natwe mu kwizera. (Ab’i Galatiya 6:10) Ariko rero, igenya riracari rinini, abakozi na bo bakaba bakiri bake. (Matayo 9:37, 38) Reka rero tugirire iciza abandi mu kuvugira aheru ubutumwa bw’Ubwami dushirutse ubute. Ukwishura kwacu kuri Yehova azogushima niba dushitsa ubwiyegure bwacu, tukagira igomba ryiwe kandi n’ubwizerwe n’akantu tukavugira aheru ya nkuru nziza.

20. Ni igiki twigira ku kurimbura ingendo ya Nehemiya?

20 Reka rero tubandanye kugira vyinshi cane dukora mu gikorwa c’Umukama. (1 Ab’i Korinto 15:58) Kandi twoba tugize neza turimbuye Nehemiya, uwubatse busha igihome ca Yeruzalemu, agashikisha Iteka Imana yashinze, kandi agakorereza n’umwete insengo y’ukuri. Yarazamvye yuko Yehova Mana yomwibuka kubera iciza yari yakoze. Urakagaragaza nawe ko wiyeguriye Yehova, na we aragashima ivyo wakoze.

Wotanga Inyishu Nki?

◻ Ni akarorero nyabaki katanzwe na Nehemiya?

◻ Ni kuki ubumenyi butuma tugira ico tubazwa ku Mana?

◻ Dushobora dute kwishura neza kuri Yehova mu gikorwa ngenerwa cacu?

◻ Ni igiki ingo zishobora gukora kugirango zibone kwishura neza ku Mana?

◻ Abakurambere bakirisu bishura mu buryo nyabaki?

[Amafoto ku rup. 16]

Nka kumwe kwa Paulo, turashobora kwishura neza ku Mana bwa bavugiraheru b’Ubwami

[Ifoto ku rup. 17]

Abana bawe boba bakomeye mu kwizera nka kumwe kwa ka kigeme k’akisirayeli ko mu nzu kwa Namani?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika