‘Shishikare Ubwakrabashitsi’
‘Mugabanirize abera, uko bakennye; mushishikare ubwakīrabashitsi.’—ABAROMA 12:13.
1. Inkenero y’ishimikiro umuntu afise ni inki, kandi igaragazwa gute?
GUCA mw ibarabara riri mu gahinga ahantu utazi, mw ijoro rya nyaganande, gishobora kuba ikintu gica ivutu muri ino misi. Ariko no kuba uri mw ishengero ry’abantu utazimwo n’umwe canke na bo ntibakumenye, na vyo nyene biraryana mu mutima. Si ivy’imbeshere, inkenero y’ukubungabungwa, gushakwa, no gukundwa, igize igice ntahara c’ubwumbire bw’umuntu. Nta n’umwe ashaka gufatwa nk’umuntazi canke nk’uwo hanze.
2. Yehova yatunganije gute inkenero dufise y’ukuba kumwe n’umugenzi?
2 Yehova Mana, we Muhinguzi na Muremyi w’ibintu vyose, arazi neza yuko umuntu akeneye kuba kumwe n’umugenzi. Mana, we Mubumvyi w’ibiremwa-muntu, guhera nyene mu ntango yari azi neza ko “[atari] vyiza k[o u]muntu yibana wenyene,” kandi yaragize ico akoze kuri ivyo. (Itanguriro 2:18, 21, 22) Inkuru ya Bibiliya iruzuyemwo uturorero tw’ibikwaku vy’ubuntu abantu bǎseruriwe na Yehova bo n’abasuku biwe. Ivyo biratuma twiga ukuntu ‘twoshishikara ubwakīrabashitsi,’ bigatera umunezero n’akanyamuneza abandi, na twebwe bikaduheza akanyota.—Abaroma 12:13.
Ukunogera Abantazi
3. Sigura insobanuro y’ishimikiro y’ubwakīrabashitsi.
3 Ijambo ‘ubwakīrabashitsi’ nk’uko rikoreshejwe muri Bibiliya, rihibanuwe rikuwe mw ijambo ry’Ikigiriki phi·lo·xe·niʹa, rino rikaba rigizwe n’amajambo y’inkomoko abiri asobanura ‘gukunda’ na ‘umuntazi.’ Gutyo rero, ubwakīrabashitsi risigura canecane “ugukunda abantazi.” Ariko ntiwumve, ivyo si ikigirwa buheze umwuga canke bwa kintu c’ubugwaneza gusa. Birashiramwo inyiyumvo n’ibishika vy’umuntu. Irivuga phi·leʹo, nk’uko bivugwa n’igitabu kimwe, Exhaustive Concordance of the Bible, ca James Strong, risobanura “kubera umugenzi (kunogera [umuntu canke ikintu]), ni ukuvuga, kugirira igishika (vyerekana ubwifatanyi bw’umuntu bwite na [naka], bivuye ku kanyengetera canke ku nyiyumvo).” Kubera ico, ubwo bwakīrabashitsi burarenga urukundo rushingiye ku ngingo, urwoba rugirwa kubera ari ibwirizwa. Mu bisanzwe ni inyiseruro y’ubunogere, igishika, n’ubugenzi nyavyo.
4. Ni bande ubwakīrabashitsi bukwiye guserurirwa?
4 Nyene kugirirwa ubwo bunogere n’ico gishika ni “umuntazi” (Ikigiriki, xeʹnos). Uwo yoshobora kuba ari nde? N’ubu nyene ca gitabu, Concordance, ca Strong gisigura ijambo xeʹnos nk’ ‘umuvamahanga (urudome ku rundi umunyamahanga, canke mu mvugo ngereranyo umushasha); rigobotowe rivamwo umushitsi canke (inyuranenyurane) umuntazi.’ Nuko rero, ubwakīrabashitsi nk’uko bwǎtangiwe akarorero muri Bibiliya, bushobora kugaragaza ubuntu buseruriwe umunaka tunogera, canke bugashobora gushikanwa no ku muntazi yuzuye. Yezu yasiguye ati: “Ni mwakunda ababakunda, muri n’impēra ki? Mbeg’abatozakori bo si ko bagira? Ni mwaramukanya n’incuti zanyu gusa, abandi muzoba mubarusha iki? Abanyamahanga bo si ko bagira?” (Matayo 5:46, 47) Ubwakīrabashitsi nyakuri burarenga amacakubiri n’ivangura biterwa n’umwikeko hamwe n’ubutinyi.
Yehova, wa Mwakīzi Akemutse
5, 6. (a) Ni igiki Yezu yari afise mu muzirikanyi igihe yavuga, ngo “So wo mw ijuru [ni inkemuke]”? (b) Ubutanzi bwa cane bwa Yehova bubonekera ku ki?
5 Yezu, inyuma y’aho yerekaniye uduhonzi tw’urukundo abantu baseruranira, nk’uko bihejeje kudondwa, yongeyeko iyi mpanuro: “Mwebge ni mube [inkemuke], nk’uko So wo mw ijuru ar’[inkemuke].” (Matayo 5:48) Ni icumvikana, Yehova ni umukemuke muri vyose. (Gusubira mu vyagezwe 32:4) Ariko rero Yezu yariko ashira ahabona imboneko imwe iri n’ico yisangije y’ubukemuke bwa Yehova, nk’uko imbere yaho yabivuze: “[Mana] atuma izuba ryiwe rirasira ababi n’abeza, kand’aha imvura abagororotsi n’abagabitanya.” (Matayo 5:45) Ku vyerekeye ukuranga ubuntu, Yehova ntagira nkunzi.
6 Yehova, we Muremyi, ni we agaba ibintu vyose. “Ibikōko vyose vyo mu kibira [n]’ivyanje, n’inka zo ku misozi y’ibihumbi. Ndazi inyoni n’ibisīga vyose vyo ku misozi, n’ibikōko vyo ku gahinga n’ivyanje,” bivugwa na Yehova. (Zaburi 50:10, 11) Yamara, ntaho agumya ikintu na kimwe ku bwikunzi. Mu butanzi bwa cane bwiwe, araronsa ibintu ibiremwa vyiwe vyose. Umunyamazaburi yavuze kuri Yehova ati: “Upfumbaturura igipfunsi cawe, ugahāza ukwifuza kw’ibiriho vyose.”—Zaburi 145:16.
7. Ni igiki dushobora kwigira ku buryo Yehova afata abantazi hamwe n’abari mu nkenero?
7 Yehova araha abantu ivyo bakeneye—naho boba abantu batamuzi, b’abantazi kuri we. Paulo na Barunaba bǎribukije abasenzi b’ibigirwamana mu gisagara c’i Lusitira yuko Yehova ‘atǎretse ngo abure ico kumushingira intahe, kuko yama abagirira neza, akabaha imvura iva mw ijuru, n’ibihe vy’ivyimburo vyiza, akabahāza ivyo kurya, akuzuza imitima yanyu umunezero.’ (Ivyakozwe n’intumwa 14:17) Na canecane ku bari mu nkenero, Yehova ni munyabuntu na mutanziwacane. (Gusubira mu vyagezwe 10:17, 18) Hariho vyinshi dushobora kwigira kuri Yehova mu kuranga ubuntu n’ubutanzi bwa cane—kuba abakīrabashitsi—ku bandi.
8. Yehova yaranze gute ubutanzi bwa cane bwiwe mu kwitwararika inkenero zacu zo mu vy’impwemu?
8 Turetse ivy’ukuronsa ibiremwa vyiwe inkenero zabo z’umubiri bimwe vy’umurengera, Yehova aritwararika inkenero zabo mu buryo bw’impwemu. Yehova yarakoze mu buryo bwa bigaburo ku bw’imererwaneza ryacu mu vy’impwemu, n’imbere y’uko hagira n’umwe muri twebwe amenya yuko twari duteye ikigongwe mu vy’impwemu. Mu Baroma 5:8, 10 dusoma ibi: “Imana yatweretse urukundo rwayo idukunda, kuko Kristo yadupfiriye tukir’abanyavyaha. . . . Twujujwe n’Imana n’urupfu rw’Umwana wayo, tukir’abansi bayo.” Iyo ntunganyo ituma bikunda ko abantu banyavyaha baza mu bucuti bwa kiryango bw’ubuhirwe, ubwo bagiranira na Dawe wa twese wo mw ijuru. (Abaroma 8:20, 21) Yehova kandi yararavye ko turonkejwe ubuyobozi hamwe n’uburongōzi bibereye ngo tubone kugira itunganirwe ryo mu buzima naho turi mu mero nyacaha na nyamakemwa.—Zaburi 119:105; 2 Timoteyo 3:16.
9, 10. (a) Ni kuki dushobora kuvuga yuko Yehova ari umwakīzi akemutse? (b) Abasenzi b’ukuri bakwiye kwigana gute Yehova muri ivyo?
9 Turavye ivyo, dushobora kuvuga yuko Yehova vy’ukuri ari we mwakīzi akemutse mu maryo menshi cane. Ntiyirengagiza abakene, abaciye bugufi, na banyarucari. Aritwararika kandi akarazwa ishinga vy’ukuri n’abantazi, naho boba abansi biwe, kandi ntarondera indishi namba y’ivy’amaronko. Muri ivyo vyose ntitubona none ko ari we karorero gahebuje k’umwakīzi akemutse?
10 Nk’uko ari Imana y’ubuntu mvarukundo n’ubutanzi bwa cane mwen’ivyo, Yehova ashaka ko abasenzi biwe bamwigana. Muri Bibiliya nzima, turahabona uturorero twiserukije tw’iyo nsinzoke y’ubuntu. Igitabu kimwe, Encyclopaedia Judaica, kivuga ngo “muri Isirayeli ya kera, ubwakīrabashitsi nticari gusa ikibazo c’ubupfasoni, ariko rwari urwego rw’ivy’ingeso runtu . . . Imigenzo ivugwa muri Bibiliya y’ivy’uguha ikaze ingenzi yatabanutse hamwe n’iyo kwakīra umuntazi iw’umuntu, yari yo nyamuko ivamwo ubwakīrabashitsi hamwe n’imice yabwo yose vyatsimbataye bikaba ingeso nziza ihabwa agaciro rwose mu ruhererekane rw’Abayuda.” Aho kuba akaranga k’ubwenehanga na bumwe canke umugwi n’umwe w’ubwoko, ubwakīrabashitsi bukwiye kuba ikiranzi c’abasenzi b’ukuri bose ba Yehova.
Umwakīzi ku Bamarayika
11. Ni akarorero kiserukije akahe karanga ko ubwakīrabashitsi bwǎzanye imihezagiro itari yitezwe? (Raba kandi Itanguriro 19:1-3; Abacamanza 13:11-16.)
11 Imwe mu nkuru za Bibiliya zizwi cane birushirije z’ivy’ugushira ahabona ubwakīrabashitsi, ni imwe ya Aburahamu na Sara igihe bari bakambitse mu biti vy’i Mamure, iruhande ya Heburoni. (Itanguriro 18:1-10; 23:19) Umuposolo Paulo abwirizwa kuba yǐyumvira ico gishikiragihe hamwe yatanga iyi nkeburo: “Ntimwibagire kugirira neza abashitsi: kuko bamwe bāgize bartyo bāhaye indāro abamarayika batabizi.” (Abaheburayo 13:2) Ugutohoza iyo nkuru biraja kudufasha kubona yuko ubwakīrabashitsi atari gusa ikintu kiva ku mugenzo canke kw irerwa. Ahubwo, ni insinzoke mvamana izana imihezagiro y’igitangaza.
12. Aburahamu yěrekanye ate urukundo afitiye abantazi?
12 Itanguriro 18:1, 2 harerekana yuko nya bashitsi bari abo Aburahamu atari azi canke yiteze, abantazi batatu birenganira gusa. Umugenzo mu banyabuseruko, nk’uko bivugwa n’abasasanuzi bamwebamwe, wari uw’uko ingenzi mu gihugu itazi yari n’uburenganzira bw’ukwitega kwakīrwa nk’umushitsi naho yaba itahazi n’umwe. Ariko Aburahamu ntiyarindiriye ko bakoresha ubwo burenganzira bafise; yaribwirije. ‘Yarirukanze’ gusanganira abo bantazi batatu bakiri nka kure yiwe—ivyo vyose biba mu “ndugumba yo mu gihe c’amashōka,” Aburahamu na we akaba yari amaze imyaka 99! Ivyo none ntivyerekana igituma Paulo yafatiye kuri Aburahamu bwa ndabirwako yacu twokwigana? Ico ni co ubwakīrabashitsi buvuze, kunogera canke gukunda abantazi, ubwitwararitsi bw’inkenero zabo. Ni insinzoke ntahebuza.
13. Ni kuki Aburahamu ‘yakubise inkoro hasi’ imbere y’abashitsi?
13 Iyo nkuru iratubwira kandi yuko Aburahamu amaze gusanganira nya bantazi, “[yakubise] inkoro hasi.” Kwoba kwari ugukubitira inkoro hasi abantazi bakemutse? Urabona, ugukubita inkoro hasi, nk’uko kwagizwe na Aburahamu, bwari uburyo bw’ukuramutsa umushitsi w’iteka canke umuntu w’umukuru, kudakwiye kuvatiranywa n’igikwaku c’insengo, ikibikiwe Imana yonyene. (Gereranya n’Ivyakozwe n’intumwa 10:25, 26; Ivyahishuriwe Yohana 19:10.) Mu gukubita inkoro hasi, atari ugupfa kwunamika umutwe ariko ugukubita inkoro no “hasi,” Aburahamu yari ateye abo bantazi iteka ry’uko bahambaye. Yari we mutwe w’umuryango munini usagamvye wovuyemwo abavyaramiryango, ariko abo bantazi yabaravye nk’abakwiriye iteka rinini kuruta we ubwiwe. Ese ukuntu ivyo bitandukanye n’ivy’ukwicura abantazi gukunda kuhaba, ka gatima ka rindira turabe! Aburahamu vy’ukuri yarerekanye insobanuro y’iyi nyatamuro: “Ku vy’icubahiro, umuntu wese ashire imbere mugenzi we.”—Abaroma 12:10.
14. Ni umwigoro n’ukwibabaza biki vyǎgizwe igihe Aburahamu yagirira ubwakīrabashitsi nya bantazi?
14 Ibisigaye vy’iyo nkuru biraranga yuko inyiyumvo za Aburahamu zari nyakuri. Icibo ubwaco cari ikidasanzwe. No mu rugo runini nyene rufise uruhongore runini, “ishuri y’igitegetera nziza” si yo yama iraribwa. Ku biraba imigenzo yari igwiriye aho hantu, igitabu ca John Kitto, Daily Bible Illustrations, kivuga kiti: “Utwinovōzo ntitwigera dushirwamwo kiretse ku misi mikuru imwimwe, canke igihe hashitse umuntazi; kandi kuri ivyo bihe ni ho honyene imbagwa zama ziribwa, naho bǎba abafise imikuku n’amasho itimbi.” Imimerere y’ubushuhe ntiyakunda ko habikwa ibifungurwa namba bishobora kugasha, ni co gituma kugira icibo mwen’ico gitegurwe, vyose vyabwirizwa kugirwa ico gihe. Ntibitangaje kubona muri iyo nkuru ngufi, ijambo ‘ningoga’ canke ‘kwitera,’ riza incuro zitatu, kandi vy’ukuri Aburahamu ‘yarirukanze’ kugira bahīshe nya cibo!—Itanguriro 18:6-8.
15. Ni imbono nki ibereye yerekeye ibironswa vy’umubiri mu kuranga ubwakīrabashitsi, nk’uko bitangirwa akarorero na Aburahamu?
15 Ariko rero, intēgo yavyo si ugukinkinyura igitereko kinini gusa kugira umuntu atangare. Naho nyene Aburahamu na Sara bǎgize uwo mwigoro wose kugira bategure bongere batereke ico cibo, raba ukuntu Aburahamu yavuze acerekezako imbere yaho: “[Ndabinginze se yemwe] bazane utuzi mwoge ibirenge, muruhukire musi y’igiti: nanje nzane utwo kurya, mwihēmbūre, muheze mubone kugenda, ko mugendeye umusavyi wanyu.” (Itanguriro 18:4, 5) Utwo ‘two kurya’ twahavuye tuba amazimano agizwe n’imasa inuze iri kumwe n’imitsima y’ifu inoye, isoro n’amata—igitereko kibereye umwami. Vyigisha iki? Igihe hagizwe ubwakīrabashitsi, ikintu gihambaye canke igikwiye gutsindagirirwako, si ukugene ibifungurwa n’ibinyobwa bija kuba ari amabi, canke umwisamazo unobôye uja kuharonkerezwa uwo ari wo, n’ibindi. Ubwakīrabashitsi ntibuva ku vy’uko umuntu ashoboye canke adashoboye gutanga ibintu bizimvye. Ahubwo, bushingiye ku kwitwararika vy’ukuri ukumererwa neza kw’abandi no ku cipfuzo c’ukugirira ineza abandi gushika aho umuntu ageza. “Ingaburo y’imboga irimw’urukundo iruta inyama z’inka inuze zirimw’urwanko,” bivugwa n’umugani wa Bibiliya, kandi ngaho harimwo urupfunguzo rw’ubwakīrabashitsi nyabwo.—Imigani 15:17.
16. Aburahamu yaranze gute ko akenguruka ibintu vyo mu vy’impwemu mu vyo yagiriye nya bashitsi?
16 Ariko rero dutegerezwa kumenya yuko hǎrimwo akantu k’ivy’impwemu muri ico gishikiragihe uko kingana. Aburahamu hari ukuntu yatahuye ko abo bashitsi bari intwarabutumwa zivuye kuri Yehova. Ivyo vyerekanwa n’ukugene yabavugishije muri aya majambo: “[Yehova, NW], namba nogira amahirwe imbere yawe, ukemera, ndakwinginze nturengane umusavyi wawe.”a (Itanguriro 18:3; gereranya na Kuvayo 33:20.) Aburahamu ntiyamenye imbere y’igihe ko hoba hari ubutumwa bamuzaniye canke ko bariko birenganira gusa. Ata kuraba ivyo, yarategereye yuko irangūka rinaka ry’intēgo ya Yehova ryariko rirashika. Abo bantu hariho urubanza runaka bari batumwe na Yehova. Uwo Aburahamu aramutse ashoboye kugira ikintu ngo agire ico aterêreye muri ivyo, wobaye ari wo munezero wiwe. Yarabonye yuko abasuku ba Yehova bakwiriye ivyiza bihebuje, kandi muri ivyo bihe yotanze ivyiza bihebuje. Abigize atyo, hobayeho umuhezagiro wo mu vy’impwemu, haba ku bwiwe canke ku bw’uwundi. Nk’uko vyagenze, Aburahamu na Sara bǎrahezagiwe cane kubera ubwakīrabashitsi bwabo buvuye ku mutima.—Itanguriro 18:9-15; 21:1, 2.
Igisata c’Icakīrabashitsi
17. Ni igiki Yehova yasavye Abisirayeli ku biraba abantazi hamwe n’abakene bari muri bo?
17 Ako karorero kiserukije ka Aburahamu ntikari ako kwibagirwa n’ihanga ryamukomotsemwo. Iteka Yehova yahaye Abisirayeli ryarimwo intunganyo z’ivy’ukugirira ubwakīrabashitsi abantazi bari muri bo. “Umunyamahanga aba muri mwebge muze mumugirire nk’imvukira, mumukunde nk’uko mwikunda: kuko namwe mwar’abanyamahanga mu gihugu ca [Misiri]: ni jewe [Yehova, NW] Imana yanyu.” (Abalewi 19:34) Abantu bǎbwirizwa kugirira urupfasoni rudasanzwe abakeneye gushigikirwa mu vy’umubiri, ata kubiyobagiza. Igihe Yehova yabahezagirisha imyimbu umurengera, igihe bǎnezerwa mu misi mikuru yabo, igihe bǎruhuka ibikorwa-butame vyabo mu gihe c’imyaka y’Isabato no ku bindi bihe, abantu bǎbwirizwa kwibuka abatifise—abapfakazi, abahungu batagira ba se, hamwe n’abanyamahanga.—Gusubira mu vyagezwe 16:9-14; 24:19-21; 26:12, 13.
18. Ubwakīrabashitsi buhambaye ku rugero ruki mu vy’ukugira dutoneshwe kandi duhezagirwe na Yehova?
18 Akamaro k’ubuntu, ubutanzi bwa cane hamwe n’ubwakīrabashitsi bugirirwa abandi canecane abari mu nkenero, karashobora kubonerwa mu vyo Yehova yagirira Abisirayeli igihe bǐrengagiza ugutumikisha izo nsinzoke. Yehova yaratomoye ivy’uko ubuntu hamwe n’ubutanzi bwa cane bigirirwa abantazi hamwe n’abakene biri mu vyo igisata ciwe gisabwa kugira ngo kironke imihezagiro yiwe ibandanya. (Zaburi 82:2, 3; Yesaya 1:17; Yeremiya 7:5-7; Ezekiyeli 22:7; Zekariya 7:9-11) Igihe iryo hanga ryashiruka ubute mu vy’ugushitsa ivyo bisabwa hamwe n’ibindi, bǎrasagamba kandi bakinovora umurengera wo mu vy’umubiri no mu vy’impwemu. Igihe bǐvumbika mu bikurikirano vyabo vy’ubwikunzi bakirengagiza ukurangira izo nsinzoke ndangabuntu abari mu nkenero, Yehova yarabakubita intahe mu gahanga kandi amaherezo bagashitswako urubanza rubi.—Gusubira mu vyagezwe 27:19; 28:15, 45.
19. Ni ibiki mu nyuma dutegerezwa kurimbūra?
19 Ese rero ukuntu kuri twebwe ari ngirakamaro ko twisuzuma kugira turabe ko turiko tubaho twisunga ivyo Yehova atwitezeko muri ivyo! Ivyo birakenewe canecane kino gihe turavye agatima k’ubwikunzi n’amacakubiri kari mw isi. Twoshobora kuranga gute ubwakīrabashitsi bukirisu mw isi y’amacakubiri? Ngico ikija kuyagwa mu gihimba gikurikira.
[Akajambo k’epfo]
a Kugira uronke ikiyago cuzuye c’iyo mpanyu, raba igihimba gitaziriwe “Hoba Hari Umunaka Yabonye Imana?” mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Rusama 1988, urupapuro 21-3.
Wewe Woba Wibuka?
◻ Ijambo ryo muri Bibiliya rihibanuwe ngo ‘ubwakīrabashitsi’ rifise insobanuro nki?
◻ Ni mu buryo ki butari bumwe Yehova ari we karorero gakemutse mu vy’ukuranga ubwakīrabashitsi?
◻ Aburahamu yagiye kuba umwakīrabashitsi ku buramvu bungana iki?
◻ Ni kuki abasenzi b’ukuri bose bategerejwe ‘gushishikara ubwakīrabashitsi’?