ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w96 1/10 rup. 4-7
  • Indoto Zoba Zishobora Kubûra Ivya Kazoza?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Indoto Zoba Zishobora Kubûra Ivya Kazoza?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Indoto Zitava ku Mana
  • Suzuma Ivyo Bavuga
  • Indoto zivuye ku Mana
    Be maso!—2014
  • Ni Ngombwa Turote
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Ubwami butazokwigera buvaho
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Igiti cagereranya ubwami
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
w96 1/10 rup. 4-7

Indoto Zoba Zishobora Kubûra Ivya Kazoza?

KUVA mu bihe vya kera, ubwoko-muntu bwamye bwitwararika cane ivy’indoto. Abanyamisiri bari bǎrateguye ibitabu bikozwe vyitondewe vy’ukurotora indoto, vyongeye Abanyababiloni na bo bari bafise abarotozi b’indoto zabo. Mu Bagiriki umugenzo wari uw’ukuryamika abantu barwaye mu ngoro za Asclepius kugira bahabwe imbwirizo z’ivy’amagara mu ndoto zabo. Mu kinjana ca kabiri co mu Gihe Cacu, Artemidorus yaranditse igitabu, muri co aratanga indotoro z’ibigereranyo vy’indoto. Ibitabu vyinshi mwen’ivyo vyanditswe kuva ubwo vyashingiwe ku gitabu ciwe. Gushika uyu musi, haragirwa imyigoro y’ukurotora indoto. Ariko zoba zitanga uguca mu kajisho mu vy’ibishikiragihe vya kazoza?

Kugira baronke indotoro ivuga ivya kazoza, bobwirijwe kwoshwa n’inguvu iminuje. Muri Bibiliya turasangamwo incuro nyinshi, aho Imana yatanze iyo nguvu nyene. Yarahaye abasuku biwe indoto menyeshakazoza, iziha na bamwebamwe mu batäyisenga. Kukaba nkako, Yobu 33:14-16 havuga hati: “Imana . . . ivuga . . . mu nzozi, mw iravūta ryo mw ijoro, igihe itiro ryinshi ritwaye abantu, bisinziri[ri]ye ku mariri yabo, ni ho izibūra amatwi y’abantu.”

Imana ivyo yarabigize ku vyerekeye Umunyamisiri Farawo mu misi ya Yozefu, uwabayeho imbere y’imyaka 1 700 ngo dushikire Igihe Cacu. Indoto ya Farawo uyisanga mw Itanguriro 41:1-7, mu murongo wa 25 gushika 32 na ho Yozefu akazirotora abûra imyaka indwi y’“uburumbuke bginshi mu gihugu ca [Misiri],” ikurikirwa n’imyaka indwi y’ikigoyi. Yozefu yasiguriye Farawo ati: “Ivyo Imana igira ikore yabikumenyesheje.” (Itanguriro 41:28) Nya ndoto yari iyimenyesha ivyahavuye bigashika vy’ukuri.

Umwami ahambaye w’Abanyababiloni yarashikiwe n’ibintu nk’ivyo nyene. Nebukadineza yaragize indoto yamuhagaritse umutima bimwe bikomeye, ariko ntiyashobora kuyibuka. Nuko ahamagara abapfumu biwe kugira bamumenyeshe nya ndoto hamwe n’indotoro yayo. Bari basabwe ikintu badashobora gushitsa.—Daniyeli 2:1-11.

Kubera ko Imana yari yahaye iyo ndoto umwami, Yo yaratumye wa mumenyeshakazoza Daniyeli ahishura nya ndoto hamwe n’indotoro yayo. Daniyeli 2:19 havuga hati: “Nuko Daniyeli ahishurirwa ayo mabanga, avyerekwa nko mu nzozi mw ijoro.” Daniyeli ishimwe yarishize ku Mana kubera iyo ndoto: “Ibanga wasobanuza nta banyabgenge boshobora kurikumenyesha mwami, cank’abapfumu cank’abanyamarēba cank’abamenyi; ariko mw ijuru har’Imana ihishura amabanga, kandi ni yo yakumenyesheje ibizobaho mu bihe bizoza, mugenzi.”—Daniyeli 2:27, 28.

Rimwe na rimwe Imana yaraha imbwirizo igisata cayo ikoresheje indoto, mu bindi bihe na ho ikabakura amakenga yuko ibatonesha, canke ikabafasha ngo batahure ukugene yariko ibasahiriza. Mu vyashikiye Yakobo, Imana yarahishuye inshīmo yayo, ibicishije ku ndoto.—Itanguriro 48:3, 4.

Yozefu se murezi wa Yezu, igihe yǔbura yuko Mariya yibungenze, yafashe ingingo y’ukwahukana na we. Maze aronka imbwirizo mu ndoto z’uko atogira ivyo. Matayo 1:20 havuga hati: “[Amaze ku]vyiyumvira, umumarayika w’Umwami Imana amwiyerekera mu nzozi, aramubarira, ati Yosefu, mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya umugeni wawe, kukw atwaye inda ya Mpwemu Yera.” Mu nyuma yararonse imburizi mu ndoto: “Umumarayika w’Umwami Imana yiyerekera Yosefu mu nzozi, aramubgira, ati Vyuka, ujane umwana na nyina, uhungire [mu Misiri].”—Matayo 2:13.

Indoto Zitava ku Mana

Ivy’uko ukurotora indoto kwari kugwiriye mu batâri igisata c’Imana bisobanura yuko indoto mu bisanzwe zidashobora kurimbūrwa ko ari impishuzi nyishimirwa za kazoza. Mu misi ya Yeremiya umumenyeshakazoza w’Imana, abamenyeshakazoza b’ikinyoma bǎriko bavuga ngo: “Narose, narose.” (Yeremiya 23:25) Imigabo yabo kwari uguhubisha abantu ngo baje mu kwiyumvira yuko Imana yariko igamba ibicishije kuri bo. Ku biraba abo barosi, Yeremiya yarahumekewe kuvuga ati: “[Uku ni] k’Uhoraho Nyen’ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Ba kamenyi banyu baba muri mwebge n’abapfumu banyu ntibabahende, kandi ntimukumvire inzozi babarotera. Kuko baragurira ibinyoma mw izina ryanje, . . . ni jewe Uhoraho mbivuze.”—Yeremiya 29:8, 9.

Kubera ko abo bamenyeshakazoza b’ikinyoma bari “abapfumu,” indoto zabo zashobora kuba zoshwa n’inteko z’ibinyabuzima-mpwemu bikora ikibi birondera guhenda igisata ca Yehova. Ni na vyo vyerekanwa n’ibivugwa icese muri Zekariya 10:2: “Ibigirwamana vyitwa terafimu bivuga ubusa, n’abapfumu bakaragura ibinyoma; bavōvōta inzozi z’ibihumbagurano.”

Idiyǎbule ni umuhendanyi komvyo amaze imyaka ibihumbi akoresha abarongōzi b’idini y’ikinyoma ngo bavuge babesha yuko Imana yabagambiye ibicishije mu nzozi n’indoto, nk’uko nyene vyagizwe na ba bamenyeshakazoza b’ikinyoma mu misi ya Yeremiya na Zekariya. Ku vyerekeye mwen’abo, Yuda umwanditsi wa Bibiliya yahumekewe yarandikiye Abakirisu bo mu kinjana ca mbere ati: “Bamwe bā[ra]bājemwo binyegeteza, bandikiwe kera gucirwakw iryo teka, batubaha Imana, bahindura ubuntu bg’Imana yacu isoni nke, bakīhakana Yesu Kristo, ni we wenyene Databuja n’Umwami wacu.” Yavuze ko abo bagabo vyovugwa ko ‘bǎja mu vy’indoto.’—Yuda 4, 8.

Suzuma Ivyo Bavuga

Umuntu ashobora kuvuga yuko Imana yamugambiye mu ndoto canke ko indoto ziwe zerekeye ibizoba muri kazoza zarangutse, yamara ivyo si impamvu ihagije yo kumwemerera ivyo avuze ngo uce umukurikira. Raba imbwirizo zǎndikiwe Abisirayeli, izo dusanga muri Gusubira mu vyagezwe 13:1-3, 5: “Muri mwebge ni hāduka umuvugishwa cank’umurōsi, akabaha ikimenyamenya cank’akababarira igitangaza, ico kimenyamenya cank’ico gitangaza kigashika, ico yababariye, ati Ni cashika tuze tugendanire izindi mana, tuzisabe; kand’ar’imana mutigeze kumenya; ntimuze mwemere amagambo y’uwo muvugishwa canke y’uwo murōsi, . . . Kand’uwo muvugishwa cank’uwo murōsi baze bamwice.” Imana yararetse mwen’abo baravuga ivy’ikinyoma kugira kabe agasuzumisho k’ukutadohoka kw’igisata cayo.

Aho gupfa kwemera ibivugwa n’abarosi biyitirira ububasha budasanzwe, ingendo y’urwevu kuri twebwe kwoba ugusuzuma ivyo bavuga kugira twirinde uguhubishwa na wa muhendanyi komvyo ataboneka, umwe “[a]zimiza abari kw isi bose.” (Ivyahishuriwe Yohana 12:9) Ariko vyoshobora gusuzumwa gute bimwe vyishimiwe?

Ijambo ry’Imana ryanditswe ni yo nyobozi twahawe n’Imana itujana ku kuri. Ku biryerekeye, Yezu Kirisitu yavuze ati: “Ijambo ryawe ni ryo kuri.” (Yohana 17:17) Nuko rero muri 1 Yohana 4:1 dukeburwa uku: “Abo nkunda, ntimwemere impwemu zose, ariko mugerageze impwemu ko zavuye ku Mana: kukw abigira abavugishwa n’Imana benshi bādutse mw isi.” Ivyo bavuga, amafilozofiya yabo, hamwe n’ingiro zabo, iyo tubigereranije na Bibiliya twitonze, tuzosanga bitabonana na ryo. Ijambo ry’Imana ni bwo bukuru bugena ukuri ukwo ari kwo.

Nya murosi avugá ko afise ubumenyi budasanzwe yoba mu binyakuri akoresha uburaguzi canke iyindi mimogorero y’ivy’ubupfumu? Niba ari ukwo biri, Ijambo ry’Imana riramukubita intahe mu gahanga. “Muri mwebge ntihaze haboneke . . . ūragura, cank’ūtera amabara, cank’umupfumu, cank’umurozi, cank’umwābūzi, cank’ūja guhamagara imizimu, cank’umumenyi, cank’ūraguza imizimu. Kuk’ūkora ben’ivyo wese aba abaye umuyobe k’Uhoraho.”—Gusubira mu vyagezwe 18:10-12.

Niba avuga ko muri we afise ubugingo budashobora gupfa, aba ariko aja kubiri n’Ijambo ry’Imana rivuga icese ryeruye riti: ‘Ubugingo bukora icaha—ubwo ubwabwo buzopfa.’ (Ezekiyeli 18:4, NW) Yoba yishira hejuru agakwega abantu ngo abe ari we bakurikira? Matayo 23:12 hagabisha hati: “Ūzokwishira hejuru azocishwa bugufi.” Mu Vyakozwe n’intumwa 20:30 na ho habūrira Abakirisu hati: “Muri mwebge ubganyu hazokwadukamw’abantu bavuga ibigoramye kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma yabo.”

Yoba arwanīrira ibikorwa vy’ubukazi? Yakobo 3:17, 18 haramukubita intahe mu gahanga: “Ubgenge buva mw ijuru, irya mbere buratunganye, kandi n’ubg’amahoro, burengenga, bukunda kugīrwa inama, bguzuye imbabazi n’imbuto nziza, ntibukekeranya, ntibugira uburyarya. Kand’imbuto zo kugororoka zibibga mu mahoro n’ababanguranya.” Yoba arondera ubukuru canke ubuhambare mu vya politike mw isi? Ijambo ry’Imana riramwagiriza rishimitse, rikavuga riti: “Umuntu wese agomba kuba incuti y’isi aba yîgize umwansi w’Imana.” Ngukwo uko Bibiliya ishira ku kabarore ikinyoma.—Yakobo 4:4.

Niba umuntu yarose urupfu rw’umuharurwa wo mu rugo canke umugenzi, kumbure ni ukubera yari arajwe ishinga n’ivya nya muntu. Ivy’uko nya muntu ashobora kuba yapfuye mw ijoro nyene uno yagiriyemwo iyo ndoto, ivyo ubwavyo ntibihinyuza yuko nya ndoto yari iyimenyesha kazoza. Ku ndoto yose ya mwen’ubwo bwoko isa n’uko ari inyakuri, hariho izishika amajana zitaboneka ko ari inyakuri.

Naho Imana yakoresheje indoto kera kugira ihishure ibishikiragihe menyeshakazoza kandi igatanga imbwirizo magingo Ijambo ryayo ryanditswe ryariko riratunganywa, ivyo nta vyo ikeneye kugira kino gihe. Iryo Jambo ryanditse ririmwo imbwirizo zose ziva ku Mana, izo ubwoko-muntu bukeneye iki gihe, ibimenyeshakazoza biri muri ryo na vyo bikaba bibūra ibishikiragihe vy’imyaka irenga igihumbi uja muri kazoza. (2 Timoteyo 3:16, 17) Turashobora rero kwizera ko indoto turota atari ivyerekanwa n’Imana vyerekeye ibishikiragihe vyo muri kazoza, ahubwo ko ari ugukora kw’ubwonko bwacu kugira bugumye ukumera neza kwacu kwo mu buzirikanyi.

[Ifoto ku rup. 7]

Nk’uko ya ndoto ya Farawo yaranze ivyari bigiye kuza, Ijambo ry’Imana rirashira umuco kuri kazoza kacu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika