Ikinyamakuru Gikora ku Mutima
IBINYAMAKURU bidaharurwa birasohorwa ku mubumbe wose kugirango bimare inzara umusomyi afitiye amabwirwa canke ukwisamaza.
Ni igiki gituma iki kinyamakuru ufise mu minwe kiba ikiri n’ico cisangije cane? Ikete rikurikira, iryaronswe n’ibiro vy’ishami ry’Ishirahamwe Watch Tower mu Budagi, ryoshobora kuronsa inyishu:
“Murakoze cane rwose, bavukanyi nkunda, ku bw’utwigoro twanyu n’igikorwa mukora. Igihe jewe n’abahungu banje babiri twǎri tugarutse tuvuye kw ihwaniro, naho hǎri isaha 3 n’iminuta 30 z’ijoro, nabwirizwa gusa kwumviriza Umunara w’Inderetsi wa vuba [kw ikaseti]. Magingo nariko ndoza amasahani, ntangura kwumviriza igihimba c’urwigo ca mbere [ca gatatu mu Kirundi] (1 Ndamukiza 1995). Nǐyumvisemwo ko ari ngombwa ndacumvirize rindi rimwe, ni ho nahagarika igikorwa ndiko mu gikoni nca nsoma nya gihimba [“Uri n’Agaciro mu Maso y’Imana!”] mu Munara w’Inderetsi, njanirana na nya kaseti. Carankoze ku mutima, canecane igifungo ca kane n’ica gatanu. Hanyuma maze amosozi atangura kwisesa—mugabo ntihaciye kanini. Ndakurira ubwatsi Yehova kubona ndi muzima kandi nkaba negukira igisata ciwe, vyongeye nkaba, hamwe n’abandi benshi cane, nshobora kumenyekanisha izina ryiwe. Si ivy’imbeshere, nta mpamvu iri butume twiyumvamwo ko ata co tumaze. Impwemu ya Yehova iri kumwe n’igisata ciwe. Twese niturindireko kandi duhagarare rugabo mu kwizera, nk’umuntu umwe. N’igishika ca gikirisu, yari umuvukanyikazi wanyu mu kwizera.”
Umunara w’Inderetsi ntutanga amabwirwa vyonyene. Urakora ku mitima y’abasomyi bawo kandi ukabamara akanyota k’icipfuzo bafise c’ugufungurirwa ivy’impwemu n’uguhabwa indemesho itangwa ku gihe. Ni vyo, Umunara w’Inderetsi uraronsa ‘imfungurwa ku gihe kibereye.’—Matayo 24:45.