ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w96 1/10 rup. 26-31
  • Ubwakīrabashitsi Bukirisu mw Isi y’Amacakubiri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubwakīrabashitsi Bukirisu mw Isi y’Amacakubiri
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Ukurāba Impfuvyi n’Abapfakazi”
  • Hoba Harimwo Abavamahanga Muri Twebwe?
  • Sangira n’Aberanda
  • Mu Bihe Bidasanzwe
  • ‘Mwakîrane Mutidodomba’
  • Ubwakiranyi ni kamere nziza dukeneye cane!
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • ‘Shishikare Ubwakrabashitsi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • “Nimwakirane”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Nusangire n’abandi “ibintu vyiza” mu kuba umwakiranyi (Mat. 12:35a)
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
w96 1/10 rup. 26-31

Ubwakīrabashitsi Bukirisu mw Isi y’Amacakubiri

“Nuko twebge dukwiye kwākīra neza abameze bartyo, kugira ngo dufatanye [mu kuri] gukora igikorwa.”—3 YOHANA 8.

1. Ni impano nyipfuzwa izihe Umuremyi yahaye ubwoko-muntu?

‘NTA ciza umuntu yogira musi y’izuba kirusha iki: kurya no kunywa no kunezerwa; kukw ivyo bizogumana na we mu butame bgiwe imisi yose y’ukubaho kwiwe, iyo Imana yamuhaye musi y’izuba.’ (Umusiguzi 8:15) Muri ayo majambo, umukoranya w’Umuheburayo wa kera atubwira yuko Yehova Mana ico agira atari ugushakira ibiremwa-muntu vyiwe umunezero n’ubuhirwe vyonyene, ariko kandi arabaronsa uburyo kugira bamererwe gutyo. Muri kahise k’abantu kose, icipfuzo rusangi kimwe kiri hose mu bantu giseruka ko ari ukwinezereza n’ukwidagadura.

2. (a) Ubwoko-muntu bwakoresheje nabi gute ico Yehova yari yashingiye intēgo ku bwabo? (b) Umwanzu wavyo ni umuki?

2 Muri iki gihe tuba mu kibano c’ubwinezereji, muri co ugasanga abantu barazwa ishinga n’ugukurikirana uburyoherwe n’imyidagaduro. Abantu benshi bǎcitse “[a]bikunda gusa, . . . bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana,” nk’uko Bibiliya yabivuze imbere y’igihe. (2 Timoteyo 3:1-4) Ni icumvikana, iryo ni ihotorwa nterasoni ry’intēgo Yehova Mana yari yashinze. Igihe ugukurikirana imyidagaduro kubaye ryo hangiro nyamukuru, canke igihe ubwiryoherererwe bucitse co cigerero conyene, nta gushira akanyota kw’ukuri kuhaba, kandi ‘ibintu vyose bicika ubusa n’uguhahamira umuyaga.’ (Umusiguzi 1:14; 2:11) Kubera ico isi yuzuye abantu b’inyakamwe kandi buzuye umuvuro, ivyo bigatuma mu kibano haba imbangamyi nyinshi. (Imigani 18:1) Abantu baricurana kandi bakabamwo n’amacakubiri afatiye ku vy’ibara ry’urukoba, ubwoko, ikibano, n’ubutunzi.

3. Twoshobora gutora dute umunezero n’ishirakanyota vy’ukuri?

3 Ese ukugene ibintu vyobaye ukundi iyo abantu bigana uburyo Yehova agirana ibintu n’abandi—bakaba abanyabuntu, abatanzi ba cane, n’abakīrabashitsi! Yaratonganuye ivy’uko akabanga k’ubuhirwe nyakuri kadaherereye mu vy’uko twogerageza kwimara akanyota k’ivyipfuzo vyacu bwite. Ahubwo, urupfunguzo ni uru: “Gutanga kuzana umugisha, kuruta guhabga.” (Ivyakozwe n’intumwa 20:35) Kugira tugire umunezero n’ishirakanyota nyavyo, dutegerezwa kwiyuburura ibitangiro hamwe n’amacakubiri vyohava bidufatīra. Kandi ni ngombwa dushikîre abasukurira Yehova kumwe natwe. Ikitohara ni uko twokurikira iyi mpanuro: “Nuko twebge dukwiye kwākīra neza abameze bartyo, kugira ngo dufatanye [mu kuri] gukora igikorwa.” (3 Yohana 8) Kurangira ubwakīrabashitsi ababikwiriye, kugeza ku rugero ivyacu bibidushoboje, biravamwo ineza mu buryo bubiri—vyungura nya mutanzi na nya muhabwa. Ni bande none bari mu babibereye dukwiriye “kwākīra neza”?

“Ukurāba Impfuvyi n’Abapfakazi”

4. Ni ihinduka nyabaki ryo mu vy’ubucuti bwa kiryango ribonekera no muri bamwebamwe mu gisata ca Yehova?

4 Ingo zitekanye hamwe n’imibano y’ababiranye mihirwe usanga ari imbonekarimwe kino gihe. Ibiharuro biduga vy’imyahukano hamwe n’igitigiri congerekana c’abibaruka batubatse hirya no hino kw isi vyǎrahinduye urugo bimwe bikomeye. Umwanzu wavyo, abatari bake bǎcitse Ivyabona vya Yehova mu myaka iheruka usanga bava mu ngo zisambutse. Usanga ari abahukanye canke bǎtanye n’abubakane babo b’indowa, canke bakaba baba mu ngo z’umuvyeyi umwe. Vyongeye, nk’uko Yezu yabivuze imbere y’igihe, ukuri yigishije kwaranzutsemwo amacakubiri mu ngo nyinshi.—Matayo 10:34-37; Luka 12:51-53.

5. Ni igiki Yezu yavuze gishobora kuba isôko ry’indemesho ku bari mu ngo zirimwo amacakubiri?

5 Ukubona abashasha bahagararira ukuri bashikamye biradususurutsa umutima, kandi kenshi tukabīrūza insezeranwa ndemesha Yezu yatanze: “Ndababgire ukuri, Nta waretse inzu, canke bene nyina, canke bashiki biwe, canke nyina, canke se, cank’abana, cank’itongo, kubganje no kubg’ubutumwa bgiza, atazobishumbushwa ijana mur’iki gihe ca none, amazu, na bene nyina, na bashiki biwe, na ba nyina, n’abana, n’itongo, bisukiranijwe no guhamwa, kandi mu gihe kizoza azohabga [ubuzima, NW] budashira.”—Mariko 10:29, 30.

6. Dushobora dute gucika ‘abavukanyi, abavukanyikazi, ba nyina n’abana’ ku ‘mpfuvyi n’abapfakazi’ bari muri twebwe?

6 None, abo ‘benewabo n’umuntu na bashikiwe na ba nyina n’abana,’ ni bande? Ukubona gusa igitigiri kinini c’abantu bari ku Ngoro y’Ubwami, abakunda kuba ari ijana canke barenga biyita abavukanyi n’abavukanyikazi, si vyo bica bituma umuntu yiyumvamwo yuko abo ari abavukanyi, abavukanyikazi, ba nyina, n’abana biwe. Rimbura ibi: Umuyoboke Yakobo aratwibutsa yuko kugira insengo yacu ibe iyemeretse kuri Yehova, dutegerezwa ‘kurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntitwanduzwe n’ivy’isi.’ (Yakobo 1:27) Ivyo bisobanura yuko tudategerezwa kureka ngo udutima tw’isi tw’ubwibone bwo ku vy’ubutunzi n’ubusumbane bwo mu vy’ikibane vyugare urugi rwacu rw’imbabazi tugirira “impfuvyi n’abapfakazi” mwen’abo. Ahubwo dutegerezwa kwibwiriza gushikana kuri bo ubugenzi bwacu n’ubwakīrabashitsi tugira.

7. (a) Intēgo nyayo y’ukwakira “impfuvyi n’abapfakazi” ni inki? (b) Ni bande kandi bashoboye kujamwo mu vy’ukuranga ubwakīrabashitsi bukirisu?

7 Ukurangira ubwakīrabashitsi “impfuvyi n’abapfakazi” ntivyama nantaryo birimwo ukubashumbusha ivyo bashobora kuba babuze mu vy’umubiri. Ingo zirimwo umuvyeyi umwe canke inzu zigabaguritse mu vy’idini si ngombwa ngo zibe zigowe mu vy’ubutunzi. Ariko rero, ijahamwe nzanamagara, akayaga ndangarugo, ubugenzi bugiranwa n’abantu b’ibiringo-buzima bitari bimwe, hamwe n’ugusangira ibintu vyiza vyo mu vy’impwemu—izo ni imboneko z’ubuzima z’agaciro kanini. Gutyo, “impfuvyi n’abapfakazi,” bîbutse ko ukuntu ico gihe kinoboye atari co kintu gihambaye, ariko ko igihambaye ari agatima k’urukundo n’iyungabumwe, ese ukugene ari vyiza ko rimwe na rimwe na bo nyene mbere bashobora kujamwo mu vy’ukugirira ubwakīrabashitsi Abakirisu bagenzabo!—Gereranya na 1 Abami 17:8-16.

Hoba Harimwo Abavamahanga Muri Twebwe?

8. Ni ihinduka nyabaki riboneka mu makorane atari make y’Ivyabona vya Yehova?

8 Tubayeho mu gihe abanyabihugu bimuka igifyo. “Abantu barenga imiliyoni 100 irya n’ino kw isi baba mu bihugu aho batari abeneco, imiliyoni 23 na bo bakaba barateshejwe izabo mu bihugu vyabo bwite,” bivugwa n’ikinyamakuru World Press Review. Umwanzu w’indamvu uva muri ivyo wabaye uw’uko mu ntara zitari nke, canecane mu bisagara bigari, amakorane y’igisata ca Yehova yari yahoze agizwe ahanini n’abantu b’ibara rimwe ry’urukoba canke bava mw ihanga rimwe, ubu arimwo abantu bo mu mashinga atandukanye y’isi. Kumbure ivyo ni ko bimeze aho uri. None dukwiye kubona gute abo “banyamahanga” n’“abavamahanga” nk’uko isi yoshobora kubîta, abo ururimi bavuga, imigenzo yabo, n’umudeli-buzima wabo, bishobora kuba bitandukanye n’ivyacu?

9. Ni umutego uwuhe ukomeye woshobora kudufata ku biraba ukuntu tubona “abanyamahanga” n’ “abavamahanga” baza mw ikorane rikirisu?

9 Tubivuze inyorosha, dutegerezwa kutareka ngo hagire impengamiro z’ukudakunda uw’ahandi zituma twiyumvamwo ko hari ukuntu dukwiriye agateka k’ukumenya ukuri kuruta abǎvuye mu gihugu c’ikintazi canke citwa ngo gipagani; eka ntidukwiye kwiyumvamwo nk’uko abo bashasha boba bariko barenga kw ikoreshwa ry’Ingoro y’Ubwami canke izindi nyubakwa. Umuposolo Paulo vyarabaye ngombwa ko yibutsa Abakirisu bayuda bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere bǎtara ivyiyumviro mwen’ivyo, yuko vy’ukuri ata n’umwe yari akwiriye; ubuntu badakwiriye bw’Imana ni bwo bwǎtumye bishoboka ko hagira uwuronka agakiza. (Abaroma 3:9-12, 23, 24) Dukwiye kunezerwa kubona ubuntu tudakwiriye bw’Imana ubu buriko bushikīra abantu benshi cane bǎri barankiwe, mu buryo bunaka canke bunaka, akaryo k’ukwumva inkuru nziza. (1 Timoteyo 2:4) Twoshobora kuranga gute yuko ukubafata mu nda kwacu ari ukw’ukuri?

10. Dushobora gute kuranga yuko turi abakīrabashitsi ku “bavamahanga” bari muri twebwe?

10 Turashobora gukurikira iyi nkeburo ya Paulo: “Mw[akîrane] runtu nk’uko Kristu na we yatwakirije yompi ngo Imana ininahazwe.” (Abaroma 15:7, Ubwuzure Bushasha) Túmenye yuko abantu bo mu bindi bihugu canke bo mu yindi mico kama usanga kenshi badahabwa nirwere, dukwiye kubarangira ubuntu n’ubwitwararitsi igihe biri mu bubasha bwacu kubigira. Dukwiye kubakīra hagati muri twebwe, umwe wese muri bo tukamufata “nk’imvukira,” kandi “mumukunde nk’uko mwikunda.” (Abalewi 19:34) Ivyo bishobora kuba bitoroshe kugira, ariko tuzobishobora nitwibuka iyi mpanuro: “Ntimushushanywe n’ivy’iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose.”—Abaroma 12:2.

Sangira n’Aberanda

11, 12. Ni ukwitabwaho nyabaki kudasanzwe kwagirirwa abasuku bamwebamwe ba Yehova muri (a) Isirayeli ya kera (b) mu kinjana ca mbere?

11 Mu bakwiriye vy’ukuri ko tubitaho kandi tukabagirira ubwakīrabashitsi ni Abakirisu bahūmuye bakora bagatama ku bw’imererwaneza ryacu ryo mu vy’impwemu. Yehova yarashinze intunganyo zidasanzwe ku bw’abaherezi n’Abalewi bo muri Isirayeli ya kera. (Guharūra 18:25-29) Mu kinjana ca mbere, Abakirisu na bo nyene bǎrasabwa kubungabunga abǎbasukurira mu mabanga adasanzwe. Inkuru iri muri 3 Yohana 5-8 iraducishirizako umugozi w’urukundo wari uri hagati y’Abakirisu ba kare.

12 Wa muposolo Yohani yari ageze mu zabukuru yarahaye agaciro rwose ubuntu n’ubwakīrabashitsi Gayo yari yarangiye abavukanyi b’ingenzi bamwebamwe barungitswe kugendera ikorane. Abo bavukanyi, dushizemwo Demetiriyo—uwo biboneka ko ari we yazanye ico cete—bose kera bari bahoze ari abantazi canke abatamenyekana kuri Gayo. Ariko bǎrakiriwe nk’abashitsi kubera ko bari “bavuye i wabo kubg’izina ry[’Imana].” Yohani yabivuze ubu buryo: “Nuko twebge dukwiye kwākīra neza abameze bartyo, kugira ngo dufatanye [mu kuri] gukora igikorwa.”—3 Yohana 1, 7, 8.

13. Muri iki gihe ni bande muri twebwe canecane bakwiriye ‘kwakīrwa neza’?

13 Kino gihe, mw iyungungane rya Yehova, harimwo abenshi bīhata bikomeye ku neza y’ijahamwe ryose ry’abavukanyi. Muri abo harimwo abacungezi b’ingenzi batanga umwanya wabo n’inkomezi zabo umushamvu ku wundi bákomeza amakorane; abamisiyonari basiga inyuma imiryango n’abagenzi bakaja gukwiririza mu bihugu vy’ibintazi; abasukurira mu mihira ya Beteli canke mu biro vy’amashami, bagafasha bavyishakiye kugira bashigikire wa murimo nkwirasi w’ubukwiririji; hamwe n’abari mu busuku bw’ubutsimvyi batanga igihimba kinini c’umwanya wabo n’inkomezi zabo mu gikorwa ngenerwa co mu ndimiro. Kw ishimikiro, abo bose barakora bagatama, atari ku bw’ubuninahazwa canke inyungu yinaka vyabo bwite, ariko bivuye ku rukundo bafitiye ca kivukano gikirisu, na Yehova. Barakwiriye ko tubigana kubera ubwibande bwabo bagirana ubugingo bwabo uko bungana, kandi barakwiye ‘kwakīrwa neza.’

14. (a) Bishoboka gute ko ducika Abakirisu beza kuruta, igihe turangira ubwakīrabashitsi abizerwa? (b) Ni kuki Yezu yavuze ko Mariya yacaguye “umugabane mwiza”?

14 Iyo ‘twakiriye neza mwen’abo’ nk’uko wa muposolo Yohani abidomako urutoke, ‘tuba dufatanije mu kuri gukora igikorwa.’ Mu nyuro imwe, umwanzu wavyo ni uko ducika Abakirisu beza kuruta. Ivyo ni kubera ko imirimo mikirisu irimwo ukugirira iciza abemera bagenzacu. (Imigani 3:27, 28; 1 Yohana 3:18) Hariho impembo no mu bundi buryo. Igihe Mariya na Marita bǎkira Yezu mu nzu iwabo, Marita yarashatse kuba umuzimannyi mwiza mu gutegurira “vyinshi” Yezu. Mariya yagiriye Yezu ubwakīrabashitsi mu bundi buryo. “[Yǐcaye] imbere y’ibirenge vy’Umwami Yesu, yumva ijambo ryiwe,” kandi Yezu yaramukêje kubera yacaguye “umugabane mwiza.” (Luka 10:38-42) Ukuyāga n’uguhana ijambo n’abafise imyaka umuyoro bamaze mu busuku usanga kenshi ari ivyibonekeje mu mugoroba umuntu amaranye na bo.—Abaroma 1:11, 12.

Mu Bihe Bidasanzwe

15. Ni ibihe nyabaki bidasanzwe vyoshobora kugaragara ko ari ivy’umunezero ku gisata ca Yehova?

15 Naho Abakirisu b’ukuri badakurikira imigenzo canke ngo bubahirize imisi mikuru n’amasabukuru vyo mw isi, hariho ibihe batororokanira hamwe ngo banezererwe ukuba kumwe umuntu n’uwundi. Nk’akarorero, Yezu yaragiye ku bugeni i Kana aranatērēra ku munezero w’ico gihe, mu kuharangūrira igitangaro ciwe ca mbere. (Yohana 2:1-11) Nk’ukwo nyene, kino gihe igisata ca Yehova baragira ibihe vy’umunezero bamarana hamwe ku bihe bidasanzwe nk’ivyo nyene, kandi ihimbaza n’itereka bibereye birongerereza vyinshi ku bishikiragihe mwen’ivyo. Mugabo none ikibereye ni igiki?

16. Ni inyobozo nki dufise ku vy’inyirongōro no mu bihe nyene bidasanzwe?

16 Mu ntohozo yacu ya Bibiliya, turiga inyirongōro ibereye ku Bakirisu, kandi ivyo tukabikurikira ibihe vyose. (Abaroma 13:12-14; Ab’i Galatiya 5:19-21; Abanyefeso 5:3-5) Imitororokano yo mu kibano, yaba iyijanye n’ubugeni canke ikaba ku mpamvu yindi, ntiturekura ngo tuve ku mfatirwako nkirisu zacu canke ngo tugire ikintu ubusanzwe tutogize; eka mbere si ngombwa ngo dukurikire imigenzo yose y’igihugu tubamwo. Iyitari mike muri mwen’iyo ishingiye ku mimogorero canke imiziririzo vy’idini y’ikinyoma, iyindi na yo ikaba iyerekeye inyigenzo bitonganutse ko itemereka ku Bakirisu.—1 Petero 4:3, 4.

17. (a) Ni inyungamwo nyabaki ziranga ko urubanza rw’ubugeni bw’ikana bwari bwungunganije neza kandi buhagarikiwe bimwe bibereye? (b) Ni igiki cerekana yuko Yezu ico gihe yagishimye?

17 Dusomye Yohana 2:1-11, ntibigoye kubona yuko uwo musi wari unoboye n’uko hǎri igitigiri kiboneka c’abatumire. Ariko rero, Yezu n’abayoboke biwe bari abashitsi ‘batumiwe’; ntibapfuye gusa kwitayo, naho nyene hatabuze na bakeyi muri bo bari n’ico bapfana na nyen’urubanza. Turabona kandi yuko hǎriho “abasuku” n’ “umuteretsi mukuru,” bǎtanga indongōzo zerekeye ibigaburwa n’ibikórwa. Ivyo vyose birerekana ko urwo rubanza rwari rwungunganije neza n’uko rwari ruhagarikiwe bimwe bibereye. Iyo nkuru yugara ivuga icese yuko ku vyo Yezu yagize kuri urwo rubanza, “yerekan[ye] ubgiza bgiwe.” Yoba yari gucagura uwo musi ngo agire ivyo iyo kiba cari igitumiriro kirimwo uruyogoyogo n’akanyeshamba? Eka ntiyobigize.

18. Ni ibiki dukwiye kwihweza ku biraba igishikiragihe ico ari co cose co mu kibano?

18 Twovuga iki hoho ku bihe bidasanzwe twoshobora gutereka? Tugomba kwibuka ko intēgo y’ukwakīra neza abandi ari uko twoshobora twese ‘gufatanya mu kuri gukora igikorwa.’ Gutyo, ntibihagije kwita igishikiragihe umutororokano w’“Ivyabona.” Ikibazo coshobora kubazwa ni: Mu vy’ukuri kwoba ari ugushinga icabona kiranga abo turi hamwe n’ivyo twemera? Ntidukwiye kwigera tubona ibihe mwen’ivyo nk’utunyonza tw’ukubona aho dushobora gushika mu vy’uguhiganwa n’isi mu vyo igira, mu vy’ukuja mu ‘vyipfuzo vy’umunofo, n’ivyipfuzo vy’amaso, n’ubwibone bw’ivy’ubuzima.’ (1 Yohana 2:15, 16) Ahubwo, iyo misi itegerezwa guca ikibatsi c’uruhara rwacu bwa Vyabona vya Yehova, kandi dukwiye kuraba neza ko ivyo tugira bizanira ubuninahazwa n’ikuzo Yehova.—Matayo 5:16; 1 Ab’i Korinto 10:31-33.

‘Mwakîrane Mutidodomba’

19. Ni kuki dukeneye ‘kwakīrana tutidodomba’?

19 Uko ivy’isi bibandanya kuderera abantu na bo bagacika abarushirije kubamwo amacakubiri, turakeneye kugira ivyo dushoboye vyose ngo dukomeze umugozi w’ubwegeranyi uriho hagati y’Abakirisu b’ukuri. (Ab’i Kolosayi 3:14) Kugira tubishikeko, dutegerezwa “gukundana,” nk’uko Petero yabiduhimirije. Maze, mu mvugo ngirakimazi, yǒngeyeko ati: ‘Mwakîrane mutidodomba.’ (1 Petero 4:7-9) Twoba twemera kwibwiriza kwakīra abavukanyi bacu, kwigora kugira tube abanyabuntu na bakirumara? Canke twoba twidodomba igihe akaryo mwen’ako kabonetse? Niba tugira ukwo, ducikisha ubusa umunezero twogize kandi tukanahomba ku mpembo y’umunezero tworonse ku bw’ukugira iciza.—Imigani 3:27; Ivyakozwe n’intumwa 20:35.

20. Ni imihezagiro miki iturindiriye niba tumogorera ukuba abakīrabashitsi mw isi ya kino gihe y’amacakubiri?

20 Ugukora twegeranye n’Abakirisu bagenzacu, ukugiranira ubuntu n’ubwakīrabashitsi, bizozana imihezagiro umuyoro. (Matayo 10:40-42) Kuri mwen’abo Yehova yasezeranye yuko we “[yoshanje] ihema ry[iwe] hejuru yabo. Ntib[obaye] bakigira inzara ukundi, kandi ntib[obaye] bakigira inyota ukundi.” Kuba mw ihema rya Yehova ni ukwinovora ugukingirwa n’ukwakīrwa na we. (Ivyahishuriwe Yohana 7:15, 16; Yesaya 25:6) Egome, ikizigizigi c’ukwinovora ukwakīrwa na Yehova ibihe bidashira kiri imbere bugufi.—Zaburi 27:4; 61:3, 4.

Woshobora Gusigura?

◻ Ni igiki tudakwiye kwirengagiza niba dushaka gutora umunezero n’ishirakanyota vy’ukuri?

◻ “Impfuvyi n’abapfakazi” ni bande, kandi dukwiye ‘kubaraba’ dute?

◻ Dukwiye kubona dute “abanyamahanga” n’ “abavamahanga” bari muri twebwe?

◻ Kino gihe ni bande bakwiriye ko tubitaho bimwe biri n’ico vyisangije?

◻ Ibihe bidasanzwe bikwiye gute guca ikibatsi c’agatima nyakuri k’ubwakīrabashitsi?

[Ifoto ku rup. 29]

Mu bihe vy’ibitereko turashobora kuba abakīranyi ku bavamahanga, ku bana batagira ba se, ku bari mu busuku bw’igihe cose, no ku bandi bashitsi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika